Niwamamaze kugira uhindure abantu abigishwa
“Maze Purisikila na Akwila b[u]mvise [Apolo], bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana”.—IVYAKOZWE 18:26.
1. Naho Apolo “yarurumba impwemu”, ni igiki yari akeneye?
PURISIKILA na Akwila, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bubakanye, barihweje Apolo ariko aratanga insiguro mw’isinagogi yo mu gisagara c’i Efeso. Apolo akoresheje amajambo yiwe ajijura be n’ububasha bwiwe bwo gushwirura, yari yakwegereye ivyiyumviro vy’abamwumviriza. “Yarurumba impwemu” kandi akaba yariko “yigisha ata makosa ivyerekeye Yezu” (NW). Ariko rero, vyaribonekeza ko Apolo “yar’azi umubatizo wa Yohana gusa”. Ivyo Apolo yigisha ku vyerekeye Kirisitu vyari ivy’ukuri, uravye aho yashikana. Ingorane yari iy’uko ivyo yari azi bitagera kure. Apolo yari akeneye kwongereza ubumenyi bwiwe ku bijanye n’uruhara Yezu Kirisitu afise mw’ishitswa ry’umugambi wa Yehova.—Ivyakozwe 18:24-26.
2. Ni igikorwa kitoroshe ikihe Purisikila na Akwila bemeye?
2 Purisikila na Akwila baritanze ata kugonanwa kugira bafashe Apolo kuba uwushoboye kwitondera ‘ibintu vyose’ Kirisitu yageze (Matayo 28:19, 20). Iyo nkuru ivuga yuko batwaye Apolo “i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana”. Ariko rero, hariho ibintu vyerekeye Apolo vyari gutuma abakirisu bamwebamwe batinya kumwigisha. Uti ni ibihe? Kandi ni igiki dushobora kwigira ku twigoro Purisikila na Akwila bagize two kuganira na Apolo Ivyanditswe? Kwihweza iyo nkuru y’ivyabaye bishobora gute kudufasha kwitunira ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana?
Niwitwararike abantu
3. Ni kubera iki amamuko ya Apolo atabujije Purisikila na Akwila kumwigisha?
3 Apolo yavutse ku Bayuda, bikaba biboneka ko yari yarerewe mu gisagara ca Alegizandiriya. Alegizandiriya ico gihe wari umurwa mukuru wa Misiri, kikaba kandi cari ikibanza nyamukuru c’amashure ya kaminuza cari kizwi cane kubera ububiko bw’ibitabu bwaco bukomeye. Ico gisagara cabamwo Abayuda benshi, ushizemwo n’incabwenge. Ku bw’ivyo, impinduro y’ikigiriki y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante ni ho yahinguriwe. Nta gukeka ko Apolo yari “umunyabushobozi mu vyanditswe”! Akwila na Purisikila bari abajishi b’amahema. Kuba Apolo yari umuntu amenyereye ivy’ukuvuga vyoba vyarabateye ubwoba? Eka da! Babitumwe n’urukundo, baritayeho uwo muntu, ivyo akeneye be n’ukuntu bari gushobora kumufasha.
4. Apolo yaronkeye hehe imfashanyo yari akeneye kandi yayironse gute?
4 Naho Apolo yari umuntu amenyereye ivy’ukuvuga, yari akeneye kwigishwa. Imfashanyo yari akeneye nta kaminuza n’imwe yabonekamwo, ariko yaboneka mu bo bari kumwe mw’ishengero rya gikirisu. Apolo yari agiye kwungukira ku vyiyumviro vyotumye arushiriza gutahura indinganizo Imana yashizeho yerekeye ubukiriro. Purisikila na Akwila “[baramujanye] i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana”.
5. Wovuga ko Purisikila na Akwila bari bifashe gute mu vy’impwemu?
5 Purisikila na Akwila bari bakomeye mu vy’impwemu kandi bari bashinze imizi mu kwizera. Birashoboka rwose yuko ‘bama biteguriye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro vyabo’, yaba umutunzi, umukene, incabwenge canke umuja (1 Petero 3:15). Akwila n’umugore wiwe bari bashoboye ‘kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’ (2 Timoteyo 2:15). Biragaragara ko bari abatohoji b’Ivyanditswe b’abanyamwete. Apolo yarakozwe ku mutima cane n’inyigisho ishingiye kw’‘ijambo ry’Imana, na ryo rikaba ari rizima, rifise ubukuba’, rikaba rikora ku mutima.—Abaheburayo 4:12.
6. Tuzi gute ko Apolo yakengurutse imfashanyo yaronse?
6 Apolo yarakengurutse akarorero k’abamwigishije, ararushiriza mbere gucika umuhanga mu vy’uguhindura abantu abigishwa. Yarakoresheje ubumenyi bwiwe bimwe bishitse mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza, canecane mu Bayuda. Apolo yari ngirakamaro mu buryo budasanzwe mu vy’ugushwirura Abayuda ku vyerekeye Kirisitu. Kubera yuko yari “umunyabushobozi mu vyanditswe”, yari ashoboye kubemeza yuko abahanuzi bose bo mu gihe ca kera bari biteganye umushasharo ukuza kwa Kirisitu (Ivyakozwe 18:24). Iyo nkuru yongerako yuko Apolo mu nyuma yaciye aja i Akaya, aho “ubuntu bg’Imana b[wamuteye] gufasha cane abizeye: kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo”.—Ivyakozwe 18:27, 28.
Niwigire ku karorero k’abandi bigisha
7. Vyagenze gute ngo Akwila na Purisikila bacike abigisha babishoboye?
7 Vyagenze gute ngo Akwila na Purisikila bacike abigisha babishoboye b’Ijambo ry’Imana? Uretse umwete bagira mu kwigisha no mu kwitaba amakoraniro, ukwifatanya rwose n’intumwa Paulo bitegerezwa kuba vyarabafashije cane. Paulo yamaze amezi 18 muhira kwa Purisikila na Akwila aho baba i Korinto. Barakoranye mu guhingura no mu gusanasana amahema (Ivyakozwe 18:2, 3). Niwihe ishusho y’ibiganiro vyimbitse bishingiye ku Vyanditswe bitegerezwa kuba vyarakurikira. Kandi ese ukuntu ukwo kwifatanya na Paulo gutegerezwa kuba kwaragize ikintu kinini kubungura mu vy’impwemu! Mu Migani 13:20 hagira hati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge”. Kwifatanya n’umuntu mwiza vyaragize ingaruka nziza ku tumenyero twabo two mu vy’impwemu.—1 Ab’i Korinto 15:33.
8. Ni igiki Purisikila na Akwila bigiye ku kwitegereza Paulo mu busuku bwiwe?
8 Igihe Purisikila na Akwila bitegereza Paulo ari umwamamaji w’Ubwami, barabonye ukuntu umwigisha mwiza akora. Inkuru yo mu Vyakozwe ivuga yuko Paulo “[y]ahārīrira n’abaho mw isinagogi [i Korinto] amasabato yose, ngo [ashwirure] Abayuda n’Abagiriki”. Mu nyuma, igihe Sila na Timoteyo bashika aho ari, Paulo yaciye “agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo”. Igihe haboneka ugushimishwa gutoyi mu bagize isinagogi, Purisikila na Akwila barabonye ko Paulo yahinduye ikibanza ciwe nyamukuru yakoreramwo igikorwa ciwe co kwamamaza, aja ahandi hameze neza kuruta, hakaba hari mu nzu yari ibangikanije n’isinagogi. Ngaho, Paulo yarashoboye gufasha Krisipo, “umukuru w’isinagogi”, aracika umwigishwa. Birashoboka rwose yuko Purisikila na Akwila babonye yuko guhindura uwo muntu umwigishwa vyagize ingaruka ikomeye kandi igira ico ivamwo muri ako karere. Iyo nkuru ivuga iti: “Krisipo, . . . yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa”.—Ivyakozwe 18:4-8.
9. Purisikila na Akwila bakoze iki ku bijanye n’akarorero ka Paulo?
9 Akarorero ka Paulo mu busuku bwo mu ndimiro kariganywe n’abandi bamamaji b’Ubwami, nka Purisikila na Akwila. Iyo ntumwa yahanuye abandi bakirisu iti: “Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo” (1 Ab’i Korinto 11:1). Mu buryo buhuye n’akarorero ka Paulo, Purisikila na Akwila barafashije Apolo gutahura inyigisho za gikirisu mu buryo burushirije kuba ubutagira agakosa. Na we yaciye asahiriza abandi. Purisikila na Akwila ntibabuze kuba barafashije guhindura abantu abigishwa i Roma, i Korinto n’i Efeso.—Ivyakozwe 18:1, 2, 18, 19; Abaroma 16:3-5.
10. Ni igiki wigiye ku Vyakozwe ikigabane ca 18 kizogufasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
10 Ni igiki dushobora kwigira ku kurimbura Ivyakozwe ikigabane ca 18? Emwe, nk’uko nyene Akwila na Purisikila bashobora kuba baragize ivyo bigira kuri Paulo, turashobora kuryohora ubushobozi bwacu bwo guhindura abantu abigishwa, mu gukurikira akarorero k’abigisha beza b’Ijambo ry’Imana. Turashobora kwifatanya n’‘abakora bivuye inyuma mu kwigisha’ bongera ‘bashinga intahe inogangije’ ku bandi (Ivyakozwe 18:5, Kingdom Interlinear Translation). Turashobora kuraba ingene bakora ku mutima w’abantu mu gukoresha ubuhanga bwo kwigisha bushwirura. Mwene ubwo buhanga burashobora kudufasha guhindura abantu abigishwa. Igihe hari umuntu ariko arigana natwe Bibiliya, twoshobora kumusaba yuko atumira abandi bo mu bagize umuryango wiwe canke ababanyi kugira ngo baze kuri iyo nyigisho. Canke twoshobora kumusaba ngo atumenyeshe abandi twogirira inyigisho ya Bibiliya.—Ivyakozwe 18:6-8.
Nurondere uturyo two guhindura abantu abigishwa
11. Ni hehe dushobora kuronka abigishwa bashasha?
11 Paulo n’abakirisu bagenziwe bararondera guhindura abantu abigishwa mu kwamamaza inzu ku nzu, kw’isoko no mu gihe baba bari ku rugendo, emwe, mu kwamamaza ahantu hose. Bwa mwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete arondera guhindura abantu abigishwa, woba ushobora kwagura ibikorwa vyawe vy’umurimo wo mu ndimiro? Woba ushobora kwungukira ku turyo two kurondera ababereye maze ukababwira inkuru nziza? Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abamamaji b’inkuru nziza bagenzi bacu baronse abigishwa? Reka tubanze turabe umuce wo gushinga intahe kuri telefone.
12-14. Mu kwerekana ivyiza biva ku gushinga intahe kuri telefone, niwigane ivyo wiboneye wewe ubwawe canke kimwe mu biri muri izo ngingo.
12 Umukirisukazi umwe dutaziriye Maria, mu gihe yariko arashinga intahe inzu ku nzu muri Berezile, yarahaye agapapuro k’inkuru nziza umugore akiri muto yari avuye mu nyubakwa imwe ibamwo abantu benshi. Maria akoresheje umutwe w’ako gapapuro mu gutanguza ikiyago, yabajije ati: “Woba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya?” Nya mugore yishuye ati: “Nobishima. Ingorane ni uko ndi umwigisha, kandi kwigisha bikaba bintwara umwanya wanje wose”. Maria yarasiguye yuko bashobora kurimbura ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya biciye kuri telefone. Nya mugore yarahaye Maria inomero ziwe za telefone, maze kuri uwo mugoroba nyene, yaciye atanguza inyigisho biciye kuri telefone akoresheje agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?a.
13 Mu gihe umusukukazi umwe w’igihe cose wo muri Etiyopiya yariko arashinga intahe akoresheje telefone, yarakangutse aho yavugana n’umugabo umwe ariko akumva hari urwamo. Nya mugabo yamusavye guterefona hanyuma. Igihe yasubira guterefona, nya mugabo yarasavye imbabazi avuga yuko igihe yaterefona ubwa mbere, we n’umugore wiwe bariko barashwana bikomeye. Nya muvukanyikazi yarafatiye kuri ayo majambo kugira ngo yerekane ubuyobozi buranga ubukerebutsi Bibiliya itanga mu vyo gutunganya ingorane zo mu rugo. Yamubwiye yuko ingo nyinshi zari zarafashijwe n’igitabu gifise umutwe uvuga ngo Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Haciye imisi mikeyi ahawe ico gitabu, nya muvukanyikazi yarasubiriye guterefona uwo mugabo. Nya mugabo yatangaye avuga ati: “Iki gitabu cararokoye umubano wacu!” Kukaba nkako, yari yaragize akanama k’umuryango kugira ngo ababwire ivyiyumviro vyiza yari yarasomye muri nya gitabu. Inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana yaratanguye, hanyuma bidatevye, nya mugabo atangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza.
14 Hari umwamamaji w’Ubwami wo muri Danemarike yatanguje inyigisho ya Bibiliya bivuye ku gushinga intahe akoresheje telefone, avuga ati: “Umucungezi w’umurimo yarandemesheje kugira uruhara mu gushinga intahe kuri telefone. Mu ntango, narijijanije imitima, mvuga nti: ‘Ivyo bintu sindabikunda’. Ariko rero, umusi umwe narariye umutima amenyo maze ndatangura guterefona umuntu wa mbere. Sonja yaritavye maze tumaze kuyaga gatoyi, yaremeye kwakira igisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya. Igihe kimwe ku mugoroba, twaraganiriye ku vyerekeye irema, maze aca ashima gusoma igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?b. Namubwiye yuko vyoba vyiza twibonaniye amaso mu yandi maze tukaganira kuri ico kintu. Yaremeye. Sonja yari yiteguriye inyigisho igihe nashika, kandi kuva ico gihe twaciye tuza turiga ku ndwi ku ndwi”. Uwo muvukanyikazi wacu mukirisu asozera ati: “Nari maze imyaka myinshi nsenga nsaba inyigisho ya Bibiliya, mugabo sinari niteze kuyironka biciye ku gushinga intahe kuri telefone”.
15, 16. Ni ivyabonywe ibihe ushobora kwigana kugira ngo werekane iciza kiri mu kwama ugabirije gukoresha uburyo butandukanye bwo gutanguza inyigisho za Bibiliya?
15 Benshi bariko barererwa kubera ugushira mu ngiro amagirenama yo gushinga intahe ku bantu aho bari hose. Hari umukirisukazi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yahagaritse umuduga wiwe iruhande y’umuduga utwara abantu n’ibintu kuri parikingi. Igihe umugore yari muri uwo muduga yamuraba, nya muvukanyikazi yaciye atangura kumusigurira ukuntu igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya kimeze. Nya mugore yarateze ugutwi, arava muri nya muduga, maze aca agenda ku muduga wa nya muvukanyikazi. Yavuze ati: “Ndahimbawe cane kuba wahagaze kugira ngo unyagishe. Haheze igihe kirekire ata gisohokayandikiro na kimwe canyu gishingiye kuri Bibiliya ndonka. Vyongeye, nshaka gusubira kwiga Bibiliya. None uzonyigisha?”. Gutyo umuvukanyikazi wacu yaratumye haboneka akaryo keza ko kuvuga inkuru nziza.
16 Hari umuvukanyikazi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yiboneye ibikurikira igihe yagendera ibungabungiro ry’abashaje. Yaregereye umuyobozi w’ibikorwa binaka vyo muri iyo nyubakwa maze amubwira yuko yoshima kwitanga agafasha abayibamwo kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Uwo muvukanyikazi wacu yongeyeko yuko yohimbarwa no kurongorera inyigisho ya Bibiliya ku buntu ku ndwi ku ndwi abipfuza kuyizako bose. Nya muyobozi yaramuhaye uruhusha rwo kugendera ivyumba vy’uburaro vy’abantu batandukanye. Hataraca n’igihe, yayoborera inyigisho ya Bibiliya abantu 26 bahaba gatatu ku ndwi, umwe muri bo akaba yitaba amakoraniro yacu adahorereza.
17. Ni uburyo ubuhe kenshi buba ngirakamaro mu gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana?
17 Ku bamamaji b’Ubwami bamwebamwe, gusaba udacisha ku ruhande umuntu kumugirira inyigisho ya Bibiliya biravamwo ivyiza. Igihe kimwe mu gitondo, hari ishengero ry’abamamaji 105 ryagize akigoro kadasanzwe ko gusaba kugirira inyigisho ya Bibiliya umunyamuhana wese bahuye. Abamamaji 86 baragize uruhara muri uwo murimo wo mu ndimiro, maze bamaze amasaha abiri bari muri ico gikorwa co kwamamaza, basanze bari bamaze gutanguza n’imiburiburi inyigisho za Bibiliya nshasha 15.
Guma urondera ababereye
18, 19. Ni ubuyobozi buhambaye ubuhe Yezu yatanze dukwiye kugumiza mu muzirikanyi, kandi kugira ngo ivyo tubishikeko, dukwiye kwiyemeza gukora iki?
18 Bwa mwamamaji w’Ubwami, wokwipfuza kugerageza gukurikiza amagirenama yavuzwe muri iki ikiganiro. Birumvikana yuko vyoba biranga ubukerebutsi kuraba imigenzo y’aho uba, igihe urimbura uburyo bwo gushinga intahe. Ikiruta vyose, nimuze tugumize mu muzirikanyi ubuyobozi Yezu yatanze bwo kurondera ababereye no gufasha abantu nk’abo gucika abigishwa.—Matayo 10:11; 28:19.
19 Kugira ngo ivyo tubishikeko, nimuze tube ‘abaramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’. Ivyo dushobora kubigira mu gukoresha ugushwirura gushingiye mu buryo butanyiganyiga ku Vyanditswe. Ivyo bizodufasha gukora ku mutima w’abemera kwumviriza maze bibasunikire ku kugira ico bakoze. Uko twiheka kuri Yehova mw’isengesho, turashobora kugira uruhara mu gufasha bamwebamwe gucika abigishwa ba Yezu Kirisitu. Kandi ese ukuntu ico gikorwa kimara akanyota! Nimuze rero ‘tugire umwete wo kwiha Imana nk’abamaze kurama’, twama nantaryo dutera iteka Yehova uko turi abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete, bamamaza bafise intumbero yo guhindura abantu abigishwa.—2 Timoteyo 2:15.
[Utujambo tw’epfo]
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki Apolo yari akeneye kurushiriza gutahuzwa inzira y’Imana mu buryo bwuzuye?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Purisikila na Akwila bigiye ku ntumwa Paulo?
• Mu Vyakozwe ikigabane ca 18, ni igiki wahigiye ku vyerekeye igikorwa co guhindura abantu abigishwa?
• Ushobora gute kurondera uturyo two guhindura abantu abigishwa?
[Ifoto ku rup. 18]
Purisikila na Akwila ‘bararushirije gutahuza Apolo inzira y’Imana’
[Ifoto ku rup. 20]
Apolo yaracitse umuhanga mu vy’uguhindura abantu abigishwa
[Ifoto ku rup. 21]
Paulo yamamaza aho yaja hose
[Amafoto ku rup. 23]
Nurondere uturyo two kwamamaza