Ico bamwebamwe babibukirako
NKO mu myaka ibihumbi bitatu iheze, Dawidi yariko arahunga Umwami Sauli wa Isirayeli. Dawidi yaratumye gusaba imfungurwa be n’amazi kwa Nabali, umugabo w’umutunzi yari afise intama n’impene. Mu bisanzwe, Nabali yari afitiye umwenda Dawidi n’abantu biwe wo kubagirira ubuntu kubera ko bari barakingiye imikuku yiwe. Ariko rero, Nabali yaranse kubakira. Mbere yarakankamiye abantu ba Dawidi. Nabali yariko akina n’umuriro, kubera yuko Dawidi atari umuntu wogufyinisha.—1 Samweli 25:5, 8, 10, 11, 14.
Inyifato ya Nabali yari ihushanye n’imico kama yo mu Buseruko bwo Hagati yo kugaragariza ubwakiranyi abashitsi be n’ingenzi. None, Nabali yihesheje irihe zina? Inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko yari “umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi” akaba n’“umuntu w’umugesera”. Izina ryiwe risobanura ngo “ikijuju”, kandi nta gukeka yabaho ahuza na ryo (1 Samweli 25:3, 17, 25). Woba wipfuza kwibukwa muri ubwo buryo? Woba uryagagurana kandi udakurwa kw’ijambo igihe ukorana ibintu n’abandi, canecane igihe biboneka ko ari abantu batobato? Canke woba uri umuntu w’umutima mwiza, w’umwakiranyi kandi yubahiriza abandi?
Abigayili yari umugore w’inkerebutsi
Kubera ukuryagagurana kwiwe, Nabali yari mu kaga. Dawidi be n’abandi 400 bo mu bantu biwe baciye bakenyera inkota zabo maze baja gukosora Nabali. Abigayili, umugore wa Nabali, yarumvise ivyari vyabaye. Yari azi yuko hagira habe intambara. None yakoze iki? Yaciye akwakwanya ategura imfungurwa nyinshi be n’ibindi bintu hanyuma aja gusanganira Dawidi be n’abantu biwe. Igihe yahura na bo, yaciye yinginga Dawidi kugira ngo ntasese amaraso ata nyanduruko. Umutima wa Dawidi waraturuye. Yarateze ugutwi intakambo za Abigayili maze arahindura umugambi yari afise. Haciye igihe gito ivyo bibaye, Nabali yarapfuye. Kubera ko Dawidi yashimye kamere nziza za Abigayili, yaciye amucura.—1 Samweli 25:14-42.
Ni izina bwoko ki Abigayili yihesheje? Yari “umunyabgenge” nk’uko igiheburayo co mu ntango kibivuga. Biraboneka ko yari umuntu w’inkerebutsi kandi abangutse akaba kandi yari azi ingene yokwibwiriza be n’igihe co kwibwiriza. Yarakoze mu buryo buranga ukudahemuka kugira ngo akingire icago umugabo wiwe w’igipfu be n’urugo rwiwe. Amaherezo yarapfuye, mugabo apfa yarihesheje izina ridasanzwe ry’uko yari umugore w’inkerebutsi.—1 Samweli 25:3.
Ni izina irihe Petero yasize?
Reka twegere imbere tuje mu kinjana ca mbere G.C. maze twihweze ivyerekeye intumwa 12 za Yezu. Nta nkeka yuko umuntu yari imvuzi kuruta abandi kandi avugiraho yari Petero, ari we Kefa, uwahoze ari umurovyi i Galilaya. Biboneka ko yari umuntu abangutse atatinya guserura inyiyumvo ziwe. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yarogeje ibirenge abigishwa biwe. None Petero yavyifashemwo gute igihe yari ashikiriwe?
Petero yabwiye Yezu ati: “Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?”. Mu kumwishura Yezu yavuze ati: “Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma”. Petero yasubijeyo ati: “Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose”. Urabona ko Petero yaciye avuga ashimitse mugabo akabigira gihuruduka. None Yezu yavyakiriye gute?
Yezu yishuye ati: “Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye”. Simoni Petero yaciye amubwira ati: “Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ushikane ku maboko no ku mutwe”. Ubu hoho Petero agiye ku kundi kurenza urugero! Ariko abantu baba bazi inyifato ya Petero. Nta buryarya bwari muri we.—Yohana 13:6-9.
Petero kandi yibukirwa ku bugoyagoye bwiwe bwa muntu. Nk’akarorero, yarihakanye Kirisitu incuro zitatu imbere y’abantu bamwagiriza ko ari umuyoboke wa Yezu w’i Nazareti uwari yaciriwe rubi. Petero amaze gutahura ikosa ryiwe, yararize bimwe bibi. Ntiyatinya guserura intuntu be n’ukwicuza. Birahambaye kandi kubona iyo nkuru y’ukuntu Petero yihakanye Yezu yaranditswe n’abanditsi b’Injili, bikaba bishoboka rwose ko ari Petero ubwiwe yayivuze. Yari n’ukwicisha bugufi guhagije ku buryo yemera amakosa yiwe. Woba ufise iyo kamere?—Matayo 26:69-75; Mariko 14:66-72; Luka 22:54-62; Yohana 18:15-18, 25-27.
Haciye amayinga makeyi Petero yihakanye Kirisitu, yarujujwe impwemu yera, arigisha ashize amanga amasinzi y’Abayuda kuri Pentekote. Ico cari ikimenyetso ntakekeranywa c’uko Yezu yazutse, yari amwizigiye.—Ivyakozwe 2:14-21.
Ikindi gihe, Petero yaraguye mu wundi mutego. Intumwa Paulo yarasiguye ko imbere y’uko abavukanyi bamwebamwe b’Abayuda bashika i Antiyokiya, Petero yari yarifatanije ku mugaragaro n’Abanyamahanga bizera. Ariko rero, yaciye yitandukanya na bo “kukw atinye abo mu bākebge” bari bashitse bavuye i Yeruzalemu. Paulo yarashize ku kabarore inyifato ya Petero yo kuba nyamujiryanino.—Ab’i Galatiya 2:11-14.
Naho ari ukwo, ni nde mu bigishwa yavuze ashize amanga mu gihe kigoye aho vyaboneka ko benshi mu bayoboke ba Yezu bari biteguriye kumuva inyuma? Ivyo vyabaye igihe Yezu yahishura ikintu gishasha ku vyerekeye insobanuro yo kurya umubiri wiwe no kunywa amaraso yiwe. Yavuze ati: “Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bu[zima] mwogira muri mwebge”. Benshi mu bayoboke ba Yezu b’Abayuda vyarabatsitaje baca bavuga bati: “Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?”. Vyaciye bigenda gute? “Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we”.—Yohana 6:50-66.
Muri ico gihe kigoye, Yezu yarahindukiriye za ntumwa 12 azibaza iki kibazo kidakikiriza: “Mbega namwe muragomba kwīgīra?”. Petero yaciye yishura ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira, natwe twarizeye, tumenya yuko ur’Uwera w’Imana”.—Yohana 6:67-69.
Ni izina bwoko ki Petero yihesheje? Umuntu asomye inkuru zimwerekeye ntabura gutangazwa na kamere yiwe yo kuba uwutagira uburyarya kandi yugurutse, n’ukudahemuka kwiwe be n’ukuba yari afise umutima ukunze wo kwemera ubugoyagoye bwiwe bwite. Ese ukuntu yihesheje izina ryiza!
Ni igiki abantu bibuka kuri Yezu?
Ubusuku Yezu yaranguriye kw’isi bwamaze imyaka itatu n’igice gusa. Ariko none, abayoboke biwe bamwibukira ku biki? Kubera ko ata gasembwa be n’icaha yari afise, yoba yari umuntu atēgēreka? Yoba yaratwaza amanyama kubera yari azi yuko ari Umwana w’Imana? Yoba yaratera ubwoba abayoboke biwe akongera akabahatira kumugamburukira? Yoba yaribona ko ari agakomeye ku buryo ata vyo gutwenza yagira? Yoba yari afise vyinshi akora ku buryo ata mwanya yaronka wo kwitwararika abantu b’intege nke be n’abarwaye canke abana? Yoba yararabira hasi abantu b’ubundi bwoko be n’abagore, nk’uko kenshi wasanga abagabo bo muri ico gihe babigira? Inkuru yerekeye Yezu itubwira iki?
Yezu yaritwararika abantu. Umwihwezo w’ubusuku bwiwe urahishura yuko incuro nyinshi yakijije ibimuga be n’abarwaye. Yaritanga agafasha abari n’ivyo bakeneye. Yaritwararitse abakiri bato, mu gutegeka abigishwa biwe ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze”. Yezu yaciye “[a]barera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza”. Woba ufata umwanya wo kwitwararika abana, canke wama ufise vyinshi ukora ku buryo mbere utabona yuko bahari?—Mariko 10:13-16; Matayo 19:13-15.
Igihe Yezu yari kw’isi, Abayuda barakandamizwa n’amategeko be n’amabwirizwa vy’idini vyari vyarongewe ku vyasabwa n’Ivyagezwe. Indongozi zabo z’idini barikoreza abantu imitwaro iremereye, mu gihe ubwabo batayikozako n’urutoke (Matayo 23:4; Luka 11:46). Ese rero ukuntu Yezu yari atandukanye na bo! Yavuze ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura”.—Matayo 11:28-30.
Abantu bararuhurirwa igihe baba bari kumwe na Yezu. Ntiyatera ubwoba abigishwa biwe, ku buryo batinya guserura iryo bagona. Kukaba nkako yarabaza ibibazo bituma baserura akabarimwo (Mariko 8:27-29). Abacungezi bakirisu bakwiye kwibaza bati: ‘Abo dusangiye ukwizera boba ari kwo bambona? Abandi bakurambere boba vy’ukuri bambwira ivyiyumviro vyabo, canke baragonanwa kubimbwira?’. Ese ukuntu biruhura igihe abacungezi begereka, batega ugutwi abandi, kandi bakirinda kuba bamudakurwa kw’ijambo! Ukutagira ibitegereka nta kindi kugira atari ukuzibira ikiyago cugurutse kandi kitarimwo uguhishanya.
Naho Yezu yari Umwana w’Imana, ntiyigeze akoresha nabi ububasha canke ubukuru bwiwe. Ahubwo, yarafasha abamwumviriza kuzirikana. Ivyo ni vyo vyashitse igihe Abafarizayo bagerageza kumutegesha iki kibazo kirimwo urwenge: “Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?”. Yezu yabasavye kumwereka ihera maze ababaza ati: “Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde?”. Bishuye bati: “N’ivya Kayisari”. Maze aca ababwira ati: “Nuko rer’ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana” (Matayo 22:15-21). Ubwo buryo bwo kuzirikana busanzwe bwari buhagije.
Yezu yoba yarakunda gutwenza? Abasomyi bamwebamwe boshobora kubona akantu kerekana ko yatwenza igihe basomye hamwe Yezu yavuga yuko vyoroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana (Matayo 19:23, 24). Ico ciyumviro ubwaco c’ingamiya igerageza guca mu zuru ry’urushinge nya rushinge ni ukurenza urugero. Akandi karorero ka mwene iyo mvugo ndenzarugero ni akerekeye ukubona akabango kari mu jisho ry’umuvukanyi mugabo umuntu ntabone ikigiga kiri mu jisho ryiwe bwite (Luka 6:41, 42). Vyemere, Yezu ntiyari akaze mu gutanga amategeko. Yari umuntu w’umunyagishika kandi akundana. Ku bakirisu muri iki gihe, gukunda gutwenza birashobora kugabanya ivyo kwijirwa mu bihe vy’umukazo.
Yezu yaragirira imbabazi abagore
Abagore bumva bamerewe gute igihe baba bari kumwe na Yezu? Nta nkeka ko yari afise abayoboke benshi b’intahemuka b’abagore, harimwo na nyina wiwe Mariya (Luka 8:1-3; 23:55, 56; 24:9, 10). Abagore barumva bafise umwidegemvyo wo kwegera Yezu ku buryo bw’uko igihe kimwe umugore ‘yari azwi ko ari umunyavyaha’ yogeje ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe maze abisiga amavuta amota (Luka 7:37, 38). Uwundi mugore, uwari amaze imyaka n’iyindi arwaye ubutinyanka, yarinyegeteje mu bantu akora ku mpuzu yiwe kugira ngo akire. Yezu yarashemagije ukwizera kwiwe (Matayo 9:20-22). Vyemere, abagore barabona ko Yezu yegereka.
Ikindi gihe, Yezu yaraganirije Umusamariyakazi kw’iriba. Yaratangaye cane gushika n’aho avuga ati: “Wewe ur’Umuyuda, non’unsaba amazi ute, jewe nd’Umusamariyakazi?”. Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya ntibacana uwaka. Yezu yarabandanije kumwigisha ukuri kw’akaroruhore kwerekeye ‘amazi yiburuka azana ubuzima budahera’. Ntiyumva ubuyega igihe yaba ari kumwe n’abagore. Nta co yinona.—Yohana 4:7-15.
Yezu bamwibukira kuri kamere ziwe nyinshi zirangwa ikirorobwe, harimwo n’agatima kiwe ko kwitanga. We nyene yari urukundo ruva ku Mana. Yezu arashiriraho ingingo mfatirwako abantu bose bipfuza kuba abayoboke biwe. None ukurikiza akarorero ka Yezu ku rugero rungana iki?—1 Ab’i Korinto 13:4-8; 1 Petero 2:21.
Abakirisu bo mu gihe ca none bibukirwa ku biki?
Mu bihe vya none, abakirisu b’abizerwa ibihumbi n’ibihumbi barapfuye, benshi bakaba bari bageze mu zabukuru, abandi bakaba basa n’abakiri bato. Mugabo barasize izina ryiza. Bamwe, nka Crystal, uwapfuye ageze mu zabukuru, bibukirwa ku rukundo rwabo be n’ugushikirana kwabo. Abandi, nka Dirk, uwapfuye ageze mu myaka 40, bibukirwa ku kuba ari abanyamunezero be no ku gatima kabo ko kwitanga.
Hariho kandi uwitwa José wo muri Esupanye. Mu myaka y’1960, igihe igikorwa co kwamamaza c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe muri ico gihugu, José yari yubatse afise abana batatu bakiri bato b’abigeme. Yari afise akazi gatekanye i Barcelone. Mugabo muri ico gihe, mu Bumanuko bwa Esupanye hari hakenewe abakurambere bakirisu bahumuye. José yarahevye akazi kiwe maze yimukira i Málaga ari kumwe n’umuryango wiwe. Bategerezwa kwihanganira ibihe vy’ingorane zo mu vy’ubutunzi, akenshi ugasanga badafise akazi.
Yamara, José yari azwi kubera akarorero yatanga ko kuba umwizerwa be n’umwizigirwa mu busuku be no kubera ukuntu yarera abigeme biwe mu buryo bw’intangakarorero, ivyo akaba yabishitseko afashijwe n’umukenyezi wiwe yamushigikira ari we Carmela. Igihe haba hakenewe umuntu atunganya amahwaniro ya gikirisu muri ako karere, José yama nantaryo yitanga. Ikibabaje ni uko igihe yari ageze mu myaka 50 yafashwe n’indwara ikomeye yatumye ahasiga ubuzima. Ariko rero, yarasize izina ryiza ry’ukuba umukurambere w’umwizigirwa kandi akora agatama, n’iryo kuba umunega na sebibondo w’umunyarukundo.
None wewe bazokwibukira ku biki? Iyo uba waraye upfuye, abantu baba bariko barakuvugako iki uyu musi? Ico ni ikibazo coshobora gutuma twese turyohora uburyo twigenza.
Twokora iki kugira ngo twiheshe izina ryiza? Turashobora kwama nantaryo turyohora mu kugaragaza ivyamwa vy’impwemu, bimwe muri ivyo bikaba ari urukundo, ukwihangana, kugira neza, ubugwaneza no kwirinda (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Vyemere, “ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako”.—Umusiguzi 7:1; Matayo 7:12.
[Ifoto ku rup. 5]
Abigayili yibukirwa ku bukerebutsi bwiwe
[Ifoto ku rup. 7]
Petero yibukirwa ku kuba yari afise kamere yo kuvugiraho mugabo akaba inziraburyarya
[Ifoto ku rup. 8]
Yezu yarafata umwanya wo kwitwararika abana