Kumenya insobanuro ya ca gikoko be n’ikimenyetso caco
WOBA ukunda gufyindura ubufyindo? Kugira ngo ubufyindure, urarondera ibimenyetso bigufasha kurondera inzira amaherezo iza kugushikana ku nyishu. Mw’Ijambo ryayo ryahumetswe, Imana iratanga ibimenyetso bikenewe ku bijanye na ca gitigiri 666, ari co zina canke ikimenyetso ca ca gikoko kivugwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 13.
Muri iki kiganiro, tugira turabe uburyo nyamukuru bune budufasha kuzirikana kuri ico kibazo, bukaba ari ibimenyetso bihambaye, buza kuduhishurira insobanuro ya ca kimenyetso ca ca gikoko. Turarimbura (1) ingene amazina yo muri Bibiliya rimwe na rimwe atorwa, (2) ca gikoko ico ari co, (3) ico bisobanura kuba 666 ari “igitigiri c’umuntu”, hamwe na (4) insobanuro y’igitigiri 6 be n’igituma candikwa incuro zitatu, ni ukuvuga 600 kwongerako 60 kwongerako 6, canke 666.—Ivyahishuriwe 13:18.
Amazina yo muri Bibiliya ntapfa gutangwa gutyo gusa
Amazina yo muri Bibiliya akenshi aba afise insobanuro idasanzwe, na canecane igihe aba yatanzwe n’Imana. Nk’akarorero, kubera ko Aburamu yocitse se w’amahanga, Imana yarahinduye izina ry’uwo sekuruza w’imiryango riba Aburahamu, irisobanura ngo “Se w’amasinzi” (Itanguriro 17:5). Imana yabwiye Yozefu na Mariya ngo umwana Mariya azovyara bazomwite Yezu, bikaba bisobanura ngo “Yehova ni we bukiriro” (Matayo 1:21; Luka 1:31). Mu buryo buhuye n’iryo zina rifise insobanuro idasanzwe, biciye ku busuku bwa Yezu be no ku rupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, Yehova yaratumye ubukiriro bwacu bushoboka.—Yohana 3:16.
Twisunze ivyo, izina rigizwe n’igitigiri 666 ryatanzwe n’Imana, ritegerezwa rero kuba rigereranya ibintu Imana ibona ko biranga ico gikoko. Mu bisanzwe, kugira ngo dutahure ivyo bintu bikiranga, turakeneye kubanza kumenya ca gikoko ubwaco ico ari co tukongera tukamenya ivyo gikora.
Ico gikoko caramenyekanye
Igitabu ca Bibiliya ca Daniyeli kirahishura ibintu vyinshi vyerekeye insobanuro y’ibikoko vy’ikigereranyo. Ikigabane ca 7 kirimwo amajambo atomoye adondora “ibikōko binini bine”, ari vyo intambwe, idubu, ingwe be n’igikoko giteye ubwoba gifise imihaha minini y’ivyuma (Daniyeli 7:2-7). Daniyeli atubwira yuko ivyo bikoko bigereranya “abami”, ari bo bwami bw’ivya politike bukurakuranwa mu gutwara inganji nganzabami zingana amahanga.—Daniyeli 7:17, 23.
Ku vyerekeye ca gikoko kivugwa mu Vyahishuriwe 13:1, 2, inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Interpreter’s Dictionary of the Bible) yerekana yuko ico gikoko “gisukiranya ibintu vyose biranga vya bikoko bine Daniyeli yerekwa. . . . Ico gikoko ca mbere [co mu Vyahishuriwe] kigereranya rero ubutware bw’ivya politike bwose bufatiwe hamwe burwanya Imana mw’isi”. Ayo majambo aremezwa n’Ivyahishuriwe 13:7, ahavuga ku vyerekeye ico gikoko hati: “Gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose”a.—Ni twe tubihiritse.
Ni kubera iki ubutegetsi bw’abantu Bibiliya ibugereranya n’ibikoko? Ni ukubera n’imiburiburi imvo zibiri. Imvo ya mbere, ni ukubera kahise kerekana yuko mu binjana n’ibindi intwaro zagiye zirasesa amaraso mu buryo buranga ubunyamaswa. Abatohozakahise Will Durant n’umukenyezi wiwe Ariel banditse bati: “Intambara ni kimwe mu bintu vyagumye biba muri kahise kose kandi ntiyagabanutse ngo ni uko abantu bagiye baratera imbere canke ngo ni uko demokarasi yagiye iratsimbatara”. Emwe, nta woharira yuko “umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9)! Imvo igira kabiri ni uko “ca gisato [Shetani] kigiha [giha ca gikoko] ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye” (Ivyahishuriwe 12:9; 13:2). Twisunze ivyo, ubutegetsi bw’abantu bwashizweho na Shetani, ari co gituma bugaragaza inyifato y’ubunyamaswa, imeze nk’iy’igisato.—Yohana 8:44; Abanyefeso 6:12.
Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko umutegetsi wese w’umuntu aca ahinduka igikoresho ca Shetani. Nkako, mu buryo bumwe, intwaro z’abantu zirakora nk’“umukozi w’Imana”, zigashiraho urutonde mu kibano c’abantu, urwo rutonde rutahari umuvurungano ukaba woba wose. Vyongeye, abarongozi bamwebamwe barakingiye uburenganzira bw’ishimikiro bwa zina muntu, harimwo n’uburenganzira umuntu afise bwo gukurikira ugusenga kw’ukuri, ico kikaba ari ikintu Shetani aterekwa (Abaroma 13:3, 4; Ezira 7:11-27; Ivyakozwe 13:7). Naho ari ukwo, kubera akosho ka Shetani, nta muntu canke urwego rw’abantu rurigera rushobora kuzanira abantu amahoro n’umutekano birambab.—Yohana 12:31.
“Igitigiri c’umuntu”
Ikintu kigira gatatu kidufasha kumenya insobanuro y’igitigiri 666 ni uko kivugwa yuko ari “igitigiri c’umuntu”. Ayo majambo ntiyoshobora kwerekeza ku muntu nya muntu, kubera yuko ata muntu n’umwe afise ububasha kuri ico gikoko ariko Shetani ari we agifiseko ububasha (Luka 4:5, 6; 1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe 13:2, 18). Ahubwo riho, kuba ico gikoko gifise “igitigiri c’umuntu”, canke ikimenyetso c’umuntu, bishaka kwerekana yuko gifise akaranga k’abantu, kidafise ak’ibiremwa vy’impwemu canke ak’amadayimoni, kikaba kigaragaza rero ibintu bimwebimwe biranga abantu. None ivyo bintu vyoba ari ibiki? Bibiliya yishura mu kuvuga iti: “[Abantu] bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Rero, kuba ico gikoko gifise “igitigiri c’umuntu” vyerekana yuko intwaro zigaragaza akameremere k’abantu k’ukuba abadatunganye, karangwa n’icaha be n’agasembwa.
Kahise karashingira intahe ivyo. Uwahoze ari umunyamabanga wa Leta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ari we Henry Kissinger yavuze ati: “Iterambere iryo ari ryo ryose ikibano kanaka cagize mu vy’imico kama no mu vy’ubuhinga n’ubumenyi amaherezo ryarazimanganye. Kahise ni inkuru yerekana utwigoro twagizwe tutagize ico tuvamwo, yerekana ivyo abantu bagiye baripfuza gushikako ariko ntibabishikeko. . . . Kubera ico, umutohozakahise ategerezwa kubaho azi yuko ivyago bitegerezwa gushika”. Uwo mwihwezo werekana ibintu uko biri wagizwe na Kissinger, urashingira intahe uku kuri kwa Bibiliya kw’ishimikiro: “Inzira umuntu yogenderamwo [s]i we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe”.—Yeremiya 10:23.
Ko twamaze kumenya ca gikoko ico ari co tukaba kandi twatahuye ingene Imana ikibona, turashoboye rero gusuzuma igihimba ca nyuma ca ca kinyegezwa turiko turihweza, ico gihimba kikaba ari ca gitigiri gatandatu be n’igituma canditswe incuro zitatu, ni ukuvuga 666, canke 600 kwongerako 60 kwongerako 6.
Ni kubera iki igitigiri 6 canditswe incuro zitatu?
Mu Vyanditswe, ibitigiri bimwebimwe usanga bifise insobanuro y’ikigereranyo. Nk’akarorero, igitigiri indwi akenshi gikoreshwa mu kugereranya ikintu gishitse canke gitunganye mu nyonga z’Imana. Nk’akarorero, indwi Imana yaremyemwo ibintu, igizwe n’‘imisi’ ndwi canke ibiringo birebire cane, aho Imana yaranguye bimwe bishitse umugambi wayo ujanye n’irema werekeye isi (Itanguriro 1:3–2:3). “Amajambo” y’Imana ameze nk’ifeza “ivugutiwe ibihetangabo ndwi”, gutyo akaba akuwemwo inkamba mu buryo butunganye (Zaburi 12:6; Imigani 30:5, 6). Wa munyamibembe Namani yabwiwe kwiyuhagira mu ruzi Yorodani ibihetangabo ndwi, amaze kubigira akaba yaciye akira bimwe bishitse.—2 Abami 5:10, 14.
Igitigiri gatandatu ni igitigiri ndwi kiburako rimwe. Nticoba none ari ikigereranyo kibereye c’ikintu kidatunganye, canke c’ikintu gifise agahaze mu nyonga z’Imana? Neza cane (1 Ngoma 20:6, 7)! Vyongeye, kubona igitigiri gatandatu gisubiwemwo gatatu, ni ukuvuga 666, bishimika bimwe bikomeye kuri ukwo kudatungana. Kuba ukwo ari kwo kubona ibintu kw’ukuri, birashigikirwa n’uko 666 ari “igitigiri c’umuntu” nk’uko twamaze kubirimbura. Gutyo rero, kahise k’ico gikoko, ‘igitigiri caco c’umuntu’ hamwe n’igitigiri 666 ubwaco, vyose bishikana kuri iki ciyumviro ntahinyuzwa: ni ukudatungana be n’agahaze bimwe bishitse mu nyonga za Yehova.
Ukuba ico gikoko kidondorwa yuko hari ivyo gihajije biratwibutsa ivyavuzwe ku vyerekeye Umwami Belushaza wa Babiloni ya kera. Yehova abicishije kuri Daniyeli, yabwiye uwo mutware ati: “Wagezwe ku munzane, basanga ntushitse”. Muri iryo joro nyene Belushaza yarishwe, ya Nganji ya Babiloni y’igihangange na yo iratembagazwa (Daniyeli 5:27, 30). Muri ubwo buryo nyene, urubanza Imana yaciriye ca gikoko c’ivya politike be n’abafise ikimenyetso caco rusigura iherezo ry’ico gisata c’ivya politike be n’abagishigikira. Ariko rero, ico gihe Imana ntizoherengeteza gusa urunkwekwe rw’ivya politike rumwe, mugabo izoherengeteza n’ibisigarira vyose vy’ubutegetsi bw’abantu (Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 19:19, 20). Ese rero ukuntu bihambaye yuko twirinda kugira ca kimenyetso gikwega urupfu ca ca gikoko!
Ca kimenyetso camenyekanye
Igitabu c’Ivyahishuriwe kimaze guhishura igitigiri 666, gica kivuga ivyerekeye abantu 144.000 bakurikira Umwagazi w’Intama Yezu Kirisitu, bafise izina ryiwe n’irya Se wiwe Yehova, yanditse mu ruhanga rwabo. Ayo mazina yerekana ko abo yanditseko begukira Yehova n’Umwana wiwe, bakaba babashingira intahe babigiranye akamwemwe. Muri ubwo buryo nyene, abafise ikimenyetso ca ca gikoko barerekana ku mugaragaro yuko ari abasuku b’ico gikoko. Gutyo rero, ico kimenyetso, caba kiri ku kiganza c’iburyo canke mu ruhanga tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ni ikimenyetso cerekana yuko uwo kiriko ashigikira mu buryo bumeze nko gusenga urunkwekwe rw’ivya politike rw’iyi si rumeze nk’igikoko. Abafise ico kimenyetso baha “Kayisari” ibibereye guhabwa Imana (Luka 20:25; Ivyahishuriwe 13:4, 8; 14:1). Uti gute? Mu gufata icubahiro kingana no gusenga bakagiha igihugu, ibimenyetso vyaco be n’ububasha bwaco bwo mu vya gisirikare, ivyo bikaba ari vyo bahanga amaso ngo bizobaronsa icizigiro n’ubukiriro. Ugusenga ukwo ari kwo kwose batura Imana ni ukwo ku munwa gusa.
Ibihushanye n’ivyo, Bibiliya iduhimiriza iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza. Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira” (Zaburi 146:3, 4). Abakurikiza iyo mpanuro iranga ubukerebutsi ntibataha zirayoye igihe intwaro zinaniwe gushitsa imihango zatanze canke igihe indongozi zemerwa na benshi zitakaje ibibanza vyazo.—Imigani 1:33.
Ivyo ntibishaka kuvuga ko abakirisu b’ukuri bagereka akaguru ku kandi ntihagire ico bakora ku vyerekeye ingorane z’abantu. Ahubwo, baramamaza n’umwete ya ntwaro imwe izotorera umuti ingorane z’abantu, na yo ikaba ari Ubwami bw’Imana, ubwo baserukira.—Matayo 24:14.
Ubwami bw’Imana ni co cizigiro rudende c’umuryango w’abantu
Igihe Yezu yari kw’isi, Ubwami bw’Imana ni bwo yagize umutwe nyamukuru w’ukwamamaza kwiwe (Luka 4:43). Muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, iryo rimwe na rimwe abantu bita Isengesho ry’Umukama, Yezu yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko ubwo Bwami bwoza maze ivyo Imana igomba bigakorwa hano kw’isi (Matayo 6:9, 10). Ubwo Bwami ni intwaro izotegeka isi yose, ikaba itazotegekera mu gisagara kinaka co kw’isi, ariko izotegekera mw’ijuru. Ni co gituma Yezu yayise “ubgami bgo mw ijuru”.—Matayo 11:12.
Hari uwundi none abereye kuba Umwami w’ubwo Bwami atari Yezu Kirisitu, uwapfiriye abo azotwara muri kazoza (Yesaya 9:6, 7; Yohana 3:16)? Vuba uwo Mutware atagira agasembwa, ubu akaba ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha, agiye guterera ca gikoko, abami baco, be n’ingabo zaco mu “kiyaga caka umuriro n’amazuku”, ico kiyaga kikaba kigereranya ugusangangurwa ubutagisubira kubaho. Mugabo si ivyo gusa. Yezu azokuraho kandi Shetani, ico kikaba ari ikintu kidashobora kwigera gikorwa n’umuntu n’umwe.—Ivyahishuriwe 11:15; 19:16, 19-21; 20:2, 10.
Ubwami bw’Imana buzozanira amahoro abatwarwa babwo bose bagamburuka (Zaburi 37:11, 29; 46:8, 9). Mbere n’intuntu, imibabaro be n’urupfu ntibizosubira kubaho. Ese ukuntu ico ari icizigiro c’akaroruhore ku bantu baguma birinze ikimenyetso ca ca gikoko!—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
[Utujambo tw’epfo]
a Kugira ngo uronke ikiganiro gisigura iyo mirongo mu buryo bushika ibwina, raba ikigabane ca 28 c’igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche!, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Naho abakirisu b’ukuri bazi yuko ubutegetsi bw’abantu akenshi usanga bukora nk’ibikoko, barayobokera ‘abaganza’ mu vy’intwaro, nk’uko Bibiliya ibitegeka (Abaroma 13:1). Ariko rero, igihe abo baganza babategetse gukora ibitandukanye n’itegeko ry’Imana, ‘barumvira Imana bakayirutisha abantu’.—Ivyakozwe 5:29.
[Uruzitiro ku rup. 5]
Ibintu bidufasha kumenya insobanuro y’igitigiri 666
1. Amazina yo muri Bibiliya akenshi aragira ico ahishuye ku kuntu nyene izina ameze canke ku buzima bwiwe, nk’uko biri kuri Aburahamu, Yezu be no ku bandi bantu benshi. Muri ubwo buryo nyene, izina rigizwe n’igitigiri rya ca ca gikoko rigereranya ukuntu ico gikoko kimeze.
2. Mu gitabu ca Bibiliya ca Daniyeli, vya bikoko bitandukanye bigereranya ubwami bw’abantu canke inganji nganzabami z’abantu zagiye zirakurakuranwa. Ca gikoko kigizwe na vyinshi co mu Vyahishuriwe 13:1, 2, kigereranya urunkwekwe rw’ivya politike rwo kw’isi yose, ruhabwa ububasha na Shetani rukaba kandi ruganzwa na yo.
3. Ukuba ca gikoko gifise “igitigiri c’umuntu”, vyerekana yuko ari igisata c’abantu, ko atari ic’amadayimoni. Gutyo rero, ico gitigiri kigaragaza ivyo abantu bahajije kubera icaha be n’agasembwa.
4. Mu nyonga z’Imana, igitigiri gatandatu, kubera yuko ari gitoyi ku gitigiri indwi Bibiliya ivuga ko cuzuye canke gitunganye, kigereranya ukugira agasembwa. Ikimenyetso 666 kirashimika kuri ukwo kudatungana mu gusubiramwo ico giharuro incuro zitatu.
[Amafoto ku rup. 6]
Ubutegetsi bw’abantu bwaragaragaye yuko hari ico buhajije, ivyo bikaba bigereranywa neza n’igitigiri 666
[Abo dukesha ifoto]
Akana kishwe n’ikigoyi: UNITED NATIONS/Photo by F. GRIFFING
[Amafoto ku rup. 7]
Yezu Kirisitu azozana ubutegetsi butunganye kw’isi