Nutsimbataze ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona
“Ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu”.—Matayo 20:26.
1. Isi ibona gute ubukuru?
HAFI y’igisagara ca kera co mu Misiri citwa Thebes (ubu kikaba citwa Karnak), nko ku bilometero 500 mu Bumanuko bw’umugwa mukuru Kayiro, hahagaritswe igishusho ca Farawo Amenhotep wa III kireha n’imetero 18. Umuntu ntiyoraba ico gishusho ngo areke kwibona ko ari nk’ubusa yigereranije na co. Ico gishusho, igishobora kuba cagenewe guhesha uwo mutegetsi icubahiro kirengeye igisanzwe, ni ikimenyetso cerekana ingene isi ibona ubukuru, ni ukuvuga kwigira umuntu aboneka ko akomeye kandi ahambaye uko bishoboka kwose, no gutuma abandi bumva ko ata co bavuze imbere yiwe.
2. Ni akarorero akahe Yezu yashiriyeho abayoboke biwe, kandi ni ibibazo ibihe dukeneye kwibaza?
2 Fata ukwo kuntu ubukuru bubonwa ukugereranye n’ukwo Yezu Kirisitu yigishije. Naho Yezu yari ‘Shebuja n’Umwigisha’ w’abayoboke biwe, yarabigishije yuko ubukuru buva ku gukorera abandi. Ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe kw’isi, yarerekanye insobanuro y’ivyo yari yarigishije mu kwoza ibirenge abigishwa biwe. Mbega igikorwa kiranga ukwicisha bugufi (Yohana 13:4, 5, 14)! Hagati yo gukorera abandi no gukorerwa, wewe ni ikihe kigukwegera gusumba ikindi? Akarorero ka Kirisitu koba kavyura muri wewe icipfuzo co kwicisha bugufi nk’uko yicisha bugufi? Reka rero turabe ukuntu Kirisitu yabona ubukuru ugereranije n’ingene busanzwe bubonwa mw’isi.
Niwamirire kure uburyo isi ibona ubukuru
3. Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekana ingaruka zibabaje zishikira abarondera kuninahazwa n’abantu?
3 Hariho uburorero injojo bwo muri Bibiliya bwerekana yuko uburyo isi ibona ubukuru bushikana habi. Zirikana ku vya wa munyabubasha Hamani yari umuntu akomeye cane wo ku kirimba c’i bwami ku ngoma y’Abaperesi, mu misi ya Esiteri na Moridekayi. Hamani yari yatwawe umutima n’ukuninahazwa maze bimushikana ku gucishwa bugufi no ku rupfu (Esiteri 3:5; 6:10-12; 7:9, 10). Tuvuge iki kuri wa munyabwibone Nebukadinezari, umwe yafatwa n’ibisazi igihe ububasha bwiwe bwari bugeze ku rugero rw’agaheta? Iciyumviro kigoramye yari afise ku bijanye n’ubukuru caseruwe muri aya majambo: “Mbeg’aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?” (Daniyeli 4:30). Hari na wa munyabwibone Herode Agiripa wa mbere yemera ubuninahazwa atari abereye, aho kuninahaza Imana. ‘Yaraturitse inyo hanyuma aracikana’ (Ivyakozwe 12:21-23). Kunanirwa gutahura ukuntu Yehova abona ubukuru vyashikanye abo bagabo bose ku gutemba bimwe vy’akamaramaza.
4. Ni nde ari inyuma y’agatima k’ubwishime k’isi?
4 Birabereye ko twipfuza gukoresha ubuzima bwacu mu buryo buduteza iteka n’icubahiro. Yamara rero, Shetani arafatira kuri ico cipfuzo mu kuremesha agatima k’ubwishime, ako na ko kakaba kagaragaza ivyo we ubwiwe ahahamira (Matayo 4:8, 9). Ntiwigere wibagira yuko ari “imana y’iki gihe”, akaba yiyemeje kuremesha ivyiyumviro vyiwe hano kw’isi (2 Ab’i Korinto 4:4; Abanyefeso 2:2; Ivyahishuriwe 12:9). Kubera yuko abakirisu bazi isôko ry’ivyo vyiyumviro, baramirira kure uburyo isi ibona ubukuru.
5. Ivyo umuntu ashikako, ukwemerwa n’abantu, be n’amatungo vyoba ari vyo bizana agahimbare karamba? Sigura.
5 Iciyumviro kimwe Shetani aremesha, ni ic’uko kuba rurangiranwa mw’isi, guhayagizwa n’abantu, be n’ukwisegura amahera bica bituma umuntu agira ubuzima burimwo ubuhirwe. Ivyo vyoba ari ko biri? Ivyo umuntu ashikako, ukwemerwa n’abantu be n’amatungo vyoba ari vyo bizana ubuzima bwuzuye agahimbare? Bibiliya ituburira kudahendwa na mwene ivyo vyiyumviro. Wa Mwami Salomo w’inkerebutsi yanditse ati: “Mbona ubutame bgose n’igikorwa cose c’ubuhinga, yuko ku bg’ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga” (Umusiguzi 4:4). Abantu benshi bamaze ubuzima bwabo barondera kwihesha izina rya rurangiranwa mw’isi, barashobora kwemeza ko iyo mpanuro yahumetswe yo muri Bibiliya ari iy’ukuri. Akarorero kamwe ni ak’umugabo yafashije gucapa imigero ya ca kigendajuru cashikana umuntu ku kwezi, yongera arafasha mu kugikora no mu kukigerageza. Yaratereje amaso inyuma, avuga ati: “Nari narakoze ndatama nongera ndacika umuhanga karuhariwe mu vyo nakora. Yamara vyabaye impfagusa, eka nta co vyamariye mu bijanye n’ugutuma ngira ubuhirwe buramba be n’amahoro yo mu muzirikanyi”a. Uburyo isi ibona ubukuru, haba mu vy’ubucuruzi, mu vy’inkino canke mu vy’ukwinezereza, ntibutuma umuntu agira agahimbare karamba.
Ubukuru bushikirwa biciye ku murimo uvuye ku rukundo
6. Ni igiki cerekana yuko Yakobo na Yohani babona ubukuru mu buryo butari bwo?
6 Ikintu kimwe cabaye mu buzima bwa Yezu kirahishura ico ubukuru nyakuri busaba. Yezu n’abigishwa biwe bariko baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika yo mu 33 G.C. Bari mu nzira, bene nyinabo na Yezu ari bo Yakobo na Yohani, baragaragaje ko babona ubukuru ukutari kwo. Babicishije kuri nyina wabo, basavye Yezu iki kintu: ‘Bivuge tuze twicare umwe i buryo bwawe uwundi i bumoso mu bwami bwawe’ (Matayo 20:21). Mu Bayuda, kwicara i buryo canke i bumoso vyafatwa ko ari agateka gahambaye (1 Abami 2:19). Yakobo na Yohani babigiranye agatima k’uguhahamira ubukuru, barondeye gutora ibibanza vy’iteka biruta ibindi vyose. Bariko baharanira ivyo bibanza vy’ubukuru. Yezu yarabona ivyo bariko biyumvira, maze aboneraho akaryo ko gukosora ukwo kubona ubukuru mu buryo butari bwo.
7. Yezu yadondoye gute uburyo bwo gushikira ubukuru nyakuri bwa gikirisu?
7 Yezu yari azi ko muri iyi si y’ubwishime, umuntu abonwa ko ari mukuru ari urya akontorora canke ategeka abandi kandi apfa kuvuza uruhwa ico ashatse cose agaca akironka buno nyene. Mugabo, mu bayoboke ba Yezu, igikorwa giciye bugufi ni co gifatirwako mu kuraba ubukuru. Yezu yavuze ati: “Ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu; kand’ūgomba kuba uw’imbere az’abe umuja wanyu”.—Matayo 20:26, 27.
8. Kuba umukozi canke umusuku bisobanura iki, kandi ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza?
8 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umukozi” canke umusuku muri Bibiliya ryerekeza ku muntu aguma aronderana ubwira kugira ivyo akorera abandi. Yezu yariko yigisha abigishwa biwe icigwa gihambaye ari co c’iki: Gutegeka abantu gukora ibintu si vyo bituma umuntu aba mukuru; gukorera abandi bivuye ku rukundo ni vyo bituma aba mukuru. Niwibaze uti: ‘Nari kuvyakira gute iyo nza kuba ndi Yakobo canke Yohani? Noba nari gutahura yuko ubukuru nyakuri buva ku gukorera abandi bivuye ku rukundo?’.—1 Ab’i Korinto 13:3.
9. Ni akarorero akahe Yezu yashizeho mu bijanye n’ukuntu yafata abandi?
9 Yezu yareretse abigishwa biwe yuko igifatirwako mu kuraba ivy’ubukuru bwo mw’isi atari co gifatirwako ku bukuru Yezu yerekanye. We ntiyigeze agira agatima ko kubona ko ari hejuru y’abo yakorera canke ngo atume bumva ko bari hasi. Abantu b’ubwoko bwose, baba abagabo, abagore n’abana, abatunzi, abakene n’abanyabubasha be n’abanyavyaha katwa, bose barumva bamerewe neza bari kumwe na we (Mariko 10:13-16; Luka 7:37-50). Abantu usanga akenshi batihanganira abafise amagara make. Yezu we ntiyari ameze ukwo. Naho vyashika abigishwa biwe ntibazirikane ku vyohava bibabaza abandi canke bakaba abantu bahazuka, yarabigisha abigiranye ukwihangana, akabereka ko yari vy’ukuri umuntu yicisha bugufi kandi w’ingenzabuhoro.—Zekariya 9:9; Matayo 11:29; Luka 22:24-27.
10. Ubuzima bwa Yezu bwose bwagaragaje gute ko yakorera abandi ata bwikunzi?
10 Akarorero katagiramwo ubwikunzi kashizweho na wa Mwana w’Imana aruta abandi bose, karagaragaje ico ubukuru busobanura mu vy’ukuri. Yezu ntiyazanywe kw’isi no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi, arakiza abantu “indwara zitari zimwe” yongera abakuramwo amadayimoni yari yarabiziziye. Naho vyashika akaruha bigatuma akenera umwanya wo kuruhuka, ivyo we ubwiwe yakenera si vyo yama ashira imbere, ahubwo yama ashira imbere ivyo abandi bakeneye, agakora uko ashoboye kwose kugira abahumurize (Mariko 1:32-34; 6:30-34; Yohana 11:11, 17, 33). Urukundo yari afise rwatumye afasha abantu mu buryo bw’impwemu, aragenda ibilometero amajana n’amajana aca mu mayira yuzuyemwo umukungugu agiye kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami (Mariko 1:38, 39). Nta nkeka ko gukorera abandi Yezu yabifatana uburemere.
Niwigane ukwicishabugufi kwa Kirisitu
11. Ni kamere izihe zitezwe ku bavukanyi bagenwa kugira babe abacungezi mw’ishengero?
11 Mu mpera z’imyaka ya 1800, agatima kabereye kobwirijwe gutsimbatazwa n’abacungezi bakirisu karashimitsweko igihe hariko hatoranywa abagabo boba abaserukizi b’ingenzi bo gufasha abasavyi b’Imana. Nk’uko vyerekanywe n’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu congereza) wo ku wa 1 Nyakanga 1894, abasabwa bari abagabo “b’abagwaneza, kugira ntibahave bikakisha . . . , abagabo bicisha bugufi batarondera kwishira imbere mu kwigisha, ariko bashira imbere Kirisitu, batarondera kurata ubumenyi bwabo bwite, ariko baserura Ijambo ryiwe mu mvugo yaryo yoroshe no mu bubasha bwaryo”. Biratomoye yuko abakirisu b’ukuri badakwiye kurondera gushingwa ibanga kugira baronke ivyo boba bahahamiye, canke kugira bemerwe n’abandi, canke ngo babagireko ububasha n’ubukuru. Umucungezi yicisha bugufi aguma yibuka yuko amabanga ajejwe ari “igikorwa ciza”, atari ikibanza kiri hejuru gituma aninahazwa (1 Timoteyo 3:1, 2). Abakurambere n’abakozi b’ishengero bose bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo basukurire abandi bicishije bugufi no kugira babe imboneza mu murimo mweranda, bagashiriraho abandi akarorero kabereye bokwigana.—1 Ab’i Korinto 9:19; Ab’i Galatiya 5:13; 2 Timoteyo 4:5.
12. Ni ibibazo ibihe abariko barondera gushikira uduteka mw’ishengero boshobora kwibaza?
12 Umuvukanyi uwo ari we wese ariko arondera gushikira uduteka yokenera kwibaza ati: ‘Noba ndondera uturyo two gukorera abandi, canke noba mfise impengamiro yo gushaka gukorerwa? Noba niteguriye gukora ibikorwa vy’ingirakamaro bidahuta bibonwa n’abandi?’. Nk’akarorero, umusore yoshobora kuba yiteguriye gushikiriza insiguro mw’ishengero rya gikirisu, mugabo akaba yogonanwa gufasha abageze mu za bukuru. Yoshobora kuba aryoherwa no kwifatanya n’abagabo bafise amabanga mw’ishengero, yamara akaba agonanwa kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Umusore nk’uwo vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba nitunira canecane ku mice y’umurimo w’Imana iheza igatuma umuntu ashimwa kandi avugwa neza? Noba ndiko niganira kuba uwuboneka kuruta abandi?’. Turondeye kuninahazwa ntituba twiganye Kirisitu.—Yohana 5:41.
13. (a) Akarorero umucungezi yerekana k’ukwicisha bugufi kagira ico gakoze gute ku bandi? (b) Ni kubera iki vyovugwa yuko ukwicisha bugufi, canke ukwiyorosha atari ikintu c’ukwihitiramwo ku mukirisu?
13 Igihe twihatira kwigana ukwicisha bugufi kwa Kirisitu, turavyurirwa umutima wo gukorera abandi. Rimbura akarorero k’umucungezi wa zone umwe yariko agendura ibikorwa vyo kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Naho yari afise ibikorwa vyinshi yategerezwa kurangura kandi akaba yari afise amabanga aremereye, uwo mucungezi yarahagaze kugira afashe umuvukanyi akiri muto yariko agwa avyuka kugira atumbereze neza imashini ifatanya impapuro z’ibinyamakuru. Uwo muvukanyi akiri muto yiganye ati: “Urazi ingene vyantangaje! Yambwiye ko yakoresheje mwene iyo mashini nyene igihe yari akiri muto akorera kuri Beteli, akaba rero yaribuka ingene yari igoye gutumbereza neza. Yaramaze umwanya turiko dukorana kuri iyo mashini naho nyene yari afise ibindi bintu vyinshi cane bihambaye yategerezwa gukora. Ivyo vyaranjoreje koko!”. Uwo muvukanyi, ubu akaba ari umucungezi kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, n’ubu aracibuka ico kintu kiranga ukwicisha bugufi uwo mucungezi wa zone yagize. Nimuze ntitwigere twumva ko turi hejuru ku buryo tutokora ibintu biri hasi, canke ngo twumve yuko duhambaye cane ku buryo tutokora ibikorwa biciye bugufi. Ahubwo nyabuna, dukwiye gukenyera “ukwicisha bugufi”. Ico si ikintu c’ukwihitiramwo. Kiri mu bigize wa “muntu musha” umukirisu ategerezwa kwambara.—Ab’i Filipi 2:3; Ab’i Kolosayi 3:10, 12; Abaroma 12:16.
Ukuntu twoshika ku kubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona
14. Kuzirikana ku bucuti dufitaniye n’Imana be n’abantu nkatwe, bishobora gute kudufasha gutsimbataza ukubona ubukuru mu buryo bubereye?
14 Dushobora gute gushika ku kubona ubukuru mu buryo bubereye? Uburyo bumwe ni mu kuzirikana ku bucuti dufitaniye na Yehova Imana. Igitinyiro ciwe, ububasha bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe biramushira hejuru rwose y’urugero rw’ivy’abantu ata co bavuze (Yesaya 40:22). Kuzirikana ku bucuti dufitaniye n’abantu nkatwe na vyo nyene biradufasha gutsimbataza kamere y’ukwiyorosha. Nk’akarorero, dushobora kuba tuzi vyinshi kurusha abandi mu bintu kanaka, mugabo ugasanga na bo barakanongoreye mu mice y’ubuzima ihambaye kuruta, canke ugasanga abavukanyi bacu bakirisu bashobora kuba bafise kamere zinaka twebwe tudafise. Tuvugishije ukuri, abenshi mu bafise agaciro mu nyonga z’Imana usanga basa n’abatibonekeza kubera ubugwaneza bwabo canke ukwicisha bugufi kwabo.—Imigani 3:34; Yakobo 4:6.
15. Ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana kwerekana gute yuko ata n’umwe afise ishingiro ryo kwumva ko ari hejuru y’abandi?
15 Ivyashikiye Ivyabona vya Yehova bari mu bigeragezo bivuye ku kwizera kwabo birerekana neza ivyo duhejeje kuvuga. Kenshi na kenshi, abo isi yabona ko ari abantu basanzwe ni bo bagumye ari intadohoka ku Mana mu gihe c’ibigeragezo bikaze. Kuzirikana ku burorero nk’ubwo birashobora kudufasha kuguma twicisha bugufi bikongera bikatwigisha ‘kutifata uko tutari’.—Abaroma 12:3b.
16. Bose mw’ishengero bashobora gute gutsimbataza ukubona ubukuru nk’uko Yezu yavyerekanye?
16 Abakirisu bose, abato n’abakuze, bakwiye kurondera gutsimbataza ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona. Mw’ishengero, hari ibikorwa bitandukanye bitegerezwa gukorwa. Ntiwigere ugira umwikomo bagusavye gukora ibintu bisa n’uko biciye bugufi (1 Samweli 25:41; 2 Abami 3:11). Bavyeyi, mwoba muremesha abana banyu n’imiyabaga yanyu gukorana urweze ivyo bahabwa gukora vyose, haba ku Ngoro y’Ubwami, ahabera iteraniro canke ku kibanza c’ihwaniro? Boba bahora bababona mukora ibikorwa biciye bugufi? Umuvukanyi umwe ubu akorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, aribuka neza na neza akarorero k’abavyeyi bwiwe. Yavuze ati: “Ukuntu babona igikorwa c’ugusukura Ingoro y’Ubwami canke ikibanza c’ihwaniro vyaranyeretse ko babona yuko ico gikorwa gihambaye. Akenshi baritanga gukora ibikorwa vyungura ishengero canke ikivukano, uko vyaba biboneka ko biciye bugufi kwose. Iyo nyifato yaramfashije kwemera n’umutima ukunze igikorwa ico ari co cose nshingwa hano kuri Beteli”.
17. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abagore bicisha bugufi bashobora kuba umuhezagiro kw’ishengero?
17 Ku bijanye n’ugushira imbere inyungu z’abandi, turafise akarorero keza cane ka Esiteri, uwabaye umwamikazi w’inganji y’Abaperesi mu kinjana ca gatanu B.G.C. Naho yaba mu kirimba, yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga ku bw’igisata c’Imana, arakora mu buryo buhuye n’ivyo igomba (Esiteri 1:5, 6; 4:14-16). Uko ivyabo vyoba vyifashe kwose mu vy’ubutunzi, abagore bakirisu barashobora kugaragaza agatima nka kamwe ka Esiteri mu kuremesha abadendebuwe n’umubabaro, mu kugendera abarwaye, mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no mu gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere. Ese ukuntu mwene abo bavukanyikazi bicisha bugufi baba umuhezagiro kw’ishengero!
Imihezagiro iva ku bukuru nka bumwe bwa Kirisitu
18. Ni ivyiza ibihe biva mu kugaragaza ubukuru nka bumwe bwa Kirisitu?
18 Uraronka ivyiza vyinshi igihe ugumye ubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona. Gukorera abandi ata bwikunzi ubigiranye, birabazanira umunezero bo ubwabo be na wewe ubwawe (Ivyakozwe 20:35). Uko ukorera abavukanyi bawe ubigiranye umutima ukunze be n’ubwira, utuma bagukunda (Ivyakozwe 20:37). Igihambaye kuruta ni uko ivyo ukora kugira ngo ushire imbere ukumererwa neza kw’abakirisu bagenzawe, Yehova abona ko ari ikimazi gihimbaye co kumushemeza.—Ab’i Filipi 2:17.
19. Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe ku bijanye n’ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona?
19 Umwumwe wese muri twebwe arakeneye gusuzuma umutima wiwe bwite, akibaza ati: ‘Ivy’ugutsimbataza ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona noba nzobivuga ku karimi gusa canke nzokorana ubwira kugira ngo ndabishire mu ngiro?’. Ukuntu Yehova abona abanyabwibone kuratomoye (Imigani 16:5; 1 Petero 5:5). Ese ibikorwa vyacu vyokwerekana ko duhimbarwa no kubona ubukuru nk’uko Kirisitu yabubona, haba mw’ishengero rya gikirisu, mu rugo iwacu, canke mu bintu vya misi yose tugirana na bagenzi bacu, tugakora vyose ku bwo kuninahaza no gushemeza Imana!—1 Ab’i Korinto 10:31.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1982, urupapuro rwa 3-6 ku mutwe uvuga ngo “J’ai voulu réussir”.
b Ushaka uburorero, raba Annuaire des Témoins de Jéhovah 1992, urupapuro rwa 181-182, be n’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1993, urupapuro rwa 27-31.
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki dukwiye kwamirira kure uburyo isi ibona ubukuru?
• Yezu ubukuru yabufatira ku ki?
• Abacungezi bashobora gute kwigana ukwicisha bugufi kwa Kirisitu?
• Ni igiki gishobora kudufasha gutsimbataza ubukuru nka bumwe bwa Kirisitu?
[Uruzitiro ku rup. 17]
Ni nde afise ubukuru nka bumwe bwa Kirisitu?
Ni uwushaka gukorerwa canke ni uwufise umutima ukunze wo gukorera abandi?
Ni uwushaka kwemerwa n’abantu canke ni uwemera ibikorwa biciye bugufi?
Ni uwishira hejuru canke ni uwushira hejuru abandi?
[Ifoto ku rup. 14]
Igishusho amahero ca Farawo Amenhotep wa III
[Ifoto ku rup. 15]
Woba uzi icashikanye Hamani ku gutemba?
[Amafoto ku rup. 16]
Woba uhora urondera uturyo two gukorera abandi?