Ubukirisu nyakuri buriko burasagamba
UBUSUKU bwa Yezu Kirisitu bwaserutse kw’isi mu kinjana ca mbere. Ubutumwa yashikiriza bwari ubutanga ingoga, ubutanga umuco bukaba n’ubushwangamura umutima mu buryo bwatangaza abantu. Benshi mu bamwumva avuga barakorwa ku mutima rwose n’amajambo yiwe.—Matayo 7:28, 29.
Yezu abigiranye uburindutsi yaranse kwisuka mu runkwekwe rw’ivy’idini be n’ivya politike rwarimwo agacinyizo rwo muri ico gihe, mugabo atuma abantu basanzwe boroherwa no kumwegera (Matayo 11:25-30). Yaremeye icese yuko akosho k’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha gakwiragiye kw’isi, maze aragaragaza ububasha abifiseko yahawe n’Imana (Matayo 4:2-11, 24; Yohana 14:30). Yezu abigiranye ubuhanga yarashize ahabona isano nyamukuru riri hagati y’ugucumukura n’icaha, maze abigiranye urukundo arerekana yuko Ubwami bw’Imana ari bwo buzozana ugutabarwa kwamaho (Mariko 2:1-12; Luka 11:2, 17-23). Yarakuyeho rimwe rizima umwiza wari umaze igihe kirekire utwikiriye kamere nyakuri ya Se wiwe, aramenyesha izina ry’Imana abo bose bipfuza kugiriranira ubucuti na yo.—Yohana 17:6, 26.
Ntibitangaje rero kubona abigishwa ba Yezu barakwiragije ningoga na ningoga ubutumwa bwiwe bushwangamura umutima naho bahamwe bimwe bikomeye n’abanyamadini hamwe n’abanyapolitike. Mu myaka nka 30 gusa, amashengero ya gikirisu arangwa n’umwete yarashinzwe muri Afirika, Aziya be no mu Buraya (Ab’i Kolosayi 1:23). Ukuri gusanzwe Yezu yari yarigishije kwaramurikiye abantu b’imitima yicisha bugufi kandi igororotse bo mu nganji nganzabami y’Abaroma yose.—Abanyefeso 1:17, 18.
Ariko none, abo bigishwa bashasha bose bari batandukanye mu vy’ubutunzi, mu mico kama, mu rurimi eka mbere bavuye mu madini atandukanye bokwifatanije gute mu “kwizera kumwe” kwunze ubumwe vy’ukuri, nk’uko intumwa Paulo yakwise (Abanyefeso 4:5)? Ni igiki cotumye baguma ‘ari imvugarimwe’ kugira ngo ntibicemwo ibice (1 Ab’i Korinto 1:10)? Turavye ukwirema ibice gukomeye kuri mu biyita abakirisu muri iki gihe, vyoba vyiza dusuzumye ico Yezu ubwiwe yigishije.
Ishingiro ry’ubumwe bw’abakirisu
Igihe Yezu yariko arasambishwa imbere ya Ponsiyo Pilato, yaratomoye ishingiro ry’ubumwe bw’abakirisu. Yavuze ati: “Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje” (Yohana 18:37). Kubera ico, kwemera inyigisho za Yezu hamwe n’ibindi bintu vyo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya, biragira akosho gakomeye ku bigishwa b’ukuri ba Kirisitu, ako kosho kakaba gatuma haba ubumwe.—1 Ab’i Korinto 4:6; 2 Timoteyo 3:16, 17.
Ariko ntiwumve, abigishwa ba Yezu rimwe na rimwe bogize ibibazo bitarimwo uburyarya canke hagati yabo hakaba ukudahuza. Ni igiki none cobafashije? Yezu yasiguye ati: ‘Ariko iyo mpwemu y’ukuri niyaza, izobarōngōra ibashitse ku kuri kwose, kubera ko itazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo izokwumva vyose ni vyo izovuga, kandi izobamenyesha ibigira bize’ (Yohana 16:12, 13). Gutyo, impwemu yera y’Imana yotumye abigishwa b’ukuri ba Yezu bashobora gutahura ukuri nk’uko kwariko kurahishurwa n’Imana intambwe ku yindi. Vyongeye, iyo mpwemu yokwamye ivyamwa nk’urukundo, umunezero be n’amahoro vyociye biremesha ubumwe hagati yabo.—Ivyakozwe 15:28; Ab’i Galatiya 5:22, 23.
Nta kibanza Yezu yigeze aha ukutumvikana canke ukwirema ibice mu bigishwa biwe; eka mbere ntiyigeze abarekurira gusobanura uko bishakiye ukuri kuva ku Mana kugira ngo baguhuze n’imigenzo y’abo bohuye ishingiye ku mico kama canke kw’idini. Ahubwo riho, mw’ijoro rya nyuma yamaranye na bo, yasenganye ubwira ati: “Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ijambo ry’aba, kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye” (Yohana 17:20, 21). Ubumwe nyakuri rero mu mpwemu no mu kuri, bwategerezwa kuba ikimenyetso kiranga abigishwa ba Kirisitu kuva mu ntango gushika mu gihe cacu (Yohana 4:23, 24). Ariko rero, amadini yo muri iki gihe ntiyunze ubumwe, ahubwo arigabaguye. Ivyo bitumwa n’iki?
Igituma amadini yigabaguye
Insobanuro irashe y’igituma hariho ukwemera be n’imigenzo bitandukanye cane mu bivugisha ko ari abakirisu muri iki gihe, ni uko batakurikije inyigisho za Yezu. Umwanditsi umwe yavuze ati: “Nk’uko vyari mu bihe vya kera, ababa abakirisu muri iki gihe basa n’abafise impengamiro yo kwemera ikintu cose co muri Bibiliya gihuje n’ivyo bakeneye, maze bakirengagiza ico cose kidahuza n’imigenzo y’idini kavukire yabo bwite”. Ivyo ni vyo neza na neza Yezu n’intumwa ziwe babuye ko vyoshitse.
Nk’akarorero, intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yandikiye umucungezi nka we Timoteyo ati: “Igihe kizoza, [ntib]azokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma”. None abakirisu bose bozimijwe? Oyaye. Paulo yabandanije ati: “Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe” (2 Timoteyo 4:3-5; Luka 21:8; Ivyakozwe 20:29, 30; 2 Petero 2:1-3). Timoteyo n’abandi bakirisu b’abizerwa barashize mu ngiro iyo mpanuro yahumetswe.
Abakirisu b’ukuri baracunze ubumwe
Nka kumwe kwa Timoteyo, abakirisu b’ukuri muri iki gihe bariko baririnda mu kwamirira kure ivyiyumviro vy’abantu no mu gushingira ku vyanditswe ivyo bemera mu bijanye n’inyigisho (Ab’i Kolosayi 2:8; 1 Yohana 4:1). Mu kwigana abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Ivyabona vya Yehova bariko bararangurira ubusuku bwabo mu bihugu birenga 230, bashira abantu bo mu mihingo yose ubutumwa bwa Yezu bwo mu ntango, ni ukuvuga inkuru nziza y’Ubwami. Rimbura uburyo bune buhambaye biganamwo Yezu bunze ubumwe maze bagakurikiza ubukirisu nyakuri batarinze kuraba aho baba.
Ivyo bemera bishingiye kw’Ijambo ry’Imana (Yohana 17:17). Hari umupatiri wo mw’iparuwase imwe yo mu Bubiligi yanditse ku biberekeye ati: “Ikintu kimwe dushobora kubigirako [Ivyabona vya Yehova] ni umutima ukunze bafise wo kwumviriza Ijambo ry’Imana be n’uburindutsi bwabo mu kurishingira intahe”.
Bizigiye yuko Ubwami bw’Imana ari bwo buzokuraho ingorane zo kw’isi (Luka 8:1). I Barranquilla muri Kolombiya, hari Icabona yaganiriye n’uwitwa Antonio, umunywanyi akomeye w’umugwi umwe w’ivya politike. Nya Cabona ntiyashigikiye umugwi Antonio yarimwo, kandi nta n’ibindi vyiyumviro vya politike yashigikiye. Ahubwo riho, yasavye Antonio na bashikiwe ko bokwiga Bibiliya ata co barishe. Bidatevye, Antonio yaratahuye yuko Ubwami bw’Imana ari bwo vy’ukuri cizigiro rudende ku bantu b’abakene muri Kolombiya no mu yindi mihingo y’isi.
Baratera iteka izina ry’Imana (Matayo 6:9). Igihe Ivyabona vya Yehova bahura na Maria ari bwo bwa mbere, Maria akaba yari umugatolika atagira uburyarya aba muri Ositaraliya, yaremeye ko ivyo Vyabona bamwereka izina ry’Imana muri Bibiliya. None yavyakiriye gute? Avuga ati: “Igihe nabona izina ry’Imana muri Bibiliya ari bwo bwa mbere, narakoroye amosozi. Narakozwe ku mutima rwose no kumenya yuko nshobora vy’ukuri kumenya izina ry’uruharo ry’Imana kandi nkarikoresha”. Maria yarabandanije kwiga Bibiliya, maze ari bwo bwa mbere mu buzima bwiwe, aramenya ukuntu Yehova ameze kandi arashobora kugiriranira na we ubucuti bwamaho.
Urukundo rutuma bunga ubumwe (Yohana 13:34, 35). Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (The Ladysmith-Chemainus Chronicle) co muri Kanada cavuze giti: “Waba uri mw’idini irihe, canke ata ryo urimwo, urakwiye gukeza Ivyabona vya Yehova 4.500 bakoze badahengeshanya muri iyi ndwi imwe n’inusu mu kwubaka Ingoro y’amateraniro i Cassidy ifise uburinganire bw’imetero kwadarato 2.300. . . . Gukorana akamwemwe ico gikorwa ata guhazuka, ata kwirema ibice canke ukwironderera icubahiro ni ikimenyetso kiranga ubukirisu nyakuri”.
Niwirabire nawe ivyo bimenyamenya. Mu gihe abanyatewolojiya, abamisiyonari be n’abayoboke bo mu madini y’abiyita abakirisu babandanya guhangana n’ingorane zerekeye ukudahuza mu madini yabo zishobora kwaduka, ubukirisu nyakuri bwobwo buriko burasagamba kw’isi yose. Nkako, abakirisu b’ukuri bariko bararangura ubusuku bashinzwe bwo kwamamaza no kwigisha Ijambo ry’Imana (Matayo 24:14; 28:19, 20). Nimba uri mu bariko ‘banihishwa kandi barizwa’ n’ibintu bibi biriko biraba ubu ukaba kandi uvurugwa umutwe n’amacakubiri arangwa mu madini y’abiyita abakirisu, turagusavye wifatanye n’Ivyabona vya Yehova mu gusenga Imana yonyene y’ukuri Yehova, ari abakirisu bunze ubumwe.—Ezekiyeli 9:4; Yesaya 2:2-4.