‘Ntimutinye canke ngo muranduke imitima’
‘Ntimutinye canke ngo muranduke imitima. . . . Yehova azoba ari kumwe namwe’.—2 NGOMA 20:17.
1. Ni inkurikizi iyihe iterabwoba rigira ku bantu, kandi ni kubera iki ubwoba bafise bwumvikana?
ITERABWOBA! Iryo jambo ubwaryo rituma umuntu agira ubwoba, rigatuma yumva adatekaniwe kandi yumva atagira gitabara. Rituma abantu bagira ikinya, amaganya be n’ishavu. Vyongeye, ni ijambo ridondora ikintu abantu benshi bicura ko kizoshikira umuryango w’abantu mu myaka iri imbere. Kuba ibihugu bimwebimwe bimaze imyaka mirongo birwanya iterabwoba uko riri kwose ariko ntivyererwe, ni imvo yumvikana ituma abantu bagira ubwoba nk’ubwo.
2. Ivyabona vya Yehova babona gute ingorane y’iterabwoba, ivyo bishikana ku bibazo ibihe?
2 Naho ari ukwo, hariho imvo nyakuri yotuma umuntu agira icizigiro. Ivyabona vya Yehova, abariko baramamaza bashirutse ubute mu bihugu no mu vyibare 234 vyo kw’isi, barabona ko ibintu bizogenda neza cane. Aho gutinya ko iterabwoba ritazokwigera rikurwaho, barizigira badakeka ko rizovaho, kandi ubu bwa vuba. Vyoba vyumvikana umuntu abonye ibintu nk’uko babibona? Ni nde azoshobora gukura ico kiza mw’isi, kandi bizogenda gute? Kubera ko twese dushobora kuba twarashikiwe n’ubwoko bunaka bw’ubukazi, vyoba vyiza dusuzumye imvo ituma haba mwene ukwo kubona ko ibintu bizogenda neza.
3. Ni ibintu bitera ubwoba ibihe biriho, kandi ni ibiki vyabuwe ku vyerekeye igihe cacu?
3 Muri iki gihe, abantu baragira ubwoba kandi bagahagarika umutima bivuye ku mvo zitandukanye. Niwiyumvire amasinzi y’abantu batagishoboye kwitunga kubera bitereye mu myaka, baruhijwe n’indwara zidakira be n’ivyerekeye imiryango iriko iranyinyana mu vy’ubutunzi kugira ironke ikiyibeshaho. Nkako, iyumvire ukuntu bigoye kumenya ibishikira ubuzima ubwabwo! Urupfu rushobora kuduhitana giturumbuka bivuye kw’isanganya canke ku kiza, rukarangiza ikintu cose twakunda. Ubwoba nk’ubwo be n’umwitwarariko nk’uwo, ushizeko n’amatati menshi be n’ukuvunika umutima abantu benshi bagira, vyatumye igihe tubayemwo kiba neza na neza kimwe intumwa Paulo yadondora ati: “Umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, . . . badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza”.—2 Timoteyo 3:1-3.
4. Ni icizigiro ikihe kihari ku bintu bica intege bivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-3?
4 Naho ico canditswe cerekana ibintu bica intege, kirerekana ko hariho icizigiro. Urabona yuko ibihe bigoye bitegerezwa kubaho “mu misi y’iherezo” y’uru runkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani. Ivyo bisobanura yuko ugutabarwa kuri hafi kandi yuko isi mbi vuba igiye gusubirirwa n’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana butagira agahaze, ubwo bukaba ari bwo Yezu yigishije abayoboke biwe gusaba (Matayo 6:9, 10). Ubwo Bwami ni intwaro y’Imana yo mw’ijuru, ‘itazokwigera ihangura’, mugabo nk’uko umumenyeshakazoza Daniyeli abivuga, ‘izomara ikomvomvore ubu bwami bwose bw’abantu, ariko yo izokwamaho ibihe bidahera’.—Daniyeli 2:44.
Ukutagira aho abakirisu bahengamiye kurateye kubiri n’iterabwoba
5. Amahanga aherutse gukora iki ku bijanye n’iterabwoba?
5 Iterabwoba riramaze imyaka mirongo rihitana ubuzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi. Hararushirije kuba ukwicura iyo ngeramizi bimwe biboneka kw’isi yose kuva aho habereye ibitero mu gisagara ca New York n’ica Washington, D.C., ku wa 11 Nyakanga 2001. Uravye ukuntu iterabwoba ryongerekanye cane rigakwira no kw’isi yose, amahanga hirya no hino kw’isi yaciye aja hamwe kugira arirwanye. Nk’akarorero, kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2001, nk’uko ikinyamakuru kimwe kibivuga, “abashikiranganji bajejwe ivy’ugufashanya n’ayandi makungu baturuka mu bihugu vy’i Buraya, muri Amerika ya Ruguru be no muri Aziya yo Hagati bishika 55, barafatiye hamwe umugambi” ugenewe gushira hamwe utwigoro twabo. Umutegetsi umwe wo mu rwego rwo hejuru muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarashimagije uwo mugambi, avuga ko ari “izindi nguvu ziyongereye” ku kigoro ko kurwanya iterabwoba. Bukwi na bukwi, abantu amamiliyoni amajana n’amajana barisukiriye cane mu co ikinyamakuru kimwe (The New York Times Magazine) cise “intango y’intambara ikomeye cane”. Hasigaye ko umuntu araba ico utwo twigoro tuzoshikako. Ariko rero, inkurikizi z’intambara nk’iyo yo kurwanya iterabwoba zatumye abantu benshi bagira ubwoba be n’uguhagarika umutima, mugabo si mu bizigira Yehova.
6. (a) Ni kubera iki bishika bamwebamwe bikabagora kwemera impagararo ya gikirisu Ivyabona vya Yehova bafashe yo kutagira aho bahengamiye? (b) Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abayoboke biwe ku biraba ivya politike?
6 Ivyabona vya Yehova barazwi neza kubera batagira aho bahengamiye mu vya politike. Naho abantu benshi boshobora kwemera iyo mpagararo mu bihe vy’amahoro, ntibavyihanganira na gato igihe hadutse ibintu bigoye bimwe bidasanzwe. Akenshi, ubwoba be n’amakenga biterwa n’intambara bituma abantu bagira inyiyumvo zikomeye z’ugukunda igihugu. Ivyo vyoshobora gutuma bamwebamwe bibagora gutahura igituma hogira umuntu n’umwe agonanwa gushigikira imihari y’igihugu ihurikiwemwo n’abantu benshi. Ariko rero, abakirisu b’ukuri barazi yuko bategerezwa kugamburuka itegeko rya Yezu ryo ‘kutaba ab’isi’ (Yohana 15:19; 17:14-16; 18:36; Yakobo 4:4). Ivyo bisaba yuko baguma ata ho bahengamiye mu bibazo bijanye na politike canke n’ikibano. Yezu ubwiwe yaratanze akarorero kabereye. Uravye ubukerebutsi butagira agahaze be n’ubushobozi bwibonekeje yari afise, yari gushobora kugira ikintu ciza aterereye mu vyo abantu bo mu gihe ciwe bagira. Yamara, yaririnze kwisuka mu vya politike. Mu ntango y’ubusuku bwiwe, yariyamirije ashikamye ubutegetsi bwo kuganza ubwami bwose bwo mw’isi yari ahawe na Shetani. Mu nyuma, yaranse yivuye inyuma ko bamuha igiti mu vya politike.—Matayo 4:8-10; Yohana 6:14, 15.
7, 8. (a) Kuba Ivyabona vya Yehova batagira aho bahengamiye mu vya politike ni igiki bidasobanura, kandi kubera iki? (b) Mu Baroma 13:1, 2 habuza gute kuja mu bikorwa vy’ubukazi vy’ukurwanya intwaro?
7 Impagararo Ivyabona vya Yehova bafashe y’ukutagira aho bahengamiye ntikwiye gutahurwa nabi ngo umuntu ahave avuga yuko bashigikira canke barenza uruho rw’amazi ku bikorwa vy’ubukazi. Kuri bo, kubigenza gutyo vyoba biteye kubiri n’ivyo bavuga yuko ari abasavyi ba ‘ya Mana y’urukundo n’amahoro’ (2 Ab’i Korinto 13:11). Barize ukuntu Yehova abona ubukazi. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: ‘Yehova asuzuma umugororotsi n’umunyakibi, kandi uwukunda ubukazi, umutima wiwe uramwanka’ (Zaburi 11:5). Barazi kandi ivyo Yezu yabwiye intumwa Petero ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota”.—Matayo 26:52.
8 Naho kahise kerekana neza yuko abigira abakirisu akenshi bikoze ku “nkota”, ivyo si ko biri ku Vyabona vya Yehova. Baririnda igikorwa nk’ico cose. Ivyabona baragamburuka babigiranye ubwizerwe itegeko riri mu Baroma 13:1, 2 rigira riti: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza [abategetsi bo mu vy’intwaro]: kukw ata kuganza kutava ku Mana, [“abakuru bahari bahagaze mu nzego zigereranye bashizwemwo n’Imana,” NW]. Ni co gituma, ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana: kand’abakigābagābiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza”.
9. Ni mu buryo bubiri ubuhe Ivyabona vya Yehova barwanya iterabwoba?
9 Ariko rero, kubera ko iterabwoba ari ribi bigeze iyo hose, Ivyabona vya Yehova ntibakwiye none kuba hari ikintu bariko baragira kugira bafashe kurirwanya? Egome, barakwiye kukigira, kandi bariko barakigira. Ubwa mbere hoho, baririnda ubwabo kuja mu gikorwa na kimwe c’iterabwoba. Ubugira kabiri, barigisha abantu ingingo ngenderwako za gikirisu, yuko igihe bazikurikije, ubwoko bwose bw’ubukazi buvahoa. Mu mwaka uheze, Ivyabona bamaze amasaha 1.202.381.302 bafasha abantu kwiga iyo ngendo ya gikirisu. Uwo si umwanya bataye kubera yuko ico gikorwa baranguye catumye abantu 265.469 babatizwa bacika Ivyabona vya Yehova, gutyo baba berekanye ku mugaragaro yuko bashiburiye kure ubukazi.
10. Ni ivyizigiro ibihe bihari ku bijanye n’ugukuraho ubukazi mw’isi ya kino gihe?
10 Vyongeye, Ivyabona vya Yehova baratahura ko bo ubwabo badashobora kwigera bakura ikibi mw’isi. Ni co gituma bizigira bagaherezako umwe abishoboye, ni ukuvuga Yehova Imana (Zaburi 83:18). Naho abantu bagira utwigoro tuvuye ku mutima, ntibashobora gukuraho ubukazi. Umwanditsi wa Bibiliya yahumekewe aratugabisha imbere y’igihe ku vyerekeye igihe cacu, ari yo “misi y’iherezo”, akavuga ati: “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa” (2 Timoteyo 3:1, 13). Dufatiye kuri ico ciyumviro, bisa n’uko ivyizigiro abantu bafise vy’ugutsinda urugamba rw’ukurwanya ikibi ata co bishobora kuvamwo. Ku rundi ruhande, turashobora kwizigira ko Yehova azokuraho ubukazi buhere kandi rimwe rizima.—Zaburi 37:1, 2, 9-11; Imigani 24:19, 20; Yesaya 60:18.
Naho hari igitero cimirije, ntibatinya
11. Ni izihe ntambwe Yehova amaze gutera kugira akureho ubukazi?
11 Kubera ko Imana y’amahoro yanka ubukazi, turashobora gutahura igituma yatanguje intambwe zo gukuraho ikibutera, ni ukuvuga Shetani wa Mucokoranyi. Kukaba nkako, aramaze gutuma Shetani aneshwa bimwe bibi na wa mumarayika mukuru Mikayeli, Umwami aheruka kwimikwa n’Imana ari we Kirisitu Yezu. Bibiliya ibidondora muri ubu buryo: “Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco. Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co”.—Ivyahishuriwe 12:7-9.
12, 13. (a) Ni ikintu ikihe kidasanzwe kijanye n’umwaka w’1914? (b) Ubuhanuzi bwo muri Ezekiyeli bubura iki ku vyerekeye abashigikira Ubwami bw’Imana?
12 Urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya be n’ibiba kw’isi birahuza mu kwerekana yuko umwaka w’1914 ari co gihe iyo ntambara yo mw’ijuru yabereyeko. Kuva ico gihe, ibintu vyo kw’isi vyabandanije kwunyuka. Mu Vyahishuriwe 12:12, harasigura igituma mu kuvuga hati: “Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.
13 Birumvikana ko uburake bwa Shetani bwerekejwe ubwa mbere na mbere ku basavyi b’Imana basizwe be no kuri bagenzi babo bo mu “zindi ntama” (Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 12:17). Ukwo kubarwanya vuba kugiye gushika ku gihe cakwo c’agaheta, aho Shetani azogaba igitero gikaze kuri abo bose bashigikira Ubwami bw’Imana bwashinzwe bakongera bakabwizigira. Muri Ezekiyeli ikigabane ca 38, ico gitero sindamusiga kivugwa ko ari igitero kizogirwa na “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi”.
14. Ni utwigoro utuhe two gukingira Ivyabona vya Yehova twagizwe muri kahise, kandi ivyo vyoba ari ko bizokwama bimeze?
14 Kuva Shetani yirukanywe mw’ijuru, abasavyi b’Imana rimwe na rimwe barakingiwe ibitero vyiwe biciye ku twigoro tw’abanyapolitike bakomakomeye bamwebamwe, badondorwa mu mvugo ngereranyo mu Vyahishuriwe 12:15, 16. Ariko rero, Bibiliya yerekana yuko mu gihe c’igitero ca nyuma ca Shetani ata mashirahamwe y’abantu azoza kurwanira abizigira Yehova. Ivyo none vyoba bikwiye gutuma abakirisu bagira ubwoba canke bahagarika umutima? Habe namba!
15, 16. (a) Amajambo asubiriza umutima mu nda Yehova yabwiye abasavyi biwe mu gihe ca Yehoshafati, atuma abakirisu muri iki gihe bagira icizigiro ikihe? (b) Ni icitegererezo ikihe Yehoshafati be n’abo yatwara basigiye abasavyi b’Imana muri iki gihe?
15 Imana izofata mu mugongo abasavyi bayo nk’uko nyene yashigikiye ihanga ryayo mu gihe c’Umwami Yehoshafati. Dusoma duti: “Ni mutege amatwi, yemwe Bayuda mwese, namwe ababa i Yerusalemu, nawe Mwami Yehoshafati: uku ni k’Uhoraho agize: ati Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubg’ayo masinzi y’ingabo; kukw intambara atar’iyanyu, ariko n’iy’Imana. . . Mur’iyo ntambara ntimuzorinda kurwana, ariko muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho azobakirisha, yemwe Bayuda namwe b’i Yerusalemu. Ntimuze mutinye, canke ngo muranduke imitima: ejo muze muje kubatega, kuk’Uhoraho azoba ari kumwe namwe”.—2 Ngoma 20:15-17.
16 Ababa mu Buyuda barakuwe amazinda yuko batorinze kurwana. Mu buryo nk’ubwo nyene, abasavyi b’Imana nibaterwa na Gogi w’i Magogi, ntibazofata ibirwanisho ngo birwanire. Ahubwo, ‘bazokwihagararira gusa barabe agakiza Yehova’ abakirisha. Ariko ntiwumve, kwihagararira ntibisigura kutagira ikintu na kimwe ukora, nk’uko nyene n’abasavyi b’Imana bo mu gihe ca Yehoshafati bataciye barera amaboko. Dusoma duti: “Maze Yehoshafati yunamika amaso, akubita inkoro hasi, n’Abayuda bose n’ababa i Yerusalemu barūnama bashika hasi imbere y’Uhoraho, baramusenga. . . . Nuk[o Yehoshafati] amaze kuja inama n’abantu, ashirahw abo kuririmbira Uhoraho no kumutāzīra, bashazishije ukwera, kugira ngo bagende bītangiye imbere y’ingabo, baririmbe, bati Ni mushime Uhoraho, kukw imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira” (2 Ngoma 20:18-21). Egome, n’igihe abantu bari bahanganye n’igitero c’umwansi, babandanije gushemeza Yehova babigiranye umwete. Ivyo birashiriraho icitegererezo Ivyabona vya Yehova bazokurikiza, Gogi niyagaba igitero kuri bo.
17, 18. (a) Ni agatima keza akahe Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bafise ku bijanye n’igitero ca Gogi? (b) Ni icibutswa ikihe giherutse guhabwa abakiri bato b’abakirisu?
17 Gushika ico gihe, mbere n’inyuma y’igitero ca Gogi, Ivyabona vya Yehova bazobandanya gushigikira Ubwami bw’Imana. Ukwifatanya n’amashengero arenga 94.600 ari hirya no hino kw’isi kuzotuma babandanya kuronka inguvu be n’uburinzi (Yesaya 26:20). Ese ukuntu iki ari co gihe kibereye co gushemeza Yehova n’umutima rugabo! Koko, kubaho biteze igitero cimirije ca Gogi ntibituma biyonjorora kubera ubwoba. Ahubwo, bituma bongereza ibimazi vyabo vy’ugushemeza gushika ku rugero bashobora gushitsako.—Zaburi 146:2.
18 Ako gatima keza karagaragazwa neza na neza n’abakiri bato ibihumbi n’ibihumbi bo kw’isi yose batanguye ubusuku bw’igihe cose. Kugira hashimikwe ku vy’uko guhitamwo ingendo y’ubuzima ari ikintu gihambaye, agapapuro kavuga ngo Rwaruka—Muzokoresha Gute Ubuzima Bwanyu? karasohowe ku mahwaniro y’intara yo mu 2002. Abakirisu, abato n’abakuze, barakenguruka mwene ivyo vyibutswa biza hageze.—Zaburi 119:14, 24, 99, 119, 129, 146.
19, 20. (a) Ni kubera iki ata mvo n’imwe abakirisu bafise yo gutinya canke guhagarika umutima? (b) Ikiganiro c’ukwiga gikurikira kigira iki?
19 Uko ibintu vy’isi vyifashe kwose, si ngombwa ngo abakirisu bagire ubwoba canke bahagarike umutima. Barazi yuko ubu bwa vuba Ubwami bwa Yehova bugiye gukuraho rimwe rizima ubwoko bwose bw’ubukazi. Barahumurizwa kandi no kumenya yuko izuka rizosubiza bazima abantu benshi bahitanywe n’ubukazi. Mu gihe iryo zuka rizotuma bamwe baronka akaryo ko kumenya Yehova ari bwo bwa mbere, rizotuma abandi babandanya ingendo yabo y’umurimo bamurangurira baramwiyeguriye.—Ivyakozwe 24:15.
20 Bwa bakirisu nyakuri, turatahura yuko dukeneye kuguma ata ho duhengamiye, kandi ivyo ni vyo twiyemeje kugira. Dushaka kwumira ku cizigiro ciza igitangaza dufise c’ukuzoshobora ‘kwihagararira gusa, tukaraba agakiza ka Yehova’. Ikiganiro gikurikira kirakomeza ukwizera kwacu mu gutuma dutegera yuko ibintu biba muri kino gihe biriko biduha buhorobuhoro ugutahura kwiyongereye iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira uronke uburorero bw’abantu bahevye kubaho ari inkazi kugira ngo bacike Ivyabona, raba inomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante 1990, urupapuro rwa 21; n’iyo ku wa 8 Myandagaro 1991, urupapuro rwa 18; be n’inomero y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 1 Nzero 1996, urupapuro rwa 5; be n’iyo ku wa 1 Myandagaro 1998, urupapuro rwa 5.
Woba ushobora kubisigura?
• Ni kubera iki abantu benshi muri kino gihe bihebuye cane?
• Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova batihebura ku bijanye na kazoza?
• Ni igiki Yehova amaze gukora ku bijanye n’igitera ubukazi bwose?
• Ni kubera iki ata mvo n’imwe dufise y’ugutinya igitero ca Gogi?
[Ifoto ku rup. 13]
Yezu yarasigiye abakirisu akarorero kabereye k’ukutagira aho bahengamiye
[Amafoto ku rup. 16]
Ivyabona bakiri bato ibihumbi n’ibihumbi baratanguye ubusuku bw’igihe cose babigiranye umunezero
[Abo dukesha ifoto ku rup. 12]
UN PHOTO 186226/M. Grafman