Ubukirisu bukwiragira mu bayuda bo mu kinjana ca mbere
NKO mu mwaka wa 49 G.C., hari inama ihambaye yabereye i Yeruzalemu. Abantu “bashimwa kw ar’inkingi” z’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere, ari bo Yohani, Petero na Yakobo mwene nyina wa Yezu, ni ho bari. Abandi babiri bavugwa ko ari ho bari, ni intumwa Paulo be na mugenziwe Barunaba. Uwo musi bari baramutse bihweza ibijanye n’ukugabura akarere kanini cane bari bagiye gukoreramwo igikorwa co kwamamaza. Paulo yasiguye ati: “Ba[radukoze] mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge”.—Ab’i Galatiya 2:1, 9a.
Ico bumvikanyeko cari igiki? Kwoba kwari ukugabura abo bari kubwira inkuru nziza, ni ukuvuga bamwe bakaja kubwira Abayuda n’abahindukiriye idini ryabo, abandi na bo bakaja kubwira Abanyamahanga? Canke kwoba kwari ukugabura akarere butaka? Kugira ngo tumenye ico bumvikanyeko ico ari co, turakeneye kumenya amakuru amwamwe ya kahise yerekeye Abayuda bo mu mahanga, ni ukuvuga Abayuda baba hanze y’igihugu ca Palesitina.
Intara Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bakwiragiyemwo
Ni Abayuda bangana iki baba mu mahanga mu kinjana ca mbere? Incabwenge nyinshi zisa n’izishigikira ibivugwa n’igitabu kimwe (Atlas of the Jewish World), na co kikaba kigira giti: “Biragoye kumenya neza na neza igitigiri [cabo], mugabo vyagereranijwe ata kurenza urugero yuko imbere gatoyi y’umwaka wa 70 hari Abayuda bashika imiliyoni zibiri n’inusu i Yudaya, be n’abarenga imiliyoni zine mu Buroma. . . . Abayuda bashobora kuba bari bangana hafi n’ic’icumi c’abantu bose baba mu Nganji y’Uburoma, kandi mu bisagara vyo mu ntara zo mu Buseruko, aho wasanga ari ho buzuye, bashobora kuba bari nk’ica kane c’abahaba canke bakanarenga”.
Ahantu canecane wasanga Abayuda benshi ni mu Buseruko, aho tukaba twovuga muri Siriya, muri Aziya Ntoya, i Babiloni no mu Misiri. Hari n’abandi Bayuda bakebake baba mu Buraya. Bamwebamwe mu bakirisu b’Abayuda bo mu ntango bari bazwi cane bavukiye mu mahanga, aho tukaba twovuga nka Barunaba w’i Kupuro, Purisikila na Akwila b’i Ponto bahavuye baja kuba i Roma, Apolo w’i Alegizandiriya, be na Paulo w’i Taruso.—Ivyakozwe n’intumwa 4:36; 18:2, 24; 22:3.
Abayuda baba mu mahanga bari bafise ibintu vyinshi vyatuma bagiranira imigenderanire n’igihugu cabo. Kimwe muri ivyo ryari ikori barungika ku mwaka ku mwaka ku rusengero i Yeruzalemu, ubwo bukaba bwari uburyo bumwe bwo kugira ico baterereye mu buzima bwo ku rusengero no mu vy’ugusenga. Ku bijanye n’ivyo, incabwenge yitwa John Barclay avuga ati: “Hariho ibimenyamenya bihagije vyerekana ko Abayuda bo mu mahanga bitaho cane gutororokanya ayo mahera, ano bakaba bayongerako izindi ntererano zaba zatanzwe n’abifise”.
Ikindi na co, ku mwaka ku mwaka hari Abayuda ibihumbi mirongo baja i Yeruzalemu guhimbaza imisi mikuru. Inkuru iri mu Vyakozwe n’intumwa 2:9-11 ivuga ivyerekeye Pentekote yo mu 33 G.C. iravyerekana. Abayuda bari kuri uwo musi mukuru bari baje bava i Paritiya, mu Bumedi, i Elamu, i Mezopotamiya, i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya, i Furugiya, i Pamfiliya, mu Misiri, muri Libiya, i Roma, muri Kirete, no muri Arabiya.
Abakuru b’urusengero i Yeruzalemu barahanahana amakuru n’Abayuda bo mu mahanga biciye ku makete. Birazwi yuko wa mwigisha w’ivyagezwe Gamaliyeli avugwa mu Vyakozwe n’intumwa 5:34 yarungika amakete i Babiloni no mu yindi mihingo y’isi. Igihe intumwa Paulo yashika i Roma ari imbohe nko mu 59 G.C., “abakuru bo mu Bayuda” bamubwiye yuko ‘ata vyete bari bararonse bivuye i Yudaya bivuga ivyiwe’, bamubwira kandi ko ‘muri benewabo bari baje ata n’umwe yababariye inkuru mbi imwerekeye canke ngo amuvuge nabi’. Ivyo birerekana ko hari amakete n’amaraporo bivuye mu gihugu c’amavukiro c’Abayuda vyakunda kurungikwa i Roma.—Ivyakozwe n’intumwa 28:17, 21.
Bibiliya Abayuda bo mu mahanga basoma yari impinduro yo mu kigiriki y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante. Igitabu kimwe kivuga giti: “Bisa n’ivyumvikana kuvuga yuko Abayuda bo mu mahanga basoma impinduro yitwa [Septante], bakabona kandi ko ari yo Bibiliya y’Abayuda bo mu mahanga canke ‘Ivyanditswe Vyeranda’”. Iyo mpinduro ya Bibiliya abakirisu bo mu ntango barayikorako cane mu kwigisha.
Abari bagize inama nyobozi y’abakirisu yari i Yeruzalemu ivyo bari babizi. Abayuda baba muri Siriya no hirya yaho, ushizemwo i Damasiko n’i Antiyokiya, bari bamaze kwumva inkuru nziza (Ivyakozwe n’intumwa 9:19, 20; 11:19; 15:23, 41; Ab’i Galatiya 1:21). Abari muri ya nama yaba mu 49 G.C. biboneka ko bariko bategura igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza cari kigiye kurangurwa. Reka turabe imirongo yo muri Bibiliya ivuga ukuntu inkuru nziza yakwiragijwe mu Bayuda no mu bahindukiriye idini ryabo.
Paulo agendera Abayuda bo mu mahanga mu ngendo yagira
Igikorwa intumwa Paulo yari yarashinzwe mu ntango cari ico “[kujana] izina [rya Yezu Kirisitu] imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli”b (Ivyakozwe n’intumwa 9:15, ni twe dushimitse.). Inyuma ya ya nama yabera i Yeruzalemu, aho Paulo yaja hose yarabandanije gushikana inkuru nziza ku Bayuda bo mu mahanga (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 14.). Ivyo rero bica vyerekana ko ico bashitseko muri ya nama kwari ukugabura akarere ko kwamamarizamwo. Paulo na Barunaba baranguye igikorwa cabo c’ubumisiyonari mu gukorera mu Burengero, abandi na bo bakorera mu gihugu c’amavukiro c’Abayuda no mu Bayuda benshi cane baba mu Buseruko.
Igihe Paulo na bagenziwe batangura rwa rugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari bavuye i Antiyokiya muri Siriya, impwemu yera yarabayoboye amaja mu Burengero, baca muri Aziya Ntoya bashika i Tirowa. Bavuye ng’aho baciye bajabuka baja i Makedoniya kubera batahuye yuko ‘Imana yari yarabahamagariye kubwira inkuru nziza Abanyamakedoniya’. Mu nyuma, harashinzwe amashengero ya gikirisu mu bindi bisagara vyo mu Buraya, harimwo n’igisagara ca Atenayi be n’ica Korinto.—Ivyakozwe n’intumwa 15:40, 41; 16:6-10; 17:1–18:18.
Nko mu mwaka wa 56 G.C., igihe Paulo yari asozereye urugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari, yaciye ategekanya kubandanya aja kure cane agana mu Burengero, gutyo akagura akarere yari yarahawe muri ya nama yabera i Yeruzalemu. Yanditse ati: “Ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’i Roma”, kandi “[nzoca] i wanyu, nje i Sipaniya” (Abaroma 1:15; 15:24, 28). Ariko tuvuge iki ku vyerekeye Abayuda benshi cane bo mu mahanga baba mu Buseruko?
Abayuda baba mu Buseruko
Mu kinjana ca mbere G.C., mu Misiri ni ho haba Abayuda benshi cane kuruta ahandi, na canecane ku mugwa mukuru waho Alegizandiriya. Ico gisagara cari gihambaye mu vy’ubudandaji no mu vy’imico kama cabamwo Abayuda ibihumbi amajana, kandi cari gikwiragiyemwo amasinagogi. Wa Muyuda w’i Alegizandiriya yitwa Filo yavuze yuko ico gihe mu gihugu cose ca Misiri hari n’imiburiburi Abayuda umuliyoni. Hari n’abandi benshi cane bari baragerereye hafi yaho muri Libiya, bakaba baba mu gisagara ca Kurene no mu micungararo yaco.
Abayuda bamwebamwe bava muri utwo turere bahavuye bacika abakirisu. Bibiliya iravuga ivyerekeye ‘Apolo yamuka i Alegizandiriya’, “abagabo bav[a] i Kupuro n’i Kurene”, be na “Lukiyosi Umunyakurene”, uno akaba yarafashije ishengero ry’i Antiyokiya ho muri Siriya (Ivyakozwe n’intumwa 2:10; 11:19, 20; 13:1; 18:24). Kiretse ivyo, Bibiliya nta co ivuga ku bijanye n’igikorwa abakirisu bo mu ntango bakoreye mu Misiri no mu micungararo yaho. Ivyo ivuga gusa ni ivya wa mwamamaji w’umukirisu Filipo yabwira inkuru nziza ya nkone y’Umunyetiyopiya.—Ivyakozwe n’intumwa 8:26-39.
Mu Nganji ya Babiloni, ushizemwo Paritiya, Ubumedi na Elamu, na ho nyene habayo Abayuda benshi cane. Umutohozakahise umwe avuga yuko “hari Abayuda mu karere ako ari ko kose ko mu kiyaya ca Tigiri na Efurate, uhereye muri Arumeniya ugushika mu Kigobe c’Abarabu, ukaja mu Buraruko bushira Ubuseruko ugashika ku Kiyaga Kasupiyene, ukongera ukaja mu Buseruko ugashika no mu Bumedi”. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopaedia Judaica) kigereranya yuko abo Bayuda bari nka 800.000 canke banarenga. Wa mutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Josèphe atubwira yuko Abayuda ibihumbi mirongo b’i Babiloni baja i Yeruzalemu ku misi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka.
Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., hoba hari ababatijwe mu bari baje i Yeruzalemu bavuye i Babiloni? Ntitubizi. Ariko, mu bumvise Petero kuri uwo musi harimwo n’abari baje bava muri Mezopotamiya (Ivyakozwe n’intumwa 2:9). Turazi yuko intumwa Petero yari i Babiloni nko kuva mu 62-64 G.C. Aho ni ho yandikiye ikete ryiwe rya mbere, kumbure n’irya kabiri (1 Petero 5:13). Babiloni, iyari irimwo Abayuda benshi cane, biboneka ko yabonwa yuko iri mu cibare Petero, Yohani na Yakobo bahawe gukoreramwo muri ya nama ivugwa mw’ikete ryandikiwe Abagalatiya.
Ishengero ry’i Yeruzalemu be n’Abayuda bo mu mahanga
Yakobo yari umukurambere mw’ishengero ry’i Yeruzalemu, akaba na we nyene yari muri ya nama yavugwamwo ibijanye n’uturere (Ivyakozwe n’intumwa 12:12, 17; 15:13; Ab’i Galatiya 1:18, 19). Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., yariboneye n’amaso yiwe ingene Abayuda ibihumbi bo mu mahanga bari baje i Yeruzalemu bakira inkuru nziza maze bakabatizwa.—Ivyakozwe n’intumwa 1:14; 2:1, 41.
Ico gihe n’inyuma yaho, Abayuda ibihumbi mirongo baraje ku misi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka. Kuri iyo misi mikuru, ico gisagara caba cuzuyemwo abantu ku buryo hari bamwe muri abo Bayuda bo mu mahanga baca babwirizwa kuguma mu bigwati vyo mu micungararo canke bagacumbika mu mahema. Uretse ko abo Bayuda baba baje i Yeruzalemu bavuye mu mahanga bahahurira n’abagenzi babo, ya nkoranyabumenyi (Encyclopaedia Judaica) isigura yuko binjira mu rusengero gusenga, gutanga ibimazi no kwiga Itorati, ari vyo Vyagezwe vya Musa.
Nta gukeka yuko Yakobo be n’abandi bo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu baca baboneraho akaryo ko kubwira inkuru nziza abo Bayuda bo mu mahanga. Intumwa zishobora kuba zaramamaza ziyubara rwose muri ca gihe “bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu” bivuye ku rupfu rwa Sitefano (Ivyakozwe n’intumwa 8:1). Imbere y’uko urwo ruhamo rwaduka be n’inyuma yaho, inkuru yerekana yuko umwete abo bakirisu bagize mu kwamamaza watumye habandanya kuba iyongerekana.—Ivyakozwe n’intumwa 5:42; 8:4; 9:31.
Twohakura ivyigwa ibihe?
Vy’ukuri, abakirisu bo mu ntango baragize utwigoro tuvuye ku mutima two kubwira inkuru nziza Abayuda aho baba hose. Muri ico gihe nyene, Paulo be n’abandi baragendera Abanyamahanga bo mu karere ko mu Buraya. Barakurikije rya tegeko Yezu yaha abayoboke biwe imbere y’uko agenda ryo guhindura “abantu bo mu mahanga yose” abigishwa.—Matayo 28:19, 20, NW.
Ako karorero batanze karashobora kutwigisha yuko bihambaye ko twamamaza mu rutonde kugira ngo dushigikirwe n’impwemu ya Yehova. Turashobora kandi kubona yuko havamwo ivyiza igihe tugendera abantu bubaha cane Ijambo ry’Imana, na canecane mu turere usanga tubamwo Ivyabona vya Yehova bake cane. Mu cibare ishengero ryanyu ryahawe, hoba hari uturere tumwetumwe twimbuka cane kuruta utundi? Hari aho vyoba ngirakamaro urushirije kutwamamazamwo kenshi. Hoba hari imisi mikuru ibera mu karere kanyu yoguha akaryo ko kugira utwigoro tudasanzwe two gushinga intahe akaryo kizanye no mu mabarabara?
Ni ngirakamaro ko dusoma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’abakirisu bo mu ntango tukarondera no kumenya amakuru amwamwe y’ido n’ido ajanye na kahise be n’intara. Kimwe mu bikoresho dushobora gukoresha kugira turushirize gutahura vyinshi, ni ka gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’ karimwo amakarata n’amafoto menshi.
[Utujambo tw’epfo]
a Iyo nama ishobora kuba yabaye igihe inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yihweza ca kibazo kijanye n’ugukebwa. Canke na ho ishobora kuba yari ifitaniye isano n’ico kibazo.—Ivyakozwe n’intumwa 15:6-29.
b Iki kiganiro ahanini ntikivuga ivyo Paulo yaranguye ari “intumwa ku banyamahanga”, ahubwo gishimika ku kuntu yabwiye inkuru nziza Abayuda.—Abaroma 11:13.
[Igicapo ku rup. 14]
UKUNTU INTUMWA PAULO YITWARARIKA ABAYUDA BO MU MAHANGA
IMBERE Y’UKO HABA YA NAMA I YERUZALEMU MU 49 G.C.
Ivyakozwe n’intumwa 9:19, 20 I Damasiko—“aca ahērakw avuga mu masinagogi”
Ivyakozwe n’intumwa 9:29 I Yeruzalemu—‘yaravugana n’Abayuda bavuga ikigiriki’
Ivyakozwe n’intumwa 13:5 I Salamini muri Kupuro—“bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda”
Ivyakozwe n’intumwa 13:14 I Antiyokiya h’i Pisidiya—“binjira mw isinagogi”
Ivyakozwe n’intumwa 14:1 Muri Ikoniyo—“binjira mw isinagogi y’Abayuda”
INYUMA YA YA NAMA YABERA I YERUZALEMU MU 49 g.c.
Ivyakozwe n’intumwa 16:14 I Filipi—“Ludiya, . . . yubaha Imana”
Ivyakozwe n’intumwa 17:1 I Tesalonike—“isinagogi y’Abayuda”
Ivyakozwe n’intumwa 17:10 I Beroya—“isinagogi y’Abayuda”
Ivyakozwe n’intumwa 17:17 I Atenayi—“ahārīrira n’Abayuda . . . mw isinagogi”
Ivyakozwe n’intumwa 18:4 I Korinto—“ahārīrira n’abaho mw isinagogi”
Ivyakozwe n’intumwa 18:19 Muri Efeso—“yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda”
Ivyakozwe n’intumwa 19:8 Muri Efeso—“yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga”
Ivyakozwe n’intumwa 28:17 I Roma—“ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe”
[Ikarata ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Abumvise inkuru nziza kuri Pentekote yo mu 33 G.C. baje bava muri utwo turere
ILURIKO
UBUTALIYANO
Roma
MAKEDONIYA
UBUGIRIKI
Atenayi
KIRETE
Kurene
LIBIYA
BITUNIYA
GALATIYA
AZIYA
FURUGIYA
PAMFILIYA
KUPURO
MISIRI
ETIYOPIYA
PONTO
KAPADOKIYA
KILIKIYA
MEZOPOTAMIYA
SIRIYA
SAMARIYA
Yeruzalemu
YUDAYA
UBUMEDI
Babiloni
ELAMU
ARABIYA
PARITIYA
[Bodies of water]
Ikiyaga Mediterane
lkiyaga Cirabura
Ikiyaga Gitukura
Ikigobe c’Abarabu