Bibiliya irashobora gufasha umubano wanyu
UMUBANO w’ababiranye! Kuri bamwe, iryo jambo rivyura ivyiyumviro biteye umunezero. Ku bandi ritera intuntu. Umugore umwe yidoga avuga ati: “Numva ari nk’aho umenga mu mutima naramaze kwahukana. Igihe cose numva ntitaweho kandi mfise irungu”.
Ni ibiki bituma abantu babiri bari baragize indagano yo gukundana no guhozanya ku mutima bataba bakigiriranira igishika? Ikintu kimwe kibituma, ni uko bataba barigishijwe ico umubano w’ababiranye usobanura. Umumenyeshamakuru mu bijanye n’ubuvuzi umwe avuga ati: “Dushinga izacu tutabanje kumenyerezwa na gatoyi”.
Kuba ari bake muri kino gihe bafise mwene ubwo bumenyi, birerekanwa n’itohoza ryagizwe n’umugwi umwe ugira ivy’ubushakashatsi (The National Marriage Project) wo kuri kaminuza yitiriwe Rutgers y’i New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abayobozi b’iryo tohoza bandika bati: “Abenshi mu bagizweko iryo tohoza bakuze bafise abavyeyi batabanye neza canke bahukanye. Barazi neza ico ari co umubano w’ababiranye utarimwo agahimbare, mugabo ntibazi neza uko umubano w’ababiranye mwiza ukwiye kuba umeze. Bamwebamwe bashobora kuvuga gusa yuko umubano w’ababiranye mwiza ari ‘uwutameze nk’uw’abavyeyi babo’”.
Abakirisu boba baratewe urucanco rubakingira ingorane zo mu mubano w’ababiranye? Habe namba. Kanatsinda, abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari bakeneye impanuro idomako kugira ngo ‘ntibarondere kubohorwa’ ku mubano wabo w’ababiranye (1 Ab’i Korinto 7:27). Biragaragara rero yuko umubano uwo ari wo wose w’abantu babiri b’abanyagasembwa ugira ingorane wisangije, mugabo turafise imfashanyo. Abagabo n’abagore barashobora kuryohora ubucuti bafitaniye mu gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya.
Ego ni ko, Bibiliya si igitabu gitanga gusa ubuyobozi mu vy’umubano w’ababiranye. Ariko rero, kubera ko yahumetswe n’umwe yatanguza ivy’umubano w’ababiranye, turashobora kwitega ko ingingo ngenderwako ziri muri yo ari ngirakamaro. Yehova Imana, abicishije ku mumenyeshakazoza Yesaya, yavuze ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga”.—Yesaya 48:17, 18.
Urukundo wahora ufitaniye n’uwo mwubakanye, rwoba rwaratanguye kuyama? Woba wumva uri mu mubano utarangwamwo urukundo? Umukenyezi umwe amaze imyaka 26 yubatse yavuze ati: “Umubabaro umuntu agira ari mu mubano nk’uwo biragoye kuwusigura. Ntuhera kandi wamaho”. Aho gupfa kwemera umubano nk’uwo utakumara akanyota, kubera iki utokwiyemeza kugira ico ukoze? Ikiganiro gikurikira kirereka abagabo n’abagore ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zishobora gufasha umubano wabo muri uwu muce umwe, na wo ukaba ari indagano y’ababiranye.