ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/12 rup. 4-8
  • Ico twigira ku muryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twigira ku muryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yozefu, umugabo w’umugororotsi
  • Mariya, umusavyi w’Imana atagira ubwikunzi
  • Benewabo na Yezu, ikimenyamenya c’uko ihinduka rishoboka
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Mariya yibungenga ata mugabo afise
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/12 rup. 4-8

Ico twigira ku muryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi

NI IBIKI uzi ku vyerekeye abagize umuryango wa hafi wa Yezu babanye na we gushika abatijwe, ni ukuvuga mu myaka 30 ya mbere y’ubuzima bwiwe hano kw’isi? Inkuru zo mu Njili zitubwira iki? Ni ibiki twokwigira ku kwihweza ivyerekeye umuryango yavukiyemwo? Urashobora kwungukira ku nyishu z’ivyo bibazo.

Yezu yoba yavukiye mu muryango wifise? Yozefu, se wiwe w’umurezi yakora umwuga wo kubaza. Ico cari igikorwa gisaba inguvu nyinshi, kenshi bikaba vyarimwo kwicira ibiti kugira babikuremwo imbaho. Igihe abavyeyi ba Yezu bo kw’isi baja i Yeruzalemu haheze imisi 40 avutse, baratanze ikimazi c’ishikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabisaba. Boba bashikanye impfizi y’intama hamwe n’intunguru canke inuma, nk’uko Ivyagezwe vyabivuga? Oyaye. Biboneka ko batari bashoboye kwironsa ibimazi nk’ivyo. Yamara, Ivyagezwe vyarimwo indinganizo yerekeye abakene. Yozefu na Mariya barakurikije iyo ndinganizo, bashikana “intunguru zibiri cank’ivyana vy’inuma bibiri”. Kubona bahisemwo gushikana ibitungwa bizimbutse, birerekana ko umuryango wabo wari ukenye.​—Luka 2:22-24; Abalewi 12:6, 8.

Urabona ko Yezu Kirisitu, uwohavuye aba Umutegetsi w’abantu bose, yavukiye mu bantu baciye bugufi, mu bantu bategerezwa gukora bagatama kugira bironse ivya nkenerwa. Amaze gukura, yacitse umubaji nka se wiwe w’umurezi (Matayo 13:55; Mariko 6:3). “Naho [Yezu] yar’umutunzi” igihe yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru, Bibiliya ivuga yuko “yahindutse umworo” ku bwacu. Yaremeye kuba umuntu afise ikibanza co hasi maze akurira mu muryango w’abantu basanzwe (2 Ab’i Korinto 8:9; Ab’i Filipi 2:5-9; Abaheburayo 2:9). Yezu ntiyavukiye mu muryango wifise, ivyo bikaba vyari gufasha abantu bamwebamwe kumwiyegereza. Ntibasamajwe n’igiti canke ubukuru afise. Bamushimira inyigisho ziwe, kamere ziwe zikwegera be n’ibikorwa vy’akaroruhore yakora (Matayo 7:28, 29; 9:19-33; 11:28, 29). Turabona ko Yehova yagaragaje ubukerebutsi mu kureka Yezu akavukira mu muryango ubayabaye.

Ubu na ho reka twihweze ivyerekeye abagize umuryango Yezu yavukiyemwo maze tubone ico dushobora kubigirako.

Yozefu, umugabo w’umugororotsi

Igihe Yozefu yamenya yuko umwigeme areheje yibungenze “ataramurongora”, ategerezwa kuba yarabuze ico afata n’ico areka kubera ko ku ruhande rumwe yakunda Mariya ku rundi ruhande akaba yaranka urunuka icasa n’uko ari ubushegabo. Ivyo bintu vyose vyasa nko kumurengera akarimbi ku bijanye n’uburenganzira yari afise bwo kuzoba umunega wiwe. Mu gihe ciwe, umwigeme arehejwe yafatwa neza na neza nk’umugore w’uwo mugabo. Amaze kurimbura neza ivyo bintu, Yozefu yafashe ingingo yo kwahukana na Mariya mu mpisho kugira ngo amukingire ntaterwe amabuye yagirizwa ubusambanyi.​—Matayo 1:18; Gusubira mu Vyagezwe 22:23, 24.

Ni ho rero umumarayika yabonekera Yozefu mu ndoto akavuga ati: “Ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda y’[im]pwemu [y]era. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’umwite Yesu, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo”. Akironka ubwo buyobozi buvuye ku Mana, Yozefu yaciye abukurikiza, aca atwara Mariya muhira iwe.​—Matayo 1:20-24.

Kubera iyo ngingo yafashe, uwo mugabo w’umugororotsi akaba n’umwizerwa yaragize uruhara mw’iranguka ry’ivyo Yehova yari yaravuze biciye ku mumenyeshakazoza Yesaya ati: “Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli” (Yesaya 7:14). Nta nkeka ko Yozefu yari umugabo akomeye mu vy’impwemu yakenguruka agateka ko kuba se-murezi wa Mesiya, naho umuhungu w’imfura wa Mariya atobaye ari uwo Yozefu yivyariye.

Yozefu yaririnze kurangurana na Mariya amabanga y’abubatse gushika Mariya amaze kwibaruka umuhungu wiwe (Matayo 1:25). Kuri abo bari baherutse kwubakana, kwigumya bishobora kuba bitari vyoroshe, mugabo biragaragara ko bashaka yuko ata wohava akekeranya ku bijanye na Se w’ico kibondo. Ese ukuntu ari akarorero keza ntangere k’ukwigumya! Yozefu yashize ibintu vy’impwemu imbere y’ivyipfuzo mvukanwa vyiwe.

Incuro zine, Yozefu yarahawe ubuyobozi n’abamarayika ku bijanye n’ukuntu uwo mwana wiwe w’umurerano yorerwa. Zitatu muri izo, zari zerekeye aho yorereye uyo muhungu. Kugamburuka adatevye vyari bikenewe cane kugira ngo uyo mwana ntiyicwe. Muri izo ncuro zose, Yozefu yaca agira ico akoze mu maguru masha, abanza kujana uwo mwana mu Misiri, hanyuma amugarukana muri Isirayeli. Ivyo vyarakingiye umwana Yezu ngo ntahasige agatwe ca gihe Herodi yatikiza utwana tw’uduhungu. Ikindi, ukugamburuka kwa Yozefu kwatumye amajambo menyeshakazoza yerekeye Mesiya aranguka.​—Matayo 2:13-23.

Yozefu yarigishije Yezu umwuga kugira ngo aze ashobore kwibeshaho. Ni co gituma Yezu atari azwi gusa ko ari “umwana w’umubāji” ariko kandi ko yari “umubāji” (Matayo 13:55; Mariko 6:3). Intumwa Paulo yanditse yuko Yezu “[ya]geragejwe uburyo bgose nkatwe”. Mu bisanzwe ivyo vyarimwo ugukora agatama kugira ngo afashe mu vyo kurondera ibitunga umuryango.​—Abaheburayo 4:15.

Ubwa nyuma, ikimenyamenya c’uko Yozefu yari umuntu yihebeye ugusenga kw’ukuri tugisanga mu nkuru ya nyuma avugwamwo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Yozefu yarajanye umuryango wiwe i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Abantu b’igitsina-gabo gusa ni bo basabwa kujayo, ariko Yozefu yari afise akamenyero ko kujana umuryango wiwe i Yeruzalemu “uk’umwaka utashe”. Yaragira akigoro kadasanzwe kuko bategerezwa kugenda nk’ibilometero 100 bava i Nazareti baja i Yeruzalemu. Ariko rero, ku rugendo ruvugwa mu Vyanditswe, Yezu yaritandukanije n’umugwi bari kumwe. Bamusanze mu rusengero ariko arumviriza abigisha b’Ivyagezwe yongera ababaza ibibazo. Naho yari afise imyaka 12 gusa, Yezu yaragaragaje ko afise ubukerebutsi ntangere n’ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Ico kintu cabaye kiratwereka yuko abavyeyi ba Yezu bategerezwa kuba baramwigishije neza, bakamurera mu buryo butuma aba umuhungu ashira umutima ku bintu vy’impwemu (Luka 2:41-50). Bisa n’uko Yozefu yapfuye haciye igihe gitoyi ivyo bibaye, kubera yuko ata handi asubira kuvugwa mu nkuru zo mu Vyanditswe.

Emwe, Yozefu yari umugabo w’umugororotsi yitwararika neza ivyo umuryango wiwe ukenera, haba mu vy’impwemu canke mu vy’umubiri. Nka kurya kwa Yozefu, woba ushira ibintu vy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe igihe utahuye ivyo Imana igomba ko dukora muri iki gihe (1 Timoteyo 2:4, 5)? Woba ufise umutima ukunze wo kugamburuka ivyo Imana ivuga biri mw’Ijambo ryayo, gutyo ukagaragaza ko uyoboka nka kurya kwa Yozefu? Woba wigisha abana bawe kugira ngo bashobore kugiranira n’abandi ibiganiro ngirakamaro bishingiye ku bintu vy’impwemu?

Mariya, umusavyi w’Imana atagira ubwikunzi

Mariya nyina wa Yezu yari umusavyi w’Imana w’akarorero. Igihe umumarayika Gaburiyeli yamumenyesha ko yovyaye, yaratangaye. Kubera ko yari isugi, “[ntiyari bwamenye] icitwa umugabo”. Akimenya ko yovyaye biciye ku mpwemu yera, yaremeye ubwo butumwa yicishije bugufi, avuga ati: “Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe” (Luka 1:30-38). Yarahaye agaciro cane ako gateka kajanye n’ivy’impwemu ku buryo yari yiyemeje kwihanganira ingorane zose zomushikiye bivuye kuri iyo ngingo yafashe.

Kukaba nkako, kwemera iryo banga vyarahinduye ubuzima bwose yagize amaze kuba umugore. Igihe yaja i Yeruzalemu agiye kwihumanura, umugabo umwe yubaha Imana ageze mu zabukuru yitwa Simeyoni yamubwiye ati: “Inkota izogucumita mu mutima” (Luka 2:25-35). Bigaragara yuko yariko yerekeza ku kuntu Mariya yokwumvise amerewe abonye abantu benshi batera akagere Yezu maze amaherezo akamanikwa ku giti co kubabarizwako.

Uko Yezu yakura, Mariya yagumiza ku muzirikanyi ivyaza biraba mu buzima bwa Yezu, “a[vy]iyumvira mu mutima wiwe” (Luka 2:19, 51). Nka kurya kwa Yozefu, Mariya yari umuntu akomeye mu vy’impwemu kandi yagumiza mu muzirikanyi ibintu vyaza biraba be n’ivyaza biravugwa, bikarangura ubuhanuzi. Ivyo umumarayika Gaburiyeli yamubariye, bitegerezwa kuba bitigeze bimuva mu muzirikanyi. Yavuze ati: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo” (Luka 1:32, 33). Emwe, ntiyafashe minenegwe agateka ko kuba nyina wa Mesiya ngaha kw’isi.

Vyasubiye kugaragara ko Mariya akomeye mu vy’impwemu igihe yahura n’incuti yiwe Elizabeti, na we nyene akaba yari yibungenze biciye ku gitangaro. Mariya akimukubita ijisho, yarashemagije Yehova yongera arahishura urukundo akunda Ijambo ry’Imana. Yarakikirije kw’isengesho rya Hana riri muri 1 Samweli ikibane ca 2, yongera ashiramwo n’ivyiyumviro vyo mu bitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ubwo bumenyi yari afise bwo mu Vyanditswe bwarerekanye ko yari akwije ibisabwa ngo acike umuvyeyi yubaha Imana kandi ayitinya. Yari agiye gusenyera ku mugozi umwe na Yozefu mu vyo kurera uwo muhungu wiwe mu bijanye n’ivy’impwemu.​—Itanguriro 30:13; 1 Samweli 2:1-10; Malaki 3:12; Luka 1:46-55.

Mariya yarizera bimwe bikomeye ko umuhungu wiwe ari Mesiya, kandi ukwo kwizera ntikwatitutse n’inyuma ry’urupfu rwa Yezu. Haciye igihe gito Yezu azutse, Mariya yari muri ba bigishwa b’abizerwa bakoranira hamwe kugira ngo basenge bari kumwe n’intumwa (Ivyakozwe 1:13, 14). Yagumye ari umwizerwa naho yategerezwa guca mu mubabaro ukomeye wo kubona umwana wiwe akunda apfira ku giti co kubabarizwako.

Ushobora gute kwungukira ku kwiga ivyerekeye ubuzima bwa Mariya? Woba wemera agateka ko gusukurira Imana utarinze kuraba akigoro bizogusaba? Woba ubona ko ako gateka atari ako gufata minenegwe muri iki gihe? Woba ugumiza mu muzirikanyi ivyo Yezu yabuye kandi ukaguma ubigereranya n’ibiriko biraba muri iki gihe, ‘ukavyiyumvira mu mutima wawe’ (Matayo, ikigabane ca 24 na 25; Mariko, ikigabane ca 13; Luka, ikigabane ca 21)? Woba wigana Mariya mu kuba umuntu azi neza Ijambo ry’Imana no mu kwama urikoresha igihe uyaga n’abandi? Woba woguma wizera Yezu naho vyoshika ukagira amaganya yo mu mutima atewe n’uko uri umuyoboke wiwe?

Benewabo na Yezu, ikimenyamenya c’uko ihinduka rishoboka

Bisa n’uko benewabo na Yezu bagiye kumwizera inyuma y’urupfu rwiwe. Ishobora kuba ari yo mvo yatumye ataba ari ho bari igihe yapfira ku giti co kubabarizwako, ikaba kandi ari yo yatumye Yezu afata nyina akamushinga intumwa Yohani. Incuti za Yezu zaragaragaza ko zitamwubaha, mbere igihe kimwe zivuga ko Yezu “yasaze” (Mariko 3:21). Kubera ko hari abo mu muryango Yezu yavukiyemwo batizera, muri iki gihe abafise abatizera mu ngo iwabo barashobora kwizigira yuko Yezu atahura uko biyumva igihe incuti zibatyekeza zibahora ukwizera kwabo.

Ariko rero, inyuma y’izuka rya Yezu biboneka yuko benewabo batanguye kumwizera. Bari muri wa mugwi wakoraniye i Yeruzalemu imbere ya Pentekote yo mu 33 G.C., kandi barasenganye ubwira bafatanije n’intumwa (Ivyakozwe 1:14). Biragaragara yuko izuka rya mwenewabo basangiye nyina ryatumye imitima yabo ihinduka, gushika aho bacika abigishwa biwe. Ntidukwiye kwigera tubona yuko incuti tudasangiye ukwemera zitazokwigera zihinduka.

Yakobo, mwenewabo na Yezu bavukana kuri nyina, uwo Yezu yiyeretse, Ivyanditswe vyerekana ko yagize uruhara rwibonekeje mw’ishengero rya gikirisu. Yarandikiye abakirisu bagenziwe ikete ryahumetswe, abakebura ngo bazigame ukwizera kwabo (Ivyakozwe 15:6-29; 1 Ab’i Korinto 15:7; Ab’i Galatiya 1:18, 19; 2:9; Yakobo 1:1). Uwundi mwenewabo na Yezu bavukana kuri nyina, ari we Yuda, yaranditse ikete ryahumetswe aremesha abo basangiye ukwemera kurwanira cane ukwizera (Yuda 1). Birahambaye kubona yuko yaba Yakobo canke Yuda, ata n’umwe mw’ikete ryiwe yishimikije ubucuti bwo ku mubiri afitaniye na Yezu kugira ngo ajijure abakirisu bagenziwe. Ese ingene ico ari icigwa c’akaroruhore dushobora kwigira kuri bo mu bijanye no kwifata ruto!

None ibintu bimwebimwe twigiye ku bagize umuryango Yezu yavukiyemwo ni ibihe? Nta nkeka ko tuhakuye ivyigwa vyerekeye ukwibanda ku Mana bishobora kugaragazwa muri ubu buryo: (1) Nugamburuke udahemuka ivyo Imana igomba vyaseruwe kandi wihanganire ingorane zose ziva ku kubigira. (2) Nushire imbere ivy’impwemu, naho ivyo vyoba bisaba akigoro. (3) Numenyereze abana bawe wisunze Ivyanditswe. (4) Ntiwihebure igihe mu muryango iwanyu hariho abo mudasangiye ukwemera. (5) Ntiwishire hejuru ngo ni uko mw’ishengero rya gikirisu hari abantu bakomakomeye mufitaniye ubucuti. Emwe, kwiga ivyerekeye umuryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi biratuma turushiriza kumwiyegereza kandi bigatuma turushiriza gukengurukira Yehova kubera yahisemwo umuryango ubayabaye kugira ngo abe ari wo urera Yezu mu kiringo c’ubwana.

[Amafoto ku rup. 4, 5]

Yozefu yararongoye Mariya aba umugore wiwe, gutyo aba agize uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya

[Amafoto ku rup. 6]

Yozefu na Mariya barigishije abana babo ivy’impwemu n’akamaro k’ibikorwa

[Amafoto ku rup. 7]

Naho bakuriye mu rugo rukomeye mu vy’impwemu, benewabo na Yezu bagiye kumwizera inyuma y’urupfu rwiwe

[Amafoto ku rup. 8]

Yakobo na Yuda, abavukana na Yezu kuri nyina, bararemesheje abakirisu bagenzi babo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika