Niwumve ico Impwemu ivuga!
‘Uwuri n’ugutwi, niyumve ico impwemu ibwira amashengero’.—IVYAHISHURIWE 3:22.
1, 2. Ni impanuro iyihe isubirwamwo yerekeye ubutumwa Yezu yabwiye ya mashengero indwi avugwa mu Vyahishuriwe?
ABASAVYI ba Yehova bategerezwa gutega yompi amajambo yahumetswe Yezu Kirisitu yabwiye ya mashengero indwi, avugwa mu gitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe. Nkako, bumwebumwe bwose muri ubwo butumwa burimwo iyi mpanuro: ‘Uwuri n’ugutwi, niyumve ico impwemu ibwira amashengero’.—Ivyahishuriwe 2:7, 11, 17, 29; 3:6, 13, 22.
2 Turamaze kurimbura ubutumwa Yezu yarungikiye abamarayika ari bo bacungezi bo muri Efeso, Simuruna n’i Perugamo. Dushobora kwungukira gute ku vyo yabwiye ya mashengero ane yandi biciye ku mpwemu yera?
Ku mumarayika w’i Tuwatira
3. Tuwatira hari haherereye hehe, kandi ni igiki hahingura catumye hamenyekana cane?
3 “Umwana w’Imana” arakeza akongera agakangira ishengero ry’i Tuwatira (Soma Ivyahishuriwe 2:18-29.). Tuwatira (ubu akaba ari Akhisar) hari hubatswe ku kuzi kisesa mu ruzi Gediz (Hermus rwa kera) mu Burengero bwa Aziya Ntoya. Ico gisagara cari kizwi cane kubera imyuga myinshi yahakorerwa. Abahinguzi b’irangi baho bakoresha imizi y’igiterwa citwa garanse kugira baronke irangi ry’agahama canke ritukura cane ryari rizwi rwose. Ludiya, uwahavuye aba umukirisukazi mu gihe Paulo yagendera i Filipi ho mu Bugiriki, yari “umudandaza w’impuzu z’[agahama], wo mu gisagara citwa Tuwatira”.—Ivyakozwe 16:12-15.
4. Ishengero ry’i Tuwatira ryakejwe ku biki?
4 Yezu arakeza ishengero ry’i Tuwatira kubera ibikorwa vyaryo vyiza, urukundo, ukwizera, ukwihangana be n’igikorwa caryo co mu busuku. Nkako, ‘ibikorwa vyabo vyo hanyuma vyaruta ivya mbere kuba vyinshi’. Ariko rero, naho twoba tuzwi neza, dutegerezwa kutigera dufata minenegwe ivyerekeye inyifato runtu yacu.
5-7. (a) “Urya mugore Yezebeli” yari nde, kandi ni igiki categerezwa gukorwa ku bijanye n’akosho kiwe? (b) Ubutumwa Kirisitu yarungikiye ishengero ry’i Tuwatira bufasha abagore batinya Imana gukora iki?
5 Ishengero ry’i Tuwatira ryariko rirarenza uruho rw’amazi ku gusenga ibigirwamana, ku nyigisho z’ikinyoma be no ku bushegabo. Muri ryo hari “urya mugore Yezebeli”, kumbure akaba yari umugwi w’abagore bari bafise ingeso zimeze nka zimwe z’umwamikazi w’umubisha Yezebeli wa bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi ya Isirayeli. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko ‘abahanuzikazi’ b’i Tuwatira bagerageje gukwegakwega abakirisu kugira basenge imana n’imanakazi z’amashirahamwe y’ivy’ubucuruzi bongere bajemwo mu misi mikuru yarimwo imfungurwa zaterekerejwe ibigirwamana. Nimuze ntitureke ngo abigira abahanuzikazi barondere kwifatira abandi mw’ishengero rya gikirisu ryo muri kino gihe!
6 Kirisitu ‘yari hafi gutsinda ku buriri Yezebeli, no kurungikira abasambana na we amarushwa menshi, baramutse batigaye ibikorwa vyiwe’. Abacungezi ntibakwiye kwigera borohera mwene izo nyigisho mbi be na mwene ako kosho kabi, kandi nta mukirisu n’umwe akwiye kugira ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu n’ubwo mu buryo bw’umubiri, canke kuja mu gusenga ibigirwamana kugira ngo atahure yuko “ivy’ibgina vya Satani” ari bibi koko. Nitwumvira imburizi ya Yezu, ‘tuzokwumira ku co dufise’, kandi icaha ntikizokwiganza muri twebwe. Kubera yuko bamiriye kure imigenzo, ivyipfuzo be n’imigabo bidashimwa n’Imana, abasizwe bazutse bararonka “ububasha bgo kuganza amahanga”, kandi bazofatanya na Kirisitu mu kuyajanjagura. Amashengero yo mu gihe ca none arafise inyenyeri z’ikigereranyo, kandi abasizwe bazohabwa “ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu”, ni ukuvuga umukwe, ari we Yezu Kirisitu, igihe bazukira kuja mw’ijuru.—Ivyahishuriwe 22:16.
7 Ishengero ry’i Tuwatira ryaragabishijwe kutarenza uruho rw’amazi ku kosho kabi k’abagore bigira abahakanyi. Ubutumwa bwahumetswe Kirisitu yarungikiye iryo shengero, muri iki gihe burafasha abagore bubaha Imana kuguma mu kibanza yabashizemwo. Ntibagerageza gukoresha ubukuru ku bagabo, kandi ntibakwegakwegera umuvukanyi n’umwe mu busambanyi bwo mu vy’impwemu canke bwo mu vy’umubiri (1 Timoteyo 2:12). Ahubwo, abagore nk’abo baratanga akarorero mu bikorwa vyiza no mu murimo barangura kugira bashemeze Imana (Zaburi 68:11; 1 Petero 3:1-6). Ishengero rigumije ico rifise, ni ukuvuga inyigisho n’inyifato bityoroye be n’umurimo w’Ubwami ufise agaciro, Kirisitu azozanwa n’ukubaha impera nziza igitangaza, ntazozanwa n’ukubasangangura.
Ku mumarayika w’i Sarudi
8. (a) Sarudi hari haherereye hehe, kandi ni ibintu bimwebimwe ibihe bivugwa ku biherekeye? (b) Ni kubera iki ishengero ry’i Sarudi ryari rikeneye imfashanyo?
8 Ishengero ry’i Sarudi ryari rikeneye imfashanyo yihutirwa kubera yuko ryari ryarapfuye mu buryo bw’impwemu (Soma Ivyahishuriwe 3:1-6.). Sarudi, ahari nko ku birometero 50 mu Bumanuko bw’i Tuwatira, cari igisagara gisagamvye. Ubudandaji, isi yaho yimbuka, impuzu z’aho be n’amatapi bikozwe mu bwoya vyarafashije mu gutuma Sarudi, ahahora haba nk’abantu 50.000, kiba igisagara gitunze cane. Nk’uko umutohozakahise Josèphe abivuga, Sarudi haba Abayuda benshi mu kinjana ca mbere B.G.C. Mu bisigarira vy’ivyasanganguwe muri ico gisagara, harimwo isinagogi be n’urusengero rw’imanakazi Arutemi y’i Efeso.
9. Dukwiye gukora iki niba imirimo yacu y’ubusuku ari iyo guheza umwuga?
9 Kirisitu yabwiye umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ur’uwapfuye”. Tuvuge iki hamwe twoba tuvugwa ko turi maso mu buryo bw’impwemu mugabo tukaba dusinziriye cane mu bijanye n’uduteka twa gikirisu, imirimo yacu y’ubusuku na yo ikaba ari iyo guheza umwuga kandi tukaba ‘tugira dupfe’ mu buryo bw’impwemu? Muri ico gihe, turakeneye ‘kubandanya kwibuka ingene twakiriye be n’ingene twumvise’ ubutumwa bw’Ubwami, kandi turakwiye kuvyura utwigoro twacu mu murimo mweranda. Nta gukeka ko tubwirizwa gutangura kugira uruhara n’umutima wacu wose mu makoraniro ya gikirisu (Abaheburayo 10:24, 25). Kirisitu yagabishije ishengero ry’i Sarudi ati: “N’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra”. Bite ho mu gihe cacu? Vuba tugiye kugira ico tubazwa.
10. No mu gihe ibintu vyoba vyifashe nk’uko vyari biri i Sarudi, bishoboka ko abakirisu bakeyi usanga bifata gute?
10 No mu gihe ibintu vyoba vyifashe nk’uko vyari biri i Sarudi, hoshobora kuba hari bakeyi ‘batanduza impuzu zabo kandi bashobora kugendana na Kirisitu bambaye impuzu zera, kuko bibabereye’. Bagumana akaranga kabo k’abakirisu, bakaguma batanduye, batagirako ikirabagu c’iyi si mu vy’inyifato runtu no mu vy’idini (Yakobo 1:27). Ku bw’ivyo, Yezu ‘ntazosibanganya amazina yabo mu gitabu c’ubuzima na mba, ariko azobemera icese imbere ya Se, n’imbere y’abamarayika’. Kubera yuko umugwi w’umugeni wa Kirisitu ugizwe n’abasizwe bazoba bavuzwe ko babereye kugendana na we, bazokwambara impuzu zera zikayangana, zitanduye kandi nziza zigereranya ibikorwa bigororotse vy’abera b’Imana (Ivyahishuriwe 19:8). Uduteka tw’umurimo twiza igitangaza tubarindiriye mw’ijuru turabavyurira intege zo kunesha isi. Imihezagiro irarindiriye kandi abiteze ubuzima budahera kw’isi. Amazina yabo na yo nyene yanditse mu gitabu c’ubuzima.
11. Dukwiye gukora iki niba dutanguye gusinzira mu vy’impwemu?
11 Nta n’umwe muri twebwe yipfuza kumererwa nabi mu vy’impwemu nk’uko ishengero ry’i Sarudi ryari rimerewe. Ariko none, bite niba tubona yuko dutanguye gusinzira mu buryo bw’impwemu? Dukwiye guca tugira ico dukoze mu maguru masha ku neza yacu. Dufate ko turiko dukwegwakwegwa ngo tuje mu nzira z’ukutibanga Imana canke tukaba dutanguye gufata minenegwe ivyo kwitaba amakoraniro canke kuja mu busuku bwacu. Nimuze turonderere imfashanyo kuri Yehova mu gusengana ubwira (Ab’i Filipi 4:6, 7, 13). Gusoma Bibiliya ku musi ku musi no kwiga Ivyanditswe be n’ibisohokayandikiro vya “wa mubgiriza wo kwizigirwa” bizodufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu (Luka 12:42-44). Tuzoheza rero tube nka bamwe b’i Sarudi bemerwa na Kirisitu, kandi tuzoba umuhezagiro ku bo dusangiye ukwizera.
Ku mumarayika w’i Filadelufiya
12. Wosigura gute ukuntu Filadelufiya ha kera hari hameze mu vy’idini?
12 Yezu yarakeje ishengero ry’i Filadelufiya (Soma Ivyahishuriwe 3:7-13.). Filadelufiya (ubu hakaba ari Alasehir) cari ikibanza gikuru gisagamvye mu vyo guhingura umuvinyu mu karere ko mu Burengero bwa Aziya Ntoya. Nkako, imana yaho nkuru yari Dionysos, imana y’umuvinyu. Biboneka ko Abayuda b’i Filadelufiya bagerageje kujijura abakirisu b’Abayuda baho kugira ngo bumire canke basubire ku migenzo imwimwe yo mu Vyagezwe vya Musa, ariko ntivyabakundira.
13. Kirisitu yakoresheje gute ‘urupfunguruzo rwa Dawidi’?
13 Kirisitu arafise ‘urupfunguruzo rwa Dawidi’, ku bw’ivyo rero akaba yajejwe inyungu z’Ubwami zose be no gutegeka inzu y’abizera (Yesaya 22:22; Luka 1:32). Yezu yarakoresheje urwo rupfunguruzo kugira ngo yugururire abakirisu b’i Feladelufiya ha kera be n’ab’ahandi hose uturyo n’uduteka tw’Ubwami. Kuva mu 1919, yarashize imbere “wa mubgiriza wo kwizigirwa” “urugi runini” rujana ku kwamamaza Ubwami, urugi ata muntu n’umwe abarwanya ashobora kwugara (1 Ab’i Korinto 16:9; Ab’i Kolosayi 4:2-4). Mugabo ntiwumve, urugi rujana ku duteka tw’Ubwami rwarugawe ku bari mw’“isinagogi ya Satani”, kubera yuko atari Abisirayeli bo mu vy’impwemu.
14. (a) Ni umuhango uwuhe Yezu yahaye ishengero ry’i Filadelufiya? (b) Dushobora gute kuzigamwa ntidutembe mu “gihe co kugerageza”?
14 Yezu yahaye abakirisu b’i Filadelufiya ha kera uyu muhango: “Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose”. Kwamamaza bisaba ukwihangana nka kumwe Yezu yagaragaza. Ntiyigeze yorohera umwansi, ariko yabandanije gukora ivyo Se agomba. Ku bw’ivyo, Kirisitu yarazuriwe ubuzima budahwera mw’ijuru. Twumiye ku ngingo twafashe yo gusenga Yehova kandi tugashigikira Ubwami mu kwamamaza inkuru nziza, azotuzigama ntidutembe muri iki kiringo c’ukugeragezwa, ari co “gihe co kugerageza”. ‘Tuzoguma twumiye ku co dufise’ twahawe na Kirisitu mu kwihatira kugwiza izo nyungu z’Ubwami. Kubigenza gutyo bizotuma abasizwe baronka igitsibo co mw’ijuru c’igiciro ntangere, bagenzi babo b’intahemuka na bo baronke ubuzima budahera kw’isi.
15. Ni igiki gisabwa abazoba ‘inkingi mu rusengero rw’Imana’?
15 Kirisitu yongerako ati: “Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, . . . nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha”. Abacungezi basizwe bategerezwa gushigikira ugusenga kw’ukuri. Bategerezwa kuguma bari mu bagize “Yerusalemu musha” mu kwamamaza Ubwami bw’Imana no mu kuguma badahumanye mu buryo bw’impwemu. Ivyo ni nkenerwa nimba bipfuza kuba inkingi mu rusengero runinahajwe rwo mw’ijuru kandi nimba bipfuza kwitwa izina ry’igisagara c’Imana ari abanyagihugu baco mw’ijuru no kugira izina rya Kirisitu ari umugeni wiwe. Ariko kandi, birumvikana ko bategerezwa kugira amatwi ‘yumva ico impwemu ibwira amashengero’.
Ku mumarayika w’i Lawodikiya
16. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bivugwa kuri Lawodikiya?
16 Kirisitu yarakangiriye ishengero ry’i Lawodikiya ata co ryinona (Soma Ivyahishuriwe 3:14-22.). Lawodikiya, ahari nko ku birometero 150 mu Buseruko bwa Efeso kandi hakaba hari kw’ihuriro ry’amabarabara makurumakuru y’ivy’ubucuruzi mu mwonga wimbuka w’uruzi Lycus, cari igisagara gisagamvye cane kubera cahingura ibintu vyinshi kandi kikaba cari ikibanza gikuru c’amabanki. Impuzu zikozwe mu bwoya bwirabura bwo muri ako karere zari rurangiranwa. Kubera ko cari icicaro gikuru c’ishure ry’ivy’ubuvuzi rizwi cane, Lawodikiya gishobora kuba carahingura umuti w’amaso witwa poudre phrygienne. Asiklepiyosi, imana y’ubuvuzi, yari imwe mu mana nkurunkuru zo muri ico gisagara. Bisa n’uko i Lawodikiya haba Abayuda benshi, bamwe muri bo bikaba biboneka ko bari batunze.
17. Ni kubera iki Abanyalawodikiya bakangiriwe?
17 Igihe Yezu abwira ishengero ry’i Lawodikiya abicishije ku “mumarayika” waryo, avugana ubukuru ko ari “icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana” (Ab’i Kolosayi 1:13-16). Abanyalawodikiya barakangiriwe kubera ko batari ‘bakonje canke ngo babire’ mu buryo bw’impwemu. Kubera yuko bari akazuyazi, Kirisitu yari agira abadahwe. Bitegerezwa kuba bitabagoye gutahura ivyo yababwiye. Hafi y’i Hiyerapoli, hari amazi y’ibishuhira, i Kolosayi na ho hari amazi akanye. Ariko rero, kubera yuko ayo mazi yategerezwa gushika i Lawodikiya avuye kure, bishoboka ko yashika muri ico gisagara yabaye akazuyazi. Yabanza kuzanana mu muhora wari wubatswe. Ari hafi yo gushika i Lawodikiya, yaca yinjirana mu mabuye bakorogoshoye bakayafatanya bakoresheje isima.
18, 19. Abakirisu bo mu gihe ca none bameze nk’ab’i Lawodikiya bofashwa gute?
18 Abantu bameze nk’Abanyalawodikiya muri iki gihe, ntibashushe ku buryo bw’uko bokabura canke ngo bakanye ku buryo bw’uko boruhura. Nka kurya kw’amazi y’akazuyazi, bazobadahwa! Yezu ntashaka ko bamubera abavugizi, “intumwa [zasizwe] mu gishingo ca Kristo” (2 Ab’i Korinto 5:20). Batigaye, bazotakaza agateka kabo ko kuba abamamaji b’Ubwami. Abanyalawodikiya barondera amatungo yo mw’isi, maze ‘ntibamenya ko ari abatindi, bafutanye, ari aboro, impumyi kandi ko bagenda amenya’. Kugira ngo abantu bose bameze nka bo muri iki gihe bave mu bworo, bareke kuba impumyi no kugenda amenya mu buryo bw’impwemu, barakeneye kugura kuri Kirisitu ‘izahabu yakuwemwo inkamba’ ari kwo kwizera kwageragejwe, “impuzu zera” ari kwo kugororoka be n’“umuti wo gusīga ku maso” utuma babona mu buryo bw’impwemu. Abacungezi bakirisu barahimbarwa no kubafasha gutahura ko bakeneye ivy’impwemu kugira ngo babe “abatunzi mu kwizera” (Yakobo 2:5; Matayo 5:3). Vyongeye, abacungezi barakeneye kubasahiriza kugira ngo bakoreshe “umuti wo gusīga ku maso” wo mu buryo bw’impwemu, ari kwo kwemera no gukurikiza inyigisho za Yezu, impanuro ziwe, akarorero yatanze be n’inyifato yo mu muzirikanyi yiwe. Uwo ni umuti ubakiza “ivyifuzo vy’umubiri, ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bu[zima]”.—1 Yohana 2:15-17.
19 Yezu arakangira akongera agahana abo bose akunda. Abacungezi ayobora bategerezwa gukora nk’ukwo nyene babigiranye ikibabarwe (Ivyakozwe 20:28, 29). Abanyalawodikiya bari bakeneye ‘kugira umwete no kwigaya’, bakagira ivyo bahinduye mu buryo biyumvira no mu buryo babayeho. Hoba none hari bamwe muri twebwe bacitse abafise akamenyero ko kubaho mu buryo butuma umurimo mweranda turangurira Imana ugira ikibanza kidahambaye mu buzima bwabo? Muri ico gihe, nimuze tugure kuri Yezu “umuti wo gusīga ku maso” kugira ngo dushobore kubona akamaro ko kubanza kurondera Ubwami tubigiranye umwete.—Matayo 6:33.
20, 21. Ni bande bariko bitaba mu buryo bubereye ‘ukuramutsa’ kwa Yezu muri iki gihe, kandi bafise ivyizigiro ibihe?
20 Kirisitu avuga ati: “Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire”. Yezu yarakunda gutanga amacishabwenge yo mu buryo bw’impwemu igihe yaba ariko arasangira n’abandi (Luka 5:29-39; 7:36-50; 14:1-24). Ubu adodora ku rugi rw’ishengero rimeze nk’iry’i Lawodikiya. Abo muri ryo boba bazomwugururira, bagasubira kwerekana ko bamufitiye igishika, bakamuha ikaze hagati yabo, maze bakareka akabigisha? Nimba ari ukwo biri, Kirisitu azosangira na bo kugira bahungukire cane mu vy’impwemu.
21 “Izindi ntama” bo muri iki gihe bariko baha ikaze Yezu ngo yinjire mu buryo bw’ikigereranyo, kandi igikorwa nk’ico kijana ku buzima budahera (Yohana 10:16; Matayo 25:34-40, 46). Ku wo mu basizwe wese anesha, Kirisitu azomutera agateka ko ‘kwicarana na we ku ntebe yiwe y’ubwami, nk’uko nawe yanesheje akicarana na Se ku ntebe yiwe’. Ni vyo, ku basizwe banesha, Yezu arabemerera impera nziza igitangaza y’ukwicarana na we ku ntebe y’ubwami mw’ijuru iburyo bwa Se. Abo mu zindi ntama na bo banesha bariteganye umushasharo ikibanza ciza igitangaza ngaha kw’isi izoba irongowe n’ubwo Bwami.
Ivyigwa twese tuhakura
22, 23. (a) Abakirisu bose bashobora gute kwungukira ku majambo Yezu yabwiye ya mashengero indwi? (b) Dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?
22 Nta gukeka ko abakirisu bose bashobora kwungukira cane ku majambo Yezu yabwiye ya mashengero indwi yo muri Aziya Ntoya. Nk’akarorero, abakurambere bakirisu b’abanyarukundo bamaze kubona ko Kirisitu yakeje mu buryo bubereye, baravyurirwa umutima wo gukeza abantu be n’amashengero yifashe neza mu buryo bw’impwemu. Ahaba hari ukugoyagoya, abakurambere barafasha abo basangiye ukwizera kugira bakoreshe imiti iva mu Vyanditswe. Twese turashobora kubandanya kwungukira ku mice itandukanye y’impanuro Kirisitu yahaye ya mashengero indwi, igihe cose tubandanya kuzikurikiza tubishira no mw’isengesho kandi tudatebaganyea.
23 Iyi misi y’iherezo si igihe co kuba sindabinezwe, co kurondera amaronko canke co kugira ikintu na kimwe cotuma turangurira Imana umurimo wo guheza umwuga gusa. Ese rero amashengero yose yoguma yakaka nka vya biterekwako amatara Yezu afatiye mu kibanza cavyo. Uko turi abakirisu b’abizerwa, nimuze twame nantaryo twiyemeje gutega yompi igihe Kirisitu avuga twongere twumvirize ico impwemu ivuga. Gutyo, tuzogira umunezero wamaho bwa batwara umuco ku bw’ukuninahazwa kwa Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyahishuriwe 2:1–3:22 haraganirwako kandi mu kigabane c’7 gushika ku ca 13 c’igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche!, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura gute?
• “Urya mugore Yezebeli” yari nde, kandi ni kubera iki abagore batinya Imana batamwigana?
• Ibintu vyari vyifashe gute mw’ishengero ry’i Sarudi, kandi ni igiki dushobora gukora kugira ngo twirinde kuba nk’abakirisu benshi baho?
• Ni imihango iyihe Yezu yahaye ishengero ry’i Filadelufiya, kandi ihuye gute n’iki gihe?
• Ni kubera iki Abanyalawodikiya bakangiriwe, mugabo ni ivyizigiro ibihe bishirwa imbere y’abakirisu b’abanyamwete?
[Ifoto ku rup. 16]
Inzira z’ububisha z’“urya mugore Yezebeli” umuntu ategerezwa kuzirinda
[Amafoto ku rup. 18]
Yezu yarashize imbere abayoboke biwe “urugi runini” rujana ku duteka tw’Ubwami
[Ifoto ku rup. 20]
Woba uha ikaze Yezu hanyuma ukamwumviriza?