ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/10 rup. 2-4
  • Hari ibibazo vyinshi ariko hakaba inyishu nke zimara akanyota

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hari ibibazo vyinshi ariko hakaba inyishu nke zimara akanyota
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yoba ari intambamyi ku kwizera?
  • Coba ari igihano c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Imana yoba itubabaye?
    Be maso!—2012
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
  • Abantu benshi barapfa ata co bazira!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/10 rup. 2-4

Hari ibibazo vyinshi ariko hakaba inyishu nke zimara akanyota

MU GITONDO co ku musi mukuru w’aberanda bose wabaye ku wa 1 Munyonyo 1755, hari ca nyamugigima gikomeye canyiganyije igisagara ca Lisbonne mu gihe benshi mu baba muri ico gisagara bari mu misa. Inyubakwa ibihumbi n’ibihumbi zarasenyaguritse, abantu ibihumbi mirongo na bo barahasiga ubuzima.

Hataraca n’igihe ico cago kibaye, umwanditsi w’Umufaransa yitwa Voltaire yarasohoye icandikano kivuga ngo Poème sur le désastre de Lisbonne (Icese ku vyago vyabaye i Lisbonne), aho yamiriye kure ivyo abantu bivugisha yuko ico cago cari igihano Imana ihaye abantu ku bw’ivyaha bakoze. Mu kwivugisha yuko ivyo vyago vyabaye vyari birengeye ubwenge bw’umuntu, Voltaire yanditse ati:

Ibidukikije ntibivuga, turabibaza ariko ntibitwishura;

Turakeneye Imana ivugana n’ubwoko-muntu.

Birumvikana ko Voltaire atari we muntu wa mbere yavyuye ibibazo ku vyerekeye Imana. Muri kahise kose k’abantu, ibintu vy’akaziri be n’ivyago vyaravyuye ibibazo mu mizirikanyi y’abantu. Haraciye imyaka ibihumbi, umwe sokuruza Yobu, uwari yabuze abana biwe bose kandi akaba yari arwaye indwara ikomeye cane, abajije ati: “N’iki gituma umunyamubabaro [Imana imuha] umuco, n’ūfise akabonge mu mutima [ikamuha] ubugingo?” (Yobu 3:20). Muri iki gihe, benshi baribaza ukuntu Imana nziza kandi y’inyarukundo yosa n’iy’iguma yiyicariye iyo hashitse ugucumukura be n’akarenganyo vy’akaburarugero.

Benshi iyo bari mu kigoyi, mu ntambara, barwaye kandi bahanganye n’urupfu, bariyamiriza ivy’uko hariho Umuremyi yitaho abantu. Umufilozofe umwe w’umuhakanamana yavuze ati: “Nta kintu na kimwe Imana yokwireguza kubona ireka umwana akamererwa nabi, . . . kiretse gusa hamwe yoba itabaho”. Ibintu vy’akaziri bikomakomeye, nka kwa gutikizwa kw’Abayuda kwaba mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose, bishikana ku vyiyumviro nk’ivyo. Raba ivyo ikinyamakuru kimwe canditswe n’umwanditsi w’Umuyuda kivuga: “Insiguro yonyene umuntu yoha ya mabi yakorerwa i Auschwitz, ni iy’uko ata Mana iriho iri bwinjire mu vy’abantu bakora”. Nk’uko vyerekanwa n’itohoza rimwe ryagizwe mu 1997 mu Bufaransa, igihugu kigwiriyemwo cane abagatolika, ibice 40 kw’ijana vy’abanyagihugu barakekeranya yuko Imana yoba ibaho kubera amahonyabwoko aba, nka rimwe ryaba mu Rwanda mu 1994.

Yoba ari intambamyi ku kwizera?

Ni kubera iki Imana itahaseruka kugira ngo ibuze ibintu bibi gushika? Umwanditsi umwe w’inkuru za kahise w’umugatolika yemeza yuko ico kibazo ari “intambamyi ikomeye ku kwizera”. Abaza ati: “Vyoba koko bishoboka kwemera Imana yirorerera ata co ikora, mu gihe abantu ata co bazira amamiliyoni n’amamiliyoni bapfa n’abanyagihugu benshi mw’isi bakicwa ikivunga, kandi itagira ico ikoze kugira ngo ibuze ivyo ntibishike?”.

Hari ikiganiro co mu kinyamakuru c’abagatolika (La Croix) kivuga nk’ukwo nyene giti: “Vyaba ari ibintu vy’akaziri vyabaye muri kahise, ibiba bijanye n’iterambere mu vy’ubuhinga, ivyago vy’ivyaduka, ubukozi bw’ikibi buteguwe, canke ukubura uwawe, aho hose usanga abantu bijiriwe bahanga amaso mw’ijuru. Imana iri hehe? Bakeneye inyishu. Mbega si imwe ata na kimwe inezwe, imwe ata co yitaho?”.

Papa Yohani Paulo wa kabiri yaraciye irya n’ino ico kibazo mw’ikete (Salvifici Doloris) yandikiye abasenyeri bose mu 1984. Yanditse ati: “Naho kuba isi iriho bihumura abantu amaso bakabona ko Imana ibaho, bakabona ubukerebutsi, ububasha be n’ubuhambare bwayo, bisa n’uko ikibi be n’ugucumukura bizimanganya ico ciyumviro, rimwe na rimwe kikazimangana buhere, canecane kubera babona abantu benshi bacumukura ata co bazira, bakabona n’ivyaha vyinshi bikorwa ntibihanwe nk’uko bikwiriye”.

Bishoboka bite ko abantu babandanya gucumukura kandi hariho Imana nyen’urukundo ikaba na nyen’ububasha, nk’uko yerekanwa muri Bibiliya? Yoba ihaseruka kugira ngo ntihagire ivyago bishikira umuntu umwumwe canke abantu benshi ikivunga? Hari ikintu yoba itugirira muri iki gihe? Nk’uko Voltaire yabivuze, hoba hariho “Imana ivugana n’ubwoko-muntu” kugira ngo yishure ivyo bibazo? Turakwingize usome ikiganiro gikurikira kugira ngo uronke inyishu.

[Amafoto ku rup. 3]

Isenyagurika ry’igisagara ca Lisbonne mu 1755 ryatumye Voltaire avuga yuko mwene ivyo bintu vyabaye vyari birengeye ubwenge bw’umuntu

[Abo dukesha amafoto]

Voltaire: Yakuwe mu gitabu Great Men and Famous Women; Lisbon: J.P. Le Bas, Praça da Patriarcal depois do terramoto de 1755. Foto: Museu da Cidade/Lisboa

[Ifoto ku rup. 4]

Abantu benshi barakekeranya yuko Imana yoba ibaho kubera inkurikizi z’agaterantuntu ziva ku mahonyabwoko, nka rimwe ryaba mu Rwanda

[Abo dukesha ifoto]

AFP PHOTO

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

KU GIPFUKISHO, abana: USHMM, courtesy of Main Commission for the Prosecution of the Crimes against the Polish Nation

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika