Ni ikimenyamenya c’urukundo, ukwizera n’ukugamburuka
MU GITONDO co ku wa 16 Rusama 2005, kw’iyororero-rimiro rya Watchtower riri i Wallkill muri New York hari hapfutse kandi hari akazuba. Ubusitani bwaho bwari bukase neza be n’ibibanza vyari biteyemwo amashurwe, vyaraca ibibatsi kubera akavura kari kaguye mu bucagucagu. Ico gihe, hari imbata yo mu mazi yariko yogera buhorobuhoro hafi yo ku nkengera y’ikidengeri c’amazi atekanye, iri kumwe n’uduswi twayo umunani. Abashitsi baratamariye ubwiza bwaho. Bayaga gahorogahoro, nk’aho womengo ntibashaka kwonona agacerere ko muri ico gitondo.
Abo bashitsi bari Ivyabona vya Yehova bari bavuye mu bihugu 48 vyo hirya no hino kw’isi. Ariko ntibari bazanywe no kuraba ubwiza bw’aho hantu. Bari bashashaye kubona ivyariko bibera mu nyubakwa yagutse cane yubakishije amatafari ahiye iherutse kwongerwa ku nyubakwa za Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziri i Wallkill. Naho muri iyo nyubakwa hatari hatekanye, bashitseyo baratamariwe.
Abo bashitsi, bari mu kibanza cubatswe hejuru, baratereje amaso hasi, baritegereza urusobangane rw’amamashini. Ibimashini bitanu vyo gucapura bingana amahanga yose vyari bikwiye hose kw’isima y’ibeto, hakaba hari ahantu hasize neza kandi hanini cane haruta ibibuga icenda vy’umupira w’amaguru. Aho ni ho Bibiliya, ibitabu be n’ibinyamakuru bicapurirwa. Ibizingo amahero vy’impapuro bipima kimwekimwe cose ibiro 1.700, birazunguruka nka kurya kw’amapine y’urukamyo rwiruka nk’urwasaze. Mu minuta 25 gusa, ikizingo kimwekimwe cose c’impapuro zireha n’ibilometero 23 kiba gihejeje kwizingurura no guca mu mashini icapura. Muri uwo mwanya nyene, iyo mashini irashira irangi ku mpapuro, ikaryumisha ikongera igahoza izo mpapuro ziba zishushe, kugira ngo zishobore kuzingwa zikavamwo ibinyamakuru bica vyirukanga cane biri ku runtu rurerure runyororomba rubijana aho bishirirwa mu makarato kugira birungikirwe amashengero. Izindi mashini ziba ziriko ziracapura uduceduce tugira igitabu iyo dufatanijwe, tugaca ubwo nyene tujanwa mu kibanza dushingurwamwo kiva hasi kw’isima gushika hejuru kw’idari, tukagumaho gushika turungikwe aho duteranirizwa. Ivyo bikorwa biba mu rutonde rwiza utoraba kandi ata kwihenda na gato, biyobowe na orodinateri.
Abo bashitsi, bavuye aho hantu ibitabu bicapurirwa, baciye baja aho biteranirizwa. Ng’aho hari amamashini ahingura ibitabu vy’ibipfukisho bikomeye be na za Bibiliya zikayangana zitwa Bibles de luxe, izo mashini zikaba zicapura ibishika ku 50.000 ku musi. Uduceduce tw’ibitabu turatondekwa neza, tugateranywa, maze tukaringanizwa neza mu kudukata. Ivyo birangiye, haca hashirwako ibipfukisho. Amakarato arambuye aca yambikwa ku bitabu bipanze biba bimaze kurangira. Hari amamashini aca yugara ayo makarato, akayamadikako udupapuro turiko amakuru bijanye, maze akayapanga ku kintu aterurirwako citwa ipaleti. Vyongeye, hariho uruhererekane rw’amamashini akora ibitabu vy’ibipfukisho vyoroshe ateranya akongera agapakira ibitabu bishika 100.000 ku musi. Aho hantu hakorerwa ivyo bitabu na ho nyene hari uruhererekane rw’amamashini agizwe n’ibintu bitagira uko bingana: uri amamoteri, uri ivyuma bizunguruka bitwara ibintu, uri ibikurudumu vy’amenyo vyitwa angerenaje, uri amakurudumu asanzwe be n’ibisipi vyambikwa ku makurudumu, ivyo vyose bikaba vyiruka cane bimwe bisiga ubwenge kugira bihingure ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Amamashini yo muri iryo capuriro akora ata kwihenda nka kurya kw’isaha yahinguwe neza, aranyaruka cane kandi ni amamashini agezweko. Emwe, ni ikintu c’akumiza koko gikozwe mu buhinga bwa none. Nk’uko tuza kubibona, ayo mamashini ni kimenyamenya kandi c’urukundo, ukwizera n’ukugamburuka vy’abasavyi b’Imana. Ni kubera iki none ibikorwa bijanye n’ugucapura vyakuwe i Brooklyn muri New York bikimurirwa i Wallkill?
Imvo nyamukuru imwe yari iyo kworosha ibikorwa bijanye no gucapura be no kurungika ibitabu, mu kubikorera ahantu hamwe. Hari hashize imyaka myinshi ibitabu bicapurirwa i Brooklyn bikarungikwa bivuye aho nyene, ibinyamakuru na vyo bigacapurirwa i Wallkill kandi bikarungikwa bivuye aho nyene. Gukorera ivyo bikorwa vyose ahantu hamwe vyotumye abakozi bakoreshwa bagabanuka bikongera bigatuma intererano zitangwa ku bw’igikorwa c’Imana zikoreshwa neza. N’ikindi kandi, kubera yuko amamashini acapura y’i Brooklyn yariko arasaza, haragizwe komande mu Budagi y’amamashini abiri yo gucapura yitwa MAN Roland Lithoman. Ayo mamashini yari maninimanini cane ku buryo atari gukwira mw’icapuriro ry’i Brooklyn.
Yehova yarashigikiye igikorwa
Intumbero y’ugucapura yamye ari iyo guteza imbere inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Kuva igikorwa co gucapura kigitangura, vyaribonekeje ko Yehova yagumye agihezagira. Kuva mu 1879 gushika mu 1922, ibitabu vyacapurwa n’amacapuriro akora ivy’ubudandaji. Mu 1922, inyubakwa y’amagorofa atanu yari i Brooklyn kw’ibarabara ryitwa Concord, inomero 18, yarakoteshejwe maze haragurwa ibikoresho vyo gucapura ibitabu. Ico gihe, hari abakekeranije biyumvira ko abavukanyi batoshoboye gukora ico gikorwa.
Umwe muri abo bakekeranije yari umukuru w’ikompanyi yari yaracapuye vyinshi mu bitabu vyacu. Igihe yagendera iyo nyubakwa yari kw’ibarabara ryitwa Concord, yavuze ati: “Ehe raba mufise icapuriro rigezweko, ariko nta muntu n’umwe ng’aha azi ikintu na kimwe mu vyo gucapura. Ndabahaye amezi atandatu gusa, ibintu vyose bizoba bimaze gupfa; muzosanga muruhiye gukoresha abantu bamye bakora ico gikorwa kandi bakanongoreye muri co”.
Uwari ahagarikiye iryo capuriro ico gihe, ari we Robert J. Martin, yavuze ati: “Ivyo vyasa n’ivyumvikana cane, ariko yari yibagiye Umukama, uwamye ari kumwe natwe. . . . Butaraca na kabiri, twari tumaze gutangura gukora ibitabu”. Mu myaka 80 yakurikiye, Ivyabona vya Yehova bacapuye ibitabu amamiliyaridi bakoresheje amamashini yo gucapura yabo bwite.
Maze kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 2002, mw’ikoraniro ry’umwaka rya sosiyete Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, haratangajwe yuko Inama Nyobozi yari yemeye ko ibikorwa bijanye no gucapura vy’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyimurirwa i Wallkill. Hari amamashini mashasha abiri yari yaraguzwe, akaba yotegerejwe gushika muri Ruhuhuma 2004. Abavukanyi bokeneye gucapura imigero y’iryo capuriro no kuryagura, maze mu mezi 15 rikaba riheze kugira ngo ryakire ayo mamashini mashasha. Maze mu mezi icenda yandi akurikira, ivyo gushiraho amamashini mashasha yo guteranya ibitabu hamwe n’ahakorerwa ivyo kurungika ibitabu vyobwirijwe kuba vyarangiye. Hari bamwe bashobora kuba barakekeranije igihe bumva ico kirangamisi. Umuntu abiravye, ico gikorwa casa n’ikidashoboka. Yamara, abavukanyi bari bazi ko babifashijwemwo na Yehova coshoboye gukorwa.
“Bakora basenyera ku mugozi umwe kandi banezerewe”
Abavukanyi baratanguye iyo poroje kuko bari bazi yuko abasavyi ba Yehova bokwitanze babikunze (Zaburi 110:3). Kubera yuko iyo poroje yari niniya cane, hari hakenewe abakozi benshi kuruta abari basanzwe bari mu nzego z’ubwubatsi za Beteli. Abavukanyi n’abavukanyikazi barenga 1.000 bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada bafise ubuhanga mu vy’ubwubatsi baritanze kugira bakore mu kiringo kiva ku ndwi imwe gushika ku mezi atatu, mu bijanye na porogarama y’abakora bavyishakiye mu gihe gito. Hari n’abubatsi mvamakungu be n’abitanga bavyishakiye gukorera mu mahanga batumiwe kuza gufasha muri iyo poroje. Komite z’ubwubatsi z’akarere na zo nyene zaraterereye umuganda uboneka.
Kuri benshi, kwitanga ngo baje gukora muri iyo poroje y’i Wallkill vyabasavye gusohora amahera menshi y’urugendo no kumara igihe batari ku kazi kabo k’ivy’umubiri. Yamara, baremeye babigiranye umunezero kugira utwo twigoro. Kuronsa ibifungurwa n’uburaro abo bavukanyi n’abavukanyikazi benshi biyongereye bari bitanze kuza gukora bavyishakiye, vyarahaye abagize umuryango wa Beteli uturyo two kwitanga rwose ngo baterere agacumu k’ubumwe muri iyo poroje. Abanyabeteli barenga 535 b’i Brooklyn, i Patterson n’i Wallkill baritanze bavyishakiye gukora muri iyo poroje ku misi ya gatandatu, iyo ikaba yari imirimo yiyongereye ku yo bari basanzwe barangura ku misi yo hagati mu ndwi. Iyo Yehova ataba afashe mu mugongo iyo poroje, abasavyi biwe ntibaba barashoboye gushigikira bivuye inyuma ico gikorwa c’intibagirwa.
Abandi na bo baterereye amahera. Nk’akarorero, abavukanyi bararonse ikete ryarungitswe n’agakobwa k’imyaka icenda kitwa Abby. Kanditse gati: “Ndakenguruka cane ibikorwa vyose mukora mudutegurira ibitabu vyose vyiza cane turonka. Hari aho vuba nobagendera. Dawe yavuze ko tuzoza mu mwaka uza. Nzoba nambaye agakarata karanzi kugira ngo mumenye. Aya madolari 20 ndabarungikiye muze muyakoreshe ku bijanye n’imashini nshasha icapura. Ni amahera abavyeyi basanzwe bampa ngo nigurire ico nshaka, mugabo nshimye kuyabaha bavukanyi”.
Umuvukanyikazi umwe yanditse ati: “Ndabinginze mwakire iyi ngabirano ndabarungikiye y’udukofero najishishije utuboko twanje ata co tuvuze. Nipfuza yuko utu dukofero twohabwa abariko bakorera kw’iporoje y’i Wallkill. Igitabu gisohoka ku mwaka kivuga ibijanye n’ikirere cavuze yuko mu rushana rugiye kuza hazoba hakanye cane. Niba ari vyo canke atari vyo, sindabizi. Ariko ico nzi co ni uko vyinshi mu bikorwa vy’i Wallkill bizokorerwa hanze, nkaba rero nipfuza ko abavukanyi n’abavukanyikazi banje bazoguma basusurutse ku mutwe. Jewe simfise ubuhanga abavukanyi barondera, mugabo kujisha vyo ndabizi, ari na co gituma nashimye gukoresha ubwo buhanga kugira ngo nterere ivyo nshoboye”. Iryo kete ryarungikanywe n’inkofero z’injishano 106!
Iryo capuriro ryarangijwe ku gihe. John Larson, ari na we ahagarikiye icapuriro, yavuze ati: “Ntiworaba ukuntu ico gihe abavukanyi bakora basenyera ku mugozi umwe kandi banezerewe. Ni nde ga yemwe yari gukekeranya yuko Yehova yariko arahezagira ico gikorwa? Ibikorwa vyaranyarutse rwose. Ndibuka muri Rusama 2003 mpagaze mu vyondo nitegereza abavukanyi igihe bariko bubaka umushinge w’iyo nyubakwa. Hataraca n’umwaka, narahagaze aho hantu nyene nditegereza imashini icapura iriko irakora”.
Iporogarama yo kwegurira Yehova inyubakwa
Iporogarama yo kwegurira Yehova iryo capuriro rishasha be n’inyubakwa zitatu z’uburaro, yabereye i Wallkill ku wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2005. Igihe iyo porogarama yariko iraba, i Patterson n’i Brooklyn be no kuri Beteli yo muri Kanada bayikurikiraniye ku vyuma vyerekana amasanamu. Abakurikiranye iyo porogarama bose hamwe bari abantu 6.049. Umuvukanyi Theodore Jaracz wo mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni we yayihagarikiye, akaba yaravuze mu ncamake ibijanye na kahise k’igikorwa co gucapura. Biciye ku biganiro vyo kubaza ibibazo be n’amasanamu yo kuri videwo, John Larson na John Kikot bo mu bagize Komite y’ishami baraciye irya n’ino ibijanye na kahise k’iyo poroje y’ubwubatsi be na kahise k’ivy’ugucapura muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. John Barr wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro isozera yo kwegurira Yehova Imana iryo capuriro rishasha be n’inyubakwa zitatu z’uburaro.
Mu ndwi yakurikiye, Abanyabeteli b’i Patterson n’i Brooklyn barahawe akaryo ko kugendera izo nyubakwa nshasha. Ico gihe, Abanyabeteli bazigendeye bose hamwe bari 5.920.
Tubona gute iryo capuriro?
Mu nsiguro yo kwegurira Yehova izo nyubakwa, umuvukanyi Barr yaribukije abariko baramwumviriza yuko, naho iryo capuriro ryoba ritangaje rwose, amamashini yaryo atari yo atuma riba irihambaye. Ahubwo riho, igituma riba irihambaye ni abantu. Ibitabu ducapura biragira ikintu kinini bikoze ku buzima bw’abantu.
Imwimwe yose muri ayo mamashini mashasha ishobora gucapura udupapuro tw’inkuru nziza umuliyoni mu mwanya urenga gatoyi gusa isaha! Yamara, agapapuro k’inkuru nziza kamwe gusa karashobora kugira ikintu gikomeye gakoze ku buzima bw’umuntu. Nk’akarorero, mu 1921 hari umugwi w’abakozi bo kubungabunga ibarabara ry’indarayi muri Afirika y’Epfo bariko barakorera ku ruhande rumwe rw’ibarabara ry’indarayi batera baja imbere. Umwe muri abo bagabo yitwa Christiaan yagiye abona agapapuro kari munsi y’ivyuma vy’iryo barabara. Ako gapapuro kari kamwe mu dupapuro twacu tw’inkuru nziza. Christiaan yagasomanye umushasharo. Yarirukanze n’iyo umukwe wiwe ari, amumenyesha n’akamwemwe kenshi ati: “Uyu musi nubuye ukuri!”. Gatoyi inyuma y’aho, baciye bandika ikete ryo gusaba kumenya n’ibindi. Ishami ryo muri Afirika y’Epfo ryarabarungikiye ibindi bitabu bishingiye kuri Bibiliya. Abo bagabo babiri barize Bibiliya, barabatizwa bongera barabwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ico vyavuyemwo ni uko abantu benshi bakiriye ukuri. Nkako, mu ntango z’imyaka ya 1990, abarenga 100 mu bakomoka kuri abo bagabo bari Ivyabona vya Yehova, ivyo vyose bikaba vyavuye ku kuba umugabo umwe yaratoye agapapuro k’inkuru nziza kamwe gusa kw’ibarabara ry’indarayi.
Umuvukanyi Barr yavuze ati: ‘Ibitabu ducapura birazana abantu mu kuri, bigatuma baguma mu kuri, bikabavyurira umutima wo kwongereza umwete, bikongera bigatuma baba umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe. N’ikiruta vyose, ivyo bitabu twese tugira uruhara mu kubishikiriza, biraninahaza Imana yacu Yehova!’.
Yehova abona gute iryo capuriro?
Umuvukanyi Barr yarasavye kandi abariko bamwumviriza ngo barimbure ukuntu Yehova abona iryo capuriro. Mu vy’ukuri, naho ritoba rihari, we nta co vyomutwara. Yoshobora gutuma amabuye yamamaza inkuru nziza (Luka 19:40)! N’ikindi kandi, ntatangazwa n’ukuntu imashini zo muri ryo zihanitse, ubunini bwazo, ukuntu zinyaruka rwose, canke ivyo zishoboye gukora. Nakare, ni we yaremye ibiriho vyose (Zaburi 147:10, 11)! Yehova arazi uburyo buhanitse kuruta bwo guhingura ibitabu, uburyo abantu batarigera biyumvira. None ni igiki Yehova abona muri iryo capuriro kikaba ari na co aha agaciro koko? Mu vy’ukuri, aribonamwo kamere z’agaciro abasavyi biwe bafise, izo na zo zikaba ari urukundo, ukwizera n’ukugamburuka.
Mu gushira ahabona urwo rukundo, haratanzwe aka karorero: Umwigeme arateguriye abavyeyi biwe igato. Kumbure ntibiza kubura gukora ku mutima abo bavyeyi biwe. Uko iyo gato yoba imeze kwose, ikiza gukora ku mutima abo bavyeyi ni urukundo uwo mwana wabo abakunda rubonekera kuri ico kintu c’umutima mwiza azoba yakoze. Cokimwe n’abo bavyeyi, Yehova yitegereje iryo capuriro rishasha, ntabona gusa inyubakwa n’amamashini. Ubwa mbere na mbere, aca abona ko iryo capuriro ari ikimenyamenya c’urukundo dukunda izina ryiwe.—Abaheburayo 6:10.
Vyongeye, nk’uko nyene Yehova yabonye ko bwa bwato Nowa yubaka bwagaragaza ukwizera yari afise, abona yuko iryo capuriro ari ikimenyamenya cibonekeza c’ukwizera kwacu. Uti ukwizera iki? Nowa yari yizeye ko ivyo Yehova yari yarabuye vyoshitse ata kabuza. Turizera yuko tubayeho mu misi ya nyuma, tukizera yuko inkuru nziza ari bwo butumwa buriko buvugwa kw’isi buhambaye kuruta ubundi bwose, tukongera tukizera yuko bihambaye cane ko abantu babwumva. Turazi yuko ubutumwa bwo muri Bibiliya bushobora kurokora ubuzima.—Abaroma 10:13, 14.
Nta gukeka ko Yehova abona kandi yuko iryo capuriro ari ikimenyamenya c’ukugamburuka kwacu. Nk’uko tubizi, agomba yuko inkuru nziza yamamazwa kw’isi iyo iva ikagera imbere y’uko umuhero uza (Matayo 24:14). Iryo capuriro hamwe n’ayandi ari mu tundi turere two kw’isi bizogira uruhara mw’iranguka ry’ico gikorwa twashinzwe.
Vy’ukuri, kamere y’urukundo, y’ukwizera n’iy’ukugamburuka abavukanyi berekanye mu kwegeranya amahera akenewe no mu kwubaka izo nyubakwa, bakaba kandi bazigaragaza mu kurangura ibikorwa zikorerwamwo, ziragaragarira kandi mu gikorwa abasavyi ba Yehova bo mu mihingo yose barangurana umwete uko babandanya kubwira ukuri abo bose biteguriye kwumviriza.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 11]
IYAGUKA RY’ICAPURIRO RYO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA
1920: Ibinyamakuru bitangura gucapurwa n’imashini yo gucapura ikora yizunguriza. Icapuriro ryari i Brooklyn kw’ibarabara ryitwa Myrtle, inomero 35.
1922: Icapuriro ryimurirwa mu nyubakwa y’amagorofa atanu yo kw’ibarabara ryitwa Concord, inomero 18. Ico gihe ni ho ibitabu vyatangura gucapurwa.
1927: Icapuriro ryimurirwa mu nyubakwa nshasha yubatswe kw’ibarabara ryitwa Adams, inomero 117.
1949: Inyubakwa nshasha y’amagorofa umunani yongerwako, bigatuma icapuriro ryiyongerako incuro imwe.
1956: Icapuriro ryo kw’ibarabara ryitwa Adams risubira kwiyongerako incuro imwe igihe hubakwa inyubakwa nshasha kw’ibarabara ryitwa Sands, inomero 77.
1967: Hubakwa inyubakwa y’amagorofa icenda, ivyo bigatuma haboneka icapuriro rigizwe n’inyubakwa zifatanijwe n’uturaro duca hejuru, riruta incuro cumi iryo mu 1927.
1973: Hubakwa icapuriro ry’inyongera i Wallkill rigenewe ahanini gucapura ibinyamakuru.
2004: Ibikorwa vyose vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijanye no gucapura ibitabu, kubifatanya no kubirungika bitangura kugirirwa i Wallkill.