ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/8 rup. 14-19
  • Twigane ya Mana y’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twigane ya Mana y’ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abasavyi ba Yehova barazi ukuri
  • Abasavyi ba Yehova ni abanyakuri
  • Abasavyi ba Yehova barahishura ukuri
  • Nukurikire ingendo yo kuba umunyakuri
  • Yehova, ya Mana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
  • Nuvugane ukuri na mugenzawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/8 rup. 14-19

Twigane ya Mana y’ukuri

“Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda”.​—ABANYEFESO 5:1.

1. Abantu bamwebamwe bemera iki ku vyerekeye ukuri, kandi ni kubera iki ivyiyumviro vyabo bigoramye?

‘MBEGA ukuri ni iki?’ (Yohana 18:38). Ico kibazo haciye nk’imyaka 2.000 kibajijwe mu buryo bw’akagaye na Ponsiyo Pilato, gishaka kwerekana yuko ukuri kugoye cane gutahura ku buryo umuntu atokurondera. Benshi muri iki gihe bovyemera. Ukuri ubwako kurageramiwe. Ushobora kuba umaze kwumva bivugwa yuko umuntu wese yifitiye ukuri, canke yuko ukuri kuvana n’ukuntu ibintu vyifashe, cabure ko ukuri kwama guhindagurika. Ivyiyumviro nk’ivyo biragoramye. Intumbero nyayo y’ubushakashatsi n’ukwiga ni iyo kugira ngo umuntu amenye uko ibintu biri koko, amenye ukuri ku vyerekeye isi tubamwo. Ukuri si ikintu umuntu yifatira uko acumva. Nk’akarorero, ubugingo burapfa canke ntibupfa. Shetani arabaho canke ntabaho. Ubuzima burafise intumbero canke nta yo bufise. Ku karorero kamwekamwe kose, hariho inyishu y’ukuri imwe rudende. Imwe ni iy’ukuri, iyindi ni iy’ikinyoma; zompi ntizishobora kuba iz’ukuri.

2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova ari Imana y’ukuri, kandi ni ibibazo ibihe tugira tuganireko?

2 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye ko Yehova ari Imana y’ukuri. Arazi ukuri mu bintu vyose. Mu buryo buhushanye rwose na wa mwansi wiwe w’umunyabinyoma ari we Shetani wa Mucokoranyi, Yehova yama ari umunyakuri. N’ikirushirije, Yehova arahishurira ukuri abandi atiziganya. Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda” (Abanyefeso 5:1). Bwa Vyabona vya Yehova, twomwigana gute mu kuvuga ukuri no mu kubaho tukwisunga? Ni kubera iki bihambaye kugira gutyo? Vyongeye, ni igiki kidukura amazinda yuko Yehova ashima abakurikirana ingendo yo kuba abanyakuri? Reka tubirabe.

3, 4. Intumwa Paulo na Petero badondoye gute ivyobaye mu “misi y’iherezo”?

3 Tubayeho mu gihe ikinyoma co mu madini ciraye. Nk’uko vyabuwe n’intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, abantu benshi bo muri iyi “misi y’iherezo” bafise ishusho yo kuyobokera Imana ariko bagahakana ubushobozi bwako. Bamwebamwe bararwanya ukuri, bakaba abantu “bononekaye ubgenge”. Vyongeye, ‘abantu babi, bo n’abahumbuzi, barushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa’. Naho abantu nk’abo bama bariko bariga, ntibigera bashika ku “kumenya ukuri”.​—2 Timoteyo 3:1, 5, 7, 8, 13.

4 Intumwa Petero na we nyene yarahumekewe kwandika ivyerekeye imisi y’iherezo. Nk’uko yabibuye, abantu ntibatera akagere ukuri gusa ariko kandi baracokora Ijambo ry’Imana be n’abantu bamamaza ukuri kwanditse muri ryo. “Bakurikije ukwipfuza kwabo” (NW), abo bacokoranyi baribagira ivy’uko isi yo mu gihe ca Nowa yarengewe n’amazi, bikaba vyabaye akarorero k’ukuntu umusi w’urubanza wo muri kazoza uzoba umeze. Ivyiyumviro vyabo birangwa n’ivyo bipfuza bizobakwegera akaga igihe nicashika c’uko Imana isangangura abatayubaha.​—2 Petero 3:3-7.

Abasavyi ba Yehova barazi ukuri

5. Nk’uko umumenyeshakazoza Daniyeli yabivuze, ni ibiki vyobaye mu “gihe c’iherezo”, kandi ubwo buhanuzi bwarangutse gute?

5 Mu kudondora ivyerekeye “igihe c’iherezo”, umumenyeshakazoza Daniyeli yarabuye ibintu vyobaye mu basavyi b’Imana bihushanye n’ivyo duhejeje kubona, ivyo bintu bikaba ari ugusubizaho ukuri mu vy’ugusenga. Yanditse ati: “Benshi [“bazoyerera irya n’ino kandi ubumenyi nyakuri”, NW] buzogwira” (Daniyeli 12:4). Abasavyi ba Yehova ntibavurugwa ubwenge na wa Mubeshi mukuru canke ngo bahumwe amaso na we. Kubera bayerereye irya n’ino muri Bibiliya, barashitse ku kuronka ubumenyi nyakuri. Mu kinjana ca mbere, Yezu yaracishije ubwenge abigishwa biwe. “[Yarabunguye] ubgenge ngo batahure ivyanditswe” (Luka 24:45). Muri iki gihe cacu, Yehova yakoze nk’ukwo nyene. Abicishije kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, yaratumye abantu amamiliyoni kw’isi yose batahura ico asanzwe azi, ni ukuvuga ukuri.

6. Abasavyi b’Imana muri iki gihe batahura ukuri kwa Bibiliya ukuhe?

6 Kubera ko turi abasavyi b’Imana, turatahura ibintu vyinshi tutomenye. Turazi inyishu z’ibibazo incabwenge zo mw’isi zimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi zirondera. Nk’akarorero, turazi igituma hari ugucumukura, igituma abantu bapfa be n’igituma abantu badashobora gushikira amahoro n’ubumwe kw’isi yose. Twarahezagiwe kandi mu kumenya ico kazoza katubikiye, ico na co kikaba ari Ubwami bw’Imana, isi izoba yahindutse iparadizo be n’ubuzima budahera butagira agasembwa. Twarashitse ku kumenya Yehova, we Musumbavyose. Twaramenye ivyerekeye kamere ziwe zikwegera hamwe n’ico dutegerezwa gukora kugira ngo turonke umuhezagiro wiwe. Kumenya ukuri biratuma dutahura ibintu bitari ivy’ukuri. Ugushira mu ngiro ukuri biradukingira ugukurikirana ibintu bitagira ikimazi, bigatuma tugira ubuzima burushirije kuba bwiza bikongera bikaduha icizigiro c’igitangaza cerekeye kazoza.

7. Ni bande bashobora gutahura ukuri kwa Bibiliya, kandi ni bande badashobora kugutahura?

7 Woba utahura ukuri kwa Bibiliya? Nimba ugutahura, warahezagiwe cane. Iyo umwanditsi yanditse igitabu, akenshi acandika kugira ngo gikwegere umugwi kanaka w’abantu. Ibitabu bimwebimwe vyandikirwa abantu bize cane, ibindi bikandikirwa abana, mu gihe ibindi vyandikirwa abantu b’abahinga mu bintu kanaka. Naho Bibiliya ishobora kuronkeka bitagoranye ku bantu bose, yagenewe gutahurwa no guhabwa agaciro n’umugwi kanaka w’abantu. Yehova yayiteguriye abicisha bugufi n’abifata ruto bo kw’isi. Bene abo bantu barashobora gutahura Bibiliya, baba bize ibiki, bafise imico kama iyihe, bafise ikibanza ikihe mu kibano canke bari mu bwoko ubuhe (1 Timoteyo 2:3, 4). Ku rundi ruhande, abatari mu mero nziza y’umutima ntibahabwa ugutahura ukuri kwa Bibiliya, naho boba ari abanyabwenge gute canke bize ibingana iki. Abishira hejuru, abanyabwibone, ntibashobora gutahura ukuri kw’agaciro kwerekeye Ijambo ry’Imana (Matayo 13:11-15; Luka 10:21; Ivyakozwe 13:48). Imana yonyene ni yo ishoboye gutanga igitabu nk’ico.

Abasavyi ba Yehova ni abanyakuri

8. Ni kubera iki Yezu ubwiwe yari ukuri?

8 Cokimwe na Yehova, Ivyabona vyiwe b’abizerwa ni abanyakuri. Yezu Kirisitu, we Cabona ca Yehova aruta abandi, yaremeje ukuri biciye ku vyo yigishije, ku kuntu yabayeho be no ku kuntu yapfuye. Yarashigikiye ukuri kwerekeye ijambo rya Yehova be n’imihango yiwe. Ku bw’ivyo, Yezu ubwiwe yari ukuri, nk’uko yavyivugiye.​—Yohana 14:6; Ivyahishuriwe 3:14; 19:10.

9. Ivyanditswe bivuga iki ku vyerekeye ukuvuga ukuri?

9 Yezu yari “yuzuye ubuntu n’ukuri” kandi “[n]ta guhemana kwari mu kanwa kiwe” (Yohana 1:14; Yesaya 53:9). Abakirisu b’ukuri barakurikira akarorero Yezu yatanze mu vyo kuvugana ivy’ukuri n’abandi. Paulo yahanuye abo basangiye ukwemera ati: “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, kuko tur’ingingo za bagenzi bacu” (Abanyefeso 4:25). Imbere y’aho, umumenyeshakazoza Zekariya yanditse ati: “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we” (Zekariya 8:16). Abakirisu ni abanyakuri kubera ko bashaka guhimbara Imana. Yehova ni umunyakuri kandi arazi ikibi gikwegwa n’ikinyoma. Ku bw’ivyo, aritega bikwiriye ko abasavyi biwe bavuga ukuri.

10. Ni kubera iki abantu babesha, kandi bivamwo ingaruka mbi izihe?

10 Kuri benshi, ukubesha hari igihe bisa n’uko ari co kintu kibereye kugira ngo bironkere inyungu kanaka. Abantu barabesha kugira ngo bahunge igihano, kugira batore akoyoko mu buryo bunaka canke kugira ngo bashimwe n’abandi. Yamara, ingeso yo kubesha ni mbi. N’ikirushirije, umunyakinyoma ntashobora kwemerwa n’Imana (Ivyahishuriwe 21:8, 27; 22:15). Igihe tuzwi ko turi abanyakuri, abandi baremera ivyo tuvuga; baratwizigira. Ariko rero, iyo dufashwe turiko turavuga ikinyoma naho coba ari kimwe, abandi boshobora kuzokekeranya ku kintu ico ari co cose tuzovuga ikindi gihe. Hari umugani wo muri Afirika uvuga uti: “Ikinyoma kimwe conona ukuri kumaze kuvugwa incuro igihumbi”. Uwundi mugani na wo uvuga uti: “Umubeshi ntiyemerwa n’igihe nyene avuze ukuri”.

11. Ni mu buryo ubuhe ukuba umunyakuri atari ukuvuga ukuri gusa?

11 Ukuba umunyakuri si ukuvuga ukuri gusa. Ni uburyo bwo kubaho. Birerekana abo turi. Turatuma abandi bamenya ukuri bidaciye ku vyo tuvuga gusa ariko kandi biciye no ku vyo dukora. Intumwa Paulo yabajije ati: “Wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba? Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana?” (Abaroma 2:21, 22). Nimba dushaka kwigisha abandi ukuri, dutegerezwa kuba abanyakuri mu nzira zacu zose. Ukuba tuzwi ko turi abanyakuri n’inzirabugunge bizogira akosho gakomeye ku kuntu abantu bakira ivyo tubigisha.

12, 13. Uwukiri muto umwe yanditse iki ku vyerekeye ukuba umunyakuri, kandi ni igiki catuma yisunga ingingo mfatirwako y’ivyo kwigenza runtu iri hejuru?

12 Abakiri bato bo mu basavyi ba Yehova na bo nyene baratahura akamaro ko kuba abanyakuri. Mu gakorwa kamwe ko kw’ishure, Jenny, uwari afise imyaka 13 ico gihe, yanditse ati: “Ukutagira ubugunge ni ikintu vy’ukuri mpa agaciro. Ikibabaje, abantu benshi si inzirabugunge ijana kw’ijana muri kino gihe. Nariyemeje yuko nzokwama nantaryo ndi inzirabugunge mu buzima bwanje. Nzoba kandi inzirabugunge naho nyene kuvuga ukuri bitazoca ubwo nyene bingirira akamaro canke ngo bikagirire abagenzi banje. Ndaraba neza yuko abagenzi banje ari abantu bavuga ukuri kandi b’inzirabugunge”.

13 Umwigisha wa Jenny yaragize ico avuze kuri ako gakorwa mu kumenyesha ati: “Biratangaje kubona waratsimbataje inyifato runtu be n’ingingo ngenderwako bikomeye nk’ivyo kandi ukiri muto cane. Ndazi yuko uzokwumira kuri iyo ngingo ngenderwako yawe kubera yuko usanzwe ufise kamere igushoboza kubigendera”. Ni igiki catumye ako kigeme k’akanyeshure gakomera mu vyo kwigenza runtu? Mu ntangamarara y’agakorwa kiwe, Jenny yavuze yuko idini arimwo “ryashiriyeho ubuzima bwiwe ingingo mfatirwako”. Ubu haheze imyaka indwi Jenny yanditse amajambo yo muri ako gakorwa. Nk’uko umwigisha wiwe yari yarabivuze, Jenny arabandanya kubaho yisunga ingingo mfatirwako z’ivy’ukwigenza runtu ziri hejuru ari Icabona ca Yehova.

Abasavyi ba Yehova barahishura ukuri

14. Ni kubera iki abasavyi b’Imana bafise ibanga rihambaye bimwe bidasanzwe ryo gushigikira ivy’ukuri?

14 Ego ni ko, abandi bantu batari Ivyabona vya Yehova barashobora kuvuga ukuri kandi bakagerageza kuba inzirabugunge. Ariko rero, twebwe abasavyi b’Imana turafise ibanga rihambaye bimwe bidasanzwe ryo gushigikira ivy’ukuri. Twarabikijwe ukuri kwo muri Bibiliya, ukwo na ko kukaba ari ukuri gushobora gutuma umuntu aronka ubuzima budahera. Ku bw’ivyo, turafise ibanga ryo kubwira abandi ubwo bumenyi. Yezu yavuze ati: “Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi” (Luka 12:48). Vy’ukuri, abahezagiwe mu kuronswa ubumenyi bw’agaciro bwerekeye Imana ‘babazwa vyinshi’.

15. Ni umunezero uwuhe ukura mu kwigisha abandi ukuri kwa Bibiliya?

15 Kwigisha abandi ukuri kwa Bibiliya birazana agahimbare. Nka kumwe kw’abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere, turamamaza inkuru nziza, bukaba ari ubutumwa butanga icizigiro bweza umutima, ku bantu “bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” be no ku bantu bahumwe amaso kandi bavuruzwe n’“inyigisho z’abadayimoni” (Matayo 9:36; 1 Timoteyo 4:1). Intumwa Yohani yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri” (3 Yohana 4). Ukuba “abana” ba Yohani bari abizerwa, abashobora kuba ari abantu yamenyesheje ukuri, vyaramuzanira umunezero mwinshi. Biratuzanira umunezero iyo tubonye abantu bakirana ugukenguruka Ijambo ry’Imana.

16, 17. (a) Ni kubera iki atari bose bemera ukuri? (b) Ni umunezero uwuhe ushobora kuronka uko wamamaza ukuri kwa Bibiliya?

16 Ariko ntiwumve, si bose bemera ukuri. Yezu yaravuga ukuri kwerekeye Imana, no mu gihe nyene abantu bataba bashaka ko akuvuga. Yabwiye Abayuda bamurwanya ati: “N’iki gituma mutanyemera? Uw’Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ab’Imana”.​—Yohana 8:46, 47.

17 Nka kumwe kwa Yezu, ntitureka kuvuga ukuri kw’agaciro kwerekeye Yehova. Ntitwitega ko abantu bose bemera ivyo tubabwira, kubera ko atari bose bemeye ivyo Yezu yavuga. Naho ari ukwo, turagira umunezero wo kumenya yuko turiko turakora ibigororotse. Yehova mu buntu-mvarukundo bwiwe ashaka ko ukuri guhishurirwa umuryango w’abantu. Kubera ko abakirisu bafise ukuri, baraba abatwara umuco mw’isi iri mu mwiza. Turetse umuco werekeye ukuri ukaka biciye mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, turashobora gufasha abandi bakaninahaza Dawe wa twese wo mw’ijuru (Matayo 5:14, 16). Turatangaza izuba riva yuko twamirira kure ukuntu Shetani yagoretse ukuri maze tugashigikira Ijambo ry’Imana rityoroye kandi ritagira agatosi. Ukuri tuzi kandi twigisha kurashobora kuronsa umwidegemvyo abakwakira.​—Yohana 8:32.

Nukurikire ingendo yo kuba umunyakuri

18. Ni kubera iki Yezu yashimye Natanayeli kandi yamushimye gute?

18 Yezu yarakunda ukuri kandi akakuvuga. Mu busuku yaranguye ngaha kw’isi, yarashima abantu b’abanyakuri. Ku vyerekeye Natanayeli, Yezu yavuze ati: “Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ubugunge” (Yohana 1:47). Kubera ico, Natanayeli, uwushobora kandi kuba yitwa Barutolomayo, yaratowe aba umwe muri za ntumwa 12 (Matayo 10:2-4). Mbega agateka!

19-21. Umugabo umwe yahoze ari impumyi yahezagiwe gute bivuye ku kuba ari umunyakuri w’umurindutsi?

19 Ikigabane kizima co mu gitabu ca Bibiliya canditswe na Yohani kirigana inkuru y’uwundi muntu w’inzirabugunge yahezagiwe na Yezu. Ntituzi izina ry’uwo muntu. Ico tuzi ni uko uwo muntu yari umusezi yavutse ari impumyi. Abantu baratangaye cane igihe Yezu yamuhumura. Inkuru ivuga ivy’ukwo kuntu yamuhumuye ku gitangaro yarashikiriye Abafarizayo bamwe, abari abansi b’ukuri, bari barapfunditse ingingo hagati yabo yuko umuntu wese yari kwizera Yezu yategerezwa kwirukanwa mw’isinagogi. Kubera yuko abavyeyi b’abanyabwoba ba wa muntu yahora ari impumyi bari bazi imigambi yabo, barabeshe nya Bafarizayo, bavuga yuko batazi icatumye umwana wabo ahumuka canke ngo bamenye uwamuhumuye.​—Yohana 9:1-23.

20 Nya mugabo yahumuwe yarongeye kurengutswa imbere y’Abafarizayo. Ataravye ingaruka vyokwega, yarababwije ukuri ashize amanga. Yarasiguye ingene yahumuwe kandi ko Yezu ari we yamuhumuye. Atangajwe n’uko abo bagabo bakomakomeye kandi bize batemera ko Yezu ava ku Mana, nya mugabo yahumuwe yarabahatiye adatinya kwemera iki kintu kigaragara: “Iyaba uyo atāvuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora”. Kubera ko batari bafise ico bireguza, nya Bafarizayo baciye bagiriza nya mugabo ko atisonera baca bamuhindira hanze.​—Yohana 9:24-34.

21 Yezu amenye ivyo, yaciye afata umwanya abigiranye urukundo wo kurondera nya mugabo. Amaze kubona nya mugabo yahoze ari impumyi, yaciye yubakira ku kwizera yari yaragaragaje. Yezu yaciye yimenyekanisha icese ko ari Mesiya. Ese ukuntu uwo mugabo yahezagiwe kubona yavuze ukuri! Nta gukeka ko abo Imana itonesha ari abantu bavuga ukuri.​—Yohana 9:35-37.

22. Ni kubera iki dukwiye gukurikirana ingendo yo kuba abanyakuri?

22 Gushira mu ngiro ukuri ni ingendo dukwiye gufatana uburemere. Ni ikintu ntahara mu vyo kugiranira ubucuti bwiza n’abantu be n’Imana be no mu vyo kubuzigama. Kuba umunyakuri ni ukuba umuntu avuga atarya umunwa, ata buryarya, yugurutse, w’umwizigirwa kandi bituma yemerwa na Yehova (Zaburi 15:1, 2). Kutaba umunyakuri ni ukuba umubeshi, umuntu atizigirwa, umunyabinyoma kandi bituma umuntu adatoneshwa na Yehova (Imigani 6:16-19). Kubera ivyo rero, niwiyemeze gukurikirana ingendo yo kuba umunyakuri. Kukaba nkako, kugira ngo twigane ya Mana y’ukuri, dutegerezwa kumenya ukuri, kuvuga ukuri no kubaho twisunga ukuri.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki twokura ubwatsi kubona tuzi ukuri?

• Twokwigana Yehova gute mu vyo kuba abanyakuri?

• Ni ivyiza ibihe biva mu kwigisha abandi ukuri kwa Bibiliya?

• Ni kubera iki bihambaye gukurikirana ingendo yo kuba umunyakuri?

[Amafoto ku rup. 17]

Kubera ko abakirisu babikijwe ukuri kwa Bibiliya, barakubwira abandi babigiranye umwete

[Amafoto ku rup. 18]

Wa mugabo w’impumyi yahumurwa na Yezu yarahezagiwe cane kubera yavuze ukuri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika