Ubu birihutirwa rwose ko tuguma tugavye
“Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako”.—MATAYO 24:42.
1, 2. Ni igiki cerekana ko tubayeho mu nsozero y’uru runkwekwe rw’ibintu?
“IKINJANA ca mirongo ibiri caranzwe canecane n’intambara”. Ukwo ni ko umwanditsi Bill Emmott avuga. Naho yemera ko ibiringo vyose vyo muri kahise k’umuntu vyabayemwo intambara be n’ubukazi, yongerako ati: “Ikinjana ca mirongo ibiri nticari gitandukanye n’ibindi uravye uko cari kimeze, mugabo cari gitandukanye na vyo uravye ingene ivyakibayemwo vyari bikaze. Ni co kinjana ca mbere cabayemwo indwano koko yari ikwiye kw’isi yose. . . . Vyongeye, mu buryo bwo gushimika kuri ico ciyumviro, nticabayemwo intambara nk’iyo ikwiye kw’isi yose imwe gusa, ariko cabayemwo zibiri”.
2 Intambara aho ‘ihanga ritera irindi hanga n’ubwami bugatera ubundi bwami’, zari zarabuwe na Yezu Kirisitu. Ariko rero, zigize umuce umwe gusa w’ikimenyetso ‘c’ukuhaba kwa Kirisitu n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu’. Muri ubwo buhanuzi buhambaye, Yezu yaravuze kandi ikigoyi, ibiza be na vya nyamugigima (Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:6, 7, 10, 11). Ivyago nk’ivyo vyararushirije kwongerekana no gukara mu buryo bwinshi. Ubukozi bw’ikibi bw’umuntu buragwiriye, nk’uko bibonekera ku gatima agaragariza Imana n’umuntu nka we. Ugutituka kw’inyifato runtu be n’iyongerekana ry’ubukozi bw’ikibi n’ubukazi biribonekeza. Abantu bacitse inkunzi z’amahera aho gukunda Imana, batwarwa n’ibibahimbara. Ivyo vyose biremeza yuko tubayeho mu “bihe bigoye”.—2 Timoteyo 3:1-5.
3. “Ibimenyetso vy’ibihe” bikwiye kugira ico bidukozeko gute?
3 Ivy’abantu bigenda bidabuka, wewe ubibona gute? Abenshi ntibanegwa ibintu bitera intuntu biba muri iki gihe, eka mbere ntibanavyitaho. Abantu bakomakomeye kandi b’incabwenge bo muri iyi si ntibategera insobanuro y’“ibimenyetso vy’ibihe”; eka n’indongozi z’amadini ntizatanze ubuyobozi bubereye kuri ico kintu (Matayo 16:1-3). Mugabo, Yezu yakebuye abayoboke biwe ati: “Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako” (Matayo 24:42). Hano, Yezu ntaturemesha kugaba gusa, ariko kandi aturemesha ‘kwama tugavye’. Kugira ngo twame tugavye, dutegerezwa kuguma turi maso kandi turikanuye. Ivyo ntibisaba gusa kwemera icese yuko tubayeho mu misi y’iherezo be no gutahura yuko ibihe bitoroshe. Dutegerezwa kugira ukujijuka gushikamye yuko “umuhero wa vyose uri hafi” (1 Petero 4:7). Aho ni ho gusa tuzoguma tugavye, tubona ko ibintu vyihutirwa. Ku bw’ivyo, ikibazo dutegerezwa kuzirikanako ni iki: ‘Ni igiki kizodufasha gukomeza ukujijuka kwacu yuko umuhero wegereje’?
4, 5. (a) Ni igiki kizokomeza ukujijuka kwacu yuko iherezo ry’uru runkwekwe rubi ryegereje, kandi kubera iki? (b) Ni isano rimwe irihe riri hagati y’igihe ca Nowa be n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu?
4 Rimbura ibintu vyari vyiganje mu gihe c’imbere y’uko haba ikintu kidasanzwe cabaye muri kahise k’umuntu, ni ukuvuga wa Mwuzure ukomeye wo mu gihe ca Nowa. Abantu bari babi cane ku buryo Yehova ‘yicujije’. Yavuze ati: “Abantu naremye nzobamara mw isi” (Itanguriro 6:6, 7). Kandi ivyo ni vyo yagize. Mu kuvuga isano riri hagati y’ico gihe be n’igihe cacu, Yezu yagize ati: “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu [kuhaba] kw’Umwana w’umuntu”.—Matayo 24:37.
5 Ni ivyumvikana kuvuga yuko Yehova abona isi ya kino gihe nk’uko yabona ya si y’imbere y’Umwuzure. Kubera yuko yaherengeteje ya si itibanga Imana yo mu gihe ca Nowa, nta gukeka ko azosangangura n’isi mbi yo mu gihe ca none. Gutahura neza amasano ari hagati y’ico gihe n’igihe cacu bikwiye gukomeza ukujijuka kwacu yuko umuhero w’iyi si wegereje. Ayo masano none ni ayahe? Hari n’imiburiburi atanu. Irya mbere ni iry’uko imburi y’isangangurwa ryimirije itangwa ata kurya umunwa.
Baburirwa ‘ibintu bitari bwaboneke’
6. Ni igiki Yehova yiyemeje gukora mu gihe ca Nowa?
6 Mu gihe ca Nowa, Yehova yavuze ati: ‘Impwemu yanje ntizokwama iranyinyurana n’umuntu ibihe vyose, kuko ari uw’inyama gusa. Nuko rero imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri’ (Itanguriro 6:3). Isohorwa ry’iryo tegeko ry’Imana mu 2490 B.G.C. ryaranze intango y’iherezo ry’iyo si itubaha Imana. Iyumvire gatoyi ico ivyo vyasobanura ku bantu babaho muri ico gihe! Hari hasigaye imyaka 120 gusa hanyuma Yehova akazana “umwuzure w’amazi mw isi, ngo [ah]erengeteze musi y’ijuru ibifise umubiri vyose”.—Itanguriro 6:17.
7. (a) Nowa yakiriye gute imburi yerekeye Umwuzure? (b) Dukwiye kwakira gute imburi zerekeye iherezo ry’uru runkwekwe?
7 Nowa yaronse imburi y’icago cari cimirije hagisigaye imyaka mirongo ngo kibe, kandi yarakoresheje uwo mwanya abigiranye ubukerebutsi kugira yitegurire kurokoka. Intumwa Paulo avuga ati: “[Nowa] amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, a[r]abāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe” (Abaheburayo 11:7). Tweho bite? Harashize nk’imyaka 90 kuva imisi y’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu itanguye mu 1914. Nta gukeka ko turi mu “gihe c’iherezo” (Daniyeli 12:4). Dukwiye kwakira gute imburi twahawe? Bibiliya ivuga iti: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). Ubu rero ni co gihe co gukora ivyo Yehova agomba tubona ko ibintu vyihutirwa rwose.
8, 9. Ni imburi izihe zatanzwe mu bihe vya none, kandi ziriko zitangazwa gute?
8 Mu bihe vya none, abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya baramenye biciye ku Vyanditswe vyahumetswe yuko uru runkwekwe rwaciriwe urwo gusangangurwa. Ivyo twoba tuvyemera? Raba ivyo Yezu Kirisitu yavuze atomora: “Hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho” (Matayo 24:21). Yezu yavuze kandi yuko yoje ari umucamanza yagenywe n’Imana hanyuma akarobanura abantu nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. Abo yosanze batabereye ‘bogiye mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, ariko abagororotsi bakaja mu buzima budahera’.—Matayo 25:31-33, 46.
9 Yehova aguma akwegera ivyiyumviro vy’abasavyi biwe kuri izo mburi akoresheje ivyibutswa bihuje n’igihe biboneka biciye ku mfungurwa zo mu vy’impwemu zitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Matayo 24:45-47, NW). Vyongeye, amahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko yose baraterwa akamo ko ‘gutinya Imana no kuyininahaza, kuko igihe c’amateka yayo gishitse (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Umuce nyamukuru w’ubutumwa bw’Ubwami bwamamazwa kw’isi yose n’Ivyabona vya Yehova ni imburi yuko Ubwami bw’Imana ubu bwa vuba bugiye gukuraho ubutegetsi bw’abantu (Daniyeli 2:44). Iyo mburi ntikwiye gufatwa minenegwe. Imana Mushoboravyose yama nantaryo ishitsa ijambo ryayo (Yesaya 55:10, 11). Yararishikije mu misi ya Nowa, kandi izorishitsa no mu gihe cacu.—2 Petero 3:3-7.
Ubuhumbu buba ubwiraye
10. Hovugwa iki ku vyerekeye ubuhumbu bwo mu gihe ca Nowa?
10 Igihe cacu kirahuye n’igihe ca Nowa mu wundi muce. Yehova yari yategetse wa mugabo n’umugore ba mbere ‘kwuzuza isi’ abantu nka bo, bakoresheje mu buryo buteye iteka ububasha bahawe n’Imana mu vy’ibitsina mu ndinganizo y’umubano w’ababiranye (Itanguriro 1:28). Mu gihe ca Nowa, abamarayika b’abagambarazi barandurishije abantu uguhuza ibitsina uko imibiri itaremewe. Baraje kw’isi, biyambika imibiri y’inyama hanyuma baryamana n’abakobwa bezabeza, baca bavyarana abana bari bagize kuba abantu bakaba n’amadayimoni, ari bo Banefili (Itanguriro 6:2, 4). Icaha c’abo bamarayika b’ibihumbu gifitaniye isano na bwa bushegabo bw’akatabonetse bw’i Sodomu na Gomora (Yuda 6, 7). Ivyo vyatumye ubuhumbu bukwiragira hose muri ico gihe.
11. Ni ibintu bijanye n’ivy’ukwigenza runtu ibihe bituma igihe cacu gisa n’igihe ca Nowa?
11 Tuvuge iki ku bijanye n’ivy’ukwigenza runtu muri kino gihe? Muri iyi misi ya nyuma, ubuzima bw’abantu benshi bushingiye ku vy’igitsina. Paulo adondora mu buryo butomoye mwene abo bantu ko “babaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke”; benshi bihaye “gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza” (Abanyefeso 4:19). Ivyerekana ubushegabo, uguhuza ibitsina imbere y’ukwabirana, ukwonona abana be n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina biriraye. Bamwebamwe bariko ‘baronka mu mibiri yabo ingero zikwiye’ mu buryo bw’indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, ugusenyuka kw’umubano be n’izindi ngorane zo mu kibano.—Abaroma 1:26, 27.
12. Ni kubera iki dukwiye gutsimbataza ukwanka ikibi?
12 Mu gihe ca Nowa, Yehova yararungitse Umwuzure ukomeye hanyuma uherengeteza iyo si yari yarasaze mu vy’igitsina. Dutegerezwa kutigera twibagira yuko iki gihe kimeze neza na neza nk’uko igihe ca Nowa cari kimeze. “Amarushwa ahambaye” yimirije azokura kw’isi ‘abashakanyi, abasambanyi, abagabo bakoresha imibiri yabo ico itaremewe be n’abagabo baryamana n’abandi bagabo’ (Matayo 24:21; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ivyahishuriwe 21:8). Ese ukuntu vyihutirwa yuko dutsimbataza ukwanka ikibi no kwigirwa kure ivyodushikana ku bushegabo!—Zaburi 97:10; 1 Ab’i Korinto 6:18.
Isi ‘yuzura ubukazi’
13. Mu gihe ca Nowa, ni kubera iki isi yari ‘yuzuye ubukazi’?
13 Mu kwerekana ikindi kintu caranga igihe ca Nowa, Bibiliya ivuga iti: “Isi yari yononekaye imbere y’Imana, yuzuye u[bukazi]” (Itanguriro 6:11). Ubukazi mu vy’ukuri nticari ikintu gishasha. Kayini umuhungu wa Adamu yaragandaguye mwenewabo w’umugororotsi (Itanguriro 4:8). Mu kwerekana agatima k’ubukazi ko mu gihe ciwe, Lameki yaratunganije icese gihaya ukuntu yari yarishe umusore umwe, yitwaje ko yariko arivuna (Itanguriro 4:23, 24). Icari gishasha mu gihe ca Nowa rwari urugero ubwo bukazi bwashikako. Igihe ba bana b’Imana b’abamarayika b’abagambarazi barongora abakobwa bo kw’isi hanyuma bakavyarana abana ari bo Banefili, ubukazi bwariyongereye ku rugero rutari bwigere rubaho. Bibiliya Traduction du monde nouveau yerekana yuko ijambo rivuga ivyo bigatanya vy’inkazi risobanura “Abagwishi”, ni ukuvuga “abagwisha abandi” (Itanguriro 6:4, akajambo k’epfo.). Ivyo vyatumye isi ‘yuzura ubukazi’ (Itanguriro 6:13). Iyumvire ingorane Nowa ategerezwa kuba yarahanganye mu gutungira umuryango wiwe ahantu nk’aho! Yamara, Nowa yaragaragaje ko ari ‘umugororotsi imbere ya Yehova muri iryo yaruka’.—Itanguriro 7:1.
14. Isi muri kino gihe ‘yuzuye ubukazi’ ku rugero rungana iki?
14 Ubukazi bwaramyeho mu bantu mu binjana n’ibindi. Mugabo nk’uko vyari biri mu gihe ca Nowa, igihe cacu na co nyene carabayemwo ubukazi ku rugero rutari bwigere rubaho. Twama twumva ivy’ubukazi bubera mu ngo, ibikorwa vy’iterabwoba, amasekeza y’ihonyabwoko be n’abantu bicwa ikivunga n’abitwaje ibirwanisho ata mvo iboneka bafise. Ikigeretse kuri ivyo vyose, hari amaraso aseseka bivuye ku ntambara. Isi yarasubiye kwuzura ubukazi. Kubera iki? Ni igiki catumye bwongerekana? Inyishu y’ivyo bibazo irerekana irindi sano igihe cacu n’igihe ca Nowa bifitaniye.
15. (a) Ni igiki catumye ubukazi bwongerekana mu misi y’iherezo? (b) Dushobora kwizigira tudakeka yuko ibintu bizohava bimera gute?
15 Igihe Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya bwashingwa mw’ijuru mu 1914, Umwami yimitswe Yezu Kirisitu yarakoze igikorwa c’intibagirwa. Shetani wa Mucokoranyi be n’amadayimoni yiwe barirukanywe mw’ijuru bakororerwa mu micungararo y’isi (Ivyahishuriwe 12:9-12). Imbere y’Umwuzure, abamarayika b’abagambarazi barataye ibibanza vyabo vyo mw’ijuru bivuye ku gushaka kwabo; ariko rero, mu bihe vya none, birukanywe ku nguvu. Vyongeye, ubu nta bushobozi bafise bwo kwiyambika imibiri y’abantu kw’isi kugira ngo baje mu binezereza vy’umubiri bitabereye. Barababaye cane, barashavuye cane kandi bakaba batinya urubanza rwimirije ku buryo bosha abantu be n’amashirahamwe gukora ibikorwa vy’ububisha n’ubukazi biranga ubunyamaswa ku rugero mbere rurengeye cane urwo abantu bo mu gihe ca Nowa babikorako. Yehova yarahoneje isi y’imbere y’Umwuzure inyuma y’aho abamarayika b’abagambarazi be n’uruvyaro rwabo bayujurijemwo ubukozi bw’ikibi. Nta gukeka ko azobigenza nk’uko nyene muri iki gihe cacu (Zaburi 37:10)! Ariko rero, abaguma bagavye muri iki gihe barazi yuko ukurokorwa kwabo kwegereje.
Ubutumwa bwamamazwa
16, 17. Ni isano rigira kane irihe riri hagati y’igihe ca Nowa n’igihe cacu?
16 Isano rigira kane riri hagati y’igihe ca none n’isi y’imbere y’Umwuzure, ribonekera mu gikorwa Nowa yashinzwe. Nowa yarubatse ubwato amahero. Vyongeye, yari “umwigisha” (2 Petero 2:5). Ni ubutumwa ubuhe yamamaza? Ukwamamaza kwa Nowa biboneka ko kwarimwo gusaba abantu kwigaya no kubaburira ivy’isangangurwa ryari ryimirije. Yezu yavuze yuko abantu bo mu gihe ca Nowa “ba[tagize] ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose”.—Matayo 24:38, 39.
17 Mu buryo nk’ubwo nyene, kubera ko Ivyabona vya Yehova barangurana umwete igikorwa bashinzwe co kwamamaza, ubutumwa bw’Ubwami bw’Imana buriko buravugwa mw’isi yose. Hafi mu mihingo yose yo mw’isi, abantu barashobora kwumva no gusoma ubutumwa bw’Ubwami mu rurimi rwabo bwite. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova kirakwiragizwa mu makopi arenga 25.000.000, kikaba kandi gicapurwa mu ndimi zirenga 140. Si ivy’imbeshere, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa ‘kw’isi yose ibako abantu bwa kimenyetso kibera icabona amahanga yose’. Ico gikorwa nicasozerwa nk’uko Imana ibishaka, nta kabuza ko umuhero uzoca uza.—Matayo 24:14.
18. Ukuntu abantu benshi bakira igikorwa cacu co kwamamaza gufitaniye isano irihe n’ukuntu abantu benshi bo mu gihe ca Nowa bacakira?
18 Uravye ukuntu ivy’impwemu be n’ivy’ukwigenza runtu vyari vyaratitutse mu gihe c’imbere y’Umwuzure, ntibigoye kwiha ishusho y’ukuntu umuryango wa Nowa wabaye akamenyo ku babanyi biziba amatwi ukongera ugatyozwa kandi ugatyekezwa. Iherezo ntiryabuze gushika. Mu buryo nk’ubwo, “abacokoranyi bacokorana” baruzuye mu misi y’iherezo. Bibiliya ivuga iti: “Umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma” (2 Petero 3:3, 4, 10). Ntuzobura gushika ku gihe cashinzwe. Ntuzoteba (Habakuki 2:3). Ese ukuntu ari ibiranga ubukerebutsi ko tuguma tugavye!
Harokoka bake gusa
19, 20. Ni isano irihe dushobora kubona hagati y’Umwuzure n’isangangurwa ry’uru runkwekwe rw’ibintu?
19 Isano riri hagati y’igihe ca Nowa n’igihe cacu ntirigarukira gusa ku bukozi bw’ikibi bw’abantu be n’isangangurwa ryabo. Nk’uko hari abarokotse Umwuzure, ni ko hazoba n’abarokoka iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu. Abarokotse Umwuzure bari abagwaneza batabayeho nk’uko abantu bari babayeho muri rusangi. Barumviye imburi y’Imana bongera baritandukanya n’isi mbi y’ico gihe. Bibiliya ivuga iti: “Nowa we Uhoraho aramushima. . . . [Nowa] ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe” (Itanguriro 6:8, 9). Mu bantu bose bari bahari, umuryango umwe ugizwe n’‘abantu bakeya, ni ukuvuga ubugingo umunani, ni bo barokotse bakirijwe mu mazi’ (1 Petero 3:20). Vyongeye, Yehova Imana yarabahaye uburenganzira ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi”.—Itanguriro 9:1.
20 Ijambo ry’Imana ridukura amazinda yuko “ishengero ryinshi” rizorokoka “[rikava] muri wa mubabaro mwinshi” (Ivyahishuriwe 7:9, 14). Ni bangahe bazoba bari muri iryo shengero ryinshi? Yezu ubwiwe yavuze ati: “Irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake” (Matayo 7:13, 14). Ugereranije n’abantu amamiliyaridi bari kw’isi ubu, abazorokoka ya marushwa ahambaye yimirije bazoba ari bake. Mugabo bashobora kuzoronka agateka nka kamwe kahabwa abarokotse Umwuzure. Abazoba barokotse bashobora kuzomara igihe bavyara abana bazoba mu bagize ikibano c’isi gishasha.—Yesaya 65:23.
“Mwame mugavye”
21, 22. (a) Uku kurimbura inkuru y’Umwuzure twagize wakwungukiyeko gute? (b) Icanditswe c’umwaka co mu 2004 ni ikihe, kandi ni kubera iki dukwiye kwumvira impanuro gitanga?
21 Naho Umwuzure usa n’uko ari uwa kera cane ufatiye ku gihe cacu, uratanga mu buryo butomoye imburi dutegerezwa kutirengagiza (Abaroma 15:4). Amasano ari hagati y’igihe ca Nowa n’igihe cacu akwiye gutuma turushiriza kubona ico ibiriko biraba bisobanura no gutuma tuba maso ku vyerekeye ukuza kwa Yezu nk’igisuma kugira ashitse urubanza ku nkozi z’ikibi.
22 Muri iki gihe, Yezu Kirisitu ariko arayobora igikorwa amahero c’ukwubaka co mu vy’impwemu. Iparadizo yo mu vy’impwemu imeze nka bwa bwato iriho kugira abasavyi b’ukuri bayironkeremwo umutekano bongere bayirokokeremwo (2 Ab’i Korinto 12:3, 4). Kugira ngo tuzozigamwe ntiduhitanwe na ya marushwa ahambaye, dutegerezwa kuguma muri iyo paradizo. Iyo paradizo yo mu vy’impwemu, ikikujwe n’isi ya Shetani yiteguriye kurotsa umuntu uwo ari we wese yahunikiye mu buryo bw’impwemu. Birahambaye ko ‘twama tugavye’, tukagaragaza ko twiteguriye umusi wa Yehova.—Matayo 24:42, 44.
Woba uvyibuka?
• Ni inkeburo iyihe Yezu yatanze ku vyerekeye ukuza kwiwe?
• Yezu agereranya ukuhaba kwiwe n’iki?
• Ni mu buhe buryo igihe cacu gisa n’igihe ca Nowa?
• Ukuzirikana ku masano ari hagati y’igihe ca Nowa n’igihe cacu bikwiye kugira ico bikoze gute ku kuntu tubona ko ibintu vyihutirwa?
[Iciyumviro ku rup. 18]
Icanditswe c’umwaka co mu 2004 kizoba ari: “Mwame mugavye . . . mwame mwiteguye”.—Matayo 24:42, 44.
[Ifoto ku rup. 15]
Nowa yarumviye imburi y’Imana. Twoba natwe tuyumvira?
[Amafoto ku rup. 16, 17]
“Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu [kuhaba] kw’Umwana w’umuntu”