ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 13-18
  • Abagore bakirisu b’abizerwa ni abasavyi b’Imana b’agaciro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagore bakirisu b’abizerwa ni abasavyi b’Imana b’agaciro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Barakejwe kubera umutima rugabo, umwete be n’ubwakiranyi vyabo
  • Ni ubutunzi bw’agaciro muri iki gihe
  • Abagore b’agaciro batagira abagabo
  • Ukuntu abavyeyi birerana abana bererwa
  • Ubwiza bw’ukugamburuka
  • Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Umugabo n’umugore—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • ‘Umutwe w’umugore ni umugabo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Bashiki bacu mukiri bato, nimwihate kugira mube abakirisu bahumuye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 13-18

Abagore bakirisu b’abizerwa ni abasavyi b’Imana b’agaciro

“Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, arik’umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa”.​—IMIGANI 31:30.

1. Yehova abona gute ubwiza ugereranije n’uko isi ibubona?

ISI ishira imbere cane agashusho k’inyuma, canecane ku vyerekeye abagore. Ariko rero, Yehova we yitwararika canecane umuntu w’imbere, uwushobora mbere kurushiriza kuba mwiza uko umuntu asaza (Imigani 16:31). Ku bw’ivyo, Bibiliya ihanura abagore iti: “Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ukwo kwambara izahabu cank’ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’Imana”.​—1 Petero 3:3, 4.

2, 3. Abagore bafashije gute guteza imbere inkuru nziza mu kinjana ca mbere, kandi ni gute ivyo vyari vyarabuwe?

2 Umutima wo gushimwa nk’uwo waragaragajwe n’abagore benshi mu bavugwa muri Bibiliya. Mu kinjana ca mbere, bamwebamwe muri abo bagore baragize agateka ko gukorera Yezu n’intumwa ziwe (Luka 8:1-3). Mu nyuma, abagore bakirisu baracitse abamamaji b’abanyamwete; abandi barashigikiye cane abagabo bakirisu bariko barongora abandi, ushizemwo n’intumwa Paulo; kandi hari n’abagaragaje ubwakiranyi bw’akatabonetse, mbere baranareka amazu yabo kugira ngo akoreshwe ku bw’amakoraniro y’ishengero.

3 Ivy’uko Yehova yokoresheje abagore mu buryo bukomeye mu gushitsa umugambi wiwe, vyari vyarabuwe mu Vyanditswe. Nk’akarorero, muri Yoweli 2:28, 29 harabuye yuko abagabo n’abagore, abakiri bato n’abatama, boronse impwemu yera maze bakagira uruhara mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Ubwo buhanuzi bwatanguye kuranguka kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. (Ivyakozwe 2:1-4, 16-18). Abagore bamwebamwe basizwe impwemu barahawe ingabirano zo gukora ibitangaro, nk’ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi (Ivyakozwe 21:8, 9). Kubera umwete bagize mu busuku, izo ngabo nyinshi zo mu vy’impwemu z’abavukanyikazi b’abizerwa zarafashije cane mu gukwiragiza ubukirisu mu buryo bwihuta mu kinjana ca mbere. Kukaba nkako, nko mu 60 G.C., intumwa Paulo yanditse yuko inkuru nziza yari ‘yaravuzwe mu baremwe bose bo musi y’ijuru’.​—Ab’i Kolosayi 1:23.

Barakejwe kubera umutima rugabo, umwete be n’ubwakiranyi vyabo

4. Ni kubera iki Paulo yari afise imvo yumvikana yo gukeza abagore batari bake bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere?

4 Intumwa Paulo nk’akarorero, yari umuntu akenguruka ubusuku bwarangurwa n’abagore bamwebamwe bazwi, nk’uko nyene abacungezi bakirisu muri iki gihe baha agaciro ubusuku burangurwa n’abagore b’abanyamwete. Mu bagore Paulo yavuze amazina, harimwo “Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu”, be na “Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane” (Abaroma 16:12). Paulo yanditse avuga yuko Ewodiya na Sintike bari ‘barwananye na we mu kurwanira ubutumwa bwiza’ (Ab’i Filipi 4:2, 3). Purisikila, ari kumwe n’umugabo wiwe Akwila, na we nyene yarakoranye na Paulo. We hamwe na Akwila ‘barahatswe no gucibwa iyabo mitwe’ ku bwa Paulo, bituma Paulo yandika ati: “Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima”.​—Abaroma 16:3, 4; Ivyakozwe 18:2.

5, 6. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Purisikila yasigiye akarorero keza abavukanyikazi muri kino gihe?

5 Ni igiki catumye Purisikila agira umwete be n’umutima rugabo? Icabitumye tugisanga mu Vyakozwe 18:24-26, aho dusoma yuko yashigikiye umugabo wiwe mu gufasha Apolo, uwari afise ingabirano mu vy’ukuvuga, kugira yigishwe ukuri kwahishuwe kwari kugezweho. Biboneka rero yuko Purisikila yari umutohoji w’umunyamwete w’Ijambo ry’Imana n’inyigisho z’intumwa. Ivyo vyatumye atsimbataza kamere z’agahore zatumye aba umuntu w’agaciro ku Mana no ku mugabo wiwe, yongera aba umuntu w’agaciro wo mw’ishengero ryo mu ntango. Ukwo ni ko n’abavukanyikazi bakirisu benshi bakora bagatama muri iki gihe biga Bibiliya n’umwete bongera kandi bihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu Yehova atanga abicishije kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa” na bo nyene bafise agaciro.​—Luka 12:42.

6 Akwila na Purisikila bari abakiranyi badasanzwe. Paulo yagumye iwabo igihe yafashanya na bo mu gikorwa cabo co kujisha amahema i Korinto (Ivyakozwe 18:1-3). Igihe uwo mugabo n’umugore bimukira i Efeso maze mu nyuma bakimukira i Roma, barabandanije kugaragaza ubwakiranyi bwa gikirisu, mbere baranareka inzu yabo kugira ngo igirirwemwo amakoraniro y’ishengero (Ivyakozwe 18:18, 19; 1 Ab’i Korinto 16:8, 19). Numfa be na Mariya nyina wa Yohani Mariko, na bo nyene bararetse inzu zabo ziraberamwo amakoraniro y’ishengero.​—Ivyakozwe 12:12; Ab’i Kolosayi 4:15.

Ni ubutunzi bw’agaciro muri iki gihe

7, 8. Abagore bakirisu benshi bo mu gihe ca none, bavugwa neza gute ku bijanye n’umurimo mweranda barangura, kandi ni igiki bokwemera badakeka?

7 Nka kumwe kwo mu kinjana ca mbere, abagore bakirisu b’abizerwa muri kino gihe baragira uruhara ruhambaye mw’ishitswa ry’umugambi w’Imana, na canecane mu gikorwa c’ukwamamaza. Kandi, ese ukuntu abo bavukanyikazi bavugwa neza! Rimbura akarorero k’uwitwa Gwen, uwasukuriye Yehova ari umwizerwa mu myaka irenga 50 gushika apfuye mu 2002. Umugabo wiwe avuga ati: “Umwete Gwen yari afise bwa mwamamaji w’inkuru nziza wari uzwi nka hose mu gisagara cacu. Ku bwiwe, umuntu wese yari ashoboye gukundwa na Yehova no kuronka ivyo yasezeranye. Ukudahemuka kwiwe ku Mana, kw’ishirahamwe ryayo be no ku muryango wacu, tutavuze indemesho ziranga urukundo yaduha igihe twaba twacitse intege, kwarabaye imfashanyo ikomeye kuri jewe no ku bana bacu mu buzima twamaranye burimwo vyinshi kandi bumara akanyota. Twarabuze koko”. Gwen n’umugabo wiwe bari bamaze imyaka 61 bubakanye.

8 Abagore bakirisu ibihumbi mirongo, abirebange n’abubatse, barakora ari abatsimvyi n’abamisiyonari, bakabumbwa n’ivya nkenerwa mu buzima uko bakwiragiza ubutumwa bw’Ubwami mu vyibare bihera ku bisagara bibamwo abantu benshi, gushika no mu biri mu turere turi ukwa twonyene (Ivyakozwe 1:8). Abenshi barashize ku ruhande ivyo kugira amazu yabo bwite canke abana kugira basukurire Yehova mu buryo burushirije kuba ubushitse. Hariho abashigikira badahemuka abagabo babo bakora ari abacungezi b’ingenzi, mu gihe abandi bavukanyikazi ibihumbi n’ibihumbi bakorera mu mazu ya Beteli ari hirya no hino kw’isi. Nta gukeka ko abo bagore bitanga bari mu ‘bintu vy’igiciro vyo mu mahanga yose’ vyuzuza inzu ya Yehova ubuninahazwa.​—Hagayi 2:7.

9, 10. Abagize imiryango bamwebamwe baseruye gute ko bakenguruka akarorero keza gatangwa n’abakenyezi bakirisu bakaba na ba inabibondo?

9 Birumvikana yuko abagore bakirisu benshi bafise amabanga yo mu muryango babwirizwa kwitwararika; yamara, baguma bashira inyungu z’Ubwami mu kibanza ca mbere (Matayo 6:33). Hari umuvukanyikazi w’umwirebange ari umutsimvyi yanditse ati: “Kubera ukwizera kwa mawe kutanyiganyiga be n’akarorero kiwe keza, yaragize uruhara nyamukuru kugira ncike umutsimvyi asanzwe. Nkako, yari umwe mu bagenzi banje somambike twakorana ubutsimvyi”. Umugabo umwe avuga ku vyerekeye umukenyezi wiwe akaba na nyina w’abakobwa batanu bageze mu bigero ati: “Inzu yacu yama nantaryo isukuye kandi irimwo urutonde. Bonnie yayigumizamwo ibintu bike kandi ikamamwo urutonde ku buryo umuryango wacu washoboye gushira imbere ugukurikirana ivy’impwemu. Kuba yarafasha mu vyo gukoresha neza amahera yacu vyatumye nshobora gukora akazi k’amasaha makeyi ku musi mu myaka 32, bituma mpebera umwanya munini umuryango wacu be n’ivy’impwemu. Umukenyezi wanje yarigishije kandi abana akamaro ko gukora cane. Nta kindi nokora atari ukumushimagiza”. Muri iki gihe, bompi uko ari umugabo n’umugore bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova.

10 Hari umugabo umwe yandika ku vyerekeye umugore wiwe, nyina w’abana bakuze, ati: “Kamere nshima cane muri Susan ni urukundo rwinshi akunda Imana n’abantu, hamwe n’ukuntu ari umuntu atahurana, w’impuhwe kandi w’inzirabugunge. Yama nantaryo abona yuko Yehova akwiriye ikintu ciza kiruta ibindi vyose dushobora kumuha, iyo ikaba ari ingingo ngenderwako ubwiwe akurikiza uko agize kuba umusuku w’Imana akaba na inabibondo”. Ashigikiwe n’umukenyezi wiwe, uwo mugabo yarashoboye kwemera uduteka two mu vy’impwemu tutari duke, harimwo kuba umukurambere, umutsimvyi, umucungezi musubirizi w’umuzunguruko be no kuba umwe mu bagize Komite ija inama n’ibitaro. Ese ukuntu abo bagore ari ab’agaciro ku bagabo babo, ku bakirisu bagenzi babo, n’ikiruta vyose bakaba ari ab’agaciro kuri Yehova!​—Imigani 31:28, 30.

Abagore b’agaciro batagira abagabo

11. (a) Yehova yahishuye gute ko yitwararika abagore b’abizerwa, canecane abapfakazi? (b) Abapfakazi bakirisu be n’abandi bavukanyikazi b’abizerwa badafise abagabo, bashobora guhera amazinda ku biki?

11 Yehova kenshi yaraseruye ukuntu yitwararika ukumererwa neza kw’abapfakazi (Gusubira mu vyagezwe 27:19; Zaburi 68:5; Yesaya 10:1, 2). Ntiyahindutse. Arabandanya kwitwararika bimwe bigera ibwina atari gusa abapfakazi, ariko kandi na ba inabibondo birerana abana be n’abigeme bahisemwo kuguma ari abirebange canke bataronse umugabo w’umukirisu bubakana abereye (Malaki 3:6; Yakobo 1:27). Nimba uri muri abo basukurira Yehova ari abizerwa batagira umukirisu bubakanye abashigikira, urashobora guhera amazinda yuko ufise agaciro mu nyonga z’Imana.

12. (a) Abavukanyikazi bakirisu bamwebamwe bagaragaza gute ukudahemuka kwabo kuri Yehova? (b) Bamwebamwe mu bavukanyikazi bacu bariko banyinyana n’inyiyumvo izihe?

12 Rimbura nk’akarorero, abavukanyikazi bacu bakirisu batubatse kubera bagamburutse badahemuka impanuro ya Yehova yo kwubaka “mu Mwami [gusa]” (1 Ab’i Korinto 7:39; Imigani 3:1). Ijambo ry’Imana ribakura amazinda riti: ‘Ku ntahemuka Yehova azokwiyerekana ari intahemuka’ (2 Samweli 22:26). Yamara, kuri benshi muri bo, kuguma ari abirebange ni urugamba. Umuvukanyikazi umwe avuga ati: “Nariyemeje kwubaka gusa mu Mwami, ariko ni kenshi nkorora amosozi iyo mbona abagenzi banje bubakana n’abagabo bakirisu b’intore kandi nanje nguma ndi jenyene”. Ehe ivyo uwundi muvukanyikazi avuga: “Maze imyaka 25 nsukurira Yehova. Niyemeje kuguma ndi intahemuka kuri we, mugabo ukwumva irungu akenshi birambabaza”. Yongerako ati: “Abavukanyikazi bameze nkanje, baripfuza rwose indemesho”. Twofasha gute mwene abo bantu b’intahemuka?

13. (a) Ni igiki twigira ku karorero katanzwe n’abaja kuramutsa umukobwa wa Yefuta? (b) Ni mu bundi buryo butari bumwe ubuhe dushobora kwerekana ko twitwararika abavukanyikazi b’abirebange mw’ishengero ryacu?

13 Uburyo bumwe bubonekera ku karorero ko mu gihe ca kera. Igihe umukobwa wa Yefuta yaheba akaryo ko kuronka umugabo, abantu baratahuye yuko yariko agira akigoro gakomeye. Ni igiki cakozwe kugira aremeshwe? “Abigeme b’Abisirayeli bama bagenda [“gukeza”, “NW”] uwo mukobga wa Yefuta w’Umugileyadi . . . imisi ine mu mwaka mu mwaka” (Abacamanza 11:30-40). Ukwo ni ko natwe dukwiye gukeza bimwe bivuye ku mutima abavukanyikazi b’abirebange bagamburuka itegeko ry’Imana badahemukaa. Ni mu bundi buryo ubuhe dushobora kwerekana ko tubitwararika? Mu masengesho yacu dukwiye kwinginga Yehova tumusaba gushigikira bene abo bavukanyikazi bakundwa kandi b’abizerwa kugira babandanye mu murimo wabo badahemuka. Barakwiriye gukurwa amazinda yuko bakundwa cane kandi ko bashimwa cane na Yehova be n’ishengero ryose rya gikirisu.​—Zaburi 37:28.

Ukuntu abavyeyi birerana abana bererwa

14, 15. (a) Ni kubera iki abakirisukazi birerana abana bakwiye kwitura Yehova ngo abafashe? (b) Abavyeyi birerana abana boshobora gute gukora mu buryo buhuye n’amasengesho yabo?

14 Abagore bakirisu birerana abana na bo nyene barahangana n’ingorane nyinshi. Ariko rero, barashobora guhindukirira Yehova bamusaba imfashanyo kugira barere abana babo mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ego ni ko, nimba uri umuvyeyi yirerana abana, ntushobora kuba nyina wabo ngo wongere ube na se wabo muri vyose. Naho ari ukwo, Yehova azogufasha kwitwararika amabanga menshi ujejwe nimba umwitura ufise ukwizera. Tubitangire akarorero: dufate yuko ufise isakoshi iremereye yuzuye ibintu vyinshi utegerezwa kudugana mu nyubakwa igizwe n’amagorofa menshi. Mbega woba wokwirirwa urapfa rubi uduga ku ngazi hamwe ca cuma kiduza abantu mw’igorofa coba kiri hafi yawe? Birumvikana ko utokwirirwa urapfa rubi! Mu buryo nk’ubwo nyene, ntugerageze kwikorera umutwaro uremereye wo mu vy’akanyengetera wenyene mu gihe ushobora gusaba Yehova ngo agufashe. Kukaba nkako, agutumirira kumwitura. Muri Zaburi 68:19 havuga hati: “[Yehova] ahimbazwe, atwikorerera umutwaro uko bukeye” (Ni twe tubihiritse.). No muri 1 Petero 5:7 hagutumira guterera amaganya yawe yose kuri Yehova, ‘kuko akubabara’. Igihe rero ingorane n’amaganya bikuremereye, nuvyiremurure ubiremeke So wo mw’ijuru, ubigire “ubudasība”.​—1 Ab’i Tesalonike 5:17; Zaburi 18:6; 55:22.

15 Nk’akarorero, nimba uri inabibondo, ushobora kuba urajwe ishinga n’akosho urunganwe rushobora kugira ku bana bawe canke urajwe ishinga n’ibigeragezo vy’ukutadohoka bashobora guhangana (1 Ab’i Korinto 15:33). Iyo ni imyitwarariko ifise ishingiro. Ariko kandi irakwiye gushirwa mw’isengesho. Nkako, kubera iki utosenga ku bijanye n’ibintu nk’ivyo uri kumwe n’abana bawe imbere y’uko baja kw’ishure, kumbure muhejeje kurimburira hamwe icanditswe c’umusi? Amasengesho avuye ku mutima kandi adomako arashobora kugira akosho gakomeye ku mizirikanyi y’abana. Ikiruta vyose, uba utumiye Yehova ngo aguhezagire igihe ugwa uvyuka ubigiranye ukwihangana kugira winjize Ijambo ryiwe mu mitima y’abana bawe (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Imigani 22:6). Wibuke yuko “inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ari ku vyo basenga”.​—1 Petero 3:12; Ab’i Filipi 4:6, 7.

16, 17. (a) Ni igiki umuhungu umwe yavuze ku vyerekeye urukundo nyina wiwe yagaragaje? (b) Ukubona ibintu mu buryo bw’impwemu kw’uwo inabibondo kwagize ingaruka iyihe ku bana biwe?

16 Rimbura akarorero ka Olivia, nyina w’abana batandatu. Umugabo wiwe atizera yataye umuryango umwana wa nyuma akivuka, ariko Olivia yarikoreye n’umutima ukunze ibanga ryo kumenyereza abana biwe mu nzira z’Imana. Umuhungu wa Olivia yitwa Darren, ubu afise imyaka 31 kandi akaba ari umukurambere mukirisu n’umutsimvyi, yari afise imyaka 5 ico gihe. Icunyuye amaganya ya Olivia, ni uko Darren yagize ingorane ikomeye y’amagara n’ubu ikimumereye nabi. Darren azirikanye ku bwana bwiwe, yandika ati: “Ndacibuka nicaye mu gitanda co mu bitaro ndindiranye igishika mawe. Yaricara iruhande yanje hanyuma akansomera Bibiliya ku musi ku musi. Maze yararirimba rwa ruririmbo rw’Ubwami ruvuga ngo ‘Turagushimiye, Yehova’b. Gushika n’uyu musi, uwo ni wo muziki w’Ubwami nkunda cane”.

17 Kuba Olivia yarizigira Yehova kandi akamukunda vyaramufashije kuba inabibondo yirerana abana akererwa (Imigani 3:5, 6). Inyifato nziza yiwe yarabonekeye mu mahangiro yashingira abana biwe. Darren avuga ati: “Mawe yama nantaryo aturemesha gukurikirana ihangiro ry’ubusuku bw’igihe cose. Ico vyavuyemwo ni uko jewe na bane muri bashikanje batanu twinjiye mu busuku bw’igihe cose. Yamara, mawe ntiyigeze yirata ku bandi ku bw’ivyo bintu. Ndakora uko nshoboye kugira nigane kamere ziwe nziza”. Ego ni ko, si abana bose bakura bagasukurira Imana nk’uko aba Olivia babigize. Mugabo, igihe inabibondo akoze uko ashoboye kugira abeho yisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya, yoshobora kwemera adakeka yuko Yehova azomuyobora akongera akamushigikira abigiranye urukundo.​—Zaburi 32:8.

18. Twokwerekana gute yuko duha agaciro intunganyo Yehova yashizeho y’ishengero rya gikirisu?

18 Igice kinini c’imfashanyo Imana itanga kiboneka biciye kw’ishengero rya gikirisu, ahari porogarama y’ugufungura mu vy’impwemu ubudahorereza, ikivukano ca gikirisu, be n’“abantu b’ingabirano” bahumuye mu buryo bw’impwemu (Abanyefeso 4:8, NW). Abakurambere b’abizerwa barakora bagatama kugira baremeshe bose mw’ishengero, bakitwararika bimwe bidasanzwe ivyo “impfuvyi n’abapfakazi [bakenera] mu marushwa yabo” (Yakobo 1:27). Ku bw’ivyo rero, nugume hafi y’abasavyi b’Imana, ntiwigere wigungira ukwa wenyene.​—Imigani 18:1; Abaroma 14:7.

Ubwiza bw’ukugamburuka

19. Ni kubera iki ukugamburuka kw’umugore kudasobanura ko ari hasi, kandi ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kabishigikira?

19 Yehova yaremye umugore ngo abe umwunganizi w’umugabo (Itanguriro 2:18). Ku bw’ivyo, ukugamburukira umugabo kw’umugore ntigusobanura ko ari hasi. Ahubwo, birahesha icubahiro umugore, bigatuma akoresha ingabirano nyinshi be n’ubuhanga bwinshi afise mu buryo buhuye n’ukugomba kw’Imana. Mu Migani ikigabane ca 31 haradondora urutonde rurerure rw’ibikorwa umugore abishoboye wo muri Isirayeli ya kera yakora. Yarafasha abakene, agatera inzabibu, akongera akagura ubwatsi. Emwe, “umutima w’umugabo wiwe . . . [wara]mwizigira, kand’i we ntihabura inyungu”.​—Umurongo wa 11 wa 16 n’uwa 20.

20. (a) Umugore mukirisu akwiye kubona gute ubushobozi canke ingabirano yahawe n’Imana? (b) Ni kamere nziza izihe Esiteri yagaragaje, kandi vyatumye Yehova amukoresha gute?

20 Umugore yifata ruto kandi atinya Imana, ntiyishira hejuru canke ngo ahiganwe n’umugabo wiwe ahahamira ubukuru (Imigani 16:18). Ntakurikirana ukwiryohera canecane biciye ku gukurikirana ivy’umubiri, ahubwo akoresha ingabirano yahawe n’Imana ahanini mu gukorera abandi, ni ukuvuga umuryango wiwe, abakirisu bagenziwe, ababanyi, be n’umwe ari hejuru ya bose ari we Yehova (Ab’i Galatiya 6:10; Tito 2:3-5). Rimbura akarorero ko muri Bibiliya kerekeye Umwamikazi Esiteri. Naho yari mwiza ku mubiri, yari umuntu yifata ruto kandi agamburuka (Esiteri 2:13, 15). Igihe yubaka, yaragaragarije icubahiro kigera kure umugabo wiwe, Umwami Ahasuwerusi, mu buryo buhushanye na Vashiti, uwahora ari umugore w’uwo mwami (Esiteri 1:10-12; 2:16, 17). Esiteri kandi yarumviye abigiranye icubahiro Moridekayi, mwene se wabo amukurira, igihe yamugira inama ku bintu vyari bibereye, mbere n’igihe yari amaze kuba umwamikazi. Mugabo si ukuvuga ko yari uwugoyagoya! Yarashize ku kabarore ata bwoba na bukeyi Hamani, umuntu w’umunyabubasha kandi w’inkazi yari yagize umugambi wo guherengeteza Abayuda. Yehova yarakoresheje Esiteri mu buryo bw’ububasha kugira azigame igisata ciwe.​—Esiteri 3:8–4:17; 7:1-10; 9:13.

21. Umugore mukirisu yoshobora gute kurushiriza kuba uw’agaciro kuri Yehova?

21 Biratomoye yuko muri kahise be no muri kino gihe, abagore batinya Imana bagaragaje ko bibanda kuri Yehova no ku nsengo yiwe bagaherezako. Ku bw’ivyo, abagore batinya Imana barafise agaciro mu nyonga za Yehova. Bavukanyikazi bakirisu, nimureke Yehova, abicishije ku mpwemu yiwe, abahinguremwo buhorobuhoro “urwavya” (NW) rurushirije kuba urw’agaciro, urwavya “[rw]atunganirijwe igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 2:21; Abaroma 12:2). Ku biraba uwo muri mwene abo basavyi b’Imana b’agaciro, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Aragahabga ibiva mu maboko yiwe, kand’ibikorwa vyiwe ni bimushire hejuru aho bakoraniye mw ikombe ry’igisagara” (Imigani 31:31). Ese vyomera gutyo nyene kuri umwe wese muri mwebwe!

[Utujambo tw’epfo]

a Kugira ubone ukuntu wobakeza, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 2002, urupapuro rwa 26-28.

b Ururirimbo rwa 26 (212) mu gatabu Ririmbira Amashemezo Yehova, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Abagore bakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagaragaje gute ko ari ab’agaciro mu nyonga za Yehova?

• Abavukanyikazi benshi bo mu gihe cacu bihesheje gute agaciro ku Mana?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova ashigikira ba inabibondo birerana abana be n’abandi bavukanyikazi badafise abagabo?

• Umugore ashobora kwerekana gute ko yubaha bimwe bivuye ku mutima indinganizo y’ububemutwe?

[Uruzitiro ku rup. 17]

UBURORERO TWOZIRIKANAKO

Woshima kurimbura ubundi burorero bumwebumwe bw’abagore b’abizerwa bavugwa muri Bibiliya? Nimba wobishima, turakwinginze ngo usome ivyanditswe vyatanzwe aha munsi. Uko uzirikana ku bantu batandukanye bavuzwe, nugerageze gutahura ingingo ngenderwako woshobora gushira mu ngiro ku rugero runini kuruta mu buzima bwawe.​—Abaroma 15:4.

◆ Sara: Itanguriro 12:1,5; 13:18a; 21:9-12; 1 Petero 3:5, 6.

◆ Abagore b’Abisirayelikazi b’inda nziza: Kuvayo 35:5, 22, 25, 26; 36:3-7; Luka 21:1-4.

◆ Debora: Abacamanza 4:1–5:31.

◆ Rusi: Rusi 1:4, 5, 16, 17; 2:2, 3, 11-13; 4:15.

◆ Umugore w’i Shunemu: 2 Abami 4:8-37.

◆ Umugore w’Umunyafoyinikekazi: Matayo 15:22-28.

◆ Marita na Mariya: Mariko 14:3-9; Luka 10:38-42; Yohana 11:17-29; 12:1-8.

◆ Tabita: Ivyakozwe 9:36-41.

◆ Abakobwa bane ba Filipo: Ivyakozwe 21:9.

◆ Foyibe: Abaroma 16:1, 2.

[Ifoto ku rup. 15]

Woba ukeza abavukanyikazi batubatse bagamburuka itegeko ry’Imana badahemuka?

[Ifoto ku rup. 16]

Ni ibintu bitomoye ibihe bishobora kuvugwa mw’isengesho imbere y’uko abana baja kw’ishure?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika