ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/2 rup. 3-4
  • Idini yoba ituma abantu bakora iciza canke ikibi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Idini yoba ituma abantu bakora iciza canke ikibi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uruhara rw’idini, ni rwiza canke ni rubi?
  • Vyoba vyiza ata dini iriho?
  • Idini yoba ari yo muzi w’ingorane z’abantu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Nomenya gute idini ry’ukuri?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
    Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/2 rup. 3-4

Idini yoba ituma abantu bakora iciza canke ikibi?

“NDAKENGURUKIRA ubukirisu kubera ivyo bwangiriye, kandi ndemera yuko n’isi tubayemwo muri iyi myaka 2000 iheze na yo nyene ikwiye kubukengurukira”.—Intangamarara y’igitabu Two Thousand Years—The First Millennium: The Birth of Christianity to the Crusades.

Ayo majambo yo gukengurukira “ubukirisu” yavuzwe na Melvyn Bragg, umwanditsi w’Umwongereza akaba n’umumenyeshamakuru wo kuri televiziyo. Amajambo yiwe araserura inyiyumvo z’abantu amamiliyoni bo kw’isi bumva ko na bo nyene bakwiye gukengurukira cane idini kanaka kandi bakaguma ari intahemuka kuri yo. Barajijutse yuko idini yamye ari ikintu gikomeye gituma bakora iciza mu buzima bwabo. Nk’akarorero, umwanditsi umwe avuga yuko isilamu “yatumye haba isirimuka rikomeye . . . ryagiriye akamaro isi yose”.

Uruhara rw’idini, ni rwiza canke ni rubi?

Ariko rero, amajambo ya Bragg akurikira aravyura ikibazo gikomeye ku bijanye no kumenya nimba vy’ukuri idini muri rusangi yamye ituma abantu bakora iciza. Yongerako ati: “Ubukirisu na bwo nyene hari ico bukeneye kunsigurira”. Ashaka insobanuro ku bijanye n’iki? Avuga ati: “Ni ku bijanye n’ukudakurwa kw’ijambo, ubukozi bw’ikibi, ubunyamaswa hamwe n’ukwirengagiza ibintu n’ibigirankana, na vyo nyene vyaranze cane ‘kahise’ kabwo”.

Abantu benshi bovuga yuko ukudakurwa kw’ijambo, ubukozi bw’ikibi, ubunyamaswa hamwe n’ukwirengagiza ibintu n’ibigirankana vyaranze amadini atari make yo mw’isi muri kahise kose. Babona yuko idini ari ikintu gusa kigirira neza abantu. Ivyo bituma inyuma iboneka ko imeze neza kandi ko ari nyeranda, ariko mu vy’ukuri yuzuye uburyarya n’ibinyoma (Matayo 23:27, 28). Inkoranyabumenyi imwe (Rationalist Encyclopædia) ivuga iti: “Nta kindi gikunda kuvugwa cane mu bitabu vyacu atari uko idini ifise agaciro ntangere mu bijanye n’isirimuka”. Irabandanya iti: “Ariko mu vy’ukuri ayo majambo arabeshuzwa mu buryo bukomeye n’ivyabaye muri kahise”.

Tora ikinyamakuru ico ari co cose co muri iki gihe, uribonera uburorero injojo bw’indongozi z’amadini zigisha urukundo, amahoro be n’imbabazi, ariko zikokeza urwanko kandi zigakoresha izina ry’Imana kugira zerekane ko amatati yazo arangwa ubukazi yumvikana. Ntibitangaje kubona abantu benshi biyumvira yuko idini ari yo kenshi yama ituma ibintu vyononekara mu buzima!

Vyoba vyiza ata dini iriho?

Bamwebamwe mbere barashitse ku ciyumviro nk’ico umufilozofe w’Umwongereza Bertrand Russell yashitseko, c’uko vyoba vyiza hamwe hogera igihe “ubwoko bwose bw’idini bukavaho”. Babona ko ikurwaho ry’idini ari wo muti rudende ushobora kurangiza ingorane zose z’abantu. Ariko rero, boba bahisemwo kwirengagiza yuko abaterekwa idini bashobora gutuma haba urwanko rwinshi be n’ukutubahiriza na gato ivyiyumviro vy’abandi cokimwe n’abashigikira idini. Karen Armstrong, umwanditsi mu bijanye n’idini, atwibutsa ati: “N’imiburiburi, kwa gutikizwa kw’Abayuda mu gihe c’Abanazi kwarerekanye ko ivyiyumviro vy’abatari mw’idini [bishobora] kwiha inkumbi nka kurya nyene kw’intambara z’amadini izo ari zo zose”.—The Battle for God—Fundamentalism in Judaism, Christianity and Islam.

None, idini yoba vy’ukuri ituma abantu bakora iciza canke, yoba koko ari yo muzi w’ingorane z’abantu? Umuti w’izo ngorane woba ari ugukuraho amadini yose? Rimbura ico Bibiliya ibivugako mu kiganiro gikurikira. Hari aho inyishu yogutangaza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika