“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”
Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, yararonse ububasha bwo guhinduka
SANDRA, umugore umwe aba muri Megizike, yivugiye ko yari umuhemu mu muryango wabo. Ukutamuha nirwere be n’ukutamugaragariza urukundo vyatumye amererwa nabi mu myaka yiwe y’ubuyabaga. Avuga ati: “Imyaka yanje y’ubuyabaga nayimaze nguma numva ata co maze, mfise n’amakenga menshi ku vyerekeye igituma ndiho be no ku vyerekeye ubuzima”.
Igihe Sandra yari mu mashure yisumbuye, yatanguye kunywa umuvinyu se yaba afise i muhira. Mu nyuma yaratanguye kuwigurira hama acika imborerwa. Yiyemerera ati: “Numva ntashaka kubaho”. Kubera ukwihebura, Sandra yaciye atangura gufata ibiyayuramutwe. Avuga ati: “Ikintu conyene camfasha kwibagira ingorane, ni ivyo nagendana mu gasaho kanje: icupa ry’inzoga, ibinini biyayura umutwe, canke ibiyayuramutwe vyitwa marijuwana”.
Sandra amaze guheza ishure ry’ivy’ubuvuzi, yararushirije kwivobeka mu vyo kunywa inzoga. Yaragerageje kwiyahura. Ariko ntivyakunze.
Sandra yarahindukiriye amadini atandukanye kugira ngo arabe ko yoronka imfashanyo yo mu vy’impwemu n’iyo mu vy’akanyengetera ariko biba ivy’ubusa. Kubera ko ata cizigiro yari afise kandi akaba yari yatwawe n’ukwihebura, yama atakambira Imana ati: “Uri hehe? Kubera iki utamfasha?”. Ukwumva ko ata co amaze vyaragabanutse cane igihe Icabona ca Yehova umwe yamuganiriza. Ivyo vyatumye atangura kwiga Bibiliya. Sandra yarakozwe ku mutima cane igihe yamenya yuko “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse”.—Zaburi 34:18.
Uwigishije Sandra Bibiliya yaramufashije gutahura yuko Yehova Imana azi yuko turi n’intege nke kubera icaha be n’agasembwa twarazwe na Adamu. Sandra yaramenye yuko Imana itahura ko tudashobora gukurikiza neza na neza ingingo mfatirwako zigororotse (Zaburi 51:5; Abaroma 3:23; 5:12, 18). Yaranezerejwe no kumenya yuko Yehova atibanda gusa ku bugoyagoye bwacu, kandi ko atatwitegako ibiruta ivyo dushobora gukora. Umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?”.—Zaburi 130:3.
Ukuri kwo muri Bibiliya guhambaye kwashwangamuye umutima wa Sandra, ni inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. Biciye kuri iyo nkuka y’incungu, Yehova abigiranye imbabazi aratuma abantu bagamburuka bagira impagararo igororotse naho ari abanyagasembwa (1 Yohana 2:2; 4:9, 10). Vyemere, turashobora “guharirwa ibicumuro vyacu”, gutyo tugafashwa gutsinda inyiyumvo izo ari zo zose zo kwumva ko ata co tumaze.—Abanyefeso 1:7.
Sandra yarakuye ivyigwa bihambaye ku karorero k’intumwa Paulo. Paulo yarakengurutse cane ubuntu Imana yamugiriye mu kumuharira igaherezako amakosa yari yarakoze, no mu kumushigikira mu ntambara yiwe ikomeye yariko arwana kugira ngo atsinde ubugoyagoye budahera (Abaroma 7:15-25; 1 Ab’i Korinto 15:9, 10). Paulo yarakosoye ingendo yiwe y’ubuzima, ‘ararwanya umubiri wiwe, awuhindura umuja’ kugira ngo agume mu nzira ishimwa n’Imana (1 Ab’i Korinto 9:27). Ntiyaretse ngo impengamiro ziwe zo gukora icaha zimugire umuja.
Ubugoyagoye bwa Sandra bwaramusinzikaje, mugabo abandanya kuburwanya. Yarasengana ubwira asaba ko Yehova yomufasha kugira abutsinde yongera ararondera ko yomugirira imbabazi (Zaburi 55:22; Yakobo 4:8). Kubera ko Sandra yiyumvamwo ko Imana imwitwararika, yarashoboye guhindura ubuzima bwiwe. Avuga ati: “Ndafise umunezero wo kwigisha abandi Bibiliya igihe cose”. Sandra yaragize agateka ko gufasha mukuru we na murumuna we kumenya Yehova. Muri ukwo ‘gukora ivyiza’ arakoresha kandi ubuhanga afise mu vy’ubuvuzi ku mahwaniro y’Ivyabona vya Yehova.—Ab’i Galatiya 6:10.
Tuvuge iki kuri bimwe vyari vyiziziye Sandra? Avuga adakekeranya ati: “Umutima wanje urera. Sinkinywa inzoga, singitumura itabi kandi singifata ibiyayuramutwe. Sindabikeneye. Nararonse ico narondera”.
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Nararonse ico narondera”
[Uruzitiro ku rup. 9]
Ingingo ngenderwako za Bibiliya ziragira ico zikoze
Ng’izi ingingo ngenderwako za Bibiliya zimwezimwe zafashije benshi kuvavanura n’ingeso zari zarabiziziye:
“Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana” (2 Ab’i Korinto 7:1). Imana ihezagira abantu biyuhagiye ubuhumane, bakirinda ingeso zihumanye.
“[Gutinya] Uhoraho ni kwo kwanka ikibi” (Imigani 8:13). Ugutinya Imana kurangwa n’ukuyubaha birafasha umuntu kuvavanura n’ingeso mbi, harimwo no gufata ibiyayuramutwe. Uretse ivy’uko umuntu yahindutse ahimbara Yehova, aba yikingiye n’indwara ziteye ubwoba.
‘Nugamburukire abakuru n’abafise ubushobozi, kandi ubumvire’ (Tito 3:1). Mu mihingo myinshi, gutunga ibiyayuramutwe bimwebimwe canke kubifata kuba ari ukurenga ku mategeko. Abakirisu b’ukuri ntibatunga ibiyayuramutwe bitemewe n’amategeko canke ngo babikoreshe.