ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/2 rup. 10-15
  • Nugume udahumanye mu kurinda umutima wawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume udahumanye mu kurinda umutima wawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Rinda umutima wawe
  • Hunga ubusambanyi
  • Niwirinde ingeramizi zo gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina
  • Gukinisha urukundo hoba hari ico bitwaye?
    Urwaruka ruribaza
  • Nurinde Umutima Wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Turashobora kuguma tutanduye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/2 rup. 10-15

Nugume udahumanye mu kurinda umutima wawe

“Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubugingo bududubiriza”.—IMIGANI 4:23.

1-3. (a) Akenshi abantu bagaragaza gute ko badaha agaciro ukudahumana kwabo? Bitangire akarorero. (b) Ni kubera iki bihambaye ko dusuzuma agaciro k’ukudahumana?

NYA gicapo gishobora kuba caboneka nk’icataye igihe. Kumbure nticari kikibereye gushariza inzu. Uko biri kwose, biboneka yuko nyeneco yabona ko ata co kikimaze. Amaherezo cahavuye kigurishwa amahera makeyi cane, kigurishwa amadolari 29 y’Amanyamerika (ni ukuvuga amafaranga y’amarundi arenga gatoyi 29.000). Ariko rero, hashize imyaka mikeyi basanze nya gicapo giciye umuliyoni w’amadolari (hafi umuliyaridi w’amarundi)! Emwe, cahavuye kiba igicapo c’imbonekarimwe. Iyumvire ukuntu uwahora ari nyeneco, umwe atagiha agaciro, yumvise amerewe!

2 Ibintu nk’ivyo birakunda gushika ku bijanye n’ukudahumana, na kwo kukaba ari ukuba umuntu atanduye canke atyoroye mu vy’inyifato runtu. Abantu benshi cane muri kino gihe baha agaciro gatoyi ukudahumana kwabo. Bamwebamwe bakubona nk’ikintu cataye igihe, ikintu kitajanye n’uburyo bwo kubaho bwa none. Ku bw’ivyo, baca bagukaba n’ikintu gitoyi cane. Bamwe ukudahumana kwabo bagukaba n’ukwinezereza mu vy’igitsina kw’akanya gatoyi. Abandi baratakaza ukudahumana kwabo bizigiye kurushiriza kwemerwa n’abo mu runganwe rwabo canke uwo badasangiye igitsina.—Imigani 13:20.

3 Amazi yamaze kurenga inkombe ni ho benshi babona ukuntu ukudahumana kwabo kwari gufise agaciro koko. Kuba bagutakaje usanga akenshi biteye agahinda. Nk’uko Bibiliya ibivuga, inkurikizi z’ubushegabo zishobora kumera nk’ishano, “[z]irura nk’umururazi” (Imigani 5:3, 4). Turavye ukuntu ivy’ukwigenza runtu vyononekaye muri iki gihe, ushobora gute guha agaciro ukudahumana kwawe ukongera ukakugumana? Turaza kwibanda ku ntambwe zitatu twotera zijanye n’ukudahumana.

Rinda umutima wawe

4. Umutima w’ikigereranyo ni iki, kandi ni kubera iki dukwiye kuwurinda?

4 Ikintu nyamukuru gifasha umuntu kuguma adahumanye ni ukurinda umutima. Bibiliya ivuga iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubugingo bududubiriza” (Imigani 4:23). “Umutima wawe” uvugwa ngaha ni uwuhe? Si umutima nya mutima. Ni umutima w’ikigereranyo. Uwo mutima werekeza ku co umuntu ari imbere, ushizemwo ivyiyumviro vyiwe, inyiyumvo ziwe be n’ibimusunikira gukora ibintu. Bibiliya ivuga iti: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose” (Gusubira mu vyagezwe 6:5, ni twe tubihiritse.). Yezu yavuze ko iryo tegeko ari ryo rihambaye kuruta ayandi yose (Mariko 12:29, 30). Biragaragara ko uwo mutima wacu ufise agaciro kanini bihebuje. Urakwiye kurindwa.

5. Umutima ushobora gute kuba ikintu c’agaciro ukongera ukaba ingeramizi?

5 Ariko rero, Bibiliya ivuga kandi yuko “umutima [w]ibesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9). Umutima ushobora kwibesha gute bikaba ari ingeramizi kuri twebwe? Urabona nk’akarorero ko umuduga ari igikoresho c’agaciro, mbere ukaba ari ndokorabuzima mu gihe ibintu vyihutirwa. Mugabo, mu gihe umushoferi atawugenzuye, ngo agume aza aratumbereza idirigisiyo, uwo muduga nyene woshobora gucika bitagoranye ikintu cica. Mu buryo nk’ubwo nyene, utarinze umutima wawe, uzoganzwa n’ivyipfuzo vyose biri muri wewe, maze bigukwegere akarambaraye. Ijambo ry’Imana rivuga ngo: “Uwizigira uwiwe mutima aba ar’igipfu, arik’ūgendana ubgenge azorokorwa” (Imigani 28:26). Vyemere, urashobora kugendana ubukerebutsi maze ukirinda kugwa mu kaga niba ukoresha Ijambo ry’Imana kugira rikuyobore, nka kurya nyene woraba kw’ikarata ikwereka inzira imbere y’uko ufata urugendo.—Zaburi 119:105.

6, 7. (a) Ubweranda ni iki, kandi ni kubera iki buhambaye ku basavyi ba Yehova? (b) Tuzi gute ko abantu b’abanyagasembwa bashobora kugaragaza ubweranda bwa Yehova?

6 Mu bisanzwe umutima wacu ntiwama uhengamira ku kudahumana. Dutegerezwa kuwutumbereza muri iyo nzira. Uburyo bumwe bwo kubigira ni ukuzirikana ku gaciro nyakuri k’ukudahumana. Iyo kamere irafitaniye isano cane n’ubweranda, na bwo bukaba busobanura ukutandura, ukuba uwutyoroye, ukwitandukanya n’icaha. Ubweranda ni kamere y’agaciro iri mu biranga ukuntu Yehova Imana ameze. Imirongo ya Bibiliya amajana n’amajana yerekana yuko Yehova arangwa n’iyo kamere. Nkako, Bibiliya ivuga yuko “Ubweranda [ar]i ubwa Yehova” (Kuvayo 28:36, NW). None iyo kamere iri hejuru igira ico ikoze gute kuri twebwe abantu b’abanyagasembwa?

7 Mw’Ijambo ryiwe, Yehova atubwira ati: “Mube abera, kuko nanje nd’uwera” (1 Petero 1:16). Egome, turashobora kwigana ubweranda bwa Yehova; turashobora kuba abatanduye imbere yiwe, tukaguma tudahumanye. Ku bw’ivyo, igihe twirinda ibikorwa bihumanye kandi vyanduza, tuba turiko turarondera gushikira agateka kari hejuru kandi gateye akamwemwe, ni ukuvuga agateka ko kugaragaza kamere y’agahore y’Imana Musumbavyose (Abanyefeso 5:1). Ntidukwiye kwiyumvira yuko ivyo tutobishobora, kubera ko Yehova ari Databuja w’inkerebutsi kandi agira ibitegereka atigera adusaba ibirenze ivyo dushobora gukora (Zaburi 103:13, 14; Yakobo 3:17). Ego ni ko, kuguma tudahumanye mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu bisaba akigoro. Ariko rero, intumwa Paulo yavuze yuko “ukugororoka [“n’ukudahumana bikwiriye”, “NW”] Kristo” (2 Ab’i Korinto 11:3). Kugira akigoro kose kugira ngo tugume tudahumanye mu bijanye n’inyifato runtu ntitubikesha none Kirisitu na Se wiwe? Nakare, baratugaragarije urukundo rwinshi cane ku buryo tutokwigera turonka ico tubishura (Yohana 3:16; 15:13). Birakwiriye ko tugaragaza yuko dukenguruka mu kubaho tudahumanye kandi twigenza runtu. Twiyumviriye ukudahumana kwacu muri ubwo buryo, tuzoguha agaciro twongere turinde umutima wacu.

8. (a) Twogaburira gute umutima w’ikigereranyo? (b) Ibiyago vyacu bishobora guhishura iki ku bitwerekeye?

8 Turarinda kandi umutima wacu biciye ku kuntu twigaburira. Turakeneye kugaburira ubudahorereza umuzirikanyi wacu n’umutima wacu imfungurwa nziza zo mu vy’impwemu, tukaguma twitwararika inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Ab’i Kolosayi 3:2). Mbere n’ibiyago vyacu bikwiye kugaragaza ko ico ari co kintu twitwararika. Niba tuzwi ko turi abantu bayaga ku bintu vy’umubiri kandi bitajanye n’inyifato runtu, tuba turiko turahishura ukuntu umutima wacu umeze (Luka 6:45). Aho kuba abantu bazwi gutyo, nimuze tube abantu bazwi ko bayaga ku bintu vy’impwemu kandi vyubaka (Abanyefeso 5:3). Kugira ngo turinde umutima wacu, hariho ingeramizi zikomeye dutegerezwa kwirinda. Reka duce irya n’ino zibiri muri izo.

Hunga ubusambanyi

9-11. (a) Ni kubera iki abirengagiza impanuro yo mu 1 Ab’i Korinto 6:18 bahakwa cane kwisuka mu bushegabo bukomeye? Nubitangire akarorero. (b) Niba turiko turahunga ubusambanyi, ni ibiki twirinda? (c) Wa mugabo w’umwizerwa Yobu yadushiriyeho akarorero keza akahe?

9 Yehova yarahumekeye intumwa Paulo kwandika impanuro zimwezimwe zafashije benshi kurinda umutima wabo no kuguma badahumanye. Paulo yanditse ati: ‘Muhunge ubusambanyi’ (1 Ab’i Korinto 6:18). Urabona ko atavuze gusa ngo: “Mwirinde ubusambanyi”. Abakirisu bakwiye kugira ibiruta ivyo. Bakwiye guhunga ibintu nk’ivyo vy’ubushegabo nka kurya nyene bohunga ikintu coba kigeramiye ubuzima. Twirengagije iyo mpanuro, twohakwa cane kwisuka mu bushegabo bukomeye, maze tugatakaza ubutoni ku Mana.

10 Tubitangire akarorero: Inabibondo yuhagiye agahungu kiwe yongera arakambika mu kwitegurira urubanza ruhambaye. Nya gahungu kabajije nyina nimba koshobora kuja gukina hanze imbere y’uko umuryango ufata inzira, nyina na we arakemereye, mugabo agasavye ikintu kimwe. Akabwiye ati: “Ntiwegere kirya kiziba kiri hanze. Niwishirako ivyondo, urahanwa”. Ariko rero, haciye iminuta mikeyi, abonye ka gahungu kegereje rwose amano kuri nya kiziba. Ntikarishirako ivyondo. Ariko rero, kariko kirengagiza ingabisho nyina yagahaye yo kutegera ico kiziba, kandi nta kabuza ko gahava kishirako ivyondo (Imigani 22:15). Abakiri bato benshi be n’abakuze benshi bari bakwiye kuba bazi ibintu baragira ikosa nk’iryo. Ivyo bishoboka gute?

11 Muri ibi bihe aho benshi cane batwawe n’“ivyipfuzo biteye isoni”, haratejwe imbere urudandazwa rw’ibintu bijanye n’uguhuza ibitsina kutemewe (Abaromani 1:26, 27, UB). Ca kiza c’ivyerekana ubushegabo carashwaye mu binyamakuru, mu bitabu, mu mavidewo no kuri Internet. Abahitamwo gushira mwene ayo mashusho mu mizirikanyi yabo ntibaba koko bariko barahunga ubusambanyi. Baba bariko barakina na bwo, bari ku manga kandi bariko barirengagiza ingabisho ya Bibiliya. Aho kurinda umutima, baba bariko barawuha ishano biciye ku mashusho abagumamwo ashobora kumara imyaka n’imyaka atarava mu bwenge (Imigani 6:27). Nimuze twigire kuri wa mwizerwa Yobu, we yari yaragiranye isezerano, canke umwumvikano n’amaso yiwe bwite, ryo kutayashinga ku bintu ata kindi vyokoze atari ukumwosha gukora nabi (Yobu 31:1). Ako ni akarorero twokwigana!

12. Abakirisu b’imisore n’inkumi bareshanije boshobora gute ‘guhunga ubusambanyi’ mu gihe c’ukureshanya?

12 Birahambaye canecane ko ‘duhunga ubusambanyi’ mu gihe c’ukureshanya. Ico kiringo gikwiye kuba igihe giteye umunezero cuzuye ivyizigiro kandi citeganywe umushasharo. Mugabo imisore n’inkumi bamwebamwe bareshanije baraconona mu gukina n’ubushegabo. Iyo bagize gutyo, umwe wese aba yatse mugenziwe ishingiro ryiza kuruta ry’umubano w’ababiranye mwiza, ni ukuvuga ubucuti bushingiye ku rukundo rutarimwo ubwikunzi, ku kwigumya no ku kugamburukira Yehova Imana. Hari umusore n’inkumi b’abakirisu bisutse mu vy’ubushegabo mu gihe c’ukureshanya kwabo. Bamaze kwubakana, umugore yariyemereye yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamubujije amahoro, mbere bironona n’umunezero wo ku musi wiwe w’ubugeni. Yiyemereye ati: “Narasavye akatari gake Yehova ngo amparire, mugabo naho haciye imyaka indwi kuva ico gihe, ijwi ryanje ryo mu mutima rirabandanya kunyagiriza”. Birahambaye ko abakora ivyaha nk’ivyo barondera gufashwa n’abakurambere bakirisu (Yakobo 5:14, 15). Ariko rero, abakirisu b’imisore n’inkumi batari bake barakora mu buryo buranga ubukerebutsi maze bakirinda izo ngeramizi mu gihe c’ukureshanya (Imigani 22:3). Ukugaragarizanya igishika kwabo baragushingira akarimbi. Bararondera umuntu aza arabaherekeza kandi bakitwararika kutaja aha bonyene ari babiri.

13. Ni kubera iki abakirisu badakwiye kureshanya n’umuntu adasukurira Yehova?

13 Abakirisu baja mu vyo kureshanya n’abadasukurira Yehova birashoboka rwose ko bashikirwa n’ingorane zikomeye. Nk’akarorero, bishoboka bite ko wifatanya n’umuntu adakunda Yehova Imana? Birahambaye ko abakirisu bifatanya gusa n’abakunda Yehova kandi bagamburuka ingingo mfatirwako ziwe zijanye n’ukudahumana. Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite?”.—2 Ab’i Korinto 6:14.

14, 15. (a) Ni ukubona ibintu kutari kwo ukuhe bamwebamwe bafise ku bijanye n’insobanuro y’‘ubusambanyi’? (b) Mu ‘busambanyi’ harimwo ubuhe bwoko bw’ibikorwa, kandi abakirisu boshobora gute ‘guhunga ubusambanyi’?

14 Ubumenyi na bwo nyene ni ntahara. Ntidushobora guhunga ubusambanyi mu buryo bubereye niba tutazi vy’ukuri ico ari co. Bamwebamwe mw’isi ya kino gihe barafashe iciyumviro kitari co ku bijanye n’insobanuro y’‘ubusambanyi’. Biyumvira yuko bashobora kwimara inambu y’umubiri batarinze kwubaka magingo birinda guhuza ibitsina mu buryo bisanzwe bigirwa. Mbere hari n’inzego zubahwa ziraba ivy’amagara zirondera kugabanya igitigiri c’inda z’ibitwarire zitwarwa n’imiyabaga, zaremesheje urwaruka kugira inyifato z’ivy’igitsina zituma hataba ugutwara inda, izo nyifato zikaba ziteye kubiri n’ukuntu igitsina gisanzwe gikoreshwa. Impanuro nk’izo zirimwo ukwihenda gukomeye. Kwirinda gutwara inda y’ishushu nta co bisa bisana n’ukuguma umuntu adahumanye, kandi insobanuro nyakuri y’‘ubusambanyi’ ntigarukira aho gusa.

15 Ijambo ry’ikigiriki por·neiʹa, ryahinduwe ngo ‘ubusambanyi’, rifise insobanuro yagutse cane. Ryerekeza ku guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye kandi rishimika ku gukoresha ibihimba vy’irondoka ukutari kwo. Por·neiʹa irimwo ivyo gushira igitsina mu kanwa no mu kibuno be no kumara inambu y’umubiri uwundi muntu mu gukinisha igitsina ciwe, ivyo bikaba ari ibintu bikunze kugirirwa mu mazu y’ubumaraya. Abiyumvira yuko ibikorwa nk’ivyo atari ‘ubusambanyi’ baba bariko barihenda kandi baba baguye muri umwe mu mitego ya Shetani (2 Timoteyo 2:26). Vyongeye, kuguma umuntu adahumanye ntibisobanura gusa kwirinda igikorwa ico ari co cose kijanye n’ubusambanyi. Kugira ‘duhunge ubusambanyi’, dutegerezwa kwirinda ubwoko bwose bw’uguhumana mu vy’igitsina be n’ingeso mbi vyoshobora kudushikana ku caha gikomeye ca por·neiʹa (Abanyefeso 4:19). Muri ubwo buryo tuba tugumye tudahumanye.

Niwirinde ingeramizi zo gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina

16. Ivyo kugaragarizanya urukundo bibereye kuri bande, nk’uko vyerekanwa n’akahe karorero ko mu Vyanditswe?

16 Niba tugomba kuguma tudahumanye, iyindi ngeramizi dukeneye kwirinda ni ugukwegana n’uwo tudasangiye igitsina. Hari aboshimika bavuga yuko gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina ari ukwinezereza hagati y’umuhungu n’umukobwa ata kibi canke inabi birimwo. Ego ni ko, ivyo kugaragarizanya urukundo birafise umwanya wavyo n’ikibanza cavyo. Abantu barabonye Isaka na Rebeka ‘bariko bakina’, kandi ababitegereza bariboneye ko batari gusa gishiki na gisaza (Itanguriro 26:7-9). Ariko rero, bari umugabo n’umugore. Kugaragarizanya igishika hagati yabo vyari bibereye. Gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina ni ikindi kintu.

17. Gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina bisobanura iki, kandi iyo ngorane yocungerwa gute?

17 Gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina vyosobanurwa uku: kugaragaza ibimenyetso vy’uko ufitiye umuntu urukundo kandi ata ntumbero iboneka ufise yo kuzokwubakana na we. Abantu ni ibiremwa bigoye gutahura. Nta gukeka rero yuko hariho uburyo budaharurika bwo gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina, bumwebumwe muri bwo bukaba budashoka bwibonekeza (Imigani 30:18, 19). Gushinga rero amategeko ntabanduka y’ukuntu umuntu yokwigenza si wo muti w’ico kibazo. Ahubwo hakenewe ikintu kirengeye amategeko, na co kikaba ari ukwisuzuma ata buryarya be n’ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya tubishizeko umutima.

18. Ni igiki gituma bamwebamwe bakwegana n’abo badasangiye igitsina, kandi ni kubera iki gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina bibabaza?

18 Tuvugishije ukuri, abenshi muri twebwe ntiboharira ko igihe tubonye yuko uwo tudasangiye igitsina atwitwararika mu buryo bwerekana ko adukunda, twumva agatima keze. Ivyo ni ibisanzwe. Mugabo none, twoba duca dukwegana na we kugira ngo dutume arushiriza kutugaragariza urwo rukundo, kugira gusa turushirize kwumva yuko turi n’agaciro, canke twoba dukwegana na we kugira ngo dutume yiyumva nk’uko twiyumvise? Nimba ari ukwo biri, twoba twarazirikanye ku mubabaro dushobora kuba turiko turamuteza? Nk’akarorero, mu Migani 13:12 havuga hati: “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima”. Mu gihe dukweganye n’umuntu n’ibigirankana, dushobora kumbure kutamenya neza ingene uwo muntu yabifashe. Ashobora gutangura kwitega ko tuzoreshanya, eka mbere tugashika ku kwubakana. Ibintu bitagenze nk’uko yari avyiteze arashobora kumererwa nabi cane (Imigani 18:14). Gukinisha inyiyumvo z’abandi n’ibigirankana ni ukuba ruburakigongwe.

19. Gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina bishobora gute gushira mu kaga imibano y’abakirisu?

19 Ku bubatse hoho, biranahambaye cane ko birinda gukwegana n’uwo badasangiye igitsina. Kugaragaza ibimenyetso vy’uko ukunda umuntu yubatse, canke umuntu yubatse akagaragaza ibimenyetso vy’uko akunda uwundi muntu atari uwo bubakanye ni bibi. Ikibabaje, abakirisu bamwebamwe baragize iciyumviro kitari co c’uko atari bibi kugirira inyiyumvo z’urukundo umuntu badasangiye igitsina atari uwo bubakanye. Bamwebamwe baraserurira ibibabakiye mu mutima uwo bita ngo ni umugenzi, mbere bakanamuhishurira ivyiyumviro vy’akabanga batubahuka kubwira uwo bubakanye. Ico bivamwo ni uko mwene izo nyiyumvo z’urukundo zituma umuntu yumva ko yifitiye uwundi aserurira akari ku mutima, ivyo bigaca vyonona umubano w’ababiranye, no kuwusambura bikawusambura. Vyoba vyiza abakirisu bubatse bibutse ingabisho iranga ubukerebutsi Yezu yatanze ku bijanye n’ukurenga ibigo, na yo ikaba ari iy’uko ukurenga ibigo gutangurira mu mutima (Matayo 5:28). Nimuze rero turinde umutima wacu twongere twirinde ibintu vyohava bidushikana kuri izo ngaruka zikwega akarambaraye.

20. Dukwiye kwiyemeza kubona gute ukudahumana kwacu?

20 Ikizwi coco, ntivyoroshe kuguma udahumanye muri ino si irangwa n’ubushegabo. Ariko rero, niwibuke yuko vyoroshe cane kugumana ukudahumana kwawe kuruta kukugarukana iyo wagutakaje. Ego ni ko, Yehova ‘akunda guharira’ kandi arashoboye gutyorora abigaya vy’ukuri ibicumuro vyabo (Yesaya 55:7). Ariko rero, Yehova ntakingira abakora ubushegabo ingaruka z’ivyo baba bakoze. Inkurikizi zishobora kumara imyaka n’imyaka, eka mbere n’ubuzima bwose (2 Samweli 12:9-12). Uko bishoboka kwose, nugume udahumanye mu kurinda umutima wawe. Impagararo yawe y’ukutandura canke y’ukudahumana imbere ya Yehova Imana nuyibone yuko ari ubutunzi bw’agaciro, ntiwigere ureka ngo iguce mu myanya y’intoki!

Wokwishura gute?

• Kudahumana ni iki, kandi ni kubera iki bihambaye?

• Dushobora kurinda umutima wacu gute?

• Guhunga ubusambanyi birimwo iki?

• Ni kubera iki dukwiye kwirinda gukwegana n’uwo tudasangiye igitsina?

[Ifoto ku rup. 11]

Umuduga urashobora guteza ingeramizi mu gihe utayobowe neza

[Amafoto ku rup. 12]

Ni igiki gishobora kudushikira turamutse twirengagije ingabisho?

[Ifoto ku rup. 13]

Ukureshanya kudahumanye kuratera umunezero kandi kuratera iteka Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika