Woba ushaka kubaho ibihe bidahera?
“SINTINYA gupfa, ariko ndababazwa n’uko nzotegerezwa gutandukana n’aya mashurwe”. Uko ni ko umukenyezi umwe ageze mu zabukuru wo mu Buyapani yavuze. Umusuku mukirisu yari agendeye uwo mukenyezi yaratahuye igituma avuze ayo majambo: kwari kubera yuko uwo mukenyezi yari afise ubusitani bwiza utoraba. Abantu benshi bavuga ko badatinya gupfa bararyoherwa koko n’ibitangaza vy’irema kandi boshobora vy’ukuri kuba banyotewe kubaho ibihe bidahera.
Kubaho ibihe bidahera? Benshi bokwamirira kure ico ciyumviro. Hari mbere n’abovuga yuko badashaka kubaho ibihe bidahera. Ni kubera iki hari abokwiyumva gutyo?
Ubuzima budahera bwoba bworambira abantu?
Hari abiyumvira yuko kubaho ibihe bidahera vyorambira abantu. Boshobora gufatira ku bakukurutse benshi, ku kungene mu buzima bwabo bama muri vya bindi nyene, ugasanga nta kindi bakora atari ukwirirwa bicaye bakanuye amaso imbere ya televiziyo. Niba ukwo ari ko wiyumvira, zirikana ku vyo uwutohoza ivy’imibumbe yitwa Robert Jastrow yavuze igihe bamubaza nimba ubuzima budahera bwoba umuhezagiro canke umuvumo. Jastrow yishuye ati: “Bwoba ari umuhezagiro ku bantu bashashaye kumenya utuntu n’utundi kandi bama bafise inyota idahera yo kwiga ibintu. Iciyumviro c’uko bazokwama ibihe vyose bironsa ubumenyi cobahumuriza rwose. Ariko ku bandi bantu biyumvamwo ko bamaze kumenya ibiriho vyo kwiga vyose kandi badashaka kwiga ibindi, kwoba ari uguhura na rwuba rwa bigata. Ntiboronka ico bakoza umwanya bafise”.
Kuba wosanga ubuzima budahera burambira canke butarambira, ahanini bivana n’agatima ufise. Nimba ‘ushashaye kumenya utuntu n’utundi ukaba kandi ufise inyota idahera yo kwiga’, iyumvire ivyo woshobora gushikako mu bisata vy’utugenegene, umuziki, ivy’ubwubatsi, ivy’ugutunganya ubusitani canke ibindi bintu vyose biri n’akamaro bigushimisha. Ubuzima budahera kw’isi bwokuronsa uturyo ntangere two gutsimbataza ubuhanga ufise mu bisata bitandukanye vy’ubumenyi.
Gushobora gukunda abandi no gukundwa imyaka yose, ntivyobura gutuma ubuzima buba ubumara akanyota koko. Twaremanywe ubushobozi bwo gukundana, kandi turamererwa neza igihe twiyumvamwo ko abandi badukunda. Kugiriranira urukundo rw’ukuri birazanira umuntu agahimbare kadatiturwa n’irengana ry’ibihe. Kubaho ibihe bidahera vyoturonsa akaryo kadahera ko gutsimbataza urukundo, atari urwo dukunda abantu nkatwe gusa, ariko canecane urwo dukunda Imana. Intumwa Paulo yavuze ati: “Ūkunda Imana ni we amenywa na yo” (1 Ab’i Korinto 8:3). Ese ukuntu ico coba ari ikintu c’akaroruhore: kumenyana na Segaba w’ijuru n’isi! N’ikindi kandi, nta wokwigera aheza kwiga ivyerekeye Umuremyi wacu munyarukundo. Wumva none ubuzima budahera bworambira abantu gute canke ngo bureke kubaronsa ivyiza?
Ubuzima ntibuheshwa agaciro n’uko ari bugufi
Hari abiyumvira yuko kuba ubuzima bumara igihe gito ari vyo bituma buba ubw’agaciro. Ubuzima bashobora kubugereranya n’inzahabu, iziboneka ari nkeyi gusa. Bavuga ngo iyaba inzahabu zari zuzuye hose, agaciro kazo kogabanutse. Ariko ico nticobuza ko ziguma ari nziza. Nta gukeka, n’ubuzima bumeze nk’ukwo nyene.
Kugira ubuzima budahera twoshobora kubigereranya no kugira impemu nyinshi. Abantu bagendera muri mwene bwa bwato buca munsi y’amazi, iyo bukwamiye munsi y’amazi baratahura agaciro ntangere k’impemu. Iyo bamaze kuhakura agatwe, wiyumvira yuko bokwidogera ugusubira kugira impemu nyinshi? Habe namba!
Cokimwe n’abo bantu bagendera mu bwato, turashobora kurokoka, mugabo takarokoka twiteze kubaho ibihe bidahera. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Abaroma 6:23). Biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, Imana izokura agasembwa n’urupfu ku bantu, maze ihe abantu bagamburuka ingabirano y’ubuzima budahera. Ese ukuntu dukwiye gukenguruka iyo ndinganizo iranga urukundo!
Bite ho ku bawe?
Hari bamwebamwe bokwiyumvira ngo: ‘Bite ho ku banje? Kuri jewe ubuzima budahera nta kintu kinini bwoba bumariye hamwe noba ntari kumwe n’ab’iwacu’. Kumbure uramaze kwironsa ubumenyi bwerekeye Bibiliya kandi uramaze kumenya yuko bishoboka kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye iparadizo (Luka 23:43; Yohana 3:16; 17:3). Ni ibisanzwe gushaka yuko abo mu muryango wawe, abandi bantu ukunda hamwe n’abagenzi wikundira boba ari ho bari, bakumva umunezero nk’uwo na we nyene wipfuza kuzogira mw’isi nshasha igororotse Imana yasezeranye.—2 Petero 3:13.
Ariko vyogenda gute none igihe abagenzi bawe hamwe n’abo wikundira boba batanezwe ivyo kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye iparadizo? Ntureke ngo ivyo biguce intege. Nubandanye kwironsa ubumenyi nyakuri bwo mu Vyanditswe wongere ukore ubwisunga. Intumwa Paulo yanditse ati: “Yewe mugore, ubgirwa n’iki yuk’u[ta]zokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubgirwa n’iki yuk’u[ta]zokiza umugore wawe?” (1 Ab’i Korinto 7:16). Abantu barashobora guhinduka. Nk’akarorero, umugabo umwe yigeze kuba arwanya ubukirisu yarahindutse maze mu nyuma acika umukurambere mw’ishengero rya gikirusu. Avuga ati: “Ndakenguruka cane kubona umuryango wanje nikundira wagumye utadohoka ku ngingo ngenderwako za Bibiliya igihe cose namaze ndawurwanya”.
Imana iritaho cane ubuzima bwawe n’ubw’abawe. Nakare “Umwami Imana . . . ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana” (2 Petero 3:9). Yehova Imana agomba ko wewe n’abawe mubaho ibihe bidahera. Urukundo rwiwe ruraruta cane urw’abana b’abantu (Yesaya 49:15). Ni kubera iki none utogiranira ubucuti bwiza n’Imana? Ni ho woca ushobora gufasha abawe na bo nyene bakagiranira ubucuti bwiza na yo. Naho ubu boba badafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera, inyifato yabo yoshobora guhinduka igihe babonye ukora wisunga ubumenyi nyakuri bwerekeye Bibiliya.
Tuvuge iki ku bawe bashobora kuba barahitanywe n’urupfu? Ku bantu amamiliyoni bapfuye, Bibiliya iratanga icizigiro c’akaroruhore c’izuka, ni ukuvuga kwikangura bakava mu rupfu maze bakaba mw’isi izoba yabaye Iparadizo. Yezu Kirisitu yasezeranye ati: ‘Igihe kija kuza aho abari mu mva bose . . . bazozivamwo’ (Yohana 5:28, 29). Mbere n’abapfuye bataramenya Imana bazosubira kuba bazima, kubera yuko Bibiliya ivuga iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe 24:15). Ese ukuntu bizoba bihimbaye kwakira abantu mwene abo bazoba basubiye kuba bazima!
Ubuzima budahera ni icizigiro giteye umunezero
Nimba ushobora kuronka agahimbare ukongera ugashobora kubumbwa n’ivyo ufise ubu naho iyi si yuzuyemwo ingorane, nta nkeka uzoshobora no kunezerererwa ubuzima budahera mw’isi izoba yabaye iparadizo. Igihe Icabona ca Yehova umwe yavuga ibijanye n’imihezagiro izozanwa n’ubuzima budahera, hari umukenyezi umwe yaciye avuga ngo: “Sinshaka kubaho ibihe bidahera. Ubu buzima bwo kumara imyaka 70 canke 80 kuri jewe burahagije”. Umukurambere mukirisu yari aho yaciye abaza uwo mukenyezi ati: “Woba urigera wibaza ingene abana bawe bokwiyumva hamwe wopfa?”. Amosozi yaciye amucuncubukira ku matama igihe yiyumvira intuntu bogira baramutse babuze nyina wabo. Yiyemerera ati: “Kuva mbayeho bwari bwo bwa mbere mbona ukuntu nikunda, nongera ndabona yuko ubuzima budahera atari icizigiro c’ubwikunzi ahubwo ko kirimwo n’ukwitwararika abandi”.
Hari abokwiyumvira yuko bapfuye ata n’umwe vyogira ico bitwaye. Yamara biri n’ico bitwaye kuri Umwe yaduha ubuzima, we avuga ati: “Ndarahiye ukubaho kwanje, . . . simpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa, atar’uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho” (Ezekiyeli 33:11). Ko Imana yitwararika ubuzima cane gutyo, mbere n’ubw’abanyakibi, itegerezwa kuba yitwararika bimwe bigera kure abayikunda.
Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yari yizigiye ko Yehova yitwararikana abantu urukundo. Igihe kimwe Dawidi yavuze ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera” (Zaburi 27:10). Bisa n’uko Dawidi yari azi neza yuko abavyeyi biwe bamukunda. Mugabo naho abavyeyi biwe, ari bo ncuti ziwe zishika kuruta izindi bari kumuta, yari azi yuko Imana yoyo itomuhevye. Yehova abitumwe n’urukundo be n’ubwitwararitsi, araduha ubuzima budahera akongera akemera ko tugiranira na we ubucuti butazigera buhera (Yakobo 2:23). None ntidukwiye kwakiriza yompi izo ngabirano tubigiranye ugukenguruka?
[Ifoto ku rup. 7]
Urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu ruzotuma kubaho ibihe bidahera biba ibiryoshe