ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/5 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Igicumuro c’umwami Dawidi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ingorane mu Ngoro Ibwami
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igihe “umutima umenetse, ujanjaguwe” urondeye guharirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/5 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Dawidi na Batisheba batishwe bahorwa ko barenze ibigo, ariko umwana w’umuhungu bavyaye akaba ari we apfa?

Ivyagezwe vya Musa vyaratomora biti: “Umuntu ni yafatwa aryamanye n’umugore w’uwundi, baze babice bompi: abo ukwari babiri, uwo mugabo yaryamanye n’uwo mugore, na nya mugore nyene, bapfe; ukwaz’abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli” (Gusubira mu vyagezwe 22:22). Iyo Yehova Imana areka urubanza rwerekeye icaha ca Dawidi na Batisheba rugacibwa n’abacamanza b’abantu bisunze Ivyagezwe, abo bene kurenga ibigo uko ari babiri bari kwicwa. Kubera ko abacamanza b’abantu batari gushobora kumenya ibiri mu mitima, bari guca urwo rubanza bisunze ivyo abo bacumuzi bakoze. Uwarenze ibigo yacirwa urwo gupfa. Abacamanza ba Isirayeli nta burenganzira bari bafise bwo guharira uwakoze ico caha.

Imana y’ukuri yoyo irashobora kumenya ibiri mu mutima igatako igaharira ivyaha igihe ibonye ko hariho ishingiro ryo kubigira. Kubera ko urwo rubanza rwari rwerekeye Dawidi, uwari yagiraniye n’Imana isezerano ry’Ubwami, Yehova yahisemwo kudakurikiza ukuntu ibintu vyari bisanzwe bigenda, aba ari we arwicira (2 Samweli 7:12-16). “Umucamanza w’isi yose” arafise uburenganzira bwo guhitamwo kubigira gutyo.​—Itanguriro 18:25.

Yehova yoba yabonye iki igihe yasuzuma umutima wa Dawidi? Akajambo ko hejuru gatangurira Zaburi ya 51 kavuga yuko iyo zaburi ihishura ukuntu Dawidi yumvise amerewe “hamwe uwavugishwa n’Imana Natani yaza kuri we, Dawidi amaze gusambana na Batisheba”. Muri Zaburi 51:1-4 hagira hati: “Ngirira ikigongwe Mana, kubg’imbabazi zawe: Kubg’isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje. Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, unyoze icaha canje. Kuko nzi ibicumuro vyanje, icaha canje cama imbere yanje na ntaryo. Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, nakoze ikibi mu nyonga zawe”. Yehova ategerezwa kuba yabonye ko iyo ntuntu nyinshi Dawidi yari afise mu mutima ari ikimenyamenya c’uko yigaye bivuye ku mutima, aca arabona yuko hariho ishingiro ryo kugirira ikigongwe abo bacumuzi. Vyongeye, Dawidi ubwiwe yari umunyembabazi, tukaba tuzi yuko Yehova agirira imbabazi abagira imbabazi (1 Samweli 24:4-7; Matayo 5:7; Yakobo 2:13). Ni co gituma igihe Dawidi yemera icese icaha yakoze, Natani yamubwiye ati: “Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye”.​—2 Samweli 12:13.

Dawidi na Batisheba ntibari kugenda badashikiwe n’inkurikizi zose z’icaha bakoze. Natani yabwiye Dawidi ati: “Kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa”. Umwana wabo yararwaye hanyuma arapfa naho Dawidi yamaze imisi indwi yisonzesha kandi agandaye.​—2 Samweli 12:14-18.

Hari abo bigora gutegera igituma uyo mwana yapfuye kandi mu Gusubira mu vyagezwe 24:16 havuga hati: “Abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi”. Mugabo ntitwibagire yuko iyo urwo rubanza ruza gucibwa n’abacamanza b’abantu, abo bavyeyi n’uwo mwana yari akiri mu nda bari kuhasiga ubuzima. Urupfu rw’uwo mwana rushobora kandi kuba rwarafashije Dawidi gutahura neza ingene Yehova yababajwe n’icaha yakoranye na Batisheba. Turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova yavyifashemwo neza kuri ico kibazo kubera yuko ‘inzira yiwe itunganye rwose’.​—2 Samweli 22:31.

[Ifoto ku rup. 31]

Dawidi yaragaragaje ko yigaye bivuye ku mutima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika