Igituma benshi bakekeranya yuko idini ryoba rishobora gutuma abantu bunga ubumwe
“MUKUNDE bagenzi banyu” (Matayo 22:39). Iryo tegeko ry’ishimikiro rigenga ukuntu abantu bakwiye kwifata rirahayagizwa n’amadini menshi. Iyo ayo madini aba yigisha neza abayoboke bayo gukunda bagenzi babo, abo bayoboke bogiye hamwe maze bakunga ubumwe. None woba wasanze ari ukwo biri? Amadini yoba afise akosho gakomeye kotuma abantu bunga ubumwe? Itohoza riherutse kugirwa mu Budagi ryarimwo ikibazo kigira giti: “Amadini yoba atuma abantu bunga ubumwe, canke asa n’ayabatandukanya?”. Mu bishuye, ibice 22 kw’ijana bavuze yuko babona ko amadini atuma abantu bunga ubumwe, ibice 52 kw’ijana na bo bishura yuko babona ko amadini atandukanya abantu canke atuma bicamwo ibice. Hari aho wosanga abantu bo mu gihugu cawe na bo nyene ari ukwo babibona.
Ni kubera iki benshi bizigira buhoro yuko idini ryoshobora gutuma abantu bunga ubumwe? Kumbure ni kubera ibintu bazi vyabaye muri kahise. Aho gutuma abantu baja hamwe, akenshi idini ryamye ribatandukanya. Mu bihe bimwebimwe, idini ryarabaye igitwikiro abantu binyegezamwo kugira bakore amabi y’agacavutu. Ehe uburorero bukeya bw’ivyabaye muri iyi myaka 100 iheze yonyene.
Bohejwe n’idini
Mu gihe ca ya ntambara ya kabiri y’isi yose, Abanyakorowasiya bakukira gatolika y’i Roma hamwe n’Abanyaserebiya b’aborotodogisi bo mu karere ka Balkans barafatanye mu kanigo. Iyo migwi yompi yivugisha ko iyobokera Yezu, uwigishije abayoboke biwe gukunda bagenzi babo. Yamara, nk’uko umushakashatsi umwe yabivuze, amatati yabo yashikanye kuri “bumwe mu bwicanyi bw’agahomerabunwa kuruta ubundi bwose bwigeze kuba hagati y’abanyagihugu”. Isi yaracitse ivutu kubera urupfu rw’abantu barenga 500.000, harimwo abagabo, abagore n’abana.
Mu 1947, ca gihugu amahanga c’Ubuhindi cabamwo abantu bababa imiliyoni 400, ni ukuvuga nk’ica gatanu c’abantu baba kw’isi, benshi muri bo bakaba bari abahindu, abisilamu n’abasiki. Igihe Ubuhindi bwigabura, haciye havuka igihugu ca Pakisitani kigendera ku mategeko ya isilamu. Ico gihe, impunzi ibihumbi amajana baturuka muri ivyo bihugu vyompi baraturiwe, barakubitwa, barasinzikarizwa ubuzima, eka bararaswa mu bwicanyi bushingiye kw’idini bwagiye burakurikirana.
Nk’aho umengo ivyo bintu duhejeje kuvuga ntivyari bivunye umutima bihagije, mu ntango y’iki kinjana iterabwoba ryacitse co kintu kiraje ishinga abantu benshi. Muri iki gihe, iterabwoba ryatumye isi yose iguma ihagaritse umutima, bitayeko, imigwi myinshi y’iterabwoba yivuga yuko ifitaniye isano n’amadini manaka. Idini ntiribonwa nk’ikintu kiremesha ubumwe. Ahubwo kenshi ribonwa nk’ikintu gituma haba ubukazi n’ukwirema ibice. Ntibitangaje rero kubona ikinyamakuru kimwe (FOCUS) co mu Budagi caragereranije amadini akomakomeye yo mw’isi n’ubumara bwo mu nkoho; ayo madini akaba ari ababuda, abahindu, abakonfisiyusi, abatawo, Abayuda, abisilamu be n’abiyita abakirisu.
Indyane zo hagati mu madini
Mu gihe amadini amwe aba ariko atana mu mitwe, ayandi usanga arembejwe n’indyane zo hagati muri yo. Nk’akarorero, mu myaka iheze, amadini yo mu biyita abakirisu yarigabaguye bivuye ku kwama baharira ku bibazo bijanye n’inyigisho. Abakuru b’amadini n’abayobokamana baribaza ibi bibazo: Uburyo bwo kwirinda gusama imbanyi bwoba bwemewe? Bite ho ku bijanye n’ugukorora inda? Abagore boba bakwiye kwatirwa ngo babe abapatiri? Idini rikwiye kubona gute ivy’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina? Idini ryoba rikwiye gushigikira intambara? Abantu benshi iyo bihweje ukwo kudahuza, baribaza bati: ‘Idini ryoshobora gute gutuma abantu bunga ubumwe nimba ridashobora gutuma n’abayoboke baryo bwite bunga ubumwe?’.
Icibonekeza coco ni uko idini muri rusangi ritashoboye gutuma abantu bunga ubumwe. Ariko none amadini yose yoba arangwa n’ukwicamwo ibice? Hoba hariho idini ritandukanye n’ayandi, idini rishobora gutuma abantu bunga ubumwe?
[Ifoto ku rup. 3]
Abapolisi bakomeretse mu gihe c’imishamirano yabaye hagati y’imigwi y’amadini mu Buhindi mu 1947
[Credit line]
Ifoto yafashwe na Keystone/Getty Images