Ibitangaza vy’irema birashemagiza Yehova
YEHOVA IMANA afise ikibanza kiri hejuru cane ku rugero umuntu w’umunyagasembwa atoruha yiyumvira. Ivyo yaremye biri kw’isi no mw’ijuru biramushemeza bikongera bigatuma tumwubaha bimwe bigera kure.—Zaburi 19:1-4.
Kubera ko Yehova ari Umuremyi akaba na Segaba w’ibiriho vyose, arakwiriye vy’ukuri gutegwa ugutwi igihe avuga. Mugabo rero, ibaze ukuntu twokwumirwa hamwe yotuvugisha twebwe abantu buntu turi kw’isi! Dufate ko akuvugishije, kumbure akakuvugisha abicishije ku mumarayika. Emwe, ntiwobura kumutega ugutwi. Wa mugabo w’umugororotsi Yobu ategerezwa kuba yarateze yompi igihe Imana yariko ivugana na we, ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.500. Ni ibiki dushobora kwigira ku majambo Imana yabwiye Yobu ku biraba isi n’ibiri mu kirere?
Ni nde yashizeho amatanguriro y’isi, kandi ni nde aganza ikiyaga?
Imana irabaza Yobu mu gashururu ku vyerekeye isi n’ikiyaga (Yobu 38:1-11). Nta muhanga n’umwe w’umuntu mu vy’ugucapa imigero yavuze ngo isi ikwiye kungana gutya, hanyuma agaca afasha kuyirema. Imana, mu kugereranya isi n’inyubakwa, ibaza Yobu iti: “Ni nde yashizeh’ibuye rigumya imfuruka?”. Ikizwi co, si umuntu! Igihe Yehova yarema iyi si tubako, abana biwe b’abamarayika baravyitegereza bakaryoherwa.
Ku Mana, ikiyaga kimeze nk’uruyoya, ikaba mu buryo bw’ikigereranyo icambika imyambaro yaco. “[Carafyirutse] nk’ikivuye mu nda”. Imana irugarira ikiyaga nk’aho yoba ikoresha imyugariro n’inzugi ziriko ibihindizo. N’ikindi kandi, imikuba igengwa n’inguvu zikwega ibintu z’ukwezi n’izuba.
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Myinshi mu mipfunda yo mu mabahari usanga iterwa n’umuyaga, uhereye ku dupfunda dutoduto ugashika ku bipfunda bininibinini biterwa n’ibihuhusi birenza imetero 30 z’igihagararo. . . . Iyo umuyaga uretse guhuhuta, imipfunda irabandanya hejuru kw’ibahari, kandi irashobora kugira urugendo rurerure rwose ivuye aho yahereye. Igenda irarushiriza kugabanya amakari no kuba miremire. Irateba igashika ku nkengera, aho ica isâba ikamera nk’ifuro”. Ikiyaga kiragamburuka iri tegeko Imana yagishingiye rigira riti: “Garukira aha, ntuharēngāne: . . . aha ni ho imipfunda yawe yīshira hejuru izogarukira”.
Ni nde atuma umutwenzi utambika?
Ubukurikira, Imana irabaza Yobu ku bijanye n’ivyo umuco ukora no ku bijanye n’ibindi bintu (Yobu 38:12-18). Nta muntu n’umwe ashobora gutegeka ijoro n’umutaga gukurakuranwa. Umuco wo mu gatondo usa n’aho ufata mu buryo bw’ikigereranyo imikugiro canke impera z’isi ukayikunkumuramwo abanyakibi. Abanyavyaha boshobora gukora ibibi ku “kagoroba” (Yobu 24:15, 16). Mugabo umutwenzi uca usabagiza abakora ikibi benshi.
Mu minwe y’Imana, umuco wo mu gatondo umeze nk’igikoresho co gutera isi amagarwe aryoheye ijisho. Izuba rirashe, umuntu aca abona amabara menshi ku buryo umubumbe w’isi uca umengo wambaye impuzu zakaka. Nta ruhara na rumwe Yobu yari yaragize muri ivyo kandi ntiyari yaragendagenze ibwina mu kiyaga kugira aharure ubutunzi bwaco. Emwe, gushika n’uyu musi abashakashatsi bazi ibintu biri ku rushi ku bijanye n’ibinyabuzima biri mw’ibahari!
Ni nde afise ububiko bwa shelegi n’urubura?
Nta muntu n’umwe araherekeza umuco canke umwiza iyo biba, kibure ngo yinjire mu bubiko bwa shelegi n’urubura Imana ibikiye “umusi w’intambara no kurwana” (Yobu 38:19-23). Igihe Yehova yakoresha urubura mu kurwanya abansi biwe i Gibeyoni, “abishwe n’urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota” (Yosuwa 10:11). Yoshobora no kuzokoresha urubura ata wuzi ubunini bwarwo mu gusangangura abanyakibi bazoba bayobowe na Gogi, ari we Shetani.—Ezekiyeli 38:18, 22.
Muri Mukakaro 2002, mu ntara ya Henan yo hagati mu Bushinwa urubura rwanganangana n’irigi ry’inkoko rwarahitanye abantu 25, rukomeretsa abashika 200. Ku biraba urubura rwigeze kugwa mu 1545, umuhinguzi w’utugenegene wo mu Butaliyano yitwa Benvenuto Cellini yanditse ati: “Twari tugeze ahantu hangana n’urugendo rw’umusi umwe uvuye i Lyon . . . tuza twumva ijuru ritanguye kwasanamwo imituragaro ikomeye. . . . Iyo mituragaro irangiye, twagiye twumva mw’ijuru humvikana ukwasana gukomeye kandi guteye ubwoba rwose ku buryo naciye niyumvira nti umuhero noneho urashitse; naciye mba ndahagaritse ifarasi yanje haca hatangura kugwa urubura rwinshi ata n’ima ry’amazi ririmwo. . . . Haciye hatangura kugwa urubura runganangana n’indimu nininini. . . . Ico gihuhusi caramaze umwanya kibica bigacika, ariko amaherezo kirahagarara. . . . Umwe wese yareretse mugenziwe aho yakungaguritse be n’aho yakomeretse; mugabo dushitse nko ku kilometero kimwe n’igice, twagiye tubona ahantu ibintu vyononekaye cane kuruta ivyari vyadushikiye, ibintu ata n’uworonka uko abivuga. Ibiti vyose vyari vyavuyeko amababi kandi vyari vyavunaguritse; inyamaswa wasanga ari imirambikango; n’abungere benshi bari bahasize ubuzima; twarabonye ibibura bininibinini umuntu atashobora guhwanya n’amaboko abiri”.—Autobiography (Book II, 50), Harvard Classics, imbumbe ya 31, urupapuro rwa 352-353.
Wumva none bizogenda gute Yehova niyugurura ububiko bwiwe bwa shelegi n’urubura kugira arwanye abansi biwe? Emwe, nta n’umwe azorusimba niyakoresha urubura mu gushitsa ivyo agomba.
Imvura, ikime, igikonyozi be n’urubura, ni igikorwa c’intoke za nde?
Ubukurikira, Yehova abaza Yobu ku bijanye n’imvura, ikime, igikonyozi be n’urubura (Yobu 38:24-30). Imana ni yo yaremye imvura. Mbere n’“ubugaragwa butarimw’umuntu n’umwe” burungukira ku mvura. Imvura n’urubura be n’igikonyozi ntibifise se wavyo canke uwabishizeho w’umuntu.
Ikinyamakuru kimwe kivuga ibijanye n’ibidukikije (Nature Bulletin) kigira giti: “Ikintu gitangaje kuruta ibindi vyose [ku bibarafu] kikaba kumbure ari na co kintu nyamukuru vyisangije, ni uko amazi yongerekana uko acika ibarafu. . . . Mu rushana, ibibarafu bisasa hejuru ku kidengeri bituma ibimera vyo mu mazi be n’ibikoko vyo mu mazi (amafi n’ibindi) biguma ari bizima mu mazi aba ari munsi [y’ivyo bibarafu]. Hamwe . . . amazi yokwiyegeranya maze akikonganiriza hamwe igihe acika ikibarafu, nya kibarafu coca kiremera kurusha amazi kigaca kinyika no hasi mu mazi. Ibindi bibarafu vyoguma biza biriremarema hejuru ku mazi gushika nya kidengeri gicitse ikibarafu. . . . Mu mihingo y’isi ikanye cane, inzuzi, ibidengeri, ibiyaga, eka mbere n’amabahari, vyose vyokwama ari ibibarafu”.
Emwe, turakwiye koko gukenguruka kubona inzuzi, ibidengeri, ibiyaga n’amabahari bidacika ibibarafu! N’ikindi kandi, turakenguruka kubona imvura n’ikime Yehova yaremye biha inguvu ibimera vyo kw’isi.
Ni nde ashinga ivyagezwe biganza ijuru?
Ubu na ho, Imana ibaza Yobu ku vyerekeye ijuru (Yobu 38:31-33). Akarundo k’inyenyeri kitwa Kilimiya gakunze kwitwa Pléiades, uwo ukaba ari umugwi ugizwe n’inyenyeri nininini indwi be n’izindi ntonto nka zingahe ziri nko ku birometero hafi imiliyaridi 3.600.000 uvuye ku zuba. Umuntu ntashobora “guhambira hamwe akarundo k’inyenyeri zitwa Kilimiya”. Nta muntu n’umwe ashobora “kubohora ingoyi z’izitwa Oriyoni”. Naho ubu ata wuzi akarundo k’inyenyeri Imana yise Mazaroti be n’ako yise Arukuturo utwo ari two, umuntu ntashobora gukontorora utwo turundo no kutuyobora. Abantu ntibashobora guhindura “ivyagezwe biganza ijuru”, ni ukuvuga amategeko agenga ibiri mu kirere.
Imana ni yo yashinze amategeko agenga ibisyo vyo mu kirere. Ivyo bisyo biratuma haba ihinduka ku kuntu ikirere cifashe, ku mipfunda, eka mbere bikanatuma ubuzima bushoboka kuri iyi si tubako. Fata nk’akarorero izuba. Ku bijanye n’izuba, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia Americana [icasohowe mu 1996]) kivuga giti: “Imishwarara y’izuba ituma isi ironka ubushuhe n’umuco, igatuma ibimera bikura, igatuma amazi yo mu mabahari, mu biyaga, mu bidengeri no mu nzuzi aduga mu kirere ari umwuka, ikaba no mu bituma haboneka umuyaga, ikongera ikarangura n’ibindi bintu bihambaye bifasha kugira ngo ubuzima bushoboke kw’isi”. Ico gitabu nyene kivuga giti: “Kugira umuntu atahure ububasha bw’umuco w’izuba, yokira gusa kuzirikana kuri iki kintu: ububasha bwose buri mu muyaga, mu ngomero no mu nzuzi, be n’ububasha bwose buri mu bintu ntanganguvu, nk’inkwi, ibizuku be n’ibitoro, nta handi buva atari ku muco w’izuba washinguwe n’akabumbe inzatsa [ari ko si] kari ku bilometero imiliyoni 150 uvuye ku zuba”.
Ni nde yashize ubwenge mu bicu?
Ubu na ho Yehova abwira Yobu ngo azirikane ku bicu (Yobu 38:34-38). Umuntu ntashobora gutegeka igicu na kimwe ngo kize hanyuma kirekure amazi yaco. Mugabo rero, iyumvire ukuntu abantu batoshobora kubaho iyo ya nzinguzingu y’amazi yashingwa n’Umuremyi itaba iriho!
Uti none inzinguzingu y’amazi ni iki? Igitabu kimwe kivuga giti: ‘Inzinguzingu y’amazi igizwe n’ibiringo bitandukanye bine: amazi arashingurwa, mu nyuma akaduga mu kirere ari umwuka, hanyuma akagwa ari imvura canke urubura, maze agatembera mu nzuzi. Amazi yoshobora kuba arabitswe mw’isi, mu mabahari, mu biyaga, mu nzuzi, mu bibarafu bishashe mu mutwe w’umubumbe w’isi wa ruguru n’uw’epfo, be no muri vya bibarafu usanga bishashe ku misozi. Araduga mu kirere ari umwuka avuye kw’isi, agaca yikonganiriza mu bicu, maze agaca asubira kugwa kw’isi (ari imvura canke urubura), hanyuma amwe agatembera mu biyaga, ayandi agaca asubira kuduga mu kirere ari umwuka. Amazi hafi nka yose ari kw’isi yaraciye muri iyo nzinguzingu incuro zidaharurika’.—Microsoft Encarta Reference Library 2005.
Ibicu vyuzuye imvura bimeze nk’imibindi y’amazi yo mw’ijuru. Hamwe Yehova yosuka iyo mibindi, yoca irekurira kw’isi imvura nyinshi cane ku buryo umukungugu wo hasi woca uba ivyondo hanyuma ibinonko bikamatana. Imana irashobora kugwisha imvura canke ikayizibira ntigwe.—Yakobo 5:17, 18.
Akenshi imvura ijana n’imiravyo, yamara umuntu ntashobora gutuma iyo miravyo ishitsa ivyo we yipfuza. Imiravyo idondorwa ko yitaba Imana hanyuma ikavuga iti: “Sabge”. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Compton’s Encyclopedia) kivuga giti: “Imiravyo ituma haba amahinduka akomeye mu kirere. Iyo umuravyo uciye mu kayaga ko mu kirere, haca haba ubushuhe butovugwa butuma umwuka witwa azote ufatana n’umwuka witwa ogisijeni, bigaca bivyara ivyunyunyu vyitwa nitrates hamwe n’ibindi bintu. Imvura iguye, ivyo vyose bica bikorokana na yo kw’isi. Muri ubwo buryo, iki kirere kiri hejuru yacu kirashoboye kuguma cuzuza ibigega vy’ivyangombwa ivu rikenera kugira ngo ibimera bikure”. Gushika n’ubu, abantu ntibarashobora gutahura neza ibijanye n’umuravyo, mugabo Imana yoyo irabizi neza.
Ibitangaza vy’irema birashemeza Imana
Vy’ukuri, ibitangaza vy’irema birashemagiza wa Muremyi w’ibiriyo vyose (Ivyahishuriwe 4:11). Ibaze hewe ukuntu Yobu ategerezwa kuba yarajorewe aho Yehova avugiye ivyerekeye isi n’ibisyo vyo mu kirere!
Ibitangaza vy’irema duhejeje kwihweza si vyo vyonyene Yehova yabajije Yobu akongera akabimudondorera. Yamara, n’ivyo twarimbuye vyonyene biratuma dutangara duti: “Rāba Imana irahambaye, natwe ntituyizi”!—Yobu 36:26.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 14]
Akavunji ka shelegi: snowcrystals.net
[Abo dukesha amafoto ku rup. 15]
Akarundo k’inyenyeri kitwa Pléiades: NASA, ESA and AURA/Caltech; Ifi: U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./William W. Hartley