‘Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’
BAMEZE nk’isinzi ry’inzige, indimiro zimera bazihindura iyondoyondo. Ni mu gihe abacamanza ari bo batwara muri Isirayeli, Abisirayeli bakaba bari mu mwiheburo. Mu kiringo c’imyaka indwi, ivyo Abisirayeli bateye bigitangura kumera, Abamidiyani, Abamaleki n’abantu b’i Burasirazuba baca baza gutera ico gihugu bari ku masho y’ingamiya. Amasho y’abo bambuzi aca akwiragira hose arondera aho arisha, akarigita icitwa icatsi cose. Abisirayeli bobo nta gitungwa basigaranye, kaba akadogoba, agaka canke agatama. Intwaro y’igikenye y’Abamidiyani iracinyiza Abisirayeli barembejwe n’ubukene gushika n’aho baja kunyegera mu vyobo vyo mu misozi, mu masenga no mu maboma.
Ni kubera iki bashikirwa n’amakuba nk’ayo? Abisirayeli bahunye bariko bakorera imana z’ikinyoma, ivyo bikaba bituma Yehova abagabura mu maboko y’ababacura bufuni na buhoro. Abisirayeli babonye ko batagishobora kuvyihanganira, batakambira Yehova ngo abatabare. Yoba abumviriza? Ivyashikiye Abisirayeli vyotwigisha iki?—Abacamanza 6:1-6.
Yoba yari umurimyi yiyubara canke yari “umuhizi w’inkomezi”?
Mu bisanzwe, abarimyi b’Abisirayeli bagosora ingano mu kuzikubita bakoresheje impfizi n’ikibando, bakabigirira hanze, ahantu haca akayaga kugira ngo umuyaga ugurure ibikumbikumbi, ubitandukanye n’intete. Mugabo ugutinya abo bambuzi barondera gusahura ico gihugu bituma ico gikorwa kigirirwa ahantu hinyegeje. Gideyoni yinyegeje Abamidiyani, akaba ariko akubitira ingano mu bwato buganirwamwo vino, bikaba bishoboka ko cari ikinogo cagutse cimbwe mu gitandara (Abacamanza 6:11). Muri ico kinogo, umuntu arashobora gukubita ingano nkenke akoresheje ikibando. Uravye ingene ibintu vyifashe, Gideyoni nta kundi ari bugire.
Iyumvire ingene Gideyoni atangara igihe umumarayika wa Yehova amwiyeretse, maze akamubwira ati: “Uhoraho ari kumwe na we, ewe wa muhizi w’inkomezi!” (Abacamanza 6:12). Kubera yuko Gideyoni ariko akubitira ingano mu bwato baganiramwo vino yinyegeje, ategerezwa kuba abona ko ata buhizi agira. Yamara, ayo majambo yerekana ko Imana yizigiye ko Gideyoni ashobora kuba indongozi y’umuhizi muri Isirayeli. Naho ari ukwo, ubwiwe arakeneye icomukura amazinda.
Igihe Yehova amushinga igikorwa co ‘gukiza Abisirayeli ngo abakure mu maboko y’Abamidiyani’, Gideyoni avugana ukwifata ruto ati: “Mbeg’Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu [ni] iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’umuhererezi kwa data!”. Gideyoni umuntu yiyubara arasaba ikimenyetso kimwemeza yuko Imana izoba iri kumwe na we mu kuririka Abamidiyani, Yehova na we akemera kumuha ico kintu cumvikana amusavye kimukura amazinda. Gideyoni aciye ashikanira uwo mumarayika yamugendeye ishikanwa ry’ibifungurwa, maze umuriro waduka uvuye mu kibuye, utongora iryo shikanwa. Yehova amaze guhumuriza Gideyoni, Gideyoni aca yubaka igicaniro aho hantu.—Abacamanza 6:12-24.
‘Bayali ni yirwanire’
Ingorane nyamukuru Abisirayeli bafise si uguhahazwa n’Abamidiyani, ahubwo ni ukujakarira ugusenga Bayali. Yehova ni “Imana ifūha”, kandi ntashobora kwemera umuntu avuga ko amukorera akongera agasenga izindi mana (Kuvayo 34:14). Ni co gituma Yehova ategeka Gideyoni gusangangura igicaniro ca Bayali ca se no gutemagura inkingi y’ikigirwamana. Kubera yuko Gideyoni atinya ingene Se wiwe n’abandi bantu bovyakira aramutse abigize ku murango, abikora mw’ijoro afashijwe n’abasuku cumi.
Ukwiyubara kwa Gideyoni kurafise ishingiro, kubera yuko igihe abasenga Bayali bamenye ko ari we yakoze ico kintu babifata nk’ukumenja, bagaca basaba ko yicwa. Ariko rero, se wa Gideyoni ari we Yowasi, akoresheje uburyo bwo kuzirikana bwumvikana, arumvisha abantu yuko iyaba Bayali yari Imana yari gushobora kwirwanira. Yowasi aca yita umuhungu wiwe izina abereye ari ryo Yerubayali, bisobanura ngo ‘Bayali ni yirwanire’.—Abacamanza 6:25-32, akajambo k’epfo.
Imana yama ihezagira abasavyi bayo kubera bashigikira ugusenga kw’ukuri bashize amanga. Igihe Abamidiyani n’abo bafatanije bongera gutera Isirayeli, ‘impwemu ya Yehova ica iza kuri Gideyoni’ (Abacamanza 6:34). Ayobowe n’impwemu y’Imana, ari zo nguvu ikoresha, Gideyoni aratororokanya ingabo zo mu muryango w’Abamanase, izo mu w’Abasheri, izo mu w’Abazabuloni be n’izo mu w’Abanafutali.—Abacamanza 6:35.
Yitegurira urugamba
Naho ubu Gideyoni afise ingabo 32.000, arasaba Imana ikimenyetso. Gideyoni niyasanga ubwoya bw’intama buri ku mbuga butonzeko ikime mugabo hasi hagumye humye, aca amenya ko ari we Imana izokirisha Abisirayeli. Yehova arakora ico gitangaro, maze Gideyoni agasaba gukurwa amazinda rindi rimwe mu gusaba ko ubu hoho ikime cotonda hasi, mugabo ubwoya bw’intama bukaguma bwumye, kandi Yehova arabigira. Gideyoni yoba ariko ariyubara birenze urugero? Biboneka yuko atariko ararenza urugero kubera yuko Yehova akora ivyo amusavye kugira amukure amazinda (Abacamanza 6:36-40). Muri kino gihe, ibitangaro nk’ivyo ntibikibaho. Naho ari ukwo, Yehova arashobora kuduha ubuyobozi akongera akadukura amazinda biciye kw’Ijambo ryiwe.
Ubu naho, Imana ivuze yuko ingabo za Gideyoni ari nyinshi cane. Abisirayeli baramutse batsinze abansi babo bakoresheje ingabo nyinshi gutyo, bohava bihaya ngo ubutore bwabo ni bwo bwabakijije. Mugabo Yehova ni we ategerezwa kwitirirwa intsinzi yimirije. None hakorwe iki? Gideyoni ategerezwa kwikora ku ntunganyo yo mu Vyagezwe vya Musa mu gusaba abanyabwoba ngo bikurire meza. Abibasavye, abantu 22.000 baca bakura meza, hagasigara 10.000 gusa.—Gusubira mu vyagezwe 20:8; Abacamanza 7:2, 3.
Ku Mana, abo bantu baracarenze urugero. Gideyoni abwiwe kubamanukana ku mazi. Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga ko Imana yasavye Gideyoni kujana ingabo ziwe ku ruzi ku zuba rimena imbwa agahanga. Uko vyagenze kwose, Gideyoni arihweza ingene abo bantu banywa amazi. Abantu 300 gusa ni bo bayoresha amazi ukuboko kumwe maze bakayanywera ku kiganza bariko bararaba ko ata mwansi yobatera. Abo bahizi 300 gusa ni bo baza kujana na Gideyoni (Abacamanza 7:4-8). Gerageza kwishira mu kibanza cabo. Kubera yuko abansi bawe bashika 135.000, nta gukeka woca ubona ko intsinzi woyikesha gusa ububasha bwa Yehova, utoyikesha ububasha bwawe.
Imana ibwira Gideyoni ngo ajane n’umusuku wiwe gutata aho Abamidiyani bashagaje. Bagezeyo, Gideyoni aza yumva umuntu arotorera inzozi mugenziwe, uno na we agaca avuga adakekeranya yuko zisobanura ko Imana yiyemeje kugabura Abamidiyani mu maboko ya Gideyoni. Ico ni co nyene Gideyoni ashaka kwumva. Gideyoni araheze amazinda yuko we hamwe n’ingabo ziwe 300 Yehova azobaha intsinzi ku Bamidiyani.—Abacamanza 7:9-15.
Ingene barwana urugamba
Abo bantu 300 bagaburwamwo imigwi itatu y’abantu ijanijana. Umuntu wese ahabwa inzamba n’umubindi munini ugaragara. Muri uwo mubindi harimwo urumuri. Itegeko rya mbere Gideyoni abahaye ni iri: ‘Mundabireko: uko ngira abe ari ko mugira; ninavuza inzamba, namwe muce muvuza izanyu, maze mwihe akaruru muti Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’.—Abacamanza 7:16-18, 20.
Abo barwanyi 300 b’Abisirayeli baragenda badakoma akatsi, bagakikuza aho abansi babo bashagaje. Ni nk’isaha zine z’ijoro, ni ukuvuga bagiheza guhindura abateramyi. Bisa n’uko ico ari co gihe kibereye co gutera, kubera yuko bisaba ko haca akanya kugira ngo ibitirotiro bihere ku maso y’abasoda basubiriye abandi kw’izamu.
Ese ukuntu Abamidiyani batekerwa n’ubwoba! Bukwi na bukwi muri ako gacerere, baza bumva urwamo ruvuye ku kumenagurika kw’imibindi 300, amajwi y’inzamba 300, n’akaruru k’abantu 300. Kubera yuko Abamidiyani babuze ico bafata n’ico bareka, na canecane bitumwe na ka karuru kavuga ngo ‘Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’, baca bongera induru ku yindi. Muri uwo muvurungano, ntibashobora gutandukanya umwansi n’umukunzi. Abo bantu 300 baguma bihagarariye aho bashizwe, mu gihe Imana iriko iratuma abansi babo bazibagurana bakoresheje inkota zabo. Ikambi iraneshwa, abasigaye nta ho bari buhungire, ibikorwa vyo guherengeteza umwansi bigizwe no kumwoma inyuma, bituma Abamidiyani batongera kugeramira Abisirayeli. Agacinyizo kari kamaze igihe kirekire kagiye karangira.—Abacamanza 7:19-25; 8:10-12, 28.
N’inyuma y’iyo ntsinzi, Gideyoni aguma yifata ruto. Igihe Abefurayimu bamutonganije, bikaba bisa n’uko biyumvamwo yuko yabagaye kubera atabatabaje, abishurana ukwiyorosha. Inyishu yiyoroheje abaye irahwamika uburake bwabo, maze bagaturura.—Abacamanza 8:1-3; Imigani 15:1.
Ubu rero ko amahoro yagarutse, Abisirayeli basavye Gideyoni ngo ababere umwami. Mbega ikigeragezo! Ariko Gideyoni avyamirira kure. Ntiyibagiye uwatsinze Abamidiyani uwo ari we. Avuga ati: “Eka sinemeye kubaganza, n’umwana wanje ntazobaganza; arik’Uhoraho ni we azobaganza”.—Abacamanza 8:23.
Ariko rero, kubera yuko Gideyoni ari umunyagasembwa, ntiyama nantaryo akora ibibereye. Bitumwe n’imvo itavuzwe, arakora efodi mu bintu vyanyazwe mu ntambara, akayishira mu gisagara c’iwabo. Inkuru ivuga yuko iyo efodi Abisirayeli bose “bayihurumbira nk’ibimaka”. Barayisenga, igahindukira umutego Gideyoni n’abiwe. Yamara ntiwumve, ntahinduka umusenzi ruhebwa w’ibigirwamana kubera ko Ivyanditswe bivuga yuko yari umuntu yizera Yehova.—Abacamanza 8:27; Abaheburayo 11:32-34.
Ivyigwa tuhigira
Inkuru ya Gideyoni iratanga ivyigwa bituburira hamwe n’ivyigwa bituremesha. Iratuburira yuko hamwe Yehova yotwaka impwemu yiwe be n’umuhezagiro wiwe kubera yuko twigenjeje nabi, ukuntu ivyacu vyifashe mu vy’impwemu vyoca bimera nk’ivy’abantu barembejwe n’ubukene baba mu gihugu catabagajwe n’inzige. Tubayeho mu bihe bigoye kandi ntidukwiye kwigera twibagira yuko umuhezagiro wa Yehova ‘ari wo utungisha be n’uko ata mubabaro awuvangamwo’ (Imigani 10:22). Imana iduhezagira kubera yuko ‘tuyikorera n’umutima utunganye kandi ukunze’. Ahandiho, yodukurako amaboko.—1 Ngoma 28:9.
Turashobora kuremeshwa n’inkuru ya Gideyoni, kubera ko yerekana yuko Yehova ashobora gukura abasavyi biwe mu kaga ako ari ko kose, akoresheje mbere abantu basa n’abafise intege nke canke basa n’abataco bashoboye. Kubona Gideyoni n’abantu biwe 300 baranesheje Abamidiyani 135.000, birerekana ko Imana ifise ububasha bw’akaburarugero. Twoshobora gusanga turi mu bintu bigoye, bigasa n’uko abansi bacu ari isinzi kuri twebwe. Ariko rero, inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Gideyoni iraturemesha kwizigira Yehova, we ahezagira akongera agakiza abamwizera bose.