Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire
Barasanga abantu aho bakorera
INTUMWA Matayo, Petero, Andereya, Yakobo na Yohani bari bahuriye ku ki? Bose Yezu yabahamagaye bari aho bakorera. Petero, Andereya, Yakobo na Yohani bari barembeje igikorwa cabo c’uburovyi igihe Yezu yababwira ati: “Ni munkurikire”. Matayo yari aho batoreza ikori igihe Yezu yamutumirira kuba umwigishwa wiwe.—Matayo 4:18-21; 9:9.
Gushinga intahe ku bantu tubasanze aho bakorera birashobora kuvamwo ivyiza. Kubera yuko Ivyabona vya Yehova bo mu Buyapani ivyo babitahura, baherutse kugira utwigoro two kugira uruhara muri uwo muce w’ubusuku. None havuyemwo iki? Mu mezi makeyi, haragizwe amasubirayo ibihumbi n’ibihumbi hongera haratanguzwa inyigisho za Bibiliya nka 250. Rimbura ivyabonywe bikurikira.
Hari umusuku w’igihe cose w’i Tokyo yahuye n’umukuru w’iresitora umwe hari haheze imyaka 30 aganiriye n’Icabona, igihe yari akiri kw’ishure. Naho uwo mukuru w’iresitora atari yaratahuye vyinshi mu vyavuzwe ico gihe, yarashimishijwe na Bibiliya. Kubera yuko ugushimishwa kwiwe kwari kwasubiye kuvyuka, yaremeye n’umutima ukunze kwiga Bibiliya hakoreshejwe igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaheraa. Vyongeye, yaratanguye porogarama yo gusoma Bibiliya imisi yose mw’ijoro imbere y’uko aja kuryama.
Hari umusuku w’umutsimvyikazi adasanzwe yagendeye ibiro bimwe. Naho umuyobozi atari ho yari ari, umwigeme yitavye telefone irondera uwo muyobozi yabajije ati: “Woshima kuganira nanje?”. Bamaze kuganira gatoyi kuri telefone, nya mwigeme yaciye asohoka hanyuma avuga yuko ashimishwa n’ugusoma Bibiliya. Uwo mutsimvyikazi adasanzwe yaratunganije ivy’uko yogaruka azanye Bibiliya maze bagatangura kwigana Bibiliya, bakaba bogiye barigira mu busitani bwari hafi yaho hakiri kare mu gitondo imbere y’uko akazi gatangura.
Ku bindi biro na ho, hari umugabo yabonye uwo bakorana yakiriye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! mugabo aca arabishibura buno nyene Icabona yari ahejeje kubimuha akimara gushingura ukuguru. Uwo mugabo ashitse i muhira, yaciye abwira umukenyezi wiwe w’Icabona ivyashitse hanyuma avuga yuko iyo aba ari we yari kwumviriza na gatoyi. Umukobwa wiwe yari yumvise ivyo se yavuze yaravyiganiye Icabona yakorera muri ico cibare kirangurirwamwo imirimo. Ico cabona yaciye agendera adatebaganye nya mugabo aho akorera hanyuma aratangura kwigana na we Bibiliya. Bidatevye uwo mugabo yaratanguye kwitaba amakoraniro yo ku musi w’iyinga adahorereza.
Gushinga intahe ku bantu aho bakorera vyaravuyemwo n’ibindi vyiza. Abamamaji benshi mu Buyapani baracitse abahinga mu vyo gusubira kugendera abantu mu bibanza vy’ubucuruzi, mu mahinguriro be no mu biro. Ikindi kandi, biciye muri ubwo buryo bwo gushinga intahe, benshi mu bari barahororokewe barashoboye kugenderwa maze baratangura kugirirwa inyigisho. Haravuyemwo ibintu vy’akaroruhore. Ishengero rimwe ryo hagati mu gisagara ca Tokyo riherutse gutanga raporo y’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zishika 108, izo nyigisho zikaba ziruta incuro zibiri zirenga izari zatanzwe mu mwaka w’imbere y’uwo.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.