ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/1 rup. 21-23
  • “Nimwakirane”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nimwakirane”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Uyu musi nkwiye kurāra i wawe”
  • ‘Mushishikare ingendo y’ubwakiranyi’
  • Imihezagiro iva ku kwakirana
  • Ubwakiranyi ni kamere nziza dukeneye cane!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Shishikare Ubwakrabashitsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ubwakīrabashitsi Bukirisu mw Isi y’Amacakubiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Nusangire n’abandi “ibintu vyiza” mu kuba umwakiranyi (Mat. 12:35a)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/1 rup. 21-23

“Nimwakirane”

FOYIBE, uwari umukirisu wo mu kinjana ca mbere, yari afise ingorane. Yari yafashe urugendo ava i Kenkireya mu Bugiriki aja i Roma, mugabo ntiyari azinanye n’abo basangiye ukwizera bo muri ico gisagara (Abaroma 16:1, 2). Umuhinduzi wa Bibiliya umwe yitwa Edgar Goodspeed avuga ati: “Mu karere katwarwa n’Abaroma [muri ico gihe] harangwa ikibi n’ubunyamaswa, vyongeye amahoteli yaho yari azwi nabi cane ku buryo ata mukenyezi yisonera yari kujayo, canecane umukenyezi mukirisu”. None Foyibe yari gushikira hehe?

Mu bihe vya Bibiliya abantu baragira ingendo ndende. Yezu Kirisitu n’abigishwa biwe barafata ingendo ndende bagiye kwamamaza inkuru nziza mu karere k’i Yudaya n’i Galilaya. Haciye igihe gito, abamisiyonari b’abakirisu nka Paulo bariko barashikana ubwo butumwa mu mihingo itandukanye yo mu karere ka Mediterane, ushizemwo na Roma umugwa mukuru w’Inganji y’Abaroma. Igihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba bafashe ingendo baja mu karere k’Abayuda canke inyuma yako, bashikira hehe? Ni ingorane izihe bagira igihe baba bakeneye uburaro canke ivya nkenerwa? Ni igiki dushobora kubigirako ku vyerekeye ukugaragaza ubwakiranyi?

“Uyu musi nkwiye kurāra i wawe”

Mu bwakiranyi harimwo ‘ukwakira umushitsi ukamuzimana, ukanamufata neza’. Kandi kuva kera na rindi bwamye buranga abasavyi ba Yehova b’ukuri. Nk’akarorero, Aburahamu, Loti na Rebeka bari abakiranyi (Itanguriro 18:1-8; 19:1-3; 24:17-20). Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yariganye ingene yafata ingenzi mu kuvuga ati: “[Nta] mushitsi narāje hanze, arikw ingenzi nama ndayugururira”.​—Yobu 31:32.

Ingenzi zaba zishaka ko Abisirayeli bagenzi bazo baziha indaro, kenshi ziyicarira gusa mu kibuga co mu gisagara, zikarindira uwoziha ikaze (Abacamanza 19:15-21). Mu bisanzwe, ababa bagendewe baroza abashitsi babo ibirenge, bakabaronsa ivyo barya be n’ivyo banywa, bakongera bakagaburira ibitungwa vyabo (Itanguriro 18:4, 5; 19:2; 24:32, 33). Ingenzi zitaba zishaka kubera umutwaro abozakira zaritekerera impamba igizwe n’ibifungurwa n’umuvinyu, zikitekerera n’ivyatsi vyo gusasira indogoba be n’ibifungurwa vyazo. Izo ngenzi zaba zikeneye gusa aho zirara.

Naho Bibiliya kenshi idatomora ingene Yezu yaronka aho arara igihe yaba yagiye kwamamaza, we n’abigishwa biwe bategerezwa kuronka aho bakika umusaya (Luka 9:58). Igihe yagendera igisagara c’i Yeriko, Yezu yabwiye gusa Zakayo ati: “Uyu musi nkwiye kurāra i wawe”. Zakayo yamwakiranye “akanyamuneza” (Luka 19:5, 6). Yezu yarakirwa kenshi na Marita, Mariya na Lazaro baba i Betaniya, bakaba bari abagenzi biwe (Luka 10:38; Yohana 11:1, 5, 18). Kandi bisa n’uko igihe Yezu yaba ari i Kaperinawumu, yaba kwa Simoni Petero.​—Mariko 1:21, 29-35.

Inyobozo Yezu yahaye intumwa ziwe 12 ku bijanye n’ubusuku, zirahishura ibitari bike ku vyerekeye ingene bokwiteze kwakirwa muri Isirayeli. Yezu yababwiye ati: “Ntimutekere izahabu cank’ifeza cank’amahera mu mipfuko yanyu, cank’isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’inkweto cank’inkoni, kuk’umukozi akwiye impembo yiwe. Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye, mumurārire gushitsa aho muzovirayo” (Matayo 10:9-11). Yari azi yuko abantu bafise imitima igororotse bokwakiriye abigishwa biwe, bakabaronsa imfungurwa, uburaro be n’ibindi bokeneye.

Ariko rero, igihe cari kigiye gushika, aho abamamaji b’inkuru nziza b’ingenzi botegerejwe kwironsa ivyo bakeneye, bakongera bakirihira ivyo bakoresha. Yezu aravye ukuntu abayoboke biwe bokwanswe be n’ingene igikorwa c’ukwamamaza cokwaguwe kikarenga imbibe z’igihugu ca Isirayeli, yavuze ati: “Ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane” (Luka 22:36). Kugira ngo inkuru nziza ikwiragizwe, hokenewe kugirwa ingendo be n’uburaro.

‘Mushishikare ingendo y’ubwakiranyi’

Mu kinjana ca mbere, agahengwe karangwa mu Nganji yose y’Abaroma be n’urunyurangane ruhanitse rw’amabarabara akozwe neza rwari rukwiragiye muri iyo Nganji, vyatumye haba uruja n’uruza rwinshia. Kubera ko ingenzi zahavuye ziba nyinshi, uburaro bwaciye buronderwa cane. Ubwo buraro bwaboneka mu mahoteli yari ku mabarabara makurumakuru, kuva kw’ihoteli imwe gushika ku yindi hakaba hari urugendo rw’umusi umwe. Mugabo rero, igitabu kimwe (The Book of Acts in Its Graeco-Roman Setting) kivuga giti: “Ibivugwa mu bitabu ku vyerekeye inyubakwa nk’izo ntibihimbaye. Ibitabu bihari be n’ibintu vyacukuwe birerekana muri rusangi ivyaranga izo nyubakwa: zari zishaje cane kandi zigasa nabi, ibikoresho vyo mu nzu vyasa n’ibitaharangwa, zarimwo ibihere, imfungurwa n’ibinyobwa vyaho vyari ibibayabaye cane, ba nyene ayo mahoteli be n’abayakoramwo ntibari abo kwizigirwa, abakiriya baho bari abateye amakenga, vyongeye muri rusangi harangwa ingeso mbi”. Birumvikana yuko igihe cose vyaba bishoboka, ingenzi yari ifise inyifato runtu igororotse yirinda kuba muri mwene ayo amahoteli.

Ntibitangaje rero kubona Ivyanditswe bihimiriza akatari gake abakirisu ngo bagaragarize abandi ubwakiranyi. Paulo yahimirije abakirisu b’i Roma ati: “Mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare [“ingendo y’ubwakiranyi”, NW]” (Abaroma 12:13). Yibukije abakirisu b’Abayuda ati: “Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi” (Abaheburayo 13:2). Petero yahimirije abo bari bafatanije ugusenga ngo ‘bakirane batidodomba’.​—1 Petero 4:9.

Ariko rero, rimwe na rimwe wasanga bitabereye kugaragaza ubwakiranyi. Ku biraba “umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije”, intumwa Yohani yavuze ati: “Ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze: kuk’ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi” (2 Yohana 9-11). Ku vyerekeye abacumura ntibigaye, Paulo yanditse ati: “[Ntimwivange] n’uwitwa mwene Data, namb’ar’umusambanyi, cank’uwifuza, cank’ūsenga ibigirwamana, cank’ūtukana, cank’ūborerwa, cank’umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we”.​—1 Ab’i Korinto 5:11.

Abangushi be n’abandi bategerezwa kuba baragerageje kurīramwo mbege ku bakirisu b’ukuri. Igitabu kimwe (The Didache) co mu kinjana ca kabiri G.C. kirimwo indagano y’ukwizera kwa gikirisu itari iyo muri Bibiliya, ikivugwa ko kirimwo inyigisho ya za ntumwa cumi na zibiri, gitanga inama yuko umuvugabutumwa w’ingenzi ashobora kwakirwa “umusi umwe, canke ibiri iyo bibaye ngombwa”. Inyuma y’aho, igihe agira agende, “mushobora kumutekerera imfungurwa gusa . . . Asavye amahera, azoba ari umuhanuzi w’ikinyoma”. Ico gitabu kibandanya giti: “Nimba ashaka kubana namwe, akaba afise umwuga, mumureke yironderere ikimubeshaho. Mugabo nimba ata mwuga afise, mumuronse ivyo akeneye uko mwebwe mubibona, kugira ngo ntihaze hagire uwubana namwe areze amaboko ngo n’uko ari umukirisu. Mu gihe atabigenjeje gutyo, azoba ariko agira Kirisitu urudandaza; mwirinde abantu nk’abo”.

Intumwa Paulo yariyubara kugira ngo ntaremere cane abamwakira mu gihe yategerezwa guteba mu bisagara bimwebimwe. Yajisha amahema kugira yironse utwo akeneye (Ivyakozwe 18:1-3; 2 Ab’i Tesalonike 3:7-12). Kugira ngo abakirisu bo mu ntango bafashe ingenzi zibikwiriye zo muri bo, biboneka yuko bakoresha amakete yo kuzirata, nk’uko Paulo yabigenjeje igihe yadondora Foyibe. Yanditse ati: “Mbashimiye Foyibe mwene Data, . . . ngo mumwākīre kubg’Umwami wacu, . . . kandi mumufashe ku c’azogomba cose”.​—Abaroma 16:1, 2.

Imihezagiro iva ku kwakirana

Abamisiyonari bakirisu bo mu kinjana ca mbere barizigira ko Yehova yobaronkeje ivyo baba bakeneye. Boba none barashobora kwitega ko abo basangiye ukwizera babakira? Ludiya yaremeye ko inzu yiwe ikoreshwa na Paulo be n’abandi. Iyo ntumwa yarabanye na Akwila be na Purisikila i Korinto. Umurinzi umwe w’ibohero w’i Filipi yaragaburiye Paulo na Sila. Paulo yakiriwe neza na Yasona i Tesalonike, yakirwa neza na Filipo i Kayisariya, yongera yakirwa neza na Munasona igihe yariko ava i Kayisariya aja i Yeruzalemu. Igihe Paulo yariko aja i Roma, yakiriwe n’abavukanyi b’i Puteyoli. Ese ingene abamwakiriye bategerezwa kuba barahungukiye mu buryo bw’impwemu!​—Ivyakozwe 16:33, 34; 17:7; 18:1-3; 21:8, 16; 28:13, 14.

Incabwenge yitwa Frederick F. Bruce ivuga iti: “Abo bagenzi biwe bakaba n’abasangirakivi biwe, abo bagabo n’abagore bakirana, nta yindi mvo yatuma bafasha Paulo gushika iyo hose atari urukundo bamukunda, we hamwe na Shebuja wiwe. Bari bazi yuko basukuriye Paulo baba bariko basukurira Shebuja wiwe”. Iyo ni imvo nziza cane yotuma umuntu aba umwakiranyi.

Kugaragaza ubwakiranyi biracakenewe. Ivyabona vya Yehova ibihumbi n’ibihumbi b’ingenzi baba baserukiye abandi, barakirwa n’abo basangiye ukwizera. Abamamaji b’Ubwami bamwebamwe usanga ari bo birihira ingendo bagira igihe bagiye kwamamaza inkuru nziza mu turere twamamazwamwo gake. Turashobora kwungukira cane ku kwakira mwene abo bamamaji, naho inzu zacu zoba ari izisanzwe gute. Kwakira abandi n’igishika, naho kwoba ari ugusangira akajumbu gusa, usanga bivamwo uturyo twiza two ‘guhanahana indemesho’ no kwerekana ko dukunda abavukanyi bacu be n’Imana yacu (Abaroma 1:11, 12, NW). Mu bihe nk’ivyo, bene kwakira abashitsi ni bo canecane bahungukira, kubera yuko “gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga”.​—Ivyakozwe 20:35.

[Akajambo k’epfo]

a Bigereranywa yuko gushika mu mwaka wa 100 G.C., amabarabara y’Abaroma yari akozwe neza, yose hamwe yareha n’ibilometero nka 80.000.

[Amafoto ku rup. 23]

Abakirisu ‘barashishikara ingendo y’ubwakiranyi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika