Rondera Yehova, we Musuzumyi w’imitima
“Abe ari jewe mu[ronder]a, kugira ngo mubone kubaho”.—AMOSI 5:4.
1, 2. Igihe Ivyanditswe bivuga ko Yehova ‘arāba mu mutima’ biba bishaka kuvuga iki?
YEHOVA IMANA yabariye umumenyeshakazoza Samweli ati: “Abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima” (1 Samweli 16:7). Ni mu buryo nyabaki Yehova ‘arāba mu mutima’?
2 Mu Vyanditswe, umutima akenshi urakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekana ico umuntu ari imbere, ni ukuvuga ivyipfuzo vyiwe, ivyiyumviro vyiwe, inyiyumvo ziwe be n’ivyo akunda. Ni co gituma igihe Bibiliya ivuga yuko Imana iraba mu mutima, iba ishaka kuvuga yuko Imana itaraba gusa ku bigaragara inyuma, ariko yibanda ku co umuntu ari vy’ukuri.
Ukuntu Imana yasuzumye Isirayeli
3, 4. Nk’uko bivugwa muri Amosi 6:4-6, ibintu vyari vyifashe gute muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi?
3 None igihe uwo Musuzumyi w’imitima yihweza bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi mu gihe ca Amosi, yabonye iki? Muri Amosi 6:4-6 havuga ivy’abagabo “bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo”. Wasanga “[b]īrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze”. Abo bagabo “ba[r]ībāzira ivyo kuvuza”, kandi “bakanywesha vino ivyato”.
4 Umuntu akivyumva, yokwibaza ko ivyo ari ibintu bihimbaye. Abatunzi bidibamiye mu mazu yabo ateye igomwe, barinovora ibifungurwa n’ibinyobwa vyizavyiza kuruta ibindi vyose kandi bagateramishwa n’ibicurarangisho vyiza bibaho. Bari bafise kandi “amariri yakozwe mu mahembe y’inzovu”. Abacukuzi barubuye utugenegene twinshi duhinguwe neza mu mahembe y’inzovu i Samariya, wa murwa mukuru w’ubwami bwa Isirayeli (1 Abami 10:22). Bishoboka cane ko twinshi muri utwo tugenegene dushobora kuba twari duhometse ku bintu vyo mu nzu tukaba dutatse no ku mbaho zisharije impome.
5. Ni igiki catumye Imana ibabazwa n’Abisirayeli bo mu gihe ca Amosi?
5 Yehova Imana yoba yababazwa n’uko Abisirayeli bari babayeho neza, binovora ibifungurwa biryoshe, binywera imivinyu iryoshe bakongera bakiyumviririza imiziki iryoshe? Oya nawe! Nakare, aratanga ibintu vyinshi mwene ivyo kugira ngo abantu babinezerererwe (1 Timoteyo 6:17). Icababaza Yehova vyari ivyipfuzo bibi bariko baratsimbataza, ukuntu umutima wabo wari warabaye nabi, ukuntu bifata ukutabereye imbere y’Imana be n’ingene batakunda Abisirayeli bagenzi babo.
6. Ivy’impwemu vyari vyifashe gute muri Isirayeli mu gihe ca Amosi?
6 ‘Abishanyangira ku misezero yabo, bakirira amasuguru y’intama bakuye mu mikuku, bakinywera umuvinyu bakongera bakibazira ivyo kuvuza’, bari bagiye gutangara. Abo bagabo babajijwe uku: “Yemwe ko mushira kure umusi mubi”? Bari bakwiye gutuntuzwa cane n’ukuntu ibintu vyari vyifashe muri Isirayeli, mugabo “ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu” (Amosi 6:3-6). Aho kubona ugusagamba mu vy’ubutunzi kw’iryo hanga, Imana yabonye yuko Yozefu, ni ukuvuga Isirayeli, yari mu kaga kababaje ko mu vy’impwemu. Yamara rero, abantu bigira ku bikorwa vyabo vya misi yose ata co binona. Abantu benshi muri iki gihe bafise inyifato nk’iyo nyene. Bashobora kuba bemera icese ko tubayeho mu bihe bigoye, mugabo, magingo ubwabo ata kirabashikira, bakitaho buhoro amagume ashikira abandi kandi ntibiteho ivy’impwemu.
Isirayeli: ihanga ryari rigeze ahatemba
7. Ni ibiki vyoshitse Abisirayeli baramutse batumviye imburi z’Imana?
7 Igitabu ca Amosi gishikiriza ishusho ry’ihanga rigeze ahatemba, naho uriravye inyuma womengo ryari risagamvye. Baramutse batumviye imburi z’Imana maze ngo bahindure ukuntu babona ibintu, Yehova yobaretse bakagwa mu maboko y’abansi babo. Abanyasiriya boje bakabashikura muri ayo mariri yabo ateye igomwe atatseko amahembe y’inzovu, bakababuruta babatwara mu bunyagano. Ivyo kudibama bobaye basezeye!
8. Vyagenze gute ngo Isirayeli yononekare mu vyo gusenga?
8 Vyagenze gute ngo ihanga rya Isirayeli rishike aho rimera gutyo? Vyatanguye mu 997 B.G.C., igihe Umwami Salomo yasubirirwa n’umuhungu wiwe Rehobowamu maze imiryango cumi ya Isirayeli ikiyonkora ku miryango ya Yuda na Benyamini. Umwami wa mbere w’ubwo bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi yari Yerobowamu wa mbere, “mwene Nebati” (1 Abami 11:26). Yerobowamu yarajijuye abanyagihugu bo mu bwami bwiwe yuko gufata urugendo bakaja i Yeruzalemu gusenga Yehova vyari umuzigo kuri bo. Ariko rero, mu vy’ukuri ntiyari arajwe ishinga n’ineza y’abanyagihugu. Ahubwo riho, yariko agerageza gukingira inyungu ziwe (1 Abami 12:26). Yerobowamu yatinya yuko Abisirayeli babandanije kurindiga baja ku rusengero i Yeruzalemu guhimbaza imisi mikuru yagirwa ku mwaka ku mwaka yatera iteka Yehova, impera n’imperuka bohavuye basubiza imitima yabo ku bwami bw’Ubuyuda. Mu kurondera kubibuza, Yerobowamu yarashinze inyana zibiri z’inzahabu, imwe i Dani iyindi i Beteli. Gutyo rero, ivyo gusenga inyana vyaciye bicika idini rya Leta mu bwami bwa Isirayeli.—2 Ngoma 11:13-15.
9, 10. (a) Ni imisi mikuru y’ivy’idini iyihe yashizweho n’Umwami Yerobowamu wa mbere? (b) Imana yabona gute imisi mikuru yagirwa muri Isirayeli mu gihe c’Umwami Yerobowamu wa kabiri?
9 Yerobowamu yaragerageje gutuma iryo dini rishasha risa n’iryubahitse. Yaratunganije imisi mikuru yagomba gusa n’iyahimbarizwa i Yeruzalemu. Mu 1 Bami 12:32, tuhasoma ibi: “Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza”.
10 Yehova ntiyigeze yemera iyo misi mikuru y’idini ry’ikinyoma. Ivyo yarabitomoye koko biciye kuri Amosi inyuma y’imyaka irenga ijana ku ngoma ya Yerobowamu wa kabiri, ari na we yabaye umwami wa bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, nko mu 844 B.G.C. (Amosi 1:1). Dukurikije Amosi 5:21-24, Imana yavuze iti: “Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza. Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ishimwe, sinzobishirako n’ijisho. Nkūra urwamo rw’indirimbo zanyu mu matwi, kuko ntagomba kwumva guhibongoza kw’inanga zanyu. Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’uruzi rudahōka”.
Isano bifitaniye n’iki gihe
11, 12. Ni amasano ayahe ari hagati y’ugusenga kwagirwa muri Isirayeli ya kera be n’ukugirwa mu biyita abakirisu?
11 Biratomoye yuko Yehova yasuzumye imitima y’abo bantu bahimbaza imisi mikuru yo muri Isirayeli akongera akamirira kure imisi mikuru yabo be n’ibimazi batanga. No muri iki gihe nyene, Imana iramirira kure imisi mikuru ya gipagani igirwa n’abiyita abakirisu, nka Noweli na Pasika. Ku basenga Yehova, ukugororoka n’ukugabitanya ntibishobora gufatana, kandi umuco n’umwiza ntibishobora kujana.—2 Ab’i Korinto 6:14-16.
12 Hariho ayandi masano ashobora kuboneka hagati y’ugusenga inyana kwagirwa n’Abisirayeli be n’ugusenga kwo mu biyita abakirisu. Naho bamwebamwe mu biyita abakirisu bemera ukuri kw’Ijambo ry’Imana, abiyita abakirisu ntibasenga babitumwe n’urukundo nyakuri bakunda Imana. Iyo biba ari ukwo, baba bashimika ku gusenga Yehova “mu mpwemu no mu kuri” kubera yuko ubwo ari bwo buryo bwo gusenga bumuhimbara (Yohana 4:24). Vyongeye, abiyita abakirisu ntibareka ngo “imanza ziroranye . . . zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’uruzi rudahōka”. Ahubwo baguma nantaryo batitura ivyo Imana isaba mu bijanye no kwigenza runtu. Bararenza uruho rw’amazi ku busambanyi no ku bindi vyaha bikomakomeye, eka mbere bakimonogoza gushika n’aho bahezagira abubakana basangiye igitsina!
“Mukunde ivyiza”
13. Ni kubera iki dukeneye gukora duhuza n’amajambo avugwa muri Amosi 5:15?
13 Abantu bose bafise icipfuzo co gusenga Yehova mu buryo yemera, ababwira ati: “Mwanke ibibi, mukunde ivyiza” (Amosi 5:15). Urukundo n’urwanko ni inyiyumvo zikomeye ziva mu mutima w’ikigereranyo. Kubera ko umutima wibesha, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tuwurinde (Imigani 4:23; Yeremiya 17:9). Mu gihe tworeka umutima wacu ugatsimbataza ivyipfuzo bibi, twohava dusanga turiko dukunda ibibi tukanka ivyiza. Vyongeye, mu gihe twohaza ivyo vyipfuzo mu kumogorera gukora icaha, naho twogira umwete ungana iki, ntitwosubira gutona ku Mana. Nimuze rero dusabe Imana idufashe ‘kwanka ibibi no gukunda ivyiza’.
14, 15. (a) Muri Isirayeli, ni bande bari mu bakora ivyiza, mugabo bamwebamwe muri bo bafatwa gute? (b) Dushobora gute kuremesha abari mu murimo w’igihe cose muri iki gihe?
14 Si Abisirayeli bose bariko bakora ibibi mu nyonga za Yehova. Nk’akarorero, Hoseya na Amosi ‘barakunda ivyiza’ bakongera bagakorera Imana ari abamenyeshakazoza b’abizerwa. Abandi baragize indagano zo kuba Abanaziri. Mu kiringo cose bamara ari Abanaziri, baririnda kwihereza ikintu cose kiva mu muzabibu, na canecane umuvinyu (Guharūra 6:3, 4). None abandi Bisirayeli babona gute ukwitanga kw’abo bantu bakora ibintu vyiza? Inyishu y’agacavutu kuri ico kibazo irahishura ukuntu iryo hanga ryari rigeze ahatemba mu vy’impwemu. Muri Amosi 2:12 hagira hati: “Mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe”.
15 Abo Bisirayeli bamaze kubona ako karorero karanga ubwizerwe k’abo Banaziri n’abo bamenyeshakazoza, bari bakwiye kumaramara, bikabatera guhindura inzira zabo. Aho kugira ngo bimere gutyo, bararondera n’umutima mubi guca intege abo bantu b’intahemuka kugira ntibaninahaze Imana. Nimuze ntituze twigere twosha nabi abakirisu bagenzi bacu b’abatsimvyi, abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi canke abo mu bagize umuryango wa Beteli, ngo bahagarike umurimo w’igihe cose barangura kugira gusa bisubirire mu buzima bwitwa yuko ari ubusanzwe. Ahubwo riho, nimuze tubaremeshe kubandanya igikorwa ciza barangura!
16. Ni kubera iki Abisirayeli bari bamerewe neza mu gihe ca Musa kuruta uko bari bamerewe mu gihe ca Amosi?
16 Naho Abisirayeli benshi bari bifitiye ubuzima bwiza mu vy’umubiri mu misi ya Amosi, ntibari “[aba]tunzi mu vy’Imana” (Luka 12:13-21). Basekuruza babo bamaze imyaka 40 mu bugaragwa barya manu gusa. Ntibisenena amashuri anuze canke ngo biryamire ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu. Ariko rero, Musa yari yarababwiye bikwiriye ati: “Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; . . . Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye” (Gusubira mu vyagezwe 2:7). Ego cane, Abisirayeli mu bugaragwa bama baronka ivyo bari bakeneye koko. Ikiruta vyose, Imana yarabakunda, ikabakingira ikongera ikabahezagira!
17. Ni kubera iki Yehova yajanye Abisirayeli ba kera mu Gihugu c’Isezerano?
17 Yehova yibukije abo mu gihe ca Amosi yuko yari yarinjije ba sekuruza babo mu Gihugu c’Isezerano be n’uko yari yarabafashije gukura abansi babo bose muri ico gihugu (Amosi 2:9, 10). Ariko none, ni kubera iki Imana yari yakuye Abisirayeli ba kera mu Misiri ikabajana mu gihugu yari yarabasezeraniye? Kwoba kwari ukugira ngo bibereho bidibamiye mu bihinda ngo bace batera akagere Umuremyi wabo? Ekaye! Ahubwo yabakuye mu Misiri kugira ngo bibashobokere kumusenga ari abantu bidegemvya kandi badahumanye mu buryo bw’impwemu. Mugabo abanyagihugu bo muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi ntibanse ibibi ngo bakunde ivyiza. Ahubwo, bariko baninahaza ibishushanyo bibajwe aho kuninahaza Yehova Imana. Mbega ibintu vy’agaterasoni!
Yehova aragira ico atubaza
18. Ni kubera iki Yehova yaduhaye umwidegemvyo wo mu vy’impwemu?
18 Imana ntiyari kwirengagiza ingendo y’akamaramaza y’Abisirayeli. Yaratomoye neza impagararo yayo igihe yavuga iti: “Nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose” (Amosi 3:2). Ayo majambo akwiye gutuma tuzirikana ku kuntu twabohowe tukava mu buja bwa Misiri yo mu gihe ca none, na yo ikaba ari uru runkwekwe rw’ibintu rubi. Yehova ntiyaduhaye umwidegemvyo wo mu vy’impwemu kugira ngo dukurikirane imigambi iranga ubwikunzi. Ahubwo riho, ivyo yabigize kugira ngo dushobore kumuninahaza bivuye ku mutima, turi abantu bidegemvya, bagira uruhara mu gusenga kudahumanye. Kandi twese tuzogira ico tubazwa ku kuntu turiko turakoresha umwidegemvyo wacu twahawe n’Imana.—Abaroma 14:12.
19. Nk’uko bivugwa muri Amosi 4:4, 5, benshi mu Bisirayeli bahavuye bakunda iki?
19 Ikibabaje ni uko benshi mu Bisirayeli batumviye ubutumwa bukomeye bwashikirijwe na Amosi. Uwo mumenyeshakazoza yarashize ku kabarore imitima yabo irwaye mu vy’impwemu muri aya majambo yanditse muri Amosi 4:4, 5, ahagira hati: “Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! . . . Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli”. Abisirayeli ntibari baratsimbataje ivyipfuzo bibereye. Ntibari bararinze imitima yabo. Ingaruka yabaye iy’uko benshi muri bo bahavuye bakunda ibibi bakanka ivyiza. Izo ntagondwa zasenga inyana ntizahinduye. Yehova yobibabajije, kandi bopfiriye mu vyaha vyabo!
20. Ni gute umuntu yokurikirana ingendo ihuye n’ibivugwa muri Amosi 5:4?
20 Ku muntu wese yaba muri Isirayeli muri iyo misi, bitegerezwa kuba bitari vyoroshe ko aguma ari umwizerwa kuri Yehova. Nk’uko abakirisu muri iki gihe babizi, baba abakiri bato canke abakuze, ntivyoroshe kutajana n’agakuku. Yamara, ugukunda Imana be n’icipfuzo co kuyihimbara vyarasunikiye Abisirayeli bamwebamwe ku gusenga kw’ukuri. Yehova yarabateye akamo karangwa igishika kanditse muri Amosi 5:4, agira ati: “Abe ari jewe mu[ronder]a, kugira ngo mubone kubaho”. No muri iki gihe, Imana iragirira ikigongwe abigaya bakayirondera mu kwironsa ubumenyi ntagakosa bwerekeye Ijambo ryayo hanyuma bagakora ivyo igomba. Ntivyoroshe gukurikirana iyo ngendo, mugabo kuyikurikirana bishikana ku buzima budahera.—Yohana 17:3.
Barasagamba naho hari ikigoyi co mu vy’impwemu
21. Ni ikigoyi nyabaki gishikira abadakurikira ugusenga kw’ukuri?
21 Ni ibiki vyari biraririye gushikira abatashigikira ugusenga kw’ukuri? Cari ikigoyi gikaze co mu vy’impwemu! Umukama Segaba Yehova yavuze ati: “Eh’imisi izoza, . . . nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’inzara y’ivyo kurya cank’inyonta y’amazi, arikw izoba ar’iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho” (Amosi 8:11). Abiyita abakirisu bararembejwe n’ikigoyi nk’ico co mu vy’impwemu. Ariko rero, abo muri bo bafise imitima igororotse barabona ugusagamba mu vy’impwemu kw’abasavyi b’Imana, bagaca baguma barushiriza kurindiga ari benshi baza mw’ishirahamwe rya Yehova. Igihushane kiri hagati y’ukuntu ibintu vyifashe mu biyita abakirisu n’ukuntu vyifashe mu basavyi b’Imana kirerekanwa mu buryo bubereye mu majambo ya Yehova agira ati: “Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra”.—Yesaya 65:13.
22. Ni kubera iki dufise imvo yo guhimbarwa?
22 Twebwe abasavyi ba Yehova, twoba dukenguruka intunganyo n’imihezagiro vyo mu vy’impwemu turonka? Igihe twiga Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu tugatako tukitaba amakoraniro yacu, amateraniro be n’amahwaniro, twumva koko ari nk’aho turiko turiha akamo k’umunezero kubera tumerewe neza mu mitima. Turahimbarwa kubona dutahura Ijambo ry’Imana mu buryo butomoye, ushizemwo n’ubuhanuzi bwa Amosi bwahumetswe n’Imana.
23. Abaninahaza Imana bironkera iki?
23 Ubuhanuzi bwa Amosi burimwo ubutumwa butanga icizigiro ku bantu bose bakunda Imana kandi bashaka kuyininahaza. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose mu vy’ubutunzi, canke twaba tubwirizwa guhangana n’ibigeragezo bimeze gute muri iyi isi idurumbanye, twebwe abakunda Imana turiko turaronka imihezagiro itangwa n’Imana be n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu vyizavyiza kuruta ibindi vyose (Imigani 10:22; Matayo 24:45-47). Ubuninahazwa bwose rero buca buja ku Mana, yo itanga ibintu vyose ititangiriye itama ku bw’ineza yacu. Nimuze rero twese tubandanye kuyishemeza bivuye ku mutima ibihe bidahera. Kuri twebwe, kazoba ari agateka karangwa umunezero nitwarondera Yehova, we Musuzumyi w’imitima.
Wokwishura gute?
• Ibintu vyari vyifashe gute muri Isirayeli mu gihe ca Amosi?
• Ukuntu ibintu vyari vyifashe muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bifitaniye amasano ayahe n’ivyo muri iki gihe?
• Ni ikigoyi nyabaki cari carabuwe kiriho muri iki gihe, mugabo ni bande kidakorako?
[Amafoto ku rup. 21]
Abisirayeli benshi baba mu bihinda mugabo ntibari basagamvye mu vy’impwemu
[Ifoto ku rup. 23]
Nuremeshe abasuku b’igihe cose kubandanya igikorwa ciza barangura
[Amafoto ku rup. 24, 25]
Nta kigoyi co mu vy’impwemu kirangwa mu basavyi ba Yehova bahimbawe