ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/8 rup. 4-7
  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki dupfa?
  • ‘Icaha carazanywe mw’isi’
  • “Umukobga . . . arasinziriye”
  • Gutahura ivyerekeye urupfu biratuma tugira ubuzima buri n’ico buvuze
  • “Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?”
  • Ikibazo ca 2: Bizongendera gute ninapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Urupfu si iherezo rya vyose!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?
    Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?
  • Abapfuye bari hehe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/8 rup. 4-7

‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’

IYUMVIRE ko uriko urasoma ikinyamakuru gifise uwo mutwe w’ikiganiro wanditse aho haruguru, aho gusoma ivy’akigeme kiyahuye. Ego ni ko, nta kinyamakuru na kimwe kirigera kivuga amajambo nk’ayo. Ariko ayo majambo aranditse mu gitabu kimaze imyaka ibihumbi canditswe, ico na co kikaba ari Bibiliya.

Mu Vyanditswe, urupfu rurasigurwa mu buryo butomoye. Vyongeye, Bibiliya ntihishura gusa igituma dupfa, ariko kandi irasigura n’ingene abapfuye bamerewe ikongera igatanga icizigiro ku vyerekeye abacu bapfuye. N’ikindi kandi, iravuga ivy’igihe gihambaye rwose aho umuntu azoshobora kuvuga ati: “Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose”.​—1 Ab’i Korinto 15:54, NW.

Bibiliya irasigura urupfu mu majambo asanzwe aho gukoresha ayagoye gutahura. Nk’akarorero, akatari gake iza iragereranya urupfu n’‘ugusinzira itiro’, kandi ivuga yuko abapfuye “[basinziriye] itiro ry’urupfu” (Zaburi 13:3; 1 Ab’i Tesalonike 4:13; Yohana 11:11-14). Urupfu rudondorwa kandi ko ari “umumenja” canke umwansi (1 Ab’i Korinto 15:26). N’igihambaye kuruta, Bibiliya iradufasha gutahura igituma urupfu rumeze nk’itiro, igituma rubabaza abantu, be n’ingene uwo mwansi amaherezo azotsindwa.

Ni kubera iki dupfa?

Igitabu ca mbere ca Bibiliya kirigana ukuntu Imana yaremye wa muntu wa mbere Adamu, hanyuma ikamushira ahantu h’iparadizo (Itanguriro 2:7, 15). Adamu amaze kuremwa, yarashinzwe ibikorwa, yongera arihanikirizwa ikintu kimwe. Ku vyerekeye igiti kimwe cari mw’itongo ry’i Edeni, Imana yamubwiye iti: “Ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza”a (Itanguriro 2:17). Gutyo, Adamu yaratahuye ko urupfu cari ikintu umuntu ashobora kwirinda. Umuntu yopfuye igihe yorenze kw’itegeko ry’Imana.

Ikibabaje, Adamu n’umugore wiwe Eva baragambaraye. Barirengagije igomba ry’Umuremyi wabo, maze baribonera ingaruka zavyo. Igihe Imana yavuga ingaruka z’icaha bari bakoze, yababwiye iti: “[Muri] umukungugu, kand’umukungugu ni wo [m]uzosubiramwo” (Itanguriro 3:19). Bacitse abantu bafise akanenge gakomeye, ni ukuvuga abanyagasembwa. Agasembwa kabo, canke ukuba bari abanyavyaha, vyobashikanye ku rupfu.

Ikindi kandi, uruvyaro rwakomotse kuri Adamu na Eva, ni ukuvuga umuryango w’abantu wose uko ungana, rwararazwe ako kanenge, ari co caha. Twovuga yuko vyabaye nka kurya kw’indwara mvukanwa. Adamu ntiyatakaje gusa akaryo ko kugira ubuzima butarimwo umubabaro uterwa n’urupfu, ariko kandi yararaze agasembwa uruvyaro rwiwe. Umuryango w’abantu waragizwe imbohe n’icaha. Bibiliya ivuga iti: “None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha”.​—Abaroma 5:12.

‘Icaha carazanywe mw’isi’

Ako kanenge twarazwe, ari co caha, si ikintu umuntu ashobora kubona n’amaso. Ijambo “icaha” ryerekeza ku kanenge ko mu vy’inyifato runtu no mu vy’Imana twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere, kakaba kandi kagira ingaruka ku mibiri yacu. Ariko rero, Bibiliya irerekana ko Imana yatanze umuti wako. Intumwa Paulo asigura ati: “Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Abaroma 6:23). Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abanyakorinto, yarongeyeko ikintu gikura amazinda, ico yabona ko gihambaye cane kuri we. Yanditse ati: “Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima”.​—1 Ab’i Korinto 15:22.

Biribonekeza yuko Yezu Kirisitu afise uruhara ruhambaye mu vy’ukurandurana n’imizi icaha n’urupfu. Yavuze yuko yazanywe kw’isi no “gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi” (Matayo 20:28). Ivyo twobigereranya n’igihe umuntu aba yanyurujwe, akaba ashobora kurekurwa ari uko gusa harishwe igitigiri kanaka c’amahera canke ikintu kinaka casabwe. Rero natwe, incungu ishobora kudukiza icaha n’urupfu, ni ubuzima bwa Yezu butagira agasembwab.​—Ivyakozwe n’intumwa 10:39-43.

Kugira Imana itange incungu, yarungitse Yezu kw’isi gutanga ubuzima bwiwe. “Urukundo Imana yakunze abari mw isi . . . rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese . . . ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Imbere yuko Kirisitu apfa urupfu rwo kwitangako inkuka, ‘yarashingiye intahe ukuri’ (Yohana 18:37). Igihe yarangura ubusuku bwiwe bwo ku mugaragaro, yarafatira ku bintu bimwebimwe vyashitse kugira ngo ahishure ukuri ku vyerekeye urupfu.

“Umukobga . . . arasinziriye”

Igihe Yezu yari kw’isi, urupfu si ikintu atari amenyereye. Yarababazwa no kubona abantu bapfa, kandi yari azi neza ko ubwiwe yopfuye (Matayo 17:22, 23). Imbere y’uko Yezu yicwa, bikaba biboneka ko hari hasigaye amezi makeyi, umugenzi somambike wiwe Lazaro yarapfuye. Ico kintu cabaye kiradufasha gutahura ingene Yezu yabona urupfu.

Inyuma gatoyi y’aho Yezu yumviye yuko Lazaro yapfuye, yavuze ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura”. Abigishwa ba Yezu baciye bavuga yuko Lazaro yokize nimba yariko araruhuka gusa. Ni ho Yezu yaca abatomorera ati: “Lazaro yahwereye” (Yohana 11:11-14). Biboneka ko Yezu yabona ko urupfu rumeze nk’itiro. Naho urupfu rwoba rutugora gutegera, itiro ryoryo turaritahura. Igihe turi mw’itiro ryinshi, ntitumenya ingene umwanya uriko uragenda be n’ibiriko biraba mu micungararo, kubera ko muri uwo mwanya ata co tuba dushoboye kumenya. Ukwo nyene ni ko Bibiliya isigura ingene abapfuye bamerewe. Mu Musiguzi 9:5 havuga hati: “Abapfuye nta co baba bakizi”.

Ikindi catumye Yezu agereranya urupfu n’itiro, ni uko abantu bashobora gukangurwa bakava mu rupfu, bivuye ku bubasha bw’Imana. Igihe kimwe, Yezu yaragendeye umuryango umwe wari utuntuye kubera ko wari uhejeje kubura umwana w’umukobwa. Yezu yavuze ati: “Umukobga [nti]yahwereye, arikw arasinziriye”. Yaciye yegera uwo mukobwa yari yapfuye, amufata ukuboko, nya mukobwa aca “aravyuka”. Mu yandi majambo, yaciye ava mu bapfuye.​—Matayo 9:24, 25.

Muri ubwo buryo nyene, Yezu yarakuye Lazaro mu rupfu. Ariko imbere yo gukora ico gitangaro, yarahojeje Marita mushiki wa Lazaro mu kumubwira ati: “Musazawe azozuka”. Marita yishuye ata mazinda ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo” (Yohana 11:23, 24). Biboneka ko Marita yari yizigiye ko abasavyi b’Imana bose umusi uri izina bozutse.

None, neza na neza kuzuka bisobanura iki? Ijambo ry’ikigiriki (a·naʹsta·sis) rihindurwa ngo “izuka”, risobanura urudome ku rundi ngo “guhagarara”. Bisobanura kuva mu bapfuye. Hari abobona ko ivyo bidashoboka, yamara aho Yezu amariye kuvuga yuko abapfuye bazokwumva ijwi ryiwe, yaciye avuga ati: “Ntimutangazwe n’ico” (Yohana 5:28). Kuba Yezu ubwiwe yarazuye abantu igihe yari kw’isi bituma twizigira umuhango Bibiliya itanga w’uko abantu bapfuye Imana yibuka bazova mu cokwitwa itiro bazoba bamazemwo igihe kirekire. Mu Vyahishuriwe 20:13 haravuga ibizoba muri kazoza hati: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo”.

None abo bantu bapfuye boba bazozuka kugira gusa bongere gusaza bace basubira gupfa, nka kurya vyabaye kuri Lazaro? Uwo si wo mugambi Imana ifise. Bibiliya iradukura amazinda yuko hazogera igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho’, ico gihe rero akaba ata wuzosaza ngo amaherezo apfe.​—Ivyahishuriwe 21:4.

Urupfu ni umwansi. Umuryango w’abantu urafise n’abandi bansi dusanzwe tumenyereye, nk’akarorero indwara n’ubusaza, na vyo nyene bikaba bitera abantu umubabaro mwinshi. Imana isezerana yuko izohasha abo bansi bose, amaherezo ikazoca icira urubanza wa mwansi mukuru w’abantu. “Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa”.​—1 Ab’i Korinto 15:26.

Uwo muhango niwamara kuranguka, abantu bazogira ubuzima butunganye, ata caha n’urupfu bibwonona. Mu kurindira ico gihe, turashobora guhumurizwa no kumenya yuko abacu bapfuye baruhutse, kandi nimba Imana ibibuka, bazozuka igihe yashinze nicagera.

Gutahura ivyerekeye urupfu biratuma tugira ubuzima buri n’ico buvuze

Gutahura neza ivyerekeye urupfu be n’icizigiro kihari ku bapfuye birashobora guhindura ingene tubona ubuzima. Ian, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, igihe yari ageze mu myaka 20 yaramenye ingene Bibiliya isigura urupfu. Avuga ati: “Nagumye mfise icizigiro kidatomoye c’uko dawe ari ahantu hanaka. Rero igihe namenya ko yari asinziriye gusa mu rupfu, vyabanje kumvuna umutima”. Ariko rero, igihe Ian yasoma ivyerekeye umuhango Imana yatanze wo kuzura abapfuye, yararengewe n’umunezero kubera yamenye yuko azoshobora kwongera kubona se wiwe. Yibuka ati: “Ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje, narumvise amahoro”. Gutahura mu buryo bubereye ivyerekeye urupfu vyaramuzaniye amahoro yo mu mutima yatumye aturura mu bwenge.

Clive na Brenda barabuze umuhungu wabo Steven yari afise imyaka 21, ahitanywe na rya sanganya rikomeye twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. Naho bari bazi ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye urupfu, bari bagifise intuntu mu mutima kubera ukuntu babuze uwo muhungu wabo giturumbuka. Ntibitangaje kubera ko urupfu ari umwansi, kandi uruboyi rwarwo rurababaza. Uko bagiye baramenya ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye ingene abapfuye bamerewe, ni ko intuntu bari bafise yagiye iragabanuka. Brenda avuga ati: “Gutahura ivyerekeye urupfu vyatumye ubuzima bwacu busubirana maze turakomeza imirimo yacu ya misi yose. Ariko ntiwumve, nta musi urengana tutiyumviriye igihe Steven azokanguka akava mw’itiro ry’umukondorazosi”.

“Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?”

Si agaseseshwarumuri, gutahura neza ingene abapfuye bamerewe, birashobora kudufasha kubona ubuzima mu buryo butarimwo ukurenza urugero. Si ngombwa ngo urupfu rube amayobera. Turashobora kunezererwa ubuzima ata kwicwa n’ubwoba bw’uwo mwansi abunze mu micungararo. Vyongeye, kumenya yuko urupfu atari ngombwa ngo ruzimanganye ubuzima bwacu ubutakigaruka, biratuma tutarondera kubaho twinezereza gusa, twiyumvira yuko ngo ubuzima ari ubw’akanya gato. Kumenya yuko abacu bapfuye Imana yibuka basinziriye mu rupfu be n’uko bagiye kuzuka, birashobora kuduhoza bikongera bigatuma twumva tugomba kubandanya kubaho.

Vyemere, turashobora kurindirana umutima mu nda igihe co muri kazoza aho Yehova Imana, we Mutanzi w’ubuzima, azohamba urupfu ubutakigaruka. Ese ingene uzoba ari umuhezagiro igihe tuzoba dushobora kuvuga ata kwihenda duti: “Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?”.​—1 Ab’i Korinto 15:55.

[Utujambo tw’epfo]

a Aho ni ho Bibiliya ivuga ivy’urupfu ari bwo bwa mbere.

b Incungu yatanzwe bwari ubuzima butagira agasembwa, kubera ko ari bwo Adamu yari yaratakaje. Kubera yuko icaha candukiye abantu bose, nta muntu n’umwe afise agasembwa yari gushobora kuba incungu. Ni co gituma Imana yarungitse Umwana wayo yari mw’ijuru ngo aze gutanga iyo ncungu (Zaburi 49:7-9). Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 5]

Ukutagamburuka kwa Adamu na Eva kwashikanye ku rupfu

[Ifoto ku rup. 6]

Yezu yarafashe ukuboko wa mukobwa yari yapfuye, uwo mukobwa aca aravyuka

[Ifoto ku rup. 7]

Abantu benshi bararindiriye igihe ababo bapfuye bazova mw’itiro basinziriye, nk’uko vyabaye kuri Lazaro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika