Ni hehe ga yemwe inyigisho za Kirisitu zikurikizwa muri iki gihe?
YEZU KIRISITU abonwa na benshi ko ari umwe mu bantu bahambaye kuruta abandi bose bigeze kubaho. Abenshi babona ko ari we muntu ahambaye kuruta abandi bose. Muri iyi myaka yababa ibihumbi bibiri iheze, inyigisho ziwe zaragize ikintu gikomeye zihinduye ku bantu. Nk’uko vyanditswe n’umwanditsi w’Umwongereza Melvyn Bragg muri bo harimwo “abantu batobato batamenyekanye bakoze ineza, barerekana umutima mwiza bongera barakora ibikorwa bikomeye vy’ubugiraneza”.
Ubukirisu bwo bubonwa gute?
Ubukirisu bwo bubonwa gute? Bwadondowe ko ari “rimwe mu materambere yo mu vy’Imana abantu bashitseko ahambaye kuruta ayandi”. Umwe mu bantu baseruye uko babubona, ni uwitwa David Kelso wo kuri kaminuza imwe yo muri Ekose (Glasgow Caledonian University). Yanditse ati: “Imyaka ibihumbi bibiri bumaze yaranzwe n’ibintu ntangere vyashitsweko mu vy’utugenegene, mu vy’ubuhinga bw’ukwubaka, mu vya filozofiya, mu vy’imiziki no mu vy’ibikorwa bijanye n’ikibano”.
Ariko rero, abandi benshi ntibabona ibintu muri ubwo buryo. Bobo nta ngorane bafise ku bukirisu, ubusigurwa n’igitabu kimwe c’inyizamvugo (Collins Cobuild) ko ari “idini rishingiye ku nyigisho za Yezu Kirisitu no ku kwemera yuko yari umwana w’Imana”. Ahubwo riho, bashegeshwa n’inyifato y’inzego z’ivy’amadini be n’amashirahamwe y’ivy’idini bivuga yuko ari ivya gikirisu.
Nk’akarorero, umufilozofe w’Umudagi wo mu kinjana ca 19 yitwa Friedrich Nietzsche, mu kwerekeza ku biyita abakirisu, yavuze ko ubukirisu ari “ikirabagu kidashobora kuzimangana kiri ku muryango w’abantu”. Yanditse yuko ubukirisu ari “bwo sôko nyamukuru ry’inabi, ukwononekara kutagira uko kungana kandi gushika kure ibwina, . . . aho ata buryo na bumwe bwo kurondera gushika ku kintu bworeka gukoreshwa ngo ni uko burimwo ububisha, uburyarya, ivyo gukorera ibintu mu kinyegero, canke ngo ni uko ata co bumaze”. Ego ni ko, Nietzsche yabona ibintu mu buryo burimwo ukurenza urugero, yamara hari n’abandi batari bake bihweza ibintu mu buryo burushirije kuba ubutarenza urugero bashitse ku vyiyumviro nk’ivyo nyene. Kubera iki? Kubera ko inyifato abiyita abakirisu bamaze ibinjana n’ibindi bagaragaza itaranzwe na kamere za Yezu Kirisitu, ariko yaranzwe n’“ukwononekara gukwiragiye hose, ubukozi bw’ikibi butagira izina be n’ibintu vy’agatukisha kandi vy’agahomerabunwa”.
Kirisitu yoba ari kumwe n’abiyita abakirisu?
Umuntu ntiyoba rero agize ikintu kitumvikana abajije ati: “Kirisitu yoba akiri kumwe n’abiyita abakirisu?”. Hari aboca bavuga bati: “Cane nyene! None ntiyasezeraniye abayoboke biwe ko yobaye ari kumwe na bo ‘gushitsa [no] ku muhero w’isi’?” (Matayo 28:20). Ego ni ko, ivyo Yezu yarabivuze. Ariko yoba yashaka kuvuga yuko yobaye ari kumwe n’umuntu wese yiyita umuyoboke wiwe, naho yobaye yigenza gute?
Niwibuke yuko indongozi zimwezimwe z’idini zo mu gihe ca Yezu zabona neza na neza ko Imana yari kumwe na zo. Kubera ko Imana yari yaratoye Isirayeli ku bw’uruhara rudasanzwe yoranguye, indongozi z’idini zimwezimwe zibaza ko Imana itokwigeze iziheba naho zokoze iki (Mika 3:11). Ariko rero, amaherezo barashitse kure mu vy’ugutera akagere ivyagezwe vy’Imana be n’ingingo mfatirwako zayo. Ivyo vyatumye Yezu Kirisitu ababwira atarya umunwa ati: “Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka” (Matayo 23:38). Idini ry’Abayuda ryose uko ryakabaye ntiryabaye rigishimwa n’Imana. Yararihevye maze irareka ingabo z’Abaroma zirasangangura igisagara cabo, ari co Yeruzalemu, be n’urusengero rwaho mu 70 G.C.
Hoba hari ikintu gisa n’ico coshikira ubukirisu? Reka turabe ivyo Yezu yavuze ko abayoboke biwe botegerejwe gushitsa kugira ngo abe ari kumwe na bo gushika ku “muhero w’isi”, nk’uko yasezeranye.
[Amafoto ku rup. 3]
Inyigisho za Yezu Kirisitu ziragira ikintu gikomeye zihinduye ku bantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi