Guma ushikamye kandi utahukane intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima
IGIHE woba utegerezwa gufata urugendo uca mu kiyaga kirimwo ibihuhusi, wohitamwo ubwato bumeze gute? Woba woshima akato gatoyi kadakomeye canke woshima ubwato bunini bukomeye kandi bukozwe neza? Nta gukeka ko ubwo bwato bunini ari bwo wohitamwo, kubera yuko ari bwo bwoshobora guca mu bisebuzi bikaze.
Uko duca muri uru runkwekwe rw’ibintu rurimwo ibihuhusi be n’ingeramizi, turahura n’ingorane zituma tudatekanirwa. Nk’akarorero, abakiri bato rimwe na rimwe bashobora kwumva batabona iyo bava n’iyo baja kandi bakumva badatekaniwe muri ibi vyiyumviro be n’impararo vy’iyi si bivuruga ubwenge. Abataramara igihe batanguye kuba abakirisu, boshobora kwumva bagifise amakenga. Mbere n’abashikamye bamwebamwe bamaze imyaka myinshi basukurira Imana ari abizerwa, boshobora kuba bariko barihanganira ikigeragezo kubera yuko ivyo bari biteze bitararanguka rwose.
Inyiyumvo nk’izo si nshasha. Abasavyi ba Yehova b’abizerwa nka Musa, Yobu na Dawidi barumva badatekaniwe rimwe na rimwe (Guharūra 11:14, 15; Yobu 3:1-4; Zaburi 55:4). Yamara, baribanze kuri Yehova bashikamye mu buryo bwabo bwo kubaho. Akarorero kabo keza karaturemesha gushikama, mugabo Shetani wa Mucokoranyi ashaka kudukevya akadukura muri kwa gusiganirwa ubuzima budahera (Luka 22:31). None dushobora gute kuguma dushikamye, ‘dukomeye mu kwizera’ (1 Petero 5:9)? Kandi dushobora gute gukomeza abo dusangiye ukwizera?
Yehova ashaka ko dushikama
Niba turi abizerwa kuri Yehova, azokwama nantaryo ahari kugira ngo adufashe kuguma dutekaniwe. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yarahuye n’ibintu vyinshi bitoroshe, mugabo yarizigiye Imana araheza aririmba ati: ‘Kandi Yehova ankura mu rwobo rw’amahonero no mw’ishayo y’ivyondo, ashira ibirenge vyanje ku rutare, ashigikira intambuko zanje’.—Zaburi 40:2.
Yehova aradukomeza ngo turwane “intambara nziza yo kwizera” kugira ngo dushobore ‘gucakira ubuzima budahera’ (1 Timoteyo 6:12). Araturonsa kandi ivyodufasha kuguma tutanyiganyiga maze tugatahukana intsinzi mu ntambara yacu y’ivy’impwemu. Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ‘kuremesherezwa mu Mwami wacu, no mu bushobozi bwiwe bwinshi’ no ‘kwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanishwa vyose vy’Imana kugira ngo bashobore guhagarara badatsinzwe n’uruyeri rwa wa Murwanizi’ (Abanyefeso 6:10-17). Ariko ni igiki coshobora kuduhungabanya? Kandi dushobora gute kunanira utwosho nk’utwo turimwo ingeramizi?
Uragaba ku bintu bihungabanya
Vyoba vyiza twibutse iki kintu ntahara: ingingo dufata amaherezo ziragira ico zikora ku gutekanirwa kwacu kwa gikirisu, haba mu buryo bwiza canke mu buryo bubi. Abakiri bato barahangana n’ugufata ingingo ku biraba akazi bazokora, ukwiyongeza amashure be n’ugushinga urugo. Hari aho abakuze vyobasaba ko bafata ingingo yuko boba bokwimukira mu kandi karere canke gukora akazi ko ku ruhande kiyongereye ku ko basanganywe. Ku musi ku musi, turafata ingingo zijanye n’uburyo bwo gukoresha umwanya be n’ibindi bintu vyinshi. Ni igiki none kizodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi zizogira ico ziterereye ku gutekanirwa kwacu bwa basavyi b’Imana? Hari umukirisukazi amaze igihe kirekire yavuze ati: “Ndasaba Yehova ngo amfashe igihe mfata ingingo. Ndemera yuko bihambaye kwemera no gushira mu ngiro impanuro zitangwa muri Bibiliya, ku makoraniro ya gikirisu, zitangwa n’abakurambere be no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya”.
Igihe dufata ingingo, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Nihaca imyaka itanu canke icumi, noba nzohimbarwa n’ingingo mfashe uyu musi, canke nzokwicuza ico nazifatiye? Noba nihatira kuraba neza yuko ingingo mfata zitazompungabanya mu vy’impwemu ariko ko zizotuma ntera imbere mu vy’impwemu’?—Ab’i Filipi 3:16.
Gutwarwa n’inyosha mbi canke kwirekerana bagahakwa kurenga ku mategeko y’Imana vyaratumye ababatijwe bamwebamwe bagira ubuzima budatekanye. Abirukanywe mw’ishengero bakeyi bivuye ku gukurikira ingendo yo gukora ivyaha batigaya barakoze uko bashobora kugira ngo bagarukanwe, ariko basubira gucibwa, rimwe na rimwe bagacibwa hataraca igihe bagarukanywe, bivuye ku caha gisa n’ica mbere. Hoba ari kubera yuko batasenze basaba gufashwa n’Imana kugira ngo ‘banke ibibi bamatane n’ivyiza’ (Abaroma 12:9; Zaburi 97:10)? Twese turakeneye ‘kuguma duharurira ibirenge vyacu inzira zigororotse’ (Abaheburayo 12:13). Reka rero turimbure ivyiyumviro bimwebimwe bishobora kudufasha kuguma tutanyiganyiga mu vy’impwemu.
Guma ushikamye biciye ku gikorwa ca gikirisu
Uburyo bumwe bwo kuguma dukokeye muri kwa gusiganirwa ubuzima kwacu, ni ukugira vyinshi dukora mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Vyemere, ubusuku bwacu bwa gikirisu ni imfashanyo y’agaciro idufasha kuguma dushize umutima wacu be n’umuzirikanyi wacu ku gukora ivyo Imana igomba no kuguma vyerekejwe ku mpera y’ubuzima budahera. Mu bijanye n’ivyo, Paulo yahimirije Abanyakorinto ati: “Bene Data nkunda, mu[shikam]e ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami” (1 Ab’i Korinto 15:58). Ikintu ‘gishikamye’ kiba ‘gishinze bimwe bikomeye’. Mu rurimi rw’intango, ‘kutanyiganyiga’ bishobora gusobanura ‘kutava aho wazirikiwe’. Ku bw’ivyo, kugira vyinshi dukora mu busuku bwacu birashobora gutuma tutanyiganyiga mu ngendo yacu ya gikirisu. Gufasha abandi bantu gushika ku kumenya Yehova biratuma ubuzima bwacu bugira ico buvuze kandi bikatuzanira agahimbare.—Ivyakozwe 20:35.
Pauline, umukirisukazi amaze imyaka irenga 30 ari umumisiyonari no mu kindi gikorwa c’ukwamamaza c’igihe cose, avuga ati: “Ubusuku ni uburinzi kubera yuko kubwira abandi inkuru nziza binyemeza ko mfise ukuri”. Ukujijuka nk’ukwo kuva kandi ku kwama umuntu aja mu bindi bikorwa vya gikirisu, nko kwitaba amakoraniro yo gusenga no kwiyigisha Bibiliya abigiranye umwete.
Ikivukano kirangwa n’urukundo kiratuma dutekanirwa
Kuba turi mw’ishirahamwe rikwiye kw’isi yose ry’abasenga b’ukuri ni ikintu gikomeye gishobora gutuma dutekanirwa. Ese ingene ari umuhezagiro kwifatanya n’ikivukano nk’ico kirangwa urukundo, gikwiye ku mubumbe wose (1 Petero 2:17)! Na twebwe turashobora gutuma abo dusangiye ukwizera batekanirwa.
Rimbura ibikorwa ngirakamaro vya wa mugabo Yobu w’umugororotsi. Mbere na wa mwiruzi w’uruhendo Elifazi yategerejwe kwemera ibi: “Amajambo yawe yaramira uwarikw aratemba, kandi wagumisha amavi aregarega” (Yobu 4:4). Tweho ivyo twoba tubigira? Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo gufasha abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu kubandanya mu murimo w’Imana. Mu vyo tugirana na bo, turashobora gukora duhuje n’aya majambo: “Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega” (Yesaya 35:3). Kubera iki none gukomeza no kuremesha umukirisu mugenzawe umwe canke babiri igihe cose mubonanye utobigira ryo hangiro ryawe (Abaheburayo 10:24, 25)? Amajambo asubiriza umutima mu nda yo gukeza no gukenguruka utwigoro baguma bagira kugira bahimbare Yehova, arashobora vy’ukuri kubafasha kuguma bashikamye, bafise icizigiro co gutahukana intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima.
Abakurambere bakirisu barashobora gukora vyinshi mu kuremesha abakiri bashasha. Ivyo boshobora kubigira mu kubaha amagirenama ngirakimazi be n’impanuro nziza zishingiye ku Vyanditswe no mu gukorana mu busuku bwo mu ndimiro. Intumwa Paulo yama arondera uturyo two gukomeza abandi. Yaripfuza kubona Abakirisu b’i Roma kugira abakomeze mu buryo bw’impwemu (Abaroma 1:11). Abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bakundwa b’i Filipi yabafata ko ari ‘umunezero n’igitsibo’ ciwe kandi yabahimirije ‘guhagarara bashikamye batyo mu Mwami wacu’ (Ab’i Filipi 4:1). Paulo amaze kwumva amagume abavukanyi biwe b’i Tesalonike barimwo, yararungitse Timoteyo kugira ‘abakomeze abaremeshe, kugira ngo ntihagire uwo muri bo anyiganyizwa n’amarushwa’.—1 Ab’i Tesalonike 3:1-3.
Intumwa Paulo na Petero barabona utwigoro turanga ubwizerwe abo bafatanije ugusenga bagira bakongera bakaduha agaciro (Ab’i Kolosayi 2:5; 1 Ab’i Tesalonike 3:7, 8; 2 Petero 1:12). Mu buryo nk’ubwo nyene, nimuze ntitwibande ku bugoyagoye bw’abavukanyi bacu, ariko twibande kuri kamere zabo nziza no ku ntambara barwana bakererwa kugira bagume bashikamye kandi batera iteka Yehova.
Nimba turi abantu babona ibibi gusa canke bakunda kunebagura, twoshobora gutuma bamwebamwe bibagora kuguma bashikamye mu kwizera. Ese ukuntu bibereye ko twibuka yuko abavukanyi bacu ‘bagowe kandi basabagiye’ muri uru runkwekwe rw’ibintu (Matayo 9:36)! Mw’ishengero rya gikirisu, ni ivyumvikana ko bakwiye kwitega kuharonkera uguhumurizwa be n’ukuruhurirwa. Ese rero twese twokora uko dushoboye kwose kugira ngo twubake abo dusangiye ukwizera twongere tubafashe kuguma bashikamye!
Abandi boshobora rimwe na rimwe kudufata mu buryo bwotuma ugushikama kwacu kugabanuka. Twoba tuzoreka ngo amajambo ababaza canke igikorwa kitaranga umutima mwiza bitume dufororoka mu murimo turangurira Yehova? Ese tutokwigera tureka ngo hagire umuntu n’umwe adukura ku gushikama kwacu!—2 Petero 3:17.
Imihango y’Imana iratuma dutekanirwa
Umuhango Yehova yatanze wo kugira kazoza k’igitangaza mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami, uraduha icizigiro kidufasha kuguma dushikamye (Abaheburayo 6:19). Vyongeye ukujijuka yuko Imana yama nantaryo irangura imihango yayo biratuma ‘tuguma tugavye kandi dushikamye mu kwizera’ (1 Ab’i Korinto 16:13; Abaheburayo 3:6). Kuba imwimwe mu mihango y’Imana isa n’iyitevye gushika vyoshobora kugerageza ukwizera kwacu. Ni ngombwa rero yuko tuba maso kugira ngo ntituzimizwe n’inyigisho z’ikinyoma ngo twongere dutirimuke ku cizigiro cacu.—Ab’i Kolosayi 1:23; Abaheburayo 13:9.
Akarorero kabi ka ba Bisirayeli bahona kubera yuko batizeye imihango ya Yehova gakwiye kutubera imburizi (Zaburi 78:37). Aho kuba nka bo, ese twoshikama, tugasukurira Imana tubona ko ibintu vyihutirwa muri iyi misi y’iherezo. Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi, yavuze ati: “Ku musi ku musi mbaho mbona ko umenga umusi wa Yehova uhambaye uzoza ejo”.—Yoweli 1:15.
Vyemere, umusi wa Yehova uhambaye uri hafi cane. Ariko rero, nta na kimwe dukwiye gutinya igihe cose twoguma twiyegereje Imana. Twumiye ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse kandi tukaguma dushikamye, birashobora kutugendera neza muri kwa gusiganirwa ubuzima budahera.—Imigani 11:19; 1 Timoteyo 6:12, 17-19.
[Ifoto ku rup. 23]
Woba uriko urakora uko ushoboye kwose kugira ngo ufashe abakirisu bagenzawe kuguma bashikamye?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 21]
The Complete Encyclopedia of Illustration/J. G. Heck