Ni inyigisho bwoko ki yotuma uroranirwa mu buzima?
WOBA umaze kwumva urengewe rwose n’ingorane ku buryo wumva umengo ni nk’aho woba uriko uramirwa mw’ibenga ry’amazi yizunguriza? Iyumvire honyene umubabaro wogira hamwe wokwihenda igihe uriko ugerageza gutorera umuti ingorane imwe muri izo canke zirenga! Nta n’umwe avukana ubushobozi bwo gutorera umuti ingorane zose ata kwihenda, akama afata ingingo ziranga ubukerebutsi ibihe vyose. Ni co gituma rero inyigisho ikenewe. None inyigisho yogufasha kwitegurira guhangana n’ingorane zo mu buzima woyikura hehe?
Abantu benshi, baba abato canke abakuze, bavuga yuko kwiga amashure menshi bihambaye rwose. Abahinga bamwebamwe bavuga mbere yuko “babona neza ko udashobora kwigera uronka akazi [keza] utize kaminuza”. Yamara, hari ibintu bimwebimwe abantu bakenera badashobora guhabwa n’ibintu bifadika bashitseko. Nk’akarorero, kwiga amashure ahanitse vyoba vyogufasha kuba umuvyeyi mwiza, umunega canke umukenyezi mwiza, kibure umugenzi mwiza? Nkako, abantu bemerwa kubera ibintu vy’ubumenyi baba barashitseko boshobora gutsimbataza kamere zitabereye, ugasanga mu miryango yabo nta kigenda, canke mbere ugasanga amaherezo no kwiyahura bariyahuye.
Hari abaja kuronderera ubuyobozi mu madini nka yo sôko ry’inyigisho, mugabo bakavunwa umutima n’uko bataronka imfashanyo ngirakamaro ibafasha guhangana n’ingorane zo mu buzima. Akarorero kamwe kavyerekana ni ak’uwitwa Emiliaa wo muri Megizike. Avuga ati: “Narumva yuko twe n’umunega wanje tutari tugishoboye kubana, ubu hakaba haciye imyaka 15 ivyo binshikiye. Umwanya wose twama twahazutse. Nta ko ntagize ngo ahebe inzoga, ariko vyabaye ivy’impfagusa. Ni kenshi nategerezwa gusiga utwana twacu turi twonyene, nkaja kurondera umugabo wanje. Nari naratuntuye mu mutima. Akatari gake, naragenda kw’isengero kurondera ikintu comfasha gutorera umuti ingorane nari mfise. Naho rimwe na rimwe Bibiliya yakoreshwa, sinigeze numva impanuro n’imwe ihuye neza na neza n’ingorane yanje; eka mbere nta numwe yanyegereye ngo ambwire ico nokora. Kumara umwanya nicaye mw’isengero nongera nsubiramwo ibisabisho bimwebimwe numva bidahagije”. Abandi na bo boshobora kwumva bavunitse umutima igihe babonye ukuntu abakuru b’idini babo badatanga akarorero keza mu buryo babayeho. Ivyo bituma benshi bataba bakibona yuko idini rishobora kubaronsa inyigisho yotuma baroranirwa mu buzima.
Hari aho rero woca wibaza uti: ‘None ni inyigisho bwoko ki nkwiye kuronka kugira ntume ubuzima bwanje buroranirwa?’. Ubukirisu nyakuri bwoba bufise inyishu y’ico kibazo gihambaye? Ivyo birarimburwa mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Izina ryarahinduwe.