Inkuru y’ubuzima
Dufise umwiyemezo wo gukorera Yehova
NK’UKO VYAVUZWE NA RAIMO KUOKKANEN
Mu 1939, Intambara ya kabiri y’isi yose yaratanguye i Buraya, maze Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti ziratera Finilande, igihugu canje c’amavukiro. Dawe yaragiye kurwana mu gisoda ca Finilande. Hataraca n’igihe, indege z’indwano z’Abarusiya zaratanguye gukoragura ibibombe ku gisagara twarimwo, maze mawe arandungika kuja kubana na nyokuru ahantu hatagira inkomanzi ugereranije n’aho twari turi.
MU 1971, nariko nkora umurimo w’ubumisiyonari muri Uganda, aho hakaba ari muri Afirika yo mu Buseruko. Umusi umwe, igihe nariko namamaza inzu ku nzu, nagiye mbona abantu benshi batekewe n’ubwoba baca iruhande yanje biruka. Narumvise amasasu nca ntangura kwiruka ngana i muhira. Igihe amasasu yarushiriza kuvugira hafi, naciye nsimbira mu mufurege waca iruhande y’ibarabara. Naciye ngenda ndavura gushika i muhira, muri ico gihe amasasu akaba yariko araca hejuru yanje.
Ko none ata co nashoboye gukora ngo nikingire ingaruka za ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, ni kubera iki jewe n’umukenyezi wanje twemeye tukaja mu kaga ahantu hadatekanye muri Afirika yo mu Buseruko? Vyavuye ahanini ku mwiyemezo twari dufise wo gukorera Yehova.
Ntangura kuremeshwa kugira umwiyemezo wo gukorera Imana
Navukiye i Helsinki muri Finilande, mu 1934. Dawe yakora akazi ko gusiga irangi. Umusi umwe, ako kazi yakora karamushikanye ku nyubakwa yarimwo ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Finilande. Ivyabona baramubwiye ibijanye n’amakoraniro y’ishengero bagira. Atashe, yarabwiye mawe ibijanye n’ayo makoraniro. Mawe ico gihe ntiyaciye atangura kuyitaba, ariko mu nyuma yaratanguye kuganira ibijanye na Bibiliya n’umuntu umwe bakorana yari Icabona. Bidatevye, mawe yarafatanye uburemere ivyo yiga, maze mu 1940 arabatizwa aba Icabona ca Yehova.
Imbere gatoyi y’aho, nyokuru yari yaranjanye ku gatumba iwabo mu gihe iyo Ntambara ya kabiri y’isi yose yariko iraba. Mawe, uwari i Helsinki, yaratanguye kuza arandikira nyina wiwe be na murumunawe ku vyerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Abo bompi barashimishijwe bongera baza barambwira ivyo yabamenyesha. Abaserukizi b’ingenzi b’Ivyabona vya Yehova baraza i muhira kwa nyokuru bakaturemesha, yamara sinari bwagire umwiyemezo wo gukorera Imana.
Ntangura kuronka inyigisho ya gitewokarasi
Aho nya ntambara irangiriye mu 1945, narasubiye i Helsinki, maze mawe atangura kuza aranjana ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Rimwe na rimwe naza ndigira kuraba amasenema aho kuja ku makoraniro. Ariko mawe yaza arambwira ibijanye n’insiguro yaba yumvise ku makoraniro, kandi incuro n’izindi mu vyo yambwira yama ashimika kuri iki kintu kimwe: Harumagedoni iregereje cane. Nahavuye njijuka ko ivyo ari ivy’ukuri, maze ndareka kuza ndasiba amakoraniro. Uko narushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya, ni ko narushiriza kugira icipfuzo co kugira uruhara mu bikorwa vyose vy’ishengero.
Nararyoherwa canecane no kwitaba amateraniro n’amahwaniro. Mu 1948, naritavye ihwaniro ry’intara ryabereye hafi yo kwa nyokuru, aho nari ndi ico gihe, ndi mu buruhuko bwo mu ci. Hari umugenzi wanje umwe yari agiye kubatizwa kuri iryo hwaniro. Yarandemesheje ngo nanje mbatizwe. Namubwiye yuko ata mpuzu bogana mu mazi nazanye, ariko aca angira inama yuko nokoresha iziwe amaze kubatizwa. Naremeye maze ndabatizwa, aho hakaba hari kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 1948, nkaba nari mfise imyaka 13.
Ihwaniro rirangiye, hari abagenzi ba mawe bamubwiye ko nabatijwe. Dusubiye kubonana, yarashatse kumenya igituma nari narafashe iyo ngingo ihambaye nk’iyo ntabanje kumuhanuza. Namusiguriye yuko natahura vy’ukuri inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya be n’uko nari nzi ko hari ivyo Yehova ambaza ku bijanye n’inyifato yanje.
Umwiyemezo wanje wongerekana
Abavukanyi bo mw’ishengero baramfashije gukomeza umwiyemezo nari mfise wo gukorera Yehova. Baramperekeza mu busuku bw’inzu ku nzu bakongera bakaza barampa ibiganiro vyo gushikiriza mu makoraniro hafi buri ndwi (Ivyakozwe n’intumwa 20:20). Igihe nari mfise imyaka 16, narashikirije insiguro y’icese ari bwo bwa mbere. Haciye igihe gito, naragenywe kuba umusuku w’inyigisho za Bibiliya mw’ishengero narimwo. Ivyo bikorwa vyose vyo mu vy’impwemu nakora vyaramfashije gukura mu vy’impwemu, ariko nari ngitegerezwa gutsinda ugutinya abantu.
Muri iyo misi, twaza turatangaza insiguro y’icese yo kw’ihwaniro ry’intara yaba igiye gushikirizwa dukoresheje ivyandiko binini. Kimwekimwe cose muri ivyo vyandiko cari kigizwe n’ivyapa bibiri bifatanijwe n’imigozi, umuntu akaba yavyambara ku buryo kimwe kija imbere ikindi mu mugongo. Ivyo vyatumye abantu bamwebamwe batwita abantu b’ivyapa.
Igihe kimwe, ndi ahantu hatekanye kw’ikorosi ry’ibarabara nambaye ivyapa nakoresha, nagiye mbona umugwi w’abanyeshure twigana bariko baraza bagana iyo ndi. Igihe baca iruhande yanje, narabaravye mu maso nca numva ubwoba. Naciye nsaba Yehova umutima rugabo maze nguma mpagaze nambaye ivyo vyapa. Gutsinda ugutinya abantu ico gihe vyaranteguriye guhangana n’ikigeragezo gikomeye kuruta co kuguma ndi umukirisu atagira aho ahengamiye.
Mu nyuma, Leta yaradutegetse twe n’ibindi Vyabona bakiri bato batari bake ngo tuje kwiyandikisha mu gisoda. Twaragiye ku gituro c’abasirikare nk’uko bari babidutegetse, ariko turanka n’urupfasoni kwambara impuzu za gisirikare. Abategetsi baciye badushira ahantu mu gasho, hanyuma butaraca na kabiri sentare imwe iducira umunyororo w’amezi atandatu. Twarapfunzwe kandi amezi umunani, ayo twari kumara turi mu gisoda. Duteranije ayo mezi yose, uca ubona ko twapfunzwe amezi 14, duhorwa impagararo yacu yo kutagira aho duhengamiye.
Igihe twari turi mw’ibohero, twarahurira hamwe imisi yose mu tuzu twaho tukaganira kuri Bibiliya. Muri ayo mezi, benshi muri twebwe barasomye incuro zibiri Bibiliya yose uko ingana. Ikiringo co gupfungwa kirangiye, benshi muri twebwe bavuye mw’ibohero bafise umwiyemezo ukomeye wo gukorera Yehova bivuye inyuma. Gushika n’ubu, benshi muri ivyo Vyabona bari bakiri bato barabandanya gukorera Yehova badahemuka.
Maze kuva mw’ibohero, naciye nsubira i muhira kubana n’abavyeyi banje. Haciye igihe gito, narashoboye kumenyana na Veera, uwo akaba yari Icabona w’umunyamwete yari aherutse kubatizwa. Twubakanye mu 1957.
Umugoroba wahinduye ubuzima bwacu
Umusi umwe ku mugoroba, twari twagendeye abavukanyi bamwe bajejwe amabanga bo ku biro vy’ishami, maze umwe muri bo atubaza nimba twoshima gukora umurimo wo kugendera amashengero. Tumaze ijoro ryose dusenga, naraterefonye ishami maze ndabamenyesha ko twobishima. Gukora umurimo w’igihe cose vyasavye ko mva mu kazi nakora k’umushahara mwiza, yamara twari twiyemeje gushira Ubwami imbere mu buzima bwacu. Twatanguye ico gikorwa co kugendera amashengero muri Kigarama 1957, mfise imyaka 23, Veera na we 19. Twaramaze imyaka itatu tugira umunezero wo kugendera amashengero y’abasavyi ba Yehova muri Finilande no kuyaremesha.
Mu mpera z’umwaka wa 1960, nararonse ubutumire bwo kuja kw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower i Brooklyn, muri New York. Jewe hamwe n’abandi bavukanyi babiri baturuka muri Finilande, twari tugiye kwitaba ivyigwa bidasanzwe vy’amezi cumi bijanye n’ivyo kuyobora ishami. Abakenyezi bacu bo basigaye barakorera ku biro vy’ishami vyo muri Finilande.
Ivyigwa bigira birangire, nabwiwe kuja mu biro vya Nathan H. Knorr, uwo akaba ico gihe ari we yayobora igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose. Umuvukanyi Knorr yarambajije nimba jewe n’umukenyezi wanje twoshima kuja gukorera umurimo w’ubumisiyonari muri Repubulika ya Madagasikari, ahitwa ubu Madagasikari. Narandikiye Veera ndamubaza ico yiyumvira ku bijanye n’ico gikorwa, maze aca yishura adatebaganye ati: “Egome”. Igihe nasubira muri Finilande, twaciye twihutira kwitegurira kuba muri Madagasikari.
Umunezero n’ukuvunika umutima
Muri Nzero 1962, twaruriye indege tuja i Antananarivo, umurwa mukuru w’ico gihugu, twambaye inkofero z’ubwoya n’ibigoti biremereye, kubera ko twavuye muri Finilande mu rushana. Ntitwatevye guca duhindura impuzu twambara dushitse muri ubwo bushuhe bwo mu turere dushushe aho muri Madagasikari. Inzu ya mbere y’abamisiyonari twabayemwo yari inzu ntoyi ifise icumba kimwe co kuraramwo. Kubera ko hari abandi bamisiyonari babiri bubakanye bari basanzwe bayibamwo, jewe na Veera twaryama mw’ibaraza.
Twaratanguye kwiga igifaransa, rukaba ari ururimi rukoreshwa mu nzego za Leta muri Madagasikari. Ntivyari vyoroshe kubera ko ata rurimi twempi twahurizako n’uwatwigisha urwo rurimi, uwo akaba yari umuvukanyikazi Carbonneau. Yakoresha icongereza mu kutwigisha igifaransa, mugabo Veera we akaba atavuga icongereza. Naca rero nza ndasigurira Veera mu gifinilande ivyo umuvukanyikazi Carbonneau yaba yavuze. Mu nyuma twahavuye dusanga Veera mu rurimi rw’igisuwede ari ho arushiriza gutahura neza imvugo zihanitse zijanye n’ivy’ururimi, nca rero nza ndamusigurira indimburo y’igifaransa mu gisuwede. Ntitwatevye gutera imbere mu vy’ururimi rw’igifaransa, maze duca dutangura kwiga ikimaligashe na co, urwo rukaba ari rwo rurimi rw’abanyagihugu bo muri ico gihugu.
Umuntu wa mbere twiganye Bibiliya muri Madagasikari yari umugabo yavuga ikimaligashe gusa. Nabanza kuraba ivyanditswe muri Bibiliya yanje y’igifinilande, tugaca tubirondera muri Bibiliya yiwe y’ikimaligashe. Nta vyinshi namusigurira kuri ivyo vyanditswe, yamara uwo mugabo ntiyatevye guha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya, maze aratera imbere gushika n’aho abatizwa.
Mu 1963, umuvukanyi Milton Henschel wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Brooklyn yaraje mu gihugu ca Madagasikari. Haheze igihe gito, ibiro vy’ishami bishasha vyarashinzwe muri Madagasikari, maze ndagenwa guhagarikira ishami, iryo rikaba ryari ibanga rije ryiyongera ku mabanga y’ubucungezi bw’umuzunguruko be n’ubw’intara. Muri ico gihe cose, Yehova yaraduhezagiye rwose. Kuva mu 1962 gushika 1970, igitigiri c’abamamaji b’Ubwami muri Madagasikari carongerekanye kiva ku bamamaji 85 kija ku bamamaji 469.
Hinge rero umusi umwe mu 1970, tuvuye mu busuku bwo mu ndimiro, tuje dusanga agakete ku muryango kavuga yuko abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova bose bategerezwa kwitaba ku biro vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Tumaze kuhashika, umutegetsi umwe yatubwiye yuko Leta yatanze itegeko ryo kuva muri ico gihugu mu maguru masha. Mbajije icaha noba nari nakoze ku buryo nirukanwa muri ico gihugu, uwo mutegetsi yaciye avuga ati: “Mushingantahe Kuokkanen, nta kibi na kimwe wakoze”.
Nasubije nti: “Aha tuhamaze imyaka umunani. Aha ni i muhira. Ntidushobora gupfa kugenda ukwo nyene kandi ata mpamvu ihari”. Nta ko tutagize, yamara abamisiyonari bose babwirijwe mu ndwi imwe kuba bahavuye. Ishami ryarugawe, maze Icabona wo muri ico gihugu aba ari we atangura guhagarikira igikorwa. Imbere yo gusezera abavukanyi bacu twikundira bo muri Madagasikari, twarahawe kuja gukorera ahandi, aho hakaba hari muri Uganda.
Dutangura bushasha
Hashize imisi mikeyi tuvuye muri Madagasikari, twarashitse i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda. Bidatevye, twaratanguye kwiga ikiganda, rukaba ari ururimi hari ukuntu rurimwo agahibongozo karyoshe ariko rugoye cane kwiga. Hari abandi bamisiyonari bafashije Veera kubanza kwiga icongereza, kandi muri urwo rurimi twarashobora kwamamaza neza.
Ubushuhe bw’i Kampala be n’ukuntu hasisiye, vyaragize ingaruka mbi ku magara ya Veera. Ku bw’ivyo, twaciye turungikwa gukorera mu kindi gisagara co muri Uganda citwa Mbarara, hakaba ari ahantu hadashuha cane canke ngo hakanye cane ugereranije n’aho i Kampala. Ni twe twabaye Ivyabona vya mbere ng’aho, kandi umusi wa mbere twaja mu ndimiro, harabaye ikintu ciza cane gishimishije. Igihe nariko nganiriza umugabo umwe mu nzu yiwe, nagiye mbona umugore wiwe aza avuye mu gikoni. Yitwa Margaret, akaba yari yumvirije ukuntu nariko nshikiriza inkuru nziza. Veera yaratanguye kwigana Bibiliya na Margaret, uwo akaba yarateye imbere neza mu vy’impwemu. Yarabatijwe maze arahava aba umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete.
Haba intambara mu mabarabara
Mu 1971, intambara y’abanyagihugu yarahungabanije umutekano muri Uganda. Umusi umwe iyo ntambara yarabereye hafi y’inzu twabamwo i Mbarara. Ico gihe ni ho nashikirwa na birya navuze mu ntango y’iyi nkuru.
Igihe nashika i muhira ku nzu y’abamisiyonari maze umwanya ngenda navura mu mufurege muremure kugira abasirikare ntibambone, nasanze Veera yamaze gushika. Mu mfuruka imwe y’inzu, twarubatse ico twabona ko ari nk’inyubakwa y’intamenwa yari igizwe n’amamatera hamwe n’ibintu vyo mu nzu nk’amameza, intebe n’ibindi mwene ivyo. Twamaze indwi yose tudasohoka, tuza turumviriza amakuru kw’iradiyo. Rimwe na rimwe amasasu yarakubita ku mpome agaca atarukira hariya, natwe aho turi tugatuna muri ya nyubakwa yacu y’intamenwa. Mw’ijoro ntitwatsa amatara, kugira ntibiboneke ko turi mu nzu. Igihe kimwe, abasoda baraje ku muryango w’imbere barahamagara basemerera. Twaciye tuguma tudakakaza, dusengera Yehova mu mutima. Iyo ntambara yariko ibera hafi yacu irangiye, ababanyi bacu baraje kudushimira kubona ata co bari babaye. Babona ko Yehova ari we yari yadukingiye twese, kandi twarashigikiye ico ciyumviro cabo.
Ibintu vyagumye bimeze neza gushika aho umusi umwe mu gitondo twagiye twumva kw’iradiyo hatangazwa ko Leta ya Uganda yabujije igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Uwabitangaje yavuze yuko Ivyabona vya Yehova bose bakwiye gusubira mw’idini bahoramwo. Naragiye kuburanira ivyacu imbere y’abategetsi ba Leta, ariko biba ivy’ubusa. Naciye nja ku biro vy’Umukuru w’igihugu Idi Amin gusaba umubonano. Uwari ajejwe kwakira abantu ng’aho yaciye ambwira ko umukuru w’igihugu afatiriwe. Narasubiyeyo incuro n’izindi, ariko sinigeze mbonana n’umukuru w’igihugu. Amaherezo, muri Mukakaro 1973 twabwirijwe kuva muri Uganda.
Umwaka umwe uvyara cumi
Igihe twasezera abavukanyi twikundira b’Abaganda, twarasubiye kwumva wa mubabaro twari twaragize igihe twirukanwa muri Madagasikari. Imbere y’uko tuja mu gikorwa cacu gishasha muri Senegali, twabanje kuja muri Finilande. Tumaze gushikayo, ivy’uko tuja gukorera muri Afirika vyarahagaritswe, maze tubwirwa kuguma muri Finilande. Vyaboneka ko igikorwa c’ubumisiyonari twari tugisezeye. Muri Finilande, twarakoze igikorwa c’ubutsimvyi budasanzwe, twongera dusubira gukora igikorwa co kugendera amashengero.
Mu 1990, igikorwa co kwamamaza nticari kikirwanywa cane muri Madagasikari. Hinge rero tuje twumva icicaro gikuru c’i Brooklyn kitubajije nimba twoja gukorerayo umwaka umwe. Kujayo twaravyipfuza, mugabo twari duhanzwe n’ibibazo bibiri bitoroshe na gato. Umutama wanje yari akeneye kwitwararikwa, Veera na we akaba yabandanya kugira ingorane z’amagara. Igihe dawe yapfa muri Munyonyo 1990 vyarambabaje, mugabo kuba Veera yariko aratora ka mitende vyatumye tugira icizigiro co gusubira mu gikorwa c’ubumisiyonari. Twasubiye muri Madagasikari muri Nyakanga 1991.
Igikorwa twari twarungitswe gukorera muri Madagasikari cari ic’umwaka umwe, yamara cahavuye kimara imyaka cumi. Muri iyo myaka, igitigiri c’abamamaji carongerekanye kiva ku bamamaji 4.000 kija ku bamamaji 11.600. Emwe, ntiworaba ukuntu naryohewe no gukora igikorwa c’ubumisiyonari. Yamara, vyarashika nkumva ncitse intege, nkibaza nimba ntariko nirengagiza ivyo umukenyezi wanje nikundira yari akeneye mu vy’umubiri no mu vy’akanyengetera. Yehova twempi yaraduhaye inkomezi zo kwumira kw’ibanga. Amaherezo, mu 2001 twarasubiye muri Finilande, tukaba twaciye dukorera ku biro vy’ishami ryaho kuva ico gihe. Umwete dufitiye Ubwami nta ho uraja, kandi turacaryoherwa no kwibuka ivyo muri Afirika. Dufise umwiyemezo wo gukora ivyo Yehova agomba aho yoturungika hose.—Yesaya 6:8.
[Ikarata ku rup. 12]
FINILANDE
UBURAYA
[Ikarata ku rup. 14]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
AFIRIKA
MADAGASIKARI
[Ikarata ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
AFIRIKA
UGANDA
[Ifoto ku rup. 14]
Ku musi twagira ubugeni
[Amafoto ku rup. 15]
Twavuye mu gikorwa co kugendera amashengero muri Finilande, mu 1960 . . .
. . . tuja mu gikorwa c’ubumisiyonari muri Madagasikari, mu 1962
[Ifoto ku rup. 16]
Ndi kumwe na Veera muri iki gihe