Woba wigereranya n’abandi?
NI NDE muri twebwe atarabona umuntu amurusha ubwiza, asa n’uwukundwa na benshi kumuruta, atahura ibintu ningoga kumuruta canke aronka amanuta meza kw’ishure kumusumba? Abandi bashobora kuba bafise amagara meza kuturuta, canke akazi karushirije kuba agahimbaye, ugasanga ivyabo bigenda neza gusumba ivyacu, canke ugasanga basa n’abafise abagenzi benshi kuturuta. Bashobora kuba baturusha amatungo, amafaranga, bafise umuduga mushasha gusumba uwo dufise, canke bagashobora kuba basa n’abahimbawe kudusumba. Twoba twigereranya n’abandi dufatiye ku bintu mwene ivyo? Ukwigereranya n’abandi coba ari ikintu umuntu atoshobora kwirinda? Kubera iki umukirisu ashobora kuba akeneye kuvyirinda? Kandi twohimbarwa gute n’uko turi tutarinze kwigereranya n’abandi?
Icotuma twigereranya n’abandi be n’igihe twobigira
Iciyumviro kimwe gisigura igituma abantu bashobora kwigereranya n’abandi, ni uko kwigereranya n’abandi bituma baguma bumva ko bari n’agaciro canke bigatuma barushiriza kwiyumva gutyo. Abantu akenshi bumva bahimbawe igihe babonye ko ivyabo biriko bigenda neza nk’ivya bagenzi babo. Hari ikindi ciyumviro kivuga yuko twigereranya n’abandi turondera kugabanya amazinda dufise ku bitwerekeye, turondera kumenya ivyo dushoboye gukora be n’aho ubushobozi bwacu bugarukira. Turihweza ivyo abandi bamaze gushikako. Dusanze bameze nkatwe mu buryo bwinshi bakaba kandi barashoboye gushitsa imigambi minaka, hari aho twoca twumva ko natwe dushobora gushitsa imigambi nk’iyo.
Akenshi abantu bafise ico basangiye ni bo usanga bigereranya: abasangiye igitsina, abagomba kunganya imyaka, abafise ibibanza mu kibano bigomba kungana be n’abazinanye. Ni gake turondera kwigereranya n’umuntu igihe dusanze dutandukaniye kuri vyinshi. Tubivuze mu yandi majambo, ntivyoroshe ko umwigeme asanzwe yigereranya n’umuntu rurangiranwa akoreshwa mu guhayagiza ibidandazwa nk’uko bimworohera kwigereranya n’abo bigana, kandi ntivyoroshe ko n’uwo muntu rurangiranwa yigereranya n’uwo mwigeme.
Abantu bigereranya n’abandi mu biki? Ikintu cose umuntu afise, canke ikintu cose kimuranga abantu babona ko kiri n’agaciro, ni co abantu bashobora gufatirako mu kwigereranya na we: uri ubwenge, uri ubwiza, uri ubutunzi canke ivyambarwa. Ariko rero, kenshi dukunda kwigereranya n’abandi dufatiye ku bintu dusanzwe dukunda. Nk’akarorero, kumbure ntitwonohokera impuzu izimvye umuntu afise kandi ata buryo dufise bwo kuyigurira.
Kwigereranya n’abandi bituma umuntu agira inyiyumvo zitandukanye: kuva ku guhera akanyota gushika ku kwicwa n’intuntu, kuva ku gutamarira umuntu no kwumva ushaka kumwigana gushika ku kubura amahoro canke ku kumurwanya. Zimwe muri izo nyiyumvo ziragira ingaruka mbi, kandi ntizijanye na kamere za gikirisu.
Iyo ukwigereranya n’abandi kugiyemwo uguhiganwa
Abantu benshi barondera kwumva ko baruta abandi igihe bigereranije na bo, barerekana agatima ko guhiganwa. Barondera kuruta abandi, kandi ntibashirwa batiyumvisemwo ko babishitseko. Kuba kumwe n’abantu mwene abo ntibiryoshe. Ubucuti bafitaniye n’abandi usanga buhungabanye, imigenderanire yabo n’abandi ugasanga yifashe nabi. Abantu mwene abo ntibabuze ukwicisha bugufi gusa, ariko kandi usanga badashira mu ngiro impanuro za Bibiliya zibaremesha gukunda bagenzi babo, kubera yuko iyo inyifato bafise ishobora gutuma abandi bumva ko bari hasi bitagoranye, igatuma kandi bumva bamaramaye.—Matayo 18:1-5; Yohana 13:34, 35.
Gutuma abandi bumva ko bari hasi hari ukuntu bibababaza. Umwanditsi umwe avuga yuko “ivyo tutashoboye gushikako, birushiriza kutubabaza igihe bibonetse yuko abandi ivyabo vyifashe nk’ivyacu bobo bashoboye kwironsa ivyo twebwe twipfuza”. Gutyo rero, agatima ko guhiganwa karatuma tugira ishari, tukagirira umuntu inzika, tukumva kandi atatunezera, tumuhora ivyo atunze, ukuroranirwa kwiwe, ukuntu ivyiwe vyifashe mu kibano, ukuntu avugwa neza, ivyo arusha abandi, eka n’ibindi vyinshi. Ivyo bituma abantu barushiriza guhiganwa, bigacika umukwegano w’ibintu bibi bidahera. Bibiliya iriyamiriza ‘ivy’ugutuma haba uguhiganwa’.—Ab’i Galatiya 5:26, NW.
Igihe abanyeshari banebaguye ivyashitsweko n’abo bafata ko ari abakeba babo, baba bariko barondera icotuma baguma bumva ko bari n’agaciro. Inyifato nk’izo zishobora gusa nk’aho ata co zivuze, mugabo mu gihe umuntu adashoboye kwemera ubwiwe ko azifise ngo yongere azicungere, zirashobora kumushikana ku gukora ikibi. Rimbura inkuru zibiri zo muri Bibiliya aho ishari ryabaye imwe mu mvo zatumye haba ibintu bibi.
Igihe Isaka yaba mu Bafilisitiya, yarahezagiwe aronka “ibitayega vy’imikuku n’amasho, n’abantu bahinda: atera Abafilisitiya ishari”. Baciye bakora iki? Baciye basivya amariba Aburahamu se wa Isaka yari yarimvye, kandi umwami wabo asaba Isaka ngo ave muri ako karere (Itanguriro 26:1-3, 12-16). Ishari ryabo ryari ryuzuyemwo urwanko kandi ryarondera kugira nabi. Bumva batoshishikara kwihanganira ko Isaka abandanya gusagamba muri bo.
Haciye ibinjana, Dawidi yarihesheje izina ku rugamba. Ubuhizi bwiwe bwarahayagijwe n’abagore bo muri Isirayeli, abaririmvye bati: “Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri”. Naho na Sauli yariko ahayagizwa ku rugero runaka, yabonye ko bamugereranije na Dawidi mu buryo bumushira hasi, maze ishari rica riraniga. Guhera ico gihe, yarabikiye inzika Dawidi. Bidatevye yaragerageje ari bwo bwa mbere kwica Dawidi, kandi yabigize akatari gake. Ese ingene ishari rishobora kuvamwo ububi bubishe!—1 Samweli 18:6-11.
Mu gihe rero twigereranya n’abandi dufatiye ku butwari bwabo canke ku vyo barusha abandi, gushika n’aho ukwo kwigereranya na bo kuvyura muri twebwe inyiyumvo zisa n’ishari canke zimeze nk’uguhiganwa, dukwiye kuhagabira. Inyiyumvo nk’izo ni mbi, kandi ntizijanye n’ukuntu Imana ibona ibintu. Mugabo imbere y’uko twihweza ingene umuntu yonanira inyifato nk’izo, reka tubanze turabe ikindi kintu gituma umuntu yigereranya n’abandi.
Kwisuzuma be no guhimbarwa n’uko uri
‘Noba nciye ubwenge, noba nteye igomwe, noba mfise ubuhanga, noba mfise amagara meza, noba nubahwa, noba ndi umuntu ashimwa? Nimba ari ukwo biri, ni ku rugero rungana iki?’. Ni gake twiraba mu cirore twibaza mwene ivyo bibazo. Yamara, nk’uko umwanditsi umwe abivuga, “hari ukuntu ibibazo bisa n’ivyo biza mu bwenge, tugasa n’ababitangira inyishu zitomoye ku rugero runaka, naho tutarinda kuzatura ku munwa”. Umuntu atazi neza ivyo ashoboye gushikako arashobora kwibaza ivyo bibazo ata cipfuzo na kimwe afise co guhiganwa canke atanohokeye ivy’uwundi na gato. Aba ariko arisuzuma gusa. Kandi muri rusangi nta kibi kiri muri ivyo. Ariko rero, ukwigereranya n’abandi si bwo buryo bwiza bwo kwisuzuma.
Dufise ubushobozi butandukanye bivanye n’imvo zitandukanye. Hazokwama hariho abantu basa n’abaturuta. Rero, hako tubihweza tukabanohokera, dukwiye gusuzuma ivyo dushoboye twisunze ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana, zikaba ari zo zituyobora mu bijanye n’ibigororotse be n’ivyiza. Yehova aritaho ico umwumwe wese muri twebwe ari. Ntakenera kutugereranya n’uwundi muntu n’umwe. Intumwa Paulo aduhanura ati: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we”.—Ab’i Galatiya 6:4.
Ingene tworwanya ishari
Kubera yuko abantu bose ari abanyagasembwa, hari aho vyoba ngombwa ko tugira akigoro gakomeye kandi kabandanya kugira ngo dushobore kurwanya ishari. Kumenya gusa yuko Ivyanditswe bivuga ngo “ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we”, ntibigoye nko kubishira mu ngiro. Paulo ubwiwe yaremeye impengamiro yari afise yo gukora icaha. Kugira arwanye iyo mpengamiro, yategerezwa ‘kurwanya umubiri wiwe, akawuhindura umuja’ (Abaroma 12:10; 1 Ab’i Korinto 9:27). Ivyo bishobora kudusaba kurwanya ivyiyumviro bitwosha guhiganwa, tukabisubiriza ivyiyumviro vyubaka. Turakeneye gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe ‘kutifata uko tutari’.—Abaroma 12:3.
Kwiga Bibiliya no kuyizirikanako na vyo nyene birafasha. Nk’akarorero, niwiyumvire ivyerekeye Iparadizo yo muri kazoza Imana isezerana. Muri ico gihe abantu bose bazoba bafise amahoro, amagara meza, ibifungurwa umukimba, amazu meza, n’akazi gahimbaye (Zaburi 46:8, 9; 72:7, 8, 16; Yesaya 65:21-23). Mbega umuntu yoba azokwumva ashaka guhiganwa? Ihibambewe! Nta mpamvu yo kubigira izoba ihari. Ego ni ko, Yehova ntiyavuze ido n’ido ingene ubuzima buzoba bumeze ico gihe, mugabo ntitwoba twihenze twiyumviriye yuko abantu bose bazoba bafise ubushobozi bwo gukurikirana ivyo bakunda canke ubuhanga bubashimisha. Umwe ashobora kuzokwiga ibijanye n’imibumbe be n’ikirere, uwundi akikorera utuntu tw’utugenegene. Wumva none hari impamvu yotuma umwe muri abo anohokera ivy’uwundi? Ivyo abandi bazoba bakora bizotuma natwe twumva dushaka kurushiriza gukora n’ibindi vyinshi, aho gutuma tugira inzika. Inyiyumvo nk’izo ntizizoba zikiriho.
Nimba ubwo ari bwo buzima twipfuza kuzogira, ntitwoba none turihatira gutsimbataza inyifato nk’iyo tuzogira muri ico gihe? Ubu twibereye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu itarimwo ingorane nyinshi z’isi idukikije. Kubera yuko ata guhiganwa kuzoba kuri mw’isi nshasha y’Imana, turafise imvo yumvikana yo kuvyirinda muri iki gihe.
Vyoba none ari bibi kwigereranya n’abandi? Canke hari aho rimwe na rimwe vyoba bibereye?
Igihe bibereye kwigereranya n’abandi
Kwigereranya n’abandi vyatumye abantu bamererwa nabi canke bagira intuntu, mugabo si ngombwa ngo vyame bigenda gutyo. Ku bijanye n’ivyo, raba impanuro intumwa Paulo yatanze: “Mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe” (Abaheburayo 6:12). Kwihatira gutsimbataza kamere nk’iz’abasavyi ba Yehova b’intahemuka bo mu bihe vya kera birashobora kuvamwo ivyiza. Ego ni ko, ivyo bishobora kudusaba kwigereranya n’abandi ku rugero runaka, mugabo birashobora kudufasha kubona uburorero bw’abantu dushobora kwigana be n’imice dukeneye kugira ico turyohoyemwo.
Rimbura ivyerekeye Yonatani. Vyoshobora kuvugwa ko yari afise imvo yo kugira ishari. Kubera ko yari umuhungu mukuru w’Umwami Sauli, Yonatani ashobora kuba yarigeze kwitega kuzoba umwami, mugabo Yehova yatoye umuntu akiri muto yitwa Dawidi, uwo Yonatani yasumvya imyaka nka 30. Hako Yonatani agira umujinya, yarabaye intangakarorero mu vy’ukwunga ubucuti butarimwo ubwikunzi no mu vy’ugushigikira Dawidi bwa mwami yagenywe na Yehova. Yonatani yari umuntu akomeye mu vy’impwemu koko (1 Samweli 19:1-4). Aho kwigana se wiwe yabona ko Dawidi ari umukeba, Yonatani yaratahuye ko Yehova ari we yariko ayobora ibintu, yongera ashira aho Yehova ashize. Ntiyigereranije na Dawidi mu kwibaza ati: “Kubera iki hatatowe jewe hagatorwa Dawidi?”.
Turi kumwe n’abakirisu bagenzi bacu, ntidukwiye kwigera twumva ko tubangamiwe, nk’aho umenga abandi bariko bakora uko bashoboye kugira ngo badusumbe canke ngo batware ikibanza cacu. Ubukeba ntibubereye. Abakirisu bahumuye ntibarangwa n’uguhiganwa, ahubwo barangwa n’ugukorana neza n’abandi, ugusenyera ku mugozi umwe be n’urukundo. Umuhinga mu vy’imibano yitwa Francesco Alberoni avuga ati: “Urukundo ni rwo mwansi wa mbere w’ishari. Mu gihe dukunda umuntu, tumwipfuriza iciza, kandi turahimbarwa n’ukubona ivyiwe bigenda neza be n’uko ahimbawe”. Iyo rero uwundi muntu wo mw’ishengero rya gikirisu atewe agateka kanaka, kunezeranwa na we ni co kintu twokora kiranga urukundo. Ni ko Yonatani yabigenjeje. Nk’uko vyamugendeye, tuzohezagirwa nitwashigikira abarangura amabanga bafise mw’ishirahamwe rya Yehova badahemuka.
Akarorero keza igitangaza abakirisu bagenzi bacu batanga karashobora gushimwa. Kwigereranya na bo ata kurenza urugero birashobora gutuma twigana mu buryo bwiza ukwizera kwabo (Abaheburayo 13:7). Mugabo tutiyubaye, ukwigana abandi kurashobora gucika uguhiganwa na bo. Mu gihe twiyumvisemwo ko umuntu munaka dutamarira adusumba, tugaca dutangura kumuvuga nabi canke kumunebagura, ico gihe ukumwigana kuba kubaye kubi gushika aho gucika ishari.
Nta muntu w’umunyagasembwa yotubera akarorero katagira agahaze. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga biti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda”. Bivuga kandi biti: “Kristo ya[ra]bababarijwe, [a]basigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe” (Abanyefeso 5:1, 2; 1 Petero 2:21). Kamere Yehova na Yezu bagaragaza, nk’urukundo, igishika, impuhwe be n’ukwicisha bugufi, ni zo zikwiye kuba co kintu twihatira kwigana. Dukwiye gufata umwanya wo kwigereranya kuri kamere zabo, imigambi yabo be n’ingene bakora ibintu. Kwigereranya na bo muri ubwo buryo birashobora gutuma ubuzima bwacu burushiriza kuba bwiza mu kuturonsa ubuyobozi dushobora kwizigira, bigatuma dutekana, bikongera bikadufasha kuba abagabo canke abagore bahumuye (Abanyefeso 4:13). Nitwagira uko dushoboye kwose kugira twigane akarorero kabo katagira agahaze, nta nkeka bizotuma impengamiro yacu yo kwigereranya n’abantu nkatwe igabanuka.
[Ifoto ku rup. 28, 29]
Umwami Sauli yaragiriye ishari Dawidi
[Ifoto ku rup. 31]
Yonatani ntiyigeze afata Dawidi, uwari muto kuri we, nk’umukeba