Yehova araturonsa ivyo dukeneye ku musi ku musi
‘Ntimukiganyire. Kuko . . . So azi ko mukenera ivyo bintu’.—LUKA 12:29, 30.
1. Ni gute Yehova atunga ibikoko yaremye?
WOBA uritegereza ikijuri canke iyindi nyoni iriko isûra mu bintu bisa n’uko ari umwavu gusa? Kumbure ushobora kuba waribajije ikintu yoronka irya mu kudodagura umunwa hasi. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yarerekanye yuko dushobora gukura icigwa ku kuntu Yehova agaburira inyoni. Yavuze ati: “Ni murābe ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane?” (Matayo 6:26). Yehova araronsa imfungurwa ibiremwa vyiwe vyose mu buryo bw’igitangaza.—Zaburi 104:14, 21; 147:9.
2, 3. Ni ivyigwa vyo mu vy’impwemu ibihe dushobora gukura ku vy’uko Yezu yatwigishije gusaba ivyo kurya dukwiranye ku musi ku musi?
2 Ni kubera iki none muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero Yezu yashizemwo ivy’uko twosaba ngo: “Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi” (Matayo 6:11)? Hari ivyigwa vyimbitse vyo mu vy’impwemu dushobora gukura kuri ico kintu gisanzwe co gusaba. Ubwa mbere, kitwibutsa ko Yehova ari we Soko nyakuri ry’ivyo dukenera vyose (Zaburi 145:15, 16). Abantu barashobora gutera no kurima, ariko Imana yonyene ni yo ishobora gutuma ibintu bikura mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri (1 Ab’i Korinto 3:7). Ivyo dufungura n’ivyo tunywa ni ingabirano iva ku Mana (Ivyakozwe 14:17). Gusaba Imana ngo ituronse ivyo dukeneye ku musi ku musi birayereka yuko dukenguruka mwene ivyo bintu ituronsa. Mugabo ntiwumve, ugusaba nk’ukwo ntiguca kudukurako ibanga ryo gukora mu gihe tubishoboye.—Abanyefeso 4:28; 2 Ab’i Tesalonike 3:10.
3 Ubwa kabiri, gusaba “ivyo kurya dukwiranye uyu musi” birerekana yuko tudakwiye kwiganyira birenze urugero ku vyerekeye kazoza. Yezu yongeye kuvuga ati: “Ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubiken[era]. Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa. Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo” (Matayo 6:31-34). Gusaba “ivyo kurya dukwiranye uyu musi” birerekana ko umuntu akwiye kubaho mu buryo busanzwe, buranga “[u]kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy[o a]fise”.—1 Timoteyo 6:6-8.
Imfungurwa zo mu vy’impwemu ku musi ku musi
4. Ni ibintu ibihe vyabaye mu buzima bwa Yezu n’ubw’Abisirayeli bishimika ku kamaro ko kwihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu?
4 Gusaba ivyo turya ku musi ku musi bikwiye kutwibutsa yuko dukeneye imfungurwa zo mu vy’impwemu ku musi ku musi. Naho Yezu yari ashonje cane inyuma y’aho yari amaze igihe kirekire yisonzesheje, yarananiye inyosha mbi ya Shetani yo guhindura amabuye umukate, mu kuvuga ati: “Vyanditswe ng’Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4:4). Yezu hano yasubiyemwo amajambo y’umumenyeshakazoza Musa, uwabwiye Abisirayeli ati: “[Yehova] ya[ra]bacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho” (Gusubira mu vyagezwe 8:3). Uburyo Yehova yatanze manu ntibwaronkeje Abisirayeli imfungurwa zo mu buryo bw’umubiri gusa, ariko kandi bwarabaronkeje ivyigwa vyo mu buryo bw’impwemu. Kimwe muri ivyo vyigwa ni ic’uko bategerezwa “kwegeranya ivy’uwo musi”. Baramutse begeranije ibirenze ivyo bakeneye ku musi, ivyaba vyasigaye vyaca bitangura kunuka hanyuma bikanyagara inyo (Kuvayo 16:4, 20). Yamara, ivyo ntivyaba ku musi ugira gatandatu igihe bategerezwa kwegeranya ibingana kabiri n’ivyo bahora batora ku musi ku musi kugira ngo bironse ivyo bakeneye kw’Isabato (Kuvayo 16:5, 23, 24). Ku bw’ivyo, manu yarabibutsa mu buryo bukomeye yuko bategerezwa kugamburuka be n’uko ubuzima bwabo butari buhagaze gusa ku vyo kurya, ariko ko bwari buhagaze ku “majambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho”.
5. Yehova aturonsa gute imfungurwa zo mu vy’impwemu ku musi ku musi?
5 Na twebwe nyene turakeneye gufungura imisi yose imfungurwa zo mu vy’impwemu zitangwa na Yehova biciye ku Mwana wiwe. Ku bw’ivyo, Yezu yaragenye “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” kugira ngo aronse “ibifungurwa ku gihe kibereye” inzu y’abizera (Matayo 24:45, NW). Uwo mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa ntutanga gusa imfungurwa umukimba zo mu vy’impwemu ziri mu buryo bw’ibikoresho bifasha kwiga Bibiliya, ariko kandi uraturemesha gusoma Bibiliya ku musi ku musi (Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1-3). Cokimwe na Yezu, na twebwe nyene turashobora kuronka imfungurwa zo mu vy’impwemu mu kugira akigoro ku musi ku musi ko kumenya ivyo Yehova agomba maze tukabikora.—Yohana 4:34.
Uguharirwa ivyaha
6. Ni imyenda imeze gute dusaba ngo duharirwe, kandi ni ryari Yehova agira umutima ukunze wo kuyifuta?
6 Ikintu dusaba ubukurira muri rya sengesho ry’akarorero ni iki: “Uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu” (Matayo 6:12). Yezu hano ntiyariko aravuga ivyerekeye imyenda y’amahera. Yari afise mu muzirikanyi uguharirwa ivyaha vyacu. Mu nkuru ya Luka yerekeye rya sengesho ry’akarorero, ico kintu dusaba kivugwa uku: “Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi” (Luka 11:4). Ku bw’ivyo, igihe ducumuye, ni nk’aho tuba tuririye umwenda Yehova. Mugabo Imana yacu y’inyarukundo yama yiteguriye ‘guhanagura’, canke gufuta uwo mwenda igihe twigaye bimwe bivuye ku mutima, ‘tugahindukira’, maze tukayisaba ngo iduharire twishimikije ukwizera inkuka y’incungu ya Kirisitu.—Ivyakozwe 3:19; 10:43; 1 Timoteyo 2:5, 6.
7. Ni kubera iki dukwiye imisi yose gusaba guharirwa?
7 Ku rundi ruhande, ducumura igihe tunaniwe gushitsa ingingo mfatirwako za Yehova z’ivy’ukugororoka. Bivuye ku caha twarazwe, twese turacumura mu mvugo, mu ngiro, no mu vyiyumviro, canke tukananirwa gukora ivyo twari dukwiye gukora (Umusiguzi 7:20; Abaroma 3:23; Yakobo 3:2; 4:17). Kubera ico, twaba tuzi canke tutazi ko twacumuye mu kiringo c’umusi, turakeneye gushiramwo mu masengesho dutura ku musi ku musi ugusaba guharirwa ivyaha vyacu.—Zaburi 19:12; 40:12.
8. Isengesho ryo gusaba guharirwa rikwiye gutuma dukora iki, kandi bivamwo ingaruka nziza iyihe?
8 Isengesho ryo gusaba guharirwa dukwiye kuritura tumaze kwisuzuma ata buryarya, kwigaya no kwatura icaha, twishimikije ukwizera ububasha bwo gucungura bw’amaraso ya Kirisitu yasesetse (1 Yohana 1:7-9). Kugira ngo twerekane yuko isengesho ryacu rivuye ku mutima, ugusaba ko duharirwa dutegerezwa kugushigikiza “ibikorwa bikwiranye n’ukwi[gaya]” (Ivyakozwe 26:20). Turashobora rero guca twizera ko Yehova yiteguriye kuduharira ivyaha vyacu (Zaburi 86:5; 103:8-14). Ico bivamwo ni uko duheza tukagira amahoro ntangere yo mu muzirikanyi, “amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese”, na yo akaba “azoshibamira imitima ya[c]u n’ivyiyumviro vya[c]u muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:7). Mugabo isengesho ry’akarorero rya Yezu riratwigisha mbere vyinshi ku vyerekeye ico dutegerezwa gukora kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.
Kugira ngo duharirwe, dutegerezwa guharira abandi
9, 10. (a) Ni amajambo ayahe Yezu yongeye kuri rya sengesho ry’akarorero, kandi ivyo bishimika ku ki? (b) Ni ikigereranirizo ikihe Yezu yatanze mu gushimika ku vy’uko dukeneye kuba abantu baharira abandi?
9 Urabona yuko ugusaba ngo “uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu” ari co kintu conyene co muri iryo sengesho ry’akarorero Yezu yagize ico akivugako. Amaze gusozera iryo sengesho, yongeyeko ati: “Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe. Ariko ni mutāharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu” (Matayo 6:14, 15). Ku bw’ivyo, Yezu yaratomoye neza yuko kugira ngo duharirwe na Yehova bivana n’uko turi n’umutima ukunze wo guharira abandi.—Mariko 11:25.
10 Ikindi gihe, Yezu yaratanze ikigereranirizo cerekana ko dukeneye kuba abantu baharira abandi nimba twitega ko Yehova aduharira. Yaravuze ivyerekeye umwami yagize umutima mwiza wo guhebera umwenda munini umushumba umwe yari amufitiye. Nya mwami mu nyuma yarahanye bimwe bikomeye uwo muntu nyene igihe yanka guhebera umushumba mugenziwe umwenda mutoyi cane yari amufitiye ugereranije n’uwo yari yarahebewe. Yezu yasozereye ico kigereranirizo ciwe avuga ati: “Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima” (Matayo 18:23-35). Icigwa yatanze kiratomoye: Umwenda w’icaha Yehova yahariye umwumwe wese muri twebwe urarengeye kure n’iyo agakosa ako ari ko kose umuntu yoshobora kuba yaratugiriye. N’ikigeretseko, Yehova aduharira imisi yose. Nta gukeka rero ko dushobora guharira abandi udukosa bishika bakatugirira.
11. Ni impanuro iyihe yatanzwe n’intumwa Paulo tuzokurikiza nimba twitega ko Yehova aduharira, kandi bizovamwo ingaruka nziza iyihe?
11 Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo” (Abanyefeso 4:32). Guharirana biraremesha amahoro mu bakirisu. Paulo yongeye guhimiriza ati: “Nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. Ikigeretse kur’ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana” (Ab’i Kolosayi 3:12-14). Ivyo vyose birimwo muri rya sengesho Yezu yatwigisha. Yavuze ati: “Uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu”.
Uburinzi igihe turi mu nyosha mbi
12, 13. (a) Ikintu gikurikira dusaba muri rya sengesho ry’akarorero, ni igiki kidashobora gusobanura? (b) Umwoshanyi ahambaye ni nde, kandi gusaba ngo ntutujane mu bitwosha nabi bisobanura iki?
12 Ikintu gikurikira dusaba muri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu ni iki: “Ntutujane mu bitwosha nabi” (Matayo 6:13). Yezu yoba yashaka kuvuga yuko dukwiye gusaba Yehova ngo ntatugerageze? Ntibishobora kuba ari co bisobanura, kubera yuko umwigishwa Yakobo yahumekewe kwandika ati: “Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha” (Yakobo 1:13). Vyongeye, umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3). Yehova ntarereka agakosa kose dukora, kandi mu vy’ukuri ntagerageza kudutega umutego. Ico gihimba co muri iryo sengesho ry’akarorero none gishaka kuvuga iki?
13 Uwugerageza kudutega, kutugwisha akoresheje ibikorwa vy’uruyeri, eka mbere no kuturotsa ni Shetani wa Mucokoranyi (Abanyefeso 6:11, NW, akajambo k’epfo). Ni we Mwoshanyi ahambaye (1 Ab’i Tesalonike 3:5). Mu gusenga ngo ntutujane mu bitwosha nabi, tuba turiko turasaba Yehova ngo ntareke ngo tugwe igihe turi mu nyosha mbi. Tuba turiko turamusaba ngo adufashe ‘ntidutsindwe na Shetani’, ntidutwarwe n’inyosha mbi (2 Ab’i Korinto 2:11). Ico dusaba ni uko twoguma mu “bgigobeko bg’Īsumba vyose”, tukaronka uburinzi bwo mu buryo bw’impwemu buhabwa abemera icese ubusegaba bwa Yehova mu vyo bakora vyose.—Zaburi 91:1-3.
14. Intumwa Paulo adukura amazinda gute yuko Yehova atazoduheba turamutse tumuhanze amaso igihe turi mu nyosha mbi?
14 Nimba ico ari co cipfuzo kivuye ku mutima dufise kandi tukagiserura mu masengesho yacu no mu bikorwa dukora, turashobora gushira amazinda yuko Yehova atazokwigera aduheba. Intumwa Paulo adukura amazinda ati: “Nta cabagerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira”.—1 Ab’i Korinto 10:13.
“Udukize wa Mubi”
15. Ni kubera iki bihambaye kuruta ikindi gihe ico ari co cose ko dusaba gukizwa wa Mubi?
15 Nk’uko ivyandikano vyinshi vyo kwizigirwa vyandikishijwe iminwe vyakuwemwo Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu bivyerekana, isengesho ry’akarorero rya Yezu risozerwa n’aya majambo agira ati: “Udukize wa Mubi” (Matayo 6:13)a. Ugukingirwa Shetani kurakenewe mbere rwose muri iki gihe c’iherezo. Shetani n’amadayimoni yiwe bariko barateza intambara amasigarira y’abasizwe “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” be na bagenzi babo bagize “ishengero ryinshi” (Ivyahishuriwe 7:9; 12:9, 17). Intumwa Petero yahanuye abakirisu ati: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye” (1 Petero 5:8, 9). Shetani yipfuza guhagarika igikorwa cacu co gushinga intahe, kandi akoresheje abakozi biwe bo kw’isi, baba abanyamadini, abadandaza canke abanyapolitike, aragerageza kudutera ubwoba. Ariko rero, nitwahagarara dushikamye, Yehova azodukiza. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga”.—Yakobo 4:7.
16. Ni uburyo ubuhe Yehova akoresha kugira ngo afashe abasavyi biwe bari mu kigeragezo?
16 Yehova yararetse Umwana wiwe arageragezwa. Mugabo Yezu amaze kurwanya Shetani akoresheje Ijambo ry’Imana bwa burinzi, Yehova yaciye amurungikira abamarayika ngo bamukomeze (Matayo 4:1-11). Muri ubwo buryo nyene, Yehova arakoresha abamarayika biwe kugira ngo badufashe igihe dusenze twizeye kandi tukamugira ubuhungiro bwacu (Zaburi 34:7; 91:9-11). Intumwa Petero yanditse ati: “Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka”.—2 Petero 2:9.
Ugukizwa kwuzuye kuregereje
17. Mu kuduha rya sengesho ry’akarorero, Yezu yashize gute ikintu cose mu kibanza kibereye?
17 Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu ashira ikintu cose mu kibanza kibereye. Ikintu dukwiye gushira imbere ni ukwezwa kw’izina rya Yehova rihambaye kandi ryeranda. Kubera ko ikizotuma ivyo biranguka ari Ubwami burongowe na Mesiya, dusaba ngo ubwo Bwami buze gusangangura ubwami bwose bw’abantu budatunganye, ari zo ntwaro z’abantu, bwongere burabe neza ko ivyo Imana igomba biba mu buryo bushitse mw’ijuru no kw’isi. Icizigiro cacu c’ukuzobaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo gishingiye ku kwezwa kw’izina rya Yehova no ku vy’uko hose kw’isi no mw’ijuru bemera icese ubusegaba bwiwe bugororotse. Tumaze gusaba ivyo bintu bihambaye gusumba ibindi vyose, turashobora gusaba ivyo dukeneye ku musi ku musi, uguharirwa ivyaha vyacu no gukizwa inyosha mbi be n’uruyeri rwa wa mubi ari we Shetani wa Mucokoranyi.
18, 19. Isengesho ry’akarorero rya Yezu ridufasha gute kuguma tugavye no gutuma icizigiro cacu ‘kitayegayega gushika ku muhero’?
18 Igihe c’uko dukizwa mu buryo bwuzuye wa mubi be n’urunkwekwe rwiwe rw’ibintu rwononekaye kiriko kiregereza. Shetani arazi neza ko asigaranye gusa “igihe gito” co guserura “inzigo nyinshi” afitiye isi, canecane iyo afitiye abasavyi b’abizerwa ba Yehova (Ivyahishuriwe 12:12, 17). Muri ca kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi c’“insozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, Yezu yarabuye ibintu vy’agatangaza vyobaye, bimwe muri vyo bikaba ari ibikiraririye gushika (Matayo 24:3, 29-31, NW). Tubonye ivyo bishitse, icizigiro cacu c’ukurokorwa kizoca kirushiriza gukayangana. Yezu yavuze ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike”.—Luka 21:25-28.
19 Rya sengesho ry’akarorero ritomoye Yezu yaha abigishwa biwe, riraturonsa ubuyobozi bwumvikana bw’ivyo twoshira mu masengesho yacu uko umuhero wegereza. Ese twoguma twizigira yuko gushika ku muhero, Yehova azobandanya kuturonsa ivyo dukeneye ku musi ku musi mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri. Kwama tugavye mu gusenga bizotuma “[tu]gumya tutayegayega gushika ku muhero ivyo twemeye mu ntanguro”.—Abahebreyi 3:14, UB; 1 Petero 4:7.
[Akajambo k’epfo]
a Bibiliya zimwezimwe za kera zisozera rya Sengesho ry’Umukama zikoresheje icitwa ko ari amajambo yo gushemeza Imana agira ati: “Kuk’ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ivyawe ibihe bidashira. Amen”. Igitabu gisigura Bibiliya (The Jerome Biblical Commentary) kivuga giti: “Ayo majambo yo gushemeza Imana . . . ntaboneka mu [vyandikano vyandikishijwe iminwe] vyinshi vyo kwizigirwa”.
Mu buryo bwo gusubiramwo
• Gusenga dusaba “ivyo kurya dukwiranye uyu musi” bishaka kuvuga iki?
• Sigura ico gusaba ngo “Uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu” bisobanura.
• Gusaba Yehova ngo ntatujane mu bitwosha nabi bisobanura iki?
• Ni kubera iki dukwiye gusaba ngo “udukize wa Mubi”?
[Amafoto ku rup. 15]
Dutegerezwa guharira abandi nimba dushaka guharirwa
[Abo dukesha ifoto ku rup. 13]
Lydekker