ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/12 rup. 4-8
  • Imisi mikuru ya Noweli—Ahanini yibanda ku biki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imisi mikuru ya Noweli—Ahanini yibanda ku biki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ihinduka riherutse kuba
  • Uko iyo misi mikuru isigaye ihimbazwa vyoba vy’ukuri bitera iteka Kirisitu?
  • Uburyo burushirije kuba bwiza bwo gutera iteka Imana na Kirisitu
  • Akaranga ka Noweli kagiye hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/12 rup. 4-8

Imisi mikuru ya Noweli​—Ahanini yibanda ku biki?

KU BANTU amamiliyoni, ikiringo c’imisi mikuru irangiza umwaka ni igihe co kuba kumwe n’umuryango canke n’abagenzi, kikaba igihe co gusubira kunagura urukundo bafitaniye. Ku bandi batari bake, iyo misi ni igihe co kuzirikana kw’ivuka rya Yezu Kirisitu be no ku ruhara yaranguye mu gucungura abantu. Mu Burusiya, guhimbaza Noweli nticamye ari ikintu abantu barekuriwe kugira nk’uko vyamye bimeze mu bindi bihugu bitari bike. Naho hari haciye ibinjana bitari bike abo mw’Idini rya Orotodogisi ryo mu Burusiya bahimbaza Noweli ku mugaragaro, barabujijwe gusubira kubigira hafi ikinjana cose ca 20. Ni igiki catumye ibintu bihinduka gutyo?

Inyuma gato y’aho mu Burusiya habereye rya hinduka ry’ubutegetsi ryagirwa n’Abakomunisita mu 1917, abategetsi b’Abasoviyeti baragize mu gihugu cose politike y’igikenye yahata abantu ngo bahakane Imana. Imisi mikuru ya Noweli hamwe n’ivy’ugusenga bijanye n’iyo misi vyaciye bitangura kubonwa ko bitabereye. Leta yaratanguye isekeza ryo kwiyamiriza uguhimbaza Noweli n’Umwaka mushasha. Ibimenyetso biranga iyo misi vy’aho muri ico gihugu vyaraniyamirijwe izuba riva, ivyo na vyo bikaba vyari bigizwe n’igiti ca Noweli be na Père Noël ari we bita mu Burusiya Ded Moroz canke Père Gel.

Mu 1935, hari ibintu vyahindutse maze bituma haba ihinduka rinini ku bijanye n’ukuntu Abarusiya bahimbaza imisi mikuru irangiza umwaka. Abasoviyeti baragarukanye ivya Père Gel, baragarukana ca giti bakoresha mu misi ya Noweli, bongera barasubizaho ivyo guhimbaza Umwaka mushasha, yamara rero baragira ivyo bahinduye bihambaye. Père Gel, vyavugwa ko yotanze ingabirano, mugabo ntazitange kuri Noweli, ahubwo akazitanga ku Musi mukuru w’Umwaka mushasha. Ikindi kandi, ntihokwongeye kuba igiti ca Noweli. Cokwiswe igiti c’Umwaka mushasha! Uca ubona ko hari hahindutse ikintu kinini muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ihimbazwa ry’Umwaka mushasha ryasubiriye irya Noweli.

Imisi mikuru ya Noweli yahindutse imisi mikuru ata co isa isana n’ivy’Imana; yarakuweko insobanuro yose ijanye n’ivy’Imana bene umurango babona. Mu gushariza igiti c’Umwaka mushasha ntihakoreshwa utugenegene tujanye n’ivy’Imana, ahubwo hakoreshwa utugenegene twerekana iterambere rya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ikinyamakuru kimwe co mu Burusiya (Vokrug Sveta [Hirya no hino kw’isi]) gisigura giti: “Birashoboka ko umuntu yibuka kahise kerekeye ingene Ubukomunisita bwagiye buratsimbatara, arabiye ku bintu vyakoreshwa mu gushariza igiti c’Umwaka mushasha mu myaka itandukanye Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zamaze. Uretse ibisharizo bimeze nk’ivyana vy’inkwavu, ibimeze nk’amama y’amazi yabaye ibarafu be n’imikate yiburungushuye vyakoreshwa nka hose, haranakoreshwa ibisharizo bimeze nk’inkero, nk’inyundo, be n’ibimeze nk’ibimashini vyo kurima. Ivyo vyahavuye bisubirizwa n’udushusho tw’abantu bakora mu vy’ugucukura ubutare be n’utw’abaja mu kirere, utw’ivyuma bakoresha mu kwimba ibitoro, utw’ibigendajuru, be n’utw’utuduga abagiye ku kwezi bikorako bamaze gushikayo”.

Twovuga iki ku Musi wa Noweli ubwawo? Bisa n’uko uwo musi utongeye kwemerwa. Ahubwo, abategetsi b’Abasoviyeti bawugize umusi usanzwe w’ibikorwa. Abipfuza guhimbaza Noweli babigira gusa bihishije cane, kugira ntibahave babonwa nabi na Leta ngo bongere bashikirwe n’inkurikizi mbi. Ego cane, mu Burusiya bwo mu kinjana ca 20 harabaye ihinduka ku bijanye n’ivyo imisi mikuru irangiza umwaka yibandako, ntiyaba ikiri imisi mikuru y’ivy’Imana, mugabo iba iyidafitaniye isano n’ivy’Imana.

Ihinduka riherutse kuba

Mu 1991 Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zarasambutse maze abantu bararushiriza kugira umwidegemvyo. Politike ya Leta yo guhakana Imana yaciye ikura meza. Amaleta atari make mashasha yigenga yashinzwe ntiyari ashingiye na gato ku vy’idini; ivy’Idini n’ivya Leta ntivyasukirana. Abantu benshi bakunda cane ivy’Imana, babonye ko ico gihe bashobora kwibandaniriza ivyo bemera mu vy’idini. Biyumviriye yuko uburyo bumwe bwo kubigira ari uguhimbaza umusi mukuru w’idini wa Noweli. Ariko rero, hari ikintu gica intege cari kirindiriye benshi muri abo. Uti kubera iki?

Uko umwaka utashe, ni ko uwo musi mukuru wagenda urarushiriza kuba uwurangwa n’urudandaza. Kukaba nkako, nk’uko vyari bimeze mu bihugu bitari ivya gikomunisita vy’i Buraya be n’ivyo muri Amerika, ku banyamahinguriro, ku baranguzi, be no ku badandaza bakomakomeye, ico kiringo c’imisi mikuru ya Noweli cahindutse bumwe mu buryo bwiza bwo kwicira ifaranga. Ibisharizo vya Noweli ni vyo wasanga bisharije ubwinjiriro bw’amamangazini. Imiziki ya Noweli n’indirimbo bicuraranzwe mu buryo busa n’ubwo mu bihugu vya Buraya na Amerika bitari ivya gikomunisita, ivyo bikaba vyahora ari umugani mu Burusiya, ni vyo vyari bisigaye bisamirana mu mamangazini. Abadandaza wasanga bafise ibisaho birimwo utugenegene two gushariza kuri Noweli, bagurisha ivyo bidandazwa vyabo ku magariyamoshi yunguruza abakozi be no ku yindi miduga yunguruza abantu. N’ubu ni ko usanga vyifashe.

Naho nyene hari abantu babona ko ata kibi kiri muri urwo rudandaza, barashobora kurazwa ishinga n’ikindi kintu gitesha umutwe gikorwa muri iyo misi, ico na co akaba ari ukunywa inzoga zirenze urugero hamwe n’ingaruka mbi zose bikwega. Umuganga umwe akorera aho bavurira abaremvye cane mu bitaro vy’i Moscou yasiguye ati: “Abaganga bama biteze ko mu gihe co guhimbaza Umwaka mushasha hama haba abantu benshi bakomereka uhereye ku baba bafise ibipfupfuri ugashitsa ku bacumiswe imbugita canke barashwe, benshi muri abo bakaba bakomereka biturutse ku bukazi bwo mu rugo, ku mborerwa zirwana, be no ku masanganya y’imiduga”. Umutegetsi w’umunyasiyansi umwe ahambaye w’ishami rimwe ry’urwego rwo mu Burusiya rukurikirana ivya siyansi yavuze ati: “Igitigiri c’abapfa biturutse ku kaborerwe kiguma ciyongera. Mu mwaka wa 2000 ni ho canecane ciyongereye bimwe biteye ubwoba. Igitigiri c’abiyahura be n’abicwa na co nyene ni kwo kw’uko nyene”.

Ikibabaje, mu Burusiya hari ikindi kintu kiza gisongera isibe uretse izo nyifato zose zigirwa mu gihe c’iyo misi mikuru. Musi y’umutwe uvuga ngo “Abarusiya bahimbaza Noweli incuro zibiri”, ikinyamakuru kimwe (Izvestiya) kivuga giti: “Usanga mu Barusiya 10, hafi 1 ahimbaza Noweli incuro zibiri. Nk’uko vyemejwe n’itohozwa ryagizwe n’ikigo kimwe (ROMIR) co mu Burusiya, mu babajijwe, abantu 8 kw’ijana biyemereye yuko bahimbaza Noweli kw’igenekerezo rya 25 Kigarama hisunzwe umusi Noweli iberako ku kirangamisi c’abagatolika, be no kw’igenekerezo rya 7 Nzero, hisunzwe idini rya Orotodogisi. . . . Kuri bamwebamwe birumvikana ko insobanuro y’ivy’Imana y’umusi wa Noweli atari yo ihambaye, igihambaye kuri bo akaba ari akaryo baba baronse ko kwiryoherererwa”a.

Uko iyo misi mikuru isigaye ihimbazwa vyoba vy’ukuri bitera iteka Kirisitu?

Biragaragara ko hari inyifato idahimbara Imana ijana n’imisi mikuru irangiza umwaka. Naho usanga ivyo bibabaza, bamwebamwe babona ko bakwiye guhimbaza iyo misi mikuru kugira berekane ko bubaha Imana na Kirisitu. Umuntu afise icipfuzo co guhimbara Imana arakwiye gushimirwa. Ariko none, Imana na Kirisitu boba vy’ukuri bahimbarwa n’ibigirwa mu misi ya Noweli? Reka turabe aho iyo misi ikomoka.

Nk’akarorero, iciyumviro ico ari co cose umuntu yogira ku bijanye n’ukuntu Abasoviyeti babona Noweli, vyogora kutemera ivyo igitabu c’inkoranyabumenyi imwe (Great Soviet Encyclopedia) ivuga ku bijanye na kahise kerekeye uwo musi, na yo ikaba igira iti: “Noweli . . . ikomoka ku gusenga ibigirwamana ‘vyapfa bikongera bikazuka mu bapfuye’ kwagirwa cane n’abarimyi imbere y’ubukirisu. Bama bahimbaza uko umwaka utashe umusi mukuru w’‘ivuka’ ry’Imana-murokozi yasubiza ubuzima itoto. Uwo musi mukuru waba mu ntango y’urushana mu misi aho usanga izuba riteba kuboneka kuva ku wa 21-25 Kigarama”.

Wosanga ivyo ico gitabu kivuga ata kwihenda bihambaye. Kigira giti: “Ubukirisu bwo mu binjana vya mbere ntibwahimbaza Noweli. . . . Kuva hagati mu kinjana ca kane, ubukirisu bwarahinduye umugenzo ujanye no guhimbaza uwo musi mukuru wahimbazwa mu ntango y’urushana ku bw’ikigirwamana Mithra, buwugira umusi mukuru wa Noweli. Ababaye aba mbere mu guhimbaza Noweli ni abanyamadini b’i Roma. Mu kinjana ca cumi, Noweli, hamwe n’ubukirisu, yarakwiragiye mu Burusiya, aho yaciye isukiranywa n’umusi abanyagihugu ba kera b’ubwoko bw’Abasilave bahimbarizako umusi mukuru ujanye n’urushana wagirwa ku bwo gutera iteka imizimu y’aba kera”.

Wokwibaza ico Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga ku bijanye n’ivuka rya Yezu ku wa 25 Kigarama? Mu vy’ukuri Bibiliya ntitomora igenekerezo Yezu yavukiyeko, kandi nta na hamwe herekana ko Yezu ubwiwe yarivuze, ivy’uko yategetse ko uwo musi wohimbazwa vyovyo tukaba tutonabivuga. Yamara, Bibiliya iradufasha gutora igihe c’umwaka Yezu yavukiyeko.

Nk’uko Injili ya Matayo ivyerekana mu kigabane ca 26 be n’ica 27, Yezu yishwe kw’igenekerezo rya 14 Nisani, umusi wo guhimbaza Pasika y’Abayuda watanguye kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 33 G.C. bugorovye. Injili ya Luka itwereka ko Yezu yari afise imyaka nka 30 igihe yabatizwa agaca atangura ubusuku bwiwe (Luka 3:21-23). Ubwo busuku bwamaze imyaka itatu n’igice. Gutyo, Yezu yari afise nk’imyaka 33 n’igice igihe yapfa. Yari gushitsa imyaka 34 nko ku wa 1 Gitugutu 33 G.C. Luka avuga ko igihe Yezu yavuka, abungere “bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo” (Luka 2:8). Abungere ntibari kurara mu gahinga bari kumwe n’ubusho bwabo mu gihe gikanye co muri Kigarama, igihe mu micungararo y’i Betelehemu hashobora no kuba hari shelegi. Mugabo bashobora kuba bari aho hantu n’ubusho bwabo nko ku wa 1 Gitugutu, bikaba bigaragara ko ari co kiringo Yezu yavukiyeko.

Ducishijemwo gatoyi, twovuga iki ku bijanye n’uguhimbaza Umwaka mushasha? Nk’uko twamaze kubibona, uwo musi urangwa n’ubushegabo. Naho bagerageza kwerekana ko udafitaniye isano n’ivy’idini, inkomoko yawo irateye amakenga.

Dufatiye ku bintu biba mu gihe c’imisi mikuru irangiza umwaka, biratomoye yuko ivyivugo nk’ibi bivuga ngo ‘iyi misi mikuru iriho kubera Yezu’ ata co bimaze. Nimba ubabazwa n’urudandazwa be n’inyifato ivuna umutima bijana n’imisi mikuru ya Noweli ukaba kandi ubabazwa n’inkomoko yawo ya gipagani y’agatukisha, ntucike inkokora. Hariho uburyo bubereye bwo kwerekana ko twubaha Imana kandi dutera iteka Kirisitu, tukongera tugakomeza ubumwe mu muryango.

Uburyo burushirije kuba bwiza bwo gutera iteka Imana na Kirisitu

Bibiliya itubwira ko Yezu Kirisitu yaje “gutanga ubu[zima] bgiwe kw incungu ya benshi” (Matayo 20:28). Yararetse aricwa, apfa avyishakiye ku bw’ibicumuro vyacu. Bamwebamwe bokwipfuza gutera iteka Kirisitu, bakibaza ko ivyo bobigira mu kiringo c’imisi mikuru ya Noweli. Ariko nk’uko twamaze kubibona, guhimbaza Noweli be n’Umwaka mushasha, nta co bisa bisana na Kirisitu kandi bikomoka mu misi mikuru ya gipagani. Ikindi kandi, iyo misi mikuru ya Noweli, naho nyene bamwebamwe bayikunda, irangwa n’urudandazwa rubi. Vyongeye, umuntu ntiyoba abeshe yemeje ko umusi mukuru wa Noweli ujana n’inyifato iteye isoni idahimbara Imana na Kirisitu.

None umuntu yipfuza guhimbara Imana yobigenza gute? Aho kwumira ku migenzo y’abantu yotuma umuntu yumva ko akunda Imana cane, yamara iyo migenzo ikaba iteye kubiri n’Ivyanditswe, umuntu atagira uburyarya yoshobora kurondera uburyo bwiza bwo gutera iteka Imana na Kirisitu. None ubwo buryo bwiza ni ubuhe, kandi dukwiye gukora iki?

Kirisitu ubwiwe atubwira ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Ego cane, umuntu vy’ukuri atagira uburyarya ararondera ubumenyi butagiramwo agakosa bujanye n’ingene yotera iteka Imana na Kirisitu. Aca abushira mu ngiro, atari gusa mu kiringo gitoya c’umwaka, ariko mu buzima bwiwe bwa misi yose. Imana irahimbarwa cane n’utwigoro nk’utwo umuntu agira ata buryarya, udushobora gushikana ku buzima budahera.

Woba ushaka ko umuryango wawe uba mu batera iteka vy’ukuri Imana na Kirisitu kw’uko Ivyanditswe bisaba? Ivyabona vya Yehova barafashije imiryango amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kugira ironke ubumenyi buhambaye buva muri Bibiliya. Turaguteye akamo n’igishika cinshi wegere Ivyabona vya Yehova baba aho uherereye canke ubandikire ukoresheje aderese ikubangukira mu ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru.

[Akajambo k’epfo]

a Imbere ya rya hinduka ryaba mu Burusiya muri Gitugutu 1917, Uburusiya bwakoresha ikirangamisi ca kera citiriwe Jules, ariko ibihugu nka vyose vyari vyarahinduye bikoresha ikirangamisi citiriwe Geregori. Mu 1917 ikirangamisi citiriwe Jules cari inyuma imisi 13 ugereranije na kigenzi caco citiriwe Geregori. Inyuma y’iryo hinduka Abasoviyeti barahinduye bakoresha ikirangamisi citiriwe Geregori, bica bituma Uburusiya bugendera hamwe n’ibindi bihugu vyo kw’isi. Ariko rero, Idini rya Orotodogisi ryagumye rihimbaza imisi mikuru yaryo ryisunze ca kirangamisi citiriwe Jules, rikavuga ko ari ikirangamisi gikoresha “Uburyo bwa kera”. Ushobora kuba wumva ko Noweli mu Burusiya ihimbazwa igenekerezo rya 7 Nzero. Ariko rero, ntiwibagire ko ku kirangamisi citiriwe Geregori iryo genekerezo rya 7 Nzero rihurirana n’igenekerezo rya 25 Kigarama ku kirangamisi citiriwe Jules. Ni co gituma Abarusiya benshi batunganya imisi mikuru irangiza umwaka muri ubu buryo: 25 Kigarama, Noweli y’abo mu Buraya bwo mu Burengero; ku wa 1 Nzero, Umwaka mushasha; ku wa 7 Nzero Noweli y’Aborotodogisi; ku wa 14 Nzero, Umwaka mushasha hakurikije ikirangamisi gikoresha uburyo bwa kera.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

Inkomoko y’uguhimbaza Umwaka mushasha

Ico Umunyajeworojiya w’umumonaki wo mw’idini rya Orotodogisi yabivuzeko

“Umusi mukuru w’Umwaka mushasha ukomoka ku misi mikuru atari mike yahimbazwa n’abapagani mu Buroma bwa kera. Igenekerezo rya mbere Nzero wari umusi mukuru wahebewe ikigirwamana c’igipagani citwa Janus, akaba ari na ho mu ndimi zimwezimwe izina ry’ukwezi kwa mbere ryakomotse. Ibishusho vy’ico kigirwamana vyari bifise mu maso habiri, hamwe haraba imbere ahandi inyuma, ivyo bikaba vyasobanura ko ico kigirwamana cabona kahise na kubu. Hari imvugo yavuga yuko umuntu wese yahimbaza uwa mbere Nzero mu kwinezereza, mu gutwenga, mu kwisenena ibifungurwa be n’ibinyobwa yashobora kumara uwo mwaka wose ahimbawe kandi yimererewe neza. Usanga mu guhimbaza umwaka mushasha n’ababanyi bacu bakurikiza ukwo kwemera ibintazi nyene. . . . Mu misi mikuru imwimwe y’abapagani abantu barashikanira ibimazi ikigirwamana kanaka. Imwimwe muri iyo misi mikuru yari izwi ko yarangwa n’ukudandahirwa kwuzuyemwo ubushegabo, ukurenga ibigo be n’ubusambanyi. Mu bindi bihe, nk’akarorero kuri uwo musi mukuru wa Janus, abantu bararenza urugero mu kurya no mu kunywa, bakaborerwa bakongera bakisuka mu buhumane bw’ubwoko bwose bujana n’ivyo. Twibutse ingene twebwe ubwacu twahimbaza Umwaka mushasha, duca tubona ko twese twagize uruhara muri uyo musi mukuru wa gipagani”.​—Ikinyamakuru co muri Jeworojiya.

[Ifoto ku rup. 6]

Abiyita abakirisu barakurikije umugenzo wo gusenga Mithra

[Abo dukesha ifoto]

Museum Wiesbaden

[Ifoto ku rup. 7]

Abungere ntibari kurara mu gahinga bari kumwe n’ubusho bwabo mu gihe gikanye co muri Kigarama

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika