ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/4 rup. 3
  • 666—si igitigiri c’akayoberabahinga gusa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 666—si igitigiri c’akayoberabahinga gusa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Igitigiri 666 gisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kumenya insobanuro ya ca gikoko be n’ikimenyetso caco
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kurwana n’ibikoko bibiri bikaze
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Igikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/4 rup. 3

666—si igitigiri c’akayoberabahinga gusa

“[Nta] muntu yemererwa kugira ic’agura cank’ic’ashōra, atar’ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’igitigiri c’izina ryaco. Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco [ni] amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu”.—Ivyahishuriwe 13:17, 18.

MU BIGANIRO bishingiye kuri Bibiliya, ni bikeya ubiravye vyitwararitswe cane nka bwa buhanuzi bwerekeye ikimenyetso ari co zina ry’akayoberabahinga rya “ca gikōko”, ni ukuvuga igitigiri 666. Kuri televiziyo no kuri Internet, hamwe no mu mavidewo, mu bitabu no mu binyamakuru, ico kimenyetso ca ca gikoko caravuzweko ibintu vyinshi cane.

Bamwe bemera yuko igitigiri 666 ari ikimenyetso kiranga antikristo avugwa muri Bibiliya. Abandi bavuga yuko gisobanura ubwoko kanaka bw’ikimenyetso umuntu ashirwako ku gahato kimuranga, nk’injorogo canke ikintu kiri ku mubiri gitekeye amakuru ahinyikiye mu biharuro cerekana yuko umuntu ari umukozi w’ico gikoko. Abandi na bo bemera yuko igitigiri 666 ari ikimenyetso kiranga abapapa b’abagatolika. Bafashe indome zo mw’izina ry’icubahiro ry’abapapa ari ryo Vicarius Filii Dei (Icariho c’Umwana w’Imana), bakazisubiriza ibiharuro vy’Abaroma bihuje n’izo ndome, maze ivyo biharuro bakabiterateranya, baca batora 666. Hari n’abandi bavuga yuko ico gitigiri nyene gishobora gutorwa bafatiye kw’izina ry’ikilatini ry’Umwami w’abami w’Umuroma Dioclétien no kw’izina rya Nero Kayisari mu giheburayoa.

Ariko rero, izo nsobanuro abantu bikurira mu mutwe kandi zitari zo, ziratandukanye cane n’ivyo Bibiliya ubwayo ivuga ku vyerekeye ikimenyetso c’ico gikoko nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira. Bibiliya ihishura yuko abariko ico kimenyetso Imana izobasukako uburake bwayo igihe izozana iherezo kuri uru runkwekwe rw’ibintu (Ivyahishuriwe 14:9-11; 19:20). Gutahura rero insobanuro y’igitigiri 666 ntibirimwo gusa gufyindura ikinyegezwa gikwegera ubwenge. Duhiriwe duhishije, Yehova Imana, we Rukundo akaba na we Soko ry’umuco wo mu vy’impwemu, ntiyagumije abasavyi biwe mu mwiza ku bijanye n’ico kibazo gihambaye.—2 Timoteyo 3:16; 1 Yohana 1:5; 4:8.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka ikiganiro kivuga ibijanye n’insobanuro z’ibitigiri, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Nyakanga 2002.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika