ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/5 rup. 23-28
  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mpimbarwa n’urukundo rw’Imana
  • Ukuntu nagawe nkongera nkarwanywa
  • Inteko za Hitler zigarurira Otirishe
  • Njanwa mw’ikambi ry’itunatuniro
  • “Ngira ndakurase”
  • Ndekurwa ntari ndavyiteze
  • Ninyegeza mu misozi
  • Ububasha bwa Yehova ‘bwahinguriwe mu ntege nke’
  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Narizigiye ubwitwararitsi bwa Yehova buranga urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/5 rup. 23-28

Inkuru y’ubuzima

Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi

NK’UKO VYAVUZWE NA LEOPOLD ENGLEITNER

Umusoda wo mu gisoda ca Hitler yasokoroye inkoho yiwe ntoya, ayimfatirako mu musaya, maze ambaza ati: “Uremeye gupfa? Ngira ndekure urusoro kubera yuko wabuze ihero ry’imiti”. Nishuye ngerageza kuvugana umutima mu nda nti: “Ndavyemeye”. Naciye nigumya, ndahumiriza, ndaheza ndindira yuko arekura urusoro, ndarindira ndahebura. Yasemereye ati: “Uri ikijuju gushika n’aho wemera gupfa!”, abivuga ankura ya nkoho mu musaya. None vyagenze gute ngo nshike aho ngeramirwa gutyo?

NAVUTSE ku wa 23 Mukakaro 1905, mu gisagara ca Aigen-Voglhub, cibereye muri rwa runani rw’imisozi ya Otirishe yitwa Alpes. Nari umuhungu w’imfura, dawe akaba yakora mw’ihinguriro risatura imbaho mawe na we akaba yari umurimyi. Abavyeyi banje bari abantu bakenye mugabo b’inshirukabute. Mu bwana bwanje nabaye i Bad Ischl, hafi y’i Salzburg, hagati y’ibiyaga biryoheye ijisho n’imisozi itagira ukwo isa.

Nkiri umwana, narakunda kuzirikana ku karenganyo kahari mu buzima, atari ukubera gusa yuko umuryango wacu wari ukenye, mugabo kandi kubera nari navutse mpetamye uruti rw’umugongo. Ububabare bw’umugongo nari natewe na nya ngorane bwatuma bisa n’ibidashoboka ko mpagarara ngororotse. Kw’ishure, sinemererwa kuja mu myimenyerezo yo kwinonora imitsi, ivyo bikaba vyatuma abo twigana bantwenga.

Intambara ya mbere y’isi yose irangiye, imbere gato y’uko nkwiza imyaka 14, narabonye yuko hageze ko ndondera akazi kugira ngo nkire ubukene. Inzara izura inzara twaramana, kandi nari nsigaranye amagara make kubera naza ndafatwa n’umucanwa mwinshi waterwa na ya nyonko yitiriwe iya Esupanye, iyo na yo ikaba yari yaratikije abantu amamiliyoni. Benshi mu barimyi nasaba akazi baca bambwira bati: “Umuntu goyigoyi nka wewe ubona yotumarira iki?”. Ariko rero, hariho umurimyi w’umutima mwiza yampaye akazi.

Mpimbarwa n’urukundo rw’Imana

Naho mawe yari umugatolika w’ishaka ryinshi, naja mu misa gake, ahanini bikaba vyatumwa n’uko dawe yubahiriza ivyiyumviro vy’abandi kuri ico kibazo. Jewe naravurugwa ubwenge n’ugusenga ibishushanyo, bikaba vyaragirwa cane muri Ekeleziya Gatolika ya Roma.

Umusi umwe muri Gitugutu 1931, hariho umugenzi yansavye ko twojana mw’ikoraniro ry’ivy’Imana ryagirwa n’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo kukaba ari kwo Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Kuri iryo koraniro, narahawe inyishu zivuye muri Bibiliya ku bibazo bihambaye, nk’ibi: Gusenga ibishushanyo vyoba bihimbara Imana (Kuvayo 20:4, 5)? Umuriro udahera woba vy’ukuri ubaho (Umusiguzi 9:5)? Abapfuye boba bazozuka?​—Yohana 5:28, 29.

Icankoze ku mutima gusumba ni ukuba Imana itarenza uruho rw’amazi ku ntambara z’abantu zirangwa n’ugusesa amaraso, naho nyene bavuga ko bazirwana mw’izina ryayo. Naramenye yuko “Imana ar’urukundo” be n’uko ifise izina rininahaye ari ryo Yehova (1 Yohana 4:8; Zaburi 83:18). Narahimbawe no kumenya yuko biciye ku Bwami bwa Yehova, abantu bazoshobora kubaho ibihe bidahera mu gahimbare mw’iparadizo ikwiye kw’isi yose. Naramenye kandi ivyerekeye icizigiro c’akaroruhore kiri imbere y’abantu bamwebamwe b’abanyagasembwa bahamagawe n’Imana ngo bazofatanye na Yezu mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Nari niteguriye gukora ibishoboka vyose ku bw’Ubwami. Ku bw’ivyo, muri Rusama 1932 narabatijwe mba Icabona ca Yehova. Vyansavye umutima rugabo kugira ngo ntere iyo ntambwe, uravye ukuntu ata mwidegemvyo mu vy’idini warangwa muri Otirishe yari yiganziwe n’abagatolika ico gihe.

Ukuntu nagawe nkongera nkarwanywa

Abavyeyi banje bumvise ijuru ribaguyeko igihe navavanura na Ekeleziya, umupatiri na we akaba atatevye kubitangaza ariko arasoma imisa. Ababanyi baracira imbere yanje kugira ngo banyereke yuko bangaye. Naho vyari ukwo, nari niyemeje gucika umusuku w’igihe cose, nkaba rero natanguye ubutsimvyi muri Nzero 1934.

Uruhagarara mu vya politike rwateye rwiyongera kubera yuko umugambwe w’Abanazi wariko urushiriza gukomera mu ntara y’iwacu. Mu kiringo nari umutsimvyi mu Kiyaya ca Enns co mu ntara ya Styrie, abapolisi bama bariko barampiga, ari co gituma nategerezwa ‘kugira ubwenge nk’inzoka’ (Matayo 10:16). Kuva mu 1934 gushika mu 1938, uruhamo ntitwavana. Naho nari umushomeri, baranse kumpa agafashanyo gahabwa abashomeri. Vyongeye nagiye ndapfungwa igihe gitogito akatari gake, nongera mpfungwa incuro zine igihe kirekire, mporwa igikorwa canje co kwamamaza.

Inteko za Hitler zigarurira Otirishe

Muri Ntwarante 1938, inteko za Hitler zarashwaye muri Otirishe. Mu misi mikeyi, abantu barenga 90.000, ni ukuvuga ibice nka 2 kw’ijana vy’abanyagihugu bageze mu bigero, barafashwe maze barungikwa mu mabohero no mu makambi y’itunatuniro, bagirizwa yuko barwanya intwaro y’Abanazi. Ivyabona vya Yehova basa n’abiteguriye akari inyuma. Mu ci ryo mu 1937, abatari bake mw’ishengero ry’iwacu baragize urugendo rw’ibilometero 350 baja i Prague bari ku makinga kugira ngo bitabe ihwaniro mpuzamakungu. Kuri iryo hwaniro barumvise amabi yakorewe abo twari dusangiye ukwizera b’Abadagi. Vyaribonekeza yuko igihe c’uko duhamwa cari kigeze.

Kuva umusi inteko za Hitler zahonyoza ikirenge muri Otirishe, vyaciye biba ngombwa ko Ivyabona vya Yehova baza baragira amakoraniro bakongera bakarangura igikorwa cabo co kwamamaza mu kinyegero. Naho ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyazanwa mu kinyegero biciye ku rubibe rw’Ubusuwisi, ntihaboneka ibikwiye abantu bose. Ku bw’ivyo rero, abakirisu bagenzi bacu b’i Vienne baza baracapura ibitabu mu kinyegero. Akenshi nakora bwa mutwaramakete, nkaza ndashira ibitabu Ivyabona.

Njanwa mw’ikambi ry’itunatuniro

Ku wa 4 Ndamukiza 1939, twe n’abandi bakirisu batatu twarafashwe na ca gipolisi c’Abanazi igihe twariko duhimbaza Icibutso c’Urupfu rwa Kirisitu i Bad Ischl. Twese batujanye n’umuduga ku biro bikuru vy’igipolisi ca Leta i Linz. Bwari bwo bwa mbere ngendera mu muduga, mugabo nari nahagaritse umutima cane ku buryo ata munyenga numvise. Ndi ngaho i Linz, akatari gake narasambishijwe bimwe birimwo n’ukugirirwa nabi, mugabo sinihakanye ukwizera kwanje. Haciye amezi atanu, nararengukijwe imbere y’umucamanza ajejwe gusambisha abantu mu ntara yitwa Haute-Autriche. Ntari ndavyiteze, ivyo kunyagiriza vyaciye bihagarikwa; ariko rero, ikigeragezo narimwo nticari kirangiriye aho. Muri ico gihe nyene, ba bandi batatu barajanywe mu makambi y’itunatuniro, ari na ho bapfiriye, bakaba bagumye ari intahemuka gushika kw’iherezo.

Nagumijwe mu gasho, maze ku wa 5 Gitugutu 1939, nca menyeshwa yuko nza kujanwa mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Buchenwald mu Budagi. Hari igariyamoshi idasanzwe yari irindiriye twebwe abanyororo ku gituro c’amagariyamoshi c’i Linz. Ibikonteneri bikwegwa n’amagariyamoshi vyarimwo utwumba bapfungiramwo abantu twajamwo abantu babiribabiri. Umugabo twari mu gasho kamwe yari uwari yahoze ari Buramatari w’intara ya Haute-Autriche, ari we Dogoteri Heinrich Gleissner.

Twe na Dogoteri Gleissner twaciye dutangura kuganira bimwe bishimishije. Yari arajwe ishinga vy’ukuri n’ingorane narimwo, kandi yarababazwa n’uko mbere n’igihe yari akiri mu mabanga yiwe, Ivyabona vya Yehova bahuye n’ingorane zidaharurika mu vy’ubutungane mu ntara yatwara. Yambwiye yicuza ati: “Mushingantahe Engleitner, sinoshobora gukosora ikibi nakoze, mugabo ndashaka vy’ukuri gusaba ikigongwe. Biboneka yuko intwaro yacu itagendeye ubutungane. Hamwe hogira ikintu ico ari co cose mukenera gufashwamwo, nta ko ntogira ngo ndakibafashemwo”. Twarasubiye guhura inyuma y’intambara. Yaramfashije kuronka indishi Leta yaha abakukurutse bagiriwe nabi n’intwaro y’Abanazi.

“Ngira ndakurase”

Ku wa 9 Gitugutu 1939, ni ho nashika mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Buchenwald. Haciye igihe gito, umurinzi w’ibohero ryo muri iryo kambi yarabwiwe yuko hariho Icabona ari mu bantu bari baherutse gushika, aca aba ari jewe yibandako. Yarankubise bunyamaswa. Nuko amaze kubona yuko adashobora kumpebesha ukwizera kwanje, yavuze ati: “Engleitner, ngira ndakurase. Mugabo imbere y’uko ndakurasa, ngira ndaguhe akaryo wandikire abavyeyi bawe agakete ko kubasezera”. Naciye niyumvira amajambo ahumuriza noshobora kwandikira abavyeyi banje, mugabo nakira gukoza ikaramu ku rupapuro, agaca ankubita ku nkokora y’iburyo, bigatuma nandika nabi. Yanshinyaguriye ati: “Ehe iki kijuju! Ntigishobora no kwandika imirongo ibiri gitumbereza. Mugabo ivyo ntibikibuza kubandanya gusoma Bibiliya!”.

Ubukurikira, nya murinzi w’ibohero yarasokoroye inkoho yiwe ntoya, ayimfatirako mu musaya, aca anyereka yuko agira arekure urusoro, nk’uko nabibiganiye ngitangura iyi nkuru. Inyuma y’aho, yaciye ansunikira mu gasho gatoya kuzuyemwo abantu. Nategerezwa kumara ijoro ryose mpagaze. Mugabo n’ubundi sinari gushobora kuryama, kubera yuko nababara umubiri wose. Abo twari dupfunganywe nta yindi mpumurizo bampa atari ukumbwira gusa ngo: “Nta kintu kibabaje nko gupfa uzira idini ry’ibijuju!”. Dogoteri Gleissner yari mu gasho gakurikirana n’ako narimwo. Yarumvise ivyari vyanshikiye maze avuga yiyumvira ati: “Abakirisu bagira bongere kurubona!”.

Mu ci ryo mu 1940, abanyororo twese twarategetswe kuza turaja gukorera mw’iyimbiro ry’amabuye ku w’iyinga, naho nyene mu bisanzwe ku misi yose y’iyinga twaruhuka. Iyo ngingo yafashwe kugira bahane abanyororo bamwebamwe ngo bari bakoze amakosa. Twategetswe kuza turaseha ibibuye bininibinini tubikura muri nya yimbiro ry’amabuye tukabijana mw’ikambi. Igihe kimwe, abanyororo babiri bariko bagerageza kundemeka urubuye amahero ku mugongo, hakaba hari hasigaye gatoya ngo nsabe. Ariko rero, uwitwa Arthur Rödl, akaba yari umuhagarikizi w’ibohero (uwo bita Lagerführer), yaraje kuntabara ntari ndavyiteze. Abonye ukuntu ndiko ndinanata kugira ngo ntware rwa rubuye, yaciye ambwira ati: “Naho woraramwo ntiwokwigera ushikana mw’ikambi urwo rubuye uruhetse! Rushire hasi ubu nyene!”. Yari akubise uwashaka kurira. Rödl yaciye anyereka ibuye riremurutse, avuga ati: “Tora ririya, uheze urijane mw’ikambi. Riroroshe gutwara!”. Yaciye ahindukira araba umuhagarikizi wacu maze ategeka ati: “Reka Abatohoji ba Bibiliya basubire aho baba mw’ikambi. Ivyo bakoze kuri uyu musi birakwiye!”.

Igihe umusi umwumwe wose w’ibikorwa waba uheze, nama nantaryo mpimbarwa no kwifatanya n’umuryango wanje wo mu vy’impwemu. Twari twarashizeho uburyo bwo kugabanganya imfungurwa zo mu vy’impwemu. Umuvukanyi yarandika umurongo wo muri Bibiliya ku gapapuro maze akagahereza abandi. Vyongeye, hariho Bibiliya yari yarinjijwe mu kinyegero mw’ikambi. Ibitabu vyari biyigize vyaratandukanijwe kimwe cose gisigara kiri ukwa conyene. Mu kiringo c’amezi atatu, nahawe igitabu ca Yobu. Nakinyegeje mu mashesheti yanje. Inkuru ya Yobu yaramfashije kuguma nshikamye.

Amaherezo, ku wa 7 Ntwarante 1941, naragiye mu mugwi munini w’abanyororo wimuriwe mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Niederhagen. Amagara yanje yagenda arayonga ku musi ku musi . Umusi umwe, twe n’abandi bavukanyi babiri twategetswe gupakira ibikoresho mu bisandugu bininibinini. Duhejeje, twaciye tujana n’uwundi mugwi w’abanyororo dusubira aho twaba mw’ikambi. Umusoda umwe yarabonye yuko abandi bagenda baransiga. Yarashangashiwe rwose gushika n’aho nagiye numva ankubita umugere anturutse inyuma, ata kigongwe, bituma nkomereka bimwe bibi. Naho ububabare bwari bwose, naragiye ku bikorwa bukeye.

Ndekurwa ntari ndavyiteze

Muri Ndamukiza 1943, abari mw’ikambi ry’i Niederhagen amaherezo barimuriwe ahandi. Inyuma y’ivyo, narimuriwe mw’ikambi ryitiriwe iry’urupfu ry’i Ravensbrück. Hanyuma muri Ruheshi 1943, narahawe ntari ndavyiteze akaryo ko kuva mw’ikambi ry’itunatuniro. Ico gihe hoho, sinategerezwa kubanza kwihakana ukwizera kwanje ngo mbone kurekurwa. Nategerezwa gusa kwemera gukora ibikorwa vy’agahato kw’iyororero-rimiro ubuzima bwanje bwose. Naremeye gukora ico gikorwa kugira ngo mbone uko nokira amabi yo mw’ikambi. Naragiye ku muganga w’iyo kambi kugira ngo ansuzume ubwa nyuma. Nya muganga yaratangajwe no kumbona. Yaciye atangara ati: “Eh, uracari Icabona ca Yehova!”. Namwishuye nti: “Urarivuze, Muganga”. Yasubijeyo ati: “Nimba ari ukwo biri simbona igituma twokurekura. Ariko ndaguye ndagarutse, twokwiruhutsa hamwe twokwikurako ikiremwa nkawe giteye akagongwe”.

Ukwo ntikwari ugushikuza. Ukuntu amagara yanje yari ameze vy’ukuri kwari guteye akagongwe. Inda zari zagiye zirandya ku rukoba, inkoni nakubitwa zari zatumye ugutwi kumwe kuziba, umubiri wanje wose na wo ukaba wari wuzuyeko ibisebe bijega amashira. Haciye amezi 46 ntaronka ivya nkenerwa, nicwa n’inzara idahera nongera nkoreshwa ibikorwa vy’umuruho, nari nsigaye mpima ibilo 28 gusa. Ukwo ni ko nari meze igihe narekurwa nkava mw’ikambi ry’i Ravensbrück ku wa 15 Mukakaro 1943.

Nasubijwe mu gisagara canje c’amavukiro ndi muri gariyamoshi, bakaba batarinze kumpa uwuncunga, hanyuma ndenguka ku biro bikuru vya ca gipolisi c’Abanazi (Gestapo) i Linz. Umukuru muri ico gipolisi yarampaye impapuro zemeza ko ndekuwe mugabo aca angabisha ati: “Nimba wiyumvira yuko tukurekuye kugira ngo ushishikare igikorwa cawe co mu kinyegero, urihenze cane! Uze ugire imana ntitwongere kugufata uriko uramamaza”.

Nari ngiye nashika i muhira! Nta kintu na kimwe mawe yari yarakomye mu cumba canje kuva igihe nafatwa ari bwo bwa mbere, aho hakaba hari kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 1939. Washaka na Bibiliya yanje yagumye izinguruye ku kameza kari hampande y’igitanda naryamako! Naciye mpfukama, ndaheza ntura isengesho rivuye ku mutima ryo gukenguruka.

Bidateye, nashinzwe gukora mw’iyororero-rimiro ryari mu misozi. Nyene iryo yororero-rimiro, uwo na we akaba yari umugenzi twarukanye, yarampa mbere agashahara gatoyi, naho atabwirizwa kubigira. Imbere y’uko intambara itera, uwo mugenzi yari yaremeye ko nyegeza mu nyubakwa ziwe bimwebimwe mu bitabu vyanje bishingiye kuri Bibiliya. Narahimbawe no kwikora kuri ivyo bitabu nari naranyegeje kugira ngo ndonke inkomezi zo mu buryo bw’impwemu. Ivyo nari nkeneye vyose narabironse, nca rero ndiyemeza kurindirira kuri iryo yororero-rimiro gushika intambara iheze.

Ninyegeza mu misozi

Ariko rero, uwo mwidegemvyo wamaze igihe gito. Mu 1943 ukwezi kwa Myandagaro kugeze hagati, nategetswe kurenguka ku muganga w’abasoda kugira ngo ansuzume. Yabanje kuvuga yuko ntakwiriye kuja mu gisoda kubera umugongo wanje utari umeze neza. Ariko rero, haciye indwi imwe nya muganga nyene yarasubiyemwo ivyo yari yatoye maze yandika ati: “Arabereye kuja ku rugamba muri bamwe barwanira imbere”. Igisoda camaze igihe gito kitazi irengero ryanje, mugabo ku wa 17 Ndamukiza 1945, hasigaye igihe gito ngo intambara irangire, cahavuye kintora. Narashizwe ku gahato muri ico gikorwa mu basoda barwanira imbere.

Naciye mfata utuntu dukeyi be na Bibiliya, mpungira mu misozi yo mu micungararo. Mu ntango, narashoboye kuryama hanze, mugabo ikirere caciye kimera nabi, hongera haragwa urubura rushika ku nusu y’imetero uvuye hasi. Narajovye umubiri wose. Narashoboye gushika ku kazu kari ku bukiruruke bw’imetero nka 1.200 uvuye ku buringanire bw’ikiyaga. Naracanye umucanwa ahantu bacanira umuriro ndiko ndajugumira, maze ndashobora kwota no gususurutsa impuzu zanje. Utuguvu tumaze kumperamwo, narasinziririye ku ntebe imbere y’ahari umuriro. Bidatevye, naciye nkangurwa n’ububabare bwinshi. Nariko ndasha! Naciye nikumbagaza hasi ndondera kuzimya urubeya rundiko. Mu mugongo hose haciye hatuta n’ubushe.

Naremeye guhakwa gufatwa, ndayomboka nsubira kuri rya yororero-rimiro ryo mu misozi butaraca, mugabo umugore wa nyeneryo yari yatekewe n’ubwoba rwose gushika n’aho anyirukana, ambwira yuko bariko barampiga ngo bamfate. Naciye rero nja aho abavyeyi banje baba. Mu ntango, n’abavyeyi banje nyene babanje kugonanwa kunyakira, mugabo bahavuye banyemerera kuryama mu kazu kabikwamwo ivyatsi vy’ibitungwa, mawe na we aravura ibikomere vyanje. Ariko haciye imisi ibiri, abavyeyi banje barahagaritse umutima rwose gushika n’aho mbona yuko vyoba vyiza nsubiye kwinyegeza mu misozi.

Ku wa 5 Rusama 1945, narakanguwe n’urwamo rwinshi. Nagiye mbona indege za rwa Runani rw’ibihugu vyariko birwanya Ubudagi zigurukira hafihafi hejuru yanje. Ico gihe, naciye menya yuko intwaro ya Hitler yatembagajwe! Impwemu ya Yehova yari yarankomeje kugira ngo nihanganire amakuba atoroshe. Nariboneye yuko amajambo yanditswe muri Zaburi 55:22 ari ay’ukuri, ayo akaba yarankomeje cane rwose kuva mu ntango y’ibigeragezo vyanshikiye. ‘Narakoreye Yehova umutwaro wanje’, kandi naho nari umunyantegenke, yaranshigikiye uko naza ndaca “mu mwonga w’igitūtu c’urupfu”.​—Zaburi 23:4.

Ububasha bwa Yehova ‘bwahinguriwe mu ntege nke’

Intambara imaze guhera, ubuzima bwarasubiye buhorobuhoro kumera neza. Nabanje gukora akazi k’amaboko kw’iyororero-rimiro rya wa mugenzi wanje ryari mu misozi. Abasoda ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamaze kwigarurira igihugu cacu muri Ndamukiza 1946, ni ho nagiye gukurwa muri ca gikorwa c’agahato co kurima nari naciriwe gukora ubuzima bwanje bwose.

Intambara irangiye, abavukanyi bakirisu b’i Bad Ischl n’abo mu ntara zo mu micungararo baciye batangura kuza baragira amakoraniro badahorereza. Baratanguye kwamamaza n’umwete wiyongereye. Narahawe akazi k’izamu mw’ihinguriro rimwe, gutyo ndashobora kubandanya gukora umurimo w’ubutsimvyi. Nahavuye nja kuba mu karere k’i St. Wolfgang, maze mu 1949 nabira Theresia Kurz yari afise umwana w’umukobwa yavyaranye n’umugabo bari barubakanye. Uwo mukenyezi wanje nikundira twamaranye imyaka 32 gushika apfuye mu 1981. Nari maze imyaka irenga indwi ndamurwaje.

Theresia amaze gupfa, narasubiye gukora umurimo w’ubutsimvyi, uwo na wo ukaba waramfashije gutsinda irungu rikomeye nari mfise. Ubu ndi umutsimvyi n’umukurambere mw’ishengero nkukira ry’i Bad Ischl. Kubera yuko ntigera mva kw’ikinga ry’ibimuga, ndatanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya nkongera nkaganirira abantu ivyerekeye icizigiro c’Ubwami mu busitani bw’i Bad Ischl canke imbere y’inzu i muhira iwanje. Ibiyago vyiza bishingiye kuri Bibiliya ngiranira n’abantu birambera isoko ry’umunezero ntangere.

Nsubije amaso inyuma, ndashobora kwemeza yuko ibintu bibi nabwirijwe kwihanganira bitanteye umwikomo. Ego ni ko vyarashika nkumva ndihebuye kubera ibigeragezo naba ndimwo. Ariko rero, ubucuti burangwa igishika bwari hagati yanje na Yehova Imana bwaramfashije kwihanganira ivyo bihe bigoye cane. Inkeburo Umukama yahaye Paulo, imwe ivuga ngo “Ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke”, yarabonetse ko ari iy’ukuri no mu buzima bwanje. Ubu mfise imyaka yababa 100, ndashobora kwiyunga ku ntumwa Paulo mu kuvuga nti: “Kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi”.​—2 Ab’i Korinto 12:9, 10.

[Amafoto ku rup. 25]

Narafashwe na ca gipolisi c’Abanazi, muri Ndamukiza 1939

Urwete rwa ca gipolisi c’Abanazi rwariko ibirego, muri Rusama 1939

[Abo dukesha ifoto ku rup. 25]

Amafoto yose: Privatarchiv; B. Rammerstorfer

[Ifoto ku rup. 26]

Imisozi yo mu micungararo yarambereye ahantu h’ubuhungiro

[Ifoto ku rup. 23]

Foto Hofer, Bad Ischl, Austria

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika