Ukuntu iciza kizonesha ikibi
Umwami Dawidi yari umuntu mwiza. Yarakunda cane Imana, akipfuza cane ko hakurikizwa ubutungane, akongera agakunda abantu baciye bugufi. Yamara, uwo mwami mwiza nyene yarasambanye n’umugore w’umwe mu bantu biwe b’abizigirwa. N’ikindi kandi, aho Dawidi amariye kumenya yuko uwo mugore, ari we Batisheba, yibungenze iyo yamutwaje, yahavuye ategura ivyo kwica umugabo wiwe. Yaciye yabira Batisheba kugira agerageze guhisha ibibi yakoze.—2 Samweli 11:1-27.
SI AGASESESHWARUMURI, abantu barafise ubushobozi bwo gukora ivyiza vyinshi. Ni kubera iki none bakora amabi menshi ukuraho? Bibiliya irashira ahabona impamvu nyamukuru zitari nke. Irahishura kandi ukuntu Imana izorandurana n’imizi ikibi biciye kuri Kirisitu Yezu.
Abantu bafise impengamiro yo gukora ikibi
Umwami Dawidi ubwiwe yarashize ahabona impamvu imwe ituma abantu bakora ikibi. Igihe ibibi yari yarakoze vyashirwa ahabona, yaravyiyemereye. Yahavuye yandika yiyagiriza cane ati: “Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, mu vyaha ni ho mama yamvyariye” (Zaburi 51:5). Imana ntiyigeze igira umugambi w’uko abavyeyi bibaruka abana bokoze ivyaha. Ariko rero, igihe Eva yahitamwo kugarariza Imana hanyuma Adamu na we agaca akurikira, baratakaje ubushobozi bari bafise bwo kuvyara abana batagira icaha (Abaroma 5:12). Uko umuryango w’abantu ufise agasembwa wagiye uragwira, ni ko vyagiye vyibonekeza yuko abantu bafise impengamiro yo gukora ikibi, kubera ko “imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo”, nk’uko mw’Itanguriro 8:21 habivuga.
Mu gihe iyo mpengamiro yo gukora ikibi idacungerewe, irashobora gushikana ku “bushakanyi, . . . ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, igono” be n’izindi nyifato zonona, izo Bibiliya yita “ibikorwa vy’akameremere” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Ku bijanye n’Umwami Dawidi, yaratwawe n’ubugoyagoye bw’umubiri araheza akora ubusambanyi, ivyo bikaba vyavuyemwo imiryano ikomeye (2 Samweli 12:1-12). Yari gushobora kunanira impengamiro yari afise yo gukora ubusambanyi. Aho kuyinanira, yagumije umutima ku cipfuzo yari afitiye Batisheba, akurikira ingendo umwigishwa Yakobo yadondoye mu nyuma ati: “Arik’umuntu wese ageragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. Maz’ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu”.—Yakobo 1:14, 15.
Bwa bwicanyi bw’ikivunga, ugufata abantu ku nguvu be n’ugusahura amazu vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, ni uburorero buteye ikinya bwerekana ibishika igihe abantu baretse ivyipfuzo bikaba ari vyo bibategeka mu vyo bakora.
Hari igihe ikibi giterwa n’ukutamenya
Ivyo intumwa Paulo yaciyemwo birashira ahabona impamvu igira kabiri ituma abantu bakora ibibi. Igihe Paulo yapfa, yari asanzwe azwi ko yari umuntu yitonda kandi akundana. Yari yaritanze atiziganya mu gukorera abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’abakirisu (1 Ab’i Tesalonike 2:7-9). Ariko mu ntango, igihe yitwa Sauli, ‘yagenda afuhagira, afitiye imihigo n’ubwicanyi’ abo bakirisu nyene (Ivyakozwe n’intumwa 9:1, 2). Ni kubera iki none Paulo yashigikira amabi yakorerwa abakirisu bo mu ntango akongera akayagiramwo uruhara? Avuga ati: “Nabikoze ntabizi” (1 Timoteyo 1:13). Vy’ukuri, mu ntango Paulo yari afise “ishaka ry’Imana, ariko [atari] mu buryo bg’[“ubumenyi ntagakosa”, NW]”.—Abaroma 10:2.
Cokimwe na Paulo, hari abantu benshi b’imitima nziraburyarya bakoze amabi kubera ukutagira ubumenyi ntagakosa bujanye n’ivyo Imana igomba. Nk’akarorero, Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Igihe kigiye kuza, [aho] ūzobīca wese azogira ngw [“akorera Imana”, UB]” (Yohana 16:2). Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe baribonera ko ayo majambo Yezu yavuze ari ay’ukuri. Mu bihugu vyinshi, barahamwe mbere no kwica baricwa, kandi ivyo babigirirwa n’abantu bavuga yuko ngo bakorera Imana. Nta gukeka yuko ishaka ritabereye nk’iryo ridahimbara Imana y’ukuri.—1 Ab’i Tesalonike 1:6.
Uwo ikibi gikomokako
Yezu yarashize ahabona impamvu nyamukuru ituma haba ubugizi bwa nabi. Igihe yariko abwira indongozi z’idini zari ziyemeje kumwica, yavuze ati: “Mwebge mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi” (Yohana 8:44). Shetani abitumwe n’ubwikunzi ni we yoheje Adamu na Eva ngo bagararize Imana. Ubwo bugarariji bwakwegeye icaha abantu bose, gutyo buba bubakwegeye n’urupfu.
Agatima k’ubwicanyi Shetani afise karagaragariye kuruta mu vyo yakoreye Yobu. Igihe Yehova yarekurira Shetani kugerageza ukutadohoka kwa Yobu, Shetani ntiyamazwe ipfa no kwambura Yobu ivyo yari atunze. Yaranatumye abana cumi ba Yobu bapfa (Yobu 1:9-19). Muri iyi myaka mirongo iheze, ikibi carongerekanye cane mu bantu kubera agasembwa kabo n’ukutamenya kwabo, be no kubera ko Shetani yarushirije kwisuka mu vyo abantu bagira. Bibiliya ihishura yuko Shetani ‘yakororewe kw’isi, abamarayika biwe bakororanwa na we’. Ubwo buhanuzi nyene bwaravuze yuko ukugumizwa ahantu hamwe kwa Shetani kwotumye ‘isi ibona ibara’ ritari bwigere ribaho. Naho Shetani adashobora guhatira abantu gukora amabi, ni karuhariwe mu “k[u]zimiza abari kw isi bose”.—Ivyahishuriwe 12:9, 12.
Ukuntu impengamiro yo gukora ikibi izokurwaho
Kugira ngo ikibi gikurweho mu bantu ubutakigaruka, ni ngombwa yuko impengamiro bavukana yo gukora ikibi, ukutagira ubumenyi ntagakosa be n’akosho ka Shetani bitorerwa umuti. Ubwa mbere, impengamiro abantu bavukana yo gukora icaha ishobora gute gukurwa mu mitima yabo?
Nta muganga n’umwe w’umuntu abaga ashobora gukora ico kintu, eka nta n’umuti n’umwe wahinguwe n’abantu wobishobora. Ariko rero, Yehova Imana we yaratanze umuti ushobora kuvura abantu biteguriye kuwemera icaha n’agasembwa barazwe. Intumwa Yohani yanditse ati: “Amaraso ya Yesu . . . atwoza icaha cose” (1 Yohana 1:7). Igihe wa muntu atagira agasembwa Yezu yatanga ubuzima bwiwe avyishakiye, “yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe . . . ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka” (1 Petero 2:24). Urupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka rwokuyeho ingaruka z’ikibi Adamu yakoze. Paulo avuga yuko Kirisitu Yezu yabaye “incungu bikwiranye ku bwa bose” (1 Timoteyo 2:6, NW). Vy’ukuri, urupfu rwa Kirisitu rwarugururiye umuryango w’abantu wose inzira yo gusubira kuronka kwa kutagira agasembwa Adamu yatakaza.
Ariko rero, woshobora guca ubaza uti: ‘Nimba rwa rupfu rwa Yezu haheze nk’imyaka 2.000 rubaye rwaratumye abantu bashobora kuzosubira kuba abatagira agasembwa, ni kubera iki none ikibi n’urupfu bikiriho?’. Kuronka inyishu y’ico kibazo birashobora gufasha gukuraho ya mpamvu igira kabiri ituma abantu bakora ikibi, iyo na yo ikaba ari ukutamenya imigambi y’Imana.
Ubumenyi ntagakosa buratuma iciza gitsimbatara
Kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ivyo Yehova na Yezu bariko barakora muri iki gihe kugira barandurane n’imizi ikibi, vyoshobora kurinda umuntu w’inziraburyarya gushigikira amabi atabizi, bikamurinda n’igikomeye kuruta, ni ukuvuga ugucika umuntu mu vy’ukuri ‘arwanya Imana’ (Ivyakozwe n’intumwa 5:38, 39). Yehova Imana ariteguriye kwirengagiza amakosa umuntu yakoze kera kubera ukutamenya. Intumwa Paulo yavuze ari i Atenayi ati: “Iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bi[gay]a, kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye”.—Ivyakozwe n’intumwa 17:30, 31.
Paulo, afatiye ku vyo yiboneye ubwiwe, yari azi ko Yezu yari yarazuwe mu bapfuye, kubera ko Yezu amaze kuzuka ubwiwe yavuganye na Paulo maze aramubuza guhama abakirisu bo mu ntango (Ivyakozwe n’intumwa 9:3-7). Aho Paulo amariye kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye imigambi y’Imana, yarahindutse aba umuntu mwiza vy’ukuri, yigana Kirisitu (1 Ab’i Korinto 11:1; Ab’i Kolosayi 3:9, 10). Vyongeye, Paulo yaramamaje n’umwete “ubu butumwa bgiza bg’ubwami” (Matayo 24:14). Mu myaka hafi 2.000 iheze kuva Yezu Kirisitu apfuye maze akazuka, yaratoranije mu muryango w’abantu abazofatanya na we kuganza mu Bwami bwiwe, cokimwe na Paulo.—Ivyahishuriwe 5:9, 10.
Mu kinjana cose giheze gushika no muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bararanguranye umwete iki gikorwa Yezu yabashinze: “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Abakira ubwo butumwa barafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi izoba irongowe n’intwaro ya Kirisitu yo mw’ijuru. Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Gufasha umuntu kwironsa ubwo bumenyi ni co ciza kiruta ibindi vyose womugirira.
Abakira ubwo butumwa bwiza bw’Ubwami baragaragaza kamere nk’“urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda”, naho baba bakikujwe n’ibibi (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Mu kwigana Yezu, “nti[ba]subiriz[a] umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye” (Abaroma 12:17). Barihatira umwe wese ukwiwe kubandanya ‘kuneshesha ikibi iciza’.—Abaroma 12:21; Matayo 5:44.
Ukuntu ikibi kizoneshwa ubutakigaruka
Abantu ubwabo ntibazopfa bashoboye kunesha wa wundi aremesha ikibi, ari we Shetani wa Mucokoranyi. Yamara, vuba Yehova azokoresha Yezu mu gufyonyora Shetani umutwe (Itanguriro 3:15; Abaroma 16:20). N’ikindi kandi, Yehova azoyobora Kirisitu Yezu kugira ‘amare yongere akomvomvore’ intwaro zose z’ivya politike, nyinshi muri zo zikaba zarakoze amabi menshi kuva kera hose (Daniyeli 2:44; Umusiguzi 8:9). Mu gihe c’uwo musi w’urubanza, abantu bose ‘batumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yezu bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira’.—2 Ab’i Tesalonike 1:8, 9; Zefaniya 1:14-18.
Shetani be n’abamushigikira nibamara gukurwaho, Yezu ari mw’ijuru azofasha abazoba barokotse gusubiza isi uko yari imeze mu ntango. Vyongeye, Kirisitu azozura abantu bose bazoba bakwiriye kubaho kw’isi izoba yasubijwe uko yari mu ntango (Luka 23:32, 39-43; Yohana 5:26-29). Gutyo, azokuraho buhere ingaruka zimwezimwe z’ikibi gicumukuza abantu.
Yehova nta we agobera kwumvira ubutumwa bwiza bwerekeye Yezu. Yamara, ariko araha abantu akaryo ko kwironsa ubumenyi bujana mu buzima. Birahambaye cane ko ukoresha ako karyo ubu (Zefaniya 2:2, 3)! Niwabigira, uzomenya ukuntu wovyifatamwo mu bijanye n’ikibi ico ari co cose kikwononera ubuzima muri iki gihe. Uzokwibonera kandi ukuntu Kirisitu azonesha ikibi ubutakigaruka.—Ivyahishuriwe 19:11-16; 20:1-3, 10; 21:3, 4.
[Ifoto ku rup. 5]
Sauli yarashigikiye amabi kubera atari afise ubumenyi ntagakosa
[Ifoto ku rup. 7]
Gufasha umuntu kwironsa ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana ni co ciza kiruta ibindi vyose womugirira