Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure?
URIBAZA igihe utoba ushoboye gusoma amajambo ari kuri uru rupapuro? Tuvuge iki hamwe utoba ushoboye kwerekana aho igihugu cawe c’amavukiro giherereye kw’ikarata y’isi? Ukwo ni ko nyene abana batari bake bazokura bamerewe. Bite none ku mwana wawe?
Umwana wawe yoba akwiye kuja mw’ishure? Mu bihugu vyinshi, kwiga amashure y’intango n’ayisumbuye ni itegeko kandi akenshi nta n’amahera atangishwa. Amasezerano yerekeye agateka k’abana avuga ko kuja mw’ishure ari ikintu ntahara umwana afitiye uburenganzira. Ukwo ni ko n’Amateka mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu abivuga. Ariko rero, mu bihugu bimwebimwe, kwiga amashure bishobora kuba bitangirwa amahera, maze bikabera umutwaro wo mu vy’amahera abavyeyi. Reka ico kibazo tukirabire hamwe n’abavyeyi bakirisu bashaka ko abana babo biga, vyaba biciye mw’ishure canke mu bundi buryo.
Uburorero bwo muri Bibiliya bw’abize
Benshi mu basavyi b’Imana bavugwa muri Bibiliya bari bazi gusoma no kwandika. Intumwa za Yezu, Petero na Yohani bari Abayuda b’abarovyi, mugabo banditse ibitabu vya Bibiliya mu Kigiriki, ntibavyanditse mu Kinyagalilaya cabo.a Biboneka ko abavyeyi babo bitayeho ivy’uko baronka inyigisho y’ishimikiro. Ni ko vyari biri no ku bandi banditsi ba Bibiliya, hakaba harimwo umwungere Dawidi, umurimyi Amosi be na mwene nyina wa Yezu ari we Yuda, uwushobora kuba yari umubaji.
Wa mugabo Yobu yari azi gusoma no kwandika, mbere n’igitabu ca Bibiliya citirirwa izina ryiwe kirerekana ko yatahura ibintu bimwebimwe vya siyansi. Ashobora kandi kuba yari afise ububangukirwe mu vy’indimi, kubera yuko amajambo yiwe yasubiwemwo mu gitabu ca Yobu ari mu buryo bwo kuryosha imvugo. Vyongeye, turazi ko Abakirisu bo mu ntango bari bazi gusoma no kwandika, kubera yuko utwo bashobora kuba bariyandikira ku vyerekeye Ivyanditswe twatowe ku bibumbano canke ku njo.
Kwiga birahambaye ku Bakirisu
Abakirisu bose barakeneye kugira ubumenyi bwinshi bwerekeye Bibiliya niba bagomba guhimbara Imana. (Ab’i Filipi 1:9-11; 1 Ab’i Tesalonike 4:1) Gukoresha neza Ivyanditswe be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bifasha umuntu kuyiga, birashobora gutuma atera imbere mu vy’impwemu. Kubera yuko Imana yatanze Ijambo ryayo ryanditse, yiteze ko abasavyi bayo baba abazi gusoma no kwandika uko bishoboka kwose. Gusoma Bibiliya ugerageza kuyitahura bituma gushira mu ngiro impanuro ziri muri yo vyoroha. Mugabo ntiwumve, vyoshobora gukenerwa ko dusoma ibihimba vya Bibiliya incuro nyinshi kugira dutahure ivyiyumviro kanaka, dushobore no kubizirikanako.—Zaburi 119:104; 143:5; Imigani 4:7.
Uko umwaka utashe, abasavyi ba Yehova bararonka impapuro amajana n’amajana ziriko amayagwa ngirakimazi yanditswe ategurwa biyobowe na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ivyo bisohokayandikiro bivuga ivyo mu rugo, imico kama, idini, siyansi be n’ibindi biganiro vyinshi. Igihambaye kuruta, birimwo impanuro zishingiye ku Vyanditswe zivuga ivy’impwemu. Niba abana bawe batazi gusoma, amakuru menshi y’ingirakamaro azobacika.
Kwiga ivya kahise k’abantu birahambaye kuko bidufasha gutahura igituma Ubwami bw’Imana bukenewe. Kugira ubumenyi bw’ishimikiro mu vy’indondabihugu ni ikintu ciza. Bibiliya iravuga ivyerekeye ibibanza vyinshi, nk’akarorero: Isirayeli, Misiri be n’Ubugiriki. Umwana wawe yoba ashobora kwerekana aho biherereye kw’ikarata y’isi? Yoba ashobora gutora aho igihugu ciwe c’amavukiro kiri? Kuba umuntu atazi gusoma ikarata birashobora gutuma adakora vyinshi mu busuku arangurira mu cibare yakebewe.—2 Timoteyo 4:5.
Uduteka mw’ishengero
Abakurambere n’abakozi b’ishengero bakirisu barafise amabanga menshi ajanye n’ugusoma. Nk’akarorero, hariho ibigabu bategerezwa gutegura ku bw’amakoraniro y’ishengero. Birakenerwa ko hagira ibiza birandikwa mu bijanye n’ibisohokayandikiro ishengero rironka canke intererano. Mu gihe umuntu yoba atigeze aronka inyigisho y’ishimikiro, yosanga bigoye cane kurangura neza ayo mabanga.
Abakozi b’abishakire barakorera mu mabeteli hirya no hino kw’isi. Kugira ngo abo bakozi bashobore kuyaga bahuza bongere barangure ibikorwa bajejwe, nk’uguhindura ibisohokayandikiro no gukora amamashini yakwamye, bategerezwa kuba bazi gusoma no kwandika. Niba hazoshika aho abana bawe binovora uduteka nk’utwo, inyigisho y’ishimikiro usanga mu bisanzwe ikenewe. Ni izindi mvo zimwezimwe izihe zumvikana zotuma umwana wawe aja mw’ishure?
Ubukene be n’ukwemera ibintazi
Abantu bari mu bukene woshobora gusanga mu bihe bimwe na bimwe babura uko bagira. Ariko rero mu bindi bihe, kuba twarize vyoshobora kudufasha twe n’abana bacu kwirinda ugucumukura kutari gukenewe. Abatize imparurwa ni bo bagerageza kwinanata kugira babeho neza. Rimwe na rimwe, abana mbere n’abavyeyi barapfa kubera agashahara k’intica ntikize gatuma bidashoboka ko bivuza. Abantu bize udushure dukeyi canke bataciye no mw’ishure ni bo akenshi usanga bafungura nabi bakongera bakagira uburaro bubi. Kuba umuntu yarize canke akaba n’imiburiburi azi gusoma no kwandika birashobora kugira ico bifashije muri ivyo.
Kuba umuntu yarize biragabanya kandi impengamiro yo kwemera ibintazi. Ego ni ko, kwemera ibintazi usanga bigwiriye mu bantu bize no mu batize. Mugabo abatize bashobora guhendwa no gukandamizwa bitagoranye kuruta abize, kubera yuko badashobora gusoma ibitabu bihinyuza ivyo binyoma. Ku bw’ivyo, bahengamira cane ku kwemera ibintazi no kwemera ko umupfumu ashobora gukiza ku gitangaro.—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Ivyahishuriwe 21:8.
Umuntu ntiyiga kugira ngo aronke akazi gusa
Abantu benshi bumva ko intumbero nyamukuru yo kwiga ari ukuronka amahera. Yamara, abantu bamwebamwe bize usanga ari abashomeri canke ugasanga ntibaronka amahera akwiye yo kwironsa ivya nkenerwa. Ku bw’ivyo rero, abavyeyi bamwebamwe boshobora kwiyumvira ko ata kamaro ko gushira umwana mw’ishure. Mugabo rero, kwiga amashure ntibitegurira abana kuzoronka amahera gusa; birabaronsa kandi ivyangombwa muri rusangi bizobafasha mu buzima. (Umusiguzi 7:12) Niba umuntu yarize, biramworohera kuvugana n’abaganga, abategetsi canke abakozi bo muri banki, mbere bigacika ikintu amenyereye ha kuba ikintu kimutera ubwoba.
Mu mihingo imwimwe, abana bataciye ku ntebe y’ishure boshobora gushingwa umuntu abigisha kwubaka, kuroba, gushona canke uwundi mwuga. Kwiga umwuga ni ikintu ciza, mugabo niba abo bana batigeze baca ku ntebe y’ishure, bishoboka ko batazomenya neza gusoma no kwandika. Iyo babanza kuronka inyigisho y’ishimikiro maze bagaca biga umwuga, kumbure vyobashobokeye cane kwirinda gucurwa bufuni na buhoro kandi bakanaronka ubuzima burushirije kuba bwiza.
Yezu w’i Nazareti yari umubaji kandi biboneka ko hari ukuntu yagiye arigishwa na se-murezi ari we Yozefu. (Matayo 13:55; Mariko 6:3) Yezu kandi yari afise ubumenyi kubera ko n’igihe yari afise imyaka 12, yashoboye kugirana mu rusengero ibiganiro biranga ubwenge n’abagabo bize. (Luka 2:46, 47) Kwiga umwuga Yezu ntivyamubuza kwiga n’ibindi.
Abakobwa na bo boba bakwiye kuja mw’ishure?
Rimwe na rimwe abavyeyi bashira mw’ishure abahungu ariko ntibashireyo abakobwa. Kumbure abavyeyi bamwebamwe biyumvira ko kurihira amashure abakobwa babo bizimvye, kandi bakabona ko bogirira akamaro ba nyina bagumanye na bo muhira umusi wose. Mugabo kutiga bituma umwana w’umukobwa adatera imbere. Igitabu kimwe (Poverty and Children: Lessons of the 90s for Least Developed Countries) casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana (UNICEF) kivuga giti: “Amatohoza yagiye aragirwa yarerekanye ko gushira abakobwa mw’ishure ari umwe mu migambi myiza cane yo kurwanya ubukene.” Abakobwa bize usanga boroherwa cane mu vyo guhangana n’ingorane zibashikira mu buzima kandi bagafata ingingo zirushirije kuba iziranga ubukerebutsi, gutyo bigaheza bikungura umuryango wose.
Itohoza ryagizwe ku biraba abana bapfa mu gihugu kimwe co muri Afirika yo mu Burengero ari co Bénin, ryarerekanye yuko abakenyezi bataciye mw’ishure tubafatiye hamwe, babura abana 167 ku bana 1.000 batarashikana imyaka itanu, mu gihe abakenyezi baciye mw’ishure ryisumbuye bobo babura abana 38. Nya shirahamwe risozera riti: “Inyigisho rero irafise uruhara ruhambaye mu bijanye n’igitigiri c’abana bapfa muri Bénin, nk’uko bimeze no kw’isi hose.” Ku bw’ivyo rero, gushira abakobwa mw’ishure birashobora kuvamwo ivyiza bitandukanye.
Amasomero yo kwiga gusoma no kwandika yoba ahagije?
Aho bikenewe, Ivyabona vya Yehova baragira amasomero yo kwigisha gusoma no kwandika agenewe abo mw’ishengero batazi gusoma.b Iyo ntunganyo y’ingirakamaro irafasha abantu kwiga gusoma, akenshi bikagirwa mu rurimi rukoreshwa muri ako karere. Ayo masomero yoba akwiye gusubirira ukwigisha gusanzwe kugirirwa mu mashure? Woba ukwiye kwitega ko ishengero ukukira ari ryo ryigisha abana bawe naho amashure asanzwe yoba ariho?
Naho amasomero yo kwigisha gusoma no kwandika ari intunganyo nziza igirwa n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova, agenewe abakuze batigeze baronka akaryo ko kuja mw’ishure bakiri abana. Bishoboka ko abavyeyi babo batabona akamaro ko kwiga, canke ko ata mashure yariho ico gihe. Abo bantu barashobora gufashwa mu kwitaba amasomero yo kwiga gusoma no kwandika agirirwa mu mashengero bakukira. Ariko rero, ayo masomero si ayo gusubirira amashure asanzwe kandi ntiyashizweho kugira ngo atange inyigisho yo mu mashure matomato. Ivyigwa nka siyansi, ibiharuro na kahise ntivyigishwa muri ayo masomero yo kwiga gusoma no kwandika. Ivyo bishobora kwigwa mu mashure asanzwe.
Mu bihugu bimwebimwe vyo muri Afirika, amasomero yo kwigisha gusoma no kwandika akenshi agirwa mu ndimi zivugwa n’amoko kanaka kandi ni gake usanga agirwa mu rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta. Ariko rero, akenshi usanga mu mashure hakoreshwa ururimi rukoreshwa mu nzego za Leta. Ivyo biraronsa abana ibindi vyiza kubera ko ibitabu vyinshi be n’ayandi mayagwa yo gusoma atandukanye biboneka muri urwo rurimi. Naho amasomero yo kwigisha gusoma no kwandika agirirwa mu mashengero yoshobora kwongereza ubumenyi umwana aronkera mw’ishure, ntashobora gusubirira amashure asanzwe. Niba mubona bibereye, ntimwumva none ko abana bakwiye kuja mw’ishure?
Ibanga ry’abavyeyi
Abagabo baja imbere abandi mu gusukurira ishengero ku vyo rikeneye mu vy’impwemu, bakwiye kuba Abakirisu b’intangakarorero. Bakwiye guhagarikira “neza” ingo zabo be n’abana babo. (1 Timoteyo 3:4, 12) Guhagarikira “neza” birimwo gukora ibishoboka vyose kugira ngo dufashe abana bacu kwirinda kumererwa nabi muri kazoza.
Imana yarashinze abavyeyi bakirisu ibanga rikomeye. Bakwiye kurera abana babo mu buryo buhuje n’Ijambo ryayo, bakongera bakabafasha gucika ‘abakunda ubumenyi.’ (Imigani 12:1; 22:6; Abanyefeso 6:4) Intumwa Paulo yanditse ati: “Arik’umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Abana bacu bakwiye kandi kuronswa inyigisho ibereye.
Rimwe na rimwe, usanga kw’ishure abana bataronka inyigisho ikwiye kubera ubwinshi bw’abanyeshure, ubukene mu vy’amahera canke kumbure ugasanga abigisha ntibamerewe neza canke ntibahembwa neza. Ku bw’ivyo rero, birahambaye ko abavyeyi bitwararika ivyo abana babo bariko bariga kw’ishure. Ni vyiza kumenyana n’abigisha, canecane mu ntango y’igice kimwekimwe cose c’umwaka w’ishure, mbere bakanabasaba n’impanuro z’ukuntu abana babo bocika abanyeshure beza. Gutyo, abigisha boshobora kwumva ko bari n’ico bamaze, bigatuma bagira n’akigoro karushirije mu vyo kuronsa nya bana inyigisho bakeneye.
Kwiga ni umuce uhambaye mu vy’ikura ry’umwana. Mu Migani 10:14 havuga hati: “Abanyabgenge baziganya ukumenya.” Canecane ivyo ni ko biri ku bijanye n’ubumenyi bwerekeye Bibiliya. Abasavyi ba Yehova, abato n’abakuze bategerezwa kuba uko bishoboka kwose bafise ubumenyi kugira bafashe abandi mu vy’impwemu no kugira ‘bihe Imana nk’abamaze kurama, abakozi batarinda guteterwa, baramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri.’ (2 Timoteyo 2:15; 1 Timoteyo 4:15) Ariko none, abana boba bakwiye kuja mw’ishure? Nta gukeka ko uzoshika ku ciyumviro c’uko bakwiye kujayo, naho vyinshi bizovana n’ibigirwa mu gihugu cawe. Mugabo abavyeyi bakirisu barakeneye kwishura iki kindi kibazo gihambaye: ‘Abana banje boba bakwiye kwiga?’ Aho uba hose, ntiwemera yuko inyishu ikwiye kuba egome?
[Utujambo tw’epfo]
a Ururimi kavukire rwabo rwari Ikinyagalilaya gikomoka mu rurimi rw’Igiharameya canke ikirimirimi gikomoka mu Giheburayo. Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’150-152, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama 2000, ku rupapuro rw’8 n’urw’9.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 12, 13]
IGIHE BIDASHOBOKA KO UMWANA AJA MW’ISHURE
Kuja mw’ishure usanga bidashoboka mu bihe bimwebimwe. Nk’akarorero, hari ikinyamakuru kimwe (Refugees) cavuze yuko mu makambi y’impunzi, mu bana 5 bageze kuja mw’ishure, umwe gusa ari we ashoboye kujayo. Rimwe na rimwe, imigumuko iratuma amashure amara igihe kirekire yugaye. Amashure ashobora kuba ari kure birenze, canke akaba ata n’ayahari mu karere kanaka. Uguhamwa kw’Abakirisu gushobora gutuma hagira abana birukanwa mu mashure.
None ushobora gute gufasha umwana wawe mu bihe nk’ivyo? Ni igiki wokora nimba ufise abana nka bangahe kandi ukaba uba mu karere aho amahera arihirwa ishure atuma bidashoboka ko abo bana bose baja mw’ishure risanzwe? Mbega, ubona woshobora kurungika umwe canke babiri mu bana bawe kw’ishure utarinze kubashira mu kaga mu vy’impwemu? Nimba bishoboka, abo barashobora kwigisha abandi bana bawe ivyo bariko bariga mw’ishure.
Mu bihugu bimwebimwe haragirwa ivyo twokwita kwigishiriza i muhira.c Aho bimeze ukwo, umwe mu bavyeyi mu bisanzwe aramara amasaha makeyi yigisha umwana ku musi ku musi. Mu bihe vya ba sokuruza, abavyeyi mu vy’ukuri vyarabagendera neza mu kwigisha abana babo. Bivuye ku kumenyerezwa neza n’abavyeyi, biboneka ko Yozefu umuhungu wa Yakobo yashoboye guhagarikira abandi akiri mutoyi.
Porogarama y’inyigisho isanzwe ushobora gusanga igoye kuronka ahantu nko mw’ikambi y’impunzi, mugabo abavyeyi barashobora gukoresha ibitabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova, bikaba ari vyo bishimikiza mu kwigisha. Nk’akarorero, Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya kirashobora gufasha mu kwigisha abana bakiri bato. Ikinyamakuru Réveillez-vous! usanga kirimwo ibiganiro bivuga ibintu vyinshi binyuranye. Igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? coshobora gukoreshwa mu kwigisha ibintu bijanye na siyansi. Igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah kirafise ikarata ntoyi, kikavuga kandi ibijanye n’ubuzima be n’ibikorwa vy’ukwamamaza mu bihugu bitandukanye.
Harashobora kurangurwa ivyiza bitari bike mu gihe inyigisho iba yateguwe neza kandi ikaba ihuye n’ubushobozi abana bafise bwo gutegera. Babandanije gusoma no kwiga, bizorushiriza kuborohera kumenyera mw’ishure risanzwe hamwe ryoramuka ribonetse. Wibwirije kugira ico ukoze ukagira n’akigoro, urashobora gufasha abana bawe bakigishwa neza. Ese ukuntu bishobora kuvamwo ivyiza!
[Akajambo k’epfo]
c Raba ikiganiro kivuga ngo “L’enseignement au foyer: est-ce pour vous?” (Woba ushobora kwigishiriza abana bawe i muhira?) kiboneka mu kinyamakuru Réveillez-vous! co ku wa 8 Ndamukiza 1993, urupapuro 9-12.
[Picture]
Ni igiki cokorwa mu gihe woba uba aho abana bawe badashobora kuja mw’ishure risanzwe?