Bavukira mw’ihanga ryatoranijwe n’Imana
‘Uhoraho Imana yanyu yabatoranije ngo mube ihanga yiharije’.—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 7:6.
1, 2. Ni ibikorwa ibihe vy’ububasha Yehova yakoreye abasavyi biwe, kandi ni ubucuti ubuhe Abisirayeli bunze n’Imana?
MU 1513 B.G.C., Yehova yaratumye abasavyi biwe bo kw’isi bunga na we ubucuti bushasha. Muri uwo mwaka, yaratetereje intwaro nganzasi yariho ico gihe, maze akura Abisirayeli mu buja. Gutyo, yarabaye Umukiza wabo yongera aba ari we begukira. Imbere y’uko Imana ikora ivyo bikorwa, yabwiye Musa iti: “Barira Abisirayeli yuko nd’Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye: kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu”.—Kuvayo 6:6, 7; 15:1-7, 11.
2 Haciye igihe gito Abisirayeli bavuye mu Misiri, barunze ubucuti n’Imana yabo Yehova biciye kw’isezerano. Aho kugiranira imigenderanire n’umuntu umwumwe ku giti ciwe canke imiryango imwimwe, guhera ico gihe Yehova yari agiye kugira kw’isi igisata cungunganijwe, ni ukuvuga ihanga (Kuvayo 19:5, 6; 24:7). Yarahaye abo basavyi biwe ivyagezwe vyagenga ubuzima bwabo mu kibano, n’igihambaye kuruta, bikagenga ugusenga kwabo. Musa yababwiye ati: “Har’ihanga rihambaye rifise Imana iri hafi yaryo nk’uk’Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje? Canke har’ihanga rihambaye rifise amabgirizwa n’amatēka ashinzwe aroranye, nk’ukw ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?”.—Gusubira mu vyagezwe 4:7, 8.
Bavukira mw’ihanga ry’ivyabona
3, 4. Ni impamvu iyihe ihambaye yatumye Isirayeli igirwa ihanga?
3 Haciye ibinjana, Yehova yaribukije Abisirayeli abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, impamvu ihambaye yatumye bagirwa ihanga. Yesaya yavuze ati: “Uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’uwanje. Kuko jewe nd’Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. . . . Zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi; n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye. Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, . . . abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje”.—Yesaya 43:1, 3, 6, 7, 10, 21.
4 Abisirayeli, uko bari igisata citirirwa izina rya Yehova, bobaye ivyabona bishingira intahe ubusegaba bwiwe ku mahanga. Bategerezwa kwerekana ko ari abantu ‘baremewe icubahiro ca Yehova’. Bategerezwa ‘kumenyekanisha ishimwe rya Yehova’, bakavuga ibikorwa vyiwe vy’ukurokora vy’akumiza, gutyo bakaninahaza izina ryiwe ryeranda. Muri make, bategerezwa kuba ihanga ry’ivyabona vya Yehova.
5. Ni mu buryo ki Isirayeli ryari ihanga ryeguriwe Imana?
5 Mu kinjana ca 11 B.G.C., Umwami Salomo yarerekanye ko Yehova yari yararobanuye Isirayeli ayigira ihanga ritandukanye n’ayandi. Mw’isengesho yatuye Yehova, yavuze ati: “Wabarobanuye mu mahanga yose yo mw isi ngo babe ishamvu yawe” (1 Abami 8:53). Yamara kandi, zina Mwisirayeli wese yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova. Imbere y’aho, Musa yari yarababwiye ati: “Mwebge mur’abana b’Uhoraho Imana yanyu: . . . Kuko mur’ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu” (Gusubira mu vyagezwe 14:1, 2). Ku bw’ivyo, abakiri bato b’Abisirayeli ntivyari ngombwa ko begurira ubuzima bwabo Yehova. Bavuka bari mu bagize igisata c’Imana cayeguriwe (Zaburi 79:13; 95:7). Iyaruka ryose rishasha ryarigishwa ivyagezwe vya Yehova kandi ryabwirizwa kubigendera kubera isezerano Isirayeli yari yaragiranye na Yehova.—Gusubira mu vyagezwe 11:18, 19.
Bari bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo
6. Ni ihitamwo irihe Umwisirayeli wese yategerezwa kugira?
6 Naho Abisirayeli bavukira mw’ihanga ryeguriwe Imana, zina Mwisirayeli ni we yategerezwa kwifatira ingingo yo kuyikorera. Imbere y’uko binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yababwiye ati: “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubu[zima] n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubu[zima], kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bu[zima] bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha” (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20). Urabona rero ko Umwisirayeli wese ari we yihitiramwo gukunda Yehova, kumwumvira no kwifatanya na we akaramata. Kubera yuko Abisirayeli bari bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo, bobwirijwe kwemera ingaruka z’amahitamwo bogize.—Gusubira mu vyagezwe 30:16-18.
7. Ni ibiki vyabaye inyuma y’aho abo mw’iyaruka ryo mu gihe ca Yosuwa bapfiriye?
7 Ikiringo Abisirayeli bamaze barongorwa n’Abacamanza kirerekana neza ingaruka nziza canke mbi zagiye zirabashikira igihe baba bagumye ari intahemuka canke igihe baba bahemutse. Imbere y’uko ico kiringo gitangura, Abisirayeli barakurikiza akarorero keza ka Yosuwa maze bagahezagirwa. “Yosuwa akiriho, abantu bāgumye k’Uhoraho, no mu gihe cose c’abakuru bāsigaye Yosuwa amaze gupfa, abāri bārabonye ibikorwa vyose bihambaye Uhoraho yakoreye Abisirayeli”. Ariko rero, haciye igihe Yosuwa apfuye, “bakuriki[we] n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli. Maz’Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi” (Abacamanza 2:7, 10, 11). Iryo yaruka ryakurikiye ritari bwamenye utuntu n’utundi biboneka ko ritahaye agaciro iragi ryarazwe ryo kuba abo mu bagize igisata c’abantu beguriwe Yehova, abo iyo Mana yabo yari yarakoreye ibikorwa vy’ububasha mu bihe vya kera.—Zaburi 78:3-7, 10, 11.
Uburyo berekana ko babaho bahuza n’ukwiyegura kwabo
8, 9. (a) Ni indinganizo iyihe yaronsa Abisirayeli uburyo bwo kwerekana ko beguriwe Yehova? (b) Ni ivyiza ibihe Abisirayeli batanga amashikanwa bavyishakiye bironkera?
8 Yehova yararonkeje abasavyi biwe uburyo bwo kwerekana ko babaho bahuza n’ukuba bagize ihanga ryamwiyeguriye. Nk’akarorero, Ivyagezwe vyiwe vyaravuga ibijanye no gutanga ibimazi, canke amashikanwa, bimwe muri ivyo bikaba ari ivyo babwirizwa gutanga, ibindi na vyo bakabitanga bavyishakiye (Abaheburayo 8:3). Muri ivyo bimazi umuntu yatanga avyishakiye, harimwo amashikanwa yo kwoswa, amashikanwa y’ifu be n’amashikanwa y’ishimwe, akaba yayashikanira Yehova arondera gutoneshwa na we no kugira ngo amukengurukire.—Abalewi 7:11-13.
9 Ivyo bimazi umuntu yatanga avyishakiye vyarahimbara Yehova. Ishikanwa ryo kwoswa be n’ishikanwa ry’ifu, yabonwa ko ari ‘umubabwe umotera neza’ Yehova (Abalewi 1:9; 2:2). Ku vyerekeye ikimazi c’ishimwe, amaraso y’igitungwa be n’ibinure vyaco vyoserezwa Yehova, imisoso na yo igafungurwa n’abaherezi hamwe na nyene gutanga ico kimazi. Ni co gituma izo mfungurwa zagereranya ubucuti burangwa amahoro umuntu yaba afitaniye na Yehova. Ivyagezwe vyavuga biti: “Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa” (Abalewi 19:5). Naho Abisirayeli bose bavuka beguriwe Yehova, aberekana ko baha agaciro ukwo kuba baramweguriwe mu gutanga amashikanwa bavyishakiye, ‘baremerwa’ na we bakongera bagahundwa imihezagiro myinshi.—Malaki 3:10.
10. Yehova yerekanye gute ko atashimishwa n’ivyakorwa mu gihe ca Yesaya no mu gihe ca Malaki?
10 Ariko rero, iryo hanga ryeguriwe Yehova ryaramuhemukiye akatari gake. Yehova yaribwiye abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya ati: “Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa” (Yesaya 43:23). N’ikindi kandi, amashikanwa umuntu yashikana bitavuye ku mutima kandi bitavuye ku rukundo, nta co yari amaze mu nyonga za Yehova. Nk’akarorero, mu gihe c’umuhanuzi Malaki, aho hakaba hari haciye ibinjana bitatu Yesaya apfuye, Abisirayeli bari basigaye batanga ibitungwa biri n’agahaze. Ni co gituma Malaki yababwiye ati: “Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye. . . . Muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza”.—Malaki 1:10, 13; Amosi 5:22.
Ihanga ryeguriwe Yehova rihebwa
11. Ni akaryo akahe Isirayeli yahawe?
11 Igihe Abisirayeli baba ihanga ryeguriwe Yehova, yabasezeraniye ati: ‘Ni mwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose: kuko isi yose ari iyanje; kandi muzombera ubwami, ubwoko bw’abaherezi, ihanga ryera’ (Kuvayo 19:5, 6). Mesiya yasezeranywe yobonetse muri bo, kandi ni bo bobanje guhabwa akaryo ko kuba abagize intwaro y’Ubwami bw’Imana (Itanguriro 22:17, 18; 49:10; 2 Samweli 7:12, 16; Luka 1:31-33; Abaroma 9:4, 5). Ariko, Abisirayeli benshi ntibakoze bahuza n’ukuba bari bagize ihanga ryeguriwe Yehova (Matayo 22:14). Barateye akagere Mesiya n’ukumwica baramwica.—Ivyakozwe n’intumwa 7:51-53.
12. Ni amajambo ayahe Yezu yavuze yerekana ko Isirayeli yahebwe ngo ntibe ikigize ihanga ryeguriwe Yehova?
12 Imisi mikeyi imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda ati: “Ntaho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: ivyo vyavuye k’Uhoraho, kandi n’igitangaza mu maso yacu? Ni co gitumye mbabgira yuk’ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo” (Matayo 21:42, 43). Mu kwerekana ko Yehova yari amaze kubaheba ngo ntibabe bakigize ihanga ryamweguriwe, Yezu yavuze ati: “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!”.—Matayo. 23:37, 38.
Ihanga rishasha ryiyeguye
13. Ni amajambo menyeshakazoza ayahe Yehova yavuze mu gihe ca Yeremiya?
13 Mu gihe c’umuhanuzi Yeremiya, Yehova yaramenyesheje ikintu gishasha cobaye muri kazoza ku bijanye n’abasavyi biwe. Dusoma duti: “Eh’imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda: ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze. Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje”.—Yeremiya 31:31-33.
14. Ihanga rishasha rya Yehova ryamwiyeguriye ryavutse ryari kandi rivuka hishimikijwe iki? Iryo hanga rishasha ni irihe?
14 Umushinge w’iryo sezerano rishasha washinzwe mu 33 G.C. igihe Yezu yapfa maze mu nyuma agashikiriza Se wiwe agaciro k’amaraso yiwe yasesetse (Luka 22:20; Abaheburayo 9:15, 24-26). Ariko rero, iryo sezerano rishasha ryatanguye gukora igihe impwemu yera yasukwa ku bigishwa kuri Pentekote yo mu 33 G.C. maze hakavuka ihanga rishasha, ari ryo ‘Isirayeli y’Imana’ (Ab’i Galatiya 6:16; Abaroma 2:28, 29; 9:6; 11:25, 26). Intumwa Petero yandikiye abakirisu basizwe ati: “Mweho mur’ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje: kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’abantu b’Imana” (1 Petero 2:9, 10). Ubucuti budasanzwe Yehova yari afitaniye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri bwari bumaze guhagarara. Mu 33 G.C.,Yehova ntiyari agitonesha Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, ahubwo yari asigaye atonesha Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, iyari igizwe n’ishengero rya gikirisu, ryo ‘hanga ryama imbuto’ z’Ubwami bwa Mesiya.—Matayo 21:43.
Ukwiyegura umuntu agira ku giti ciwe
15. Ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., Petero yahimirije abamwumviriza kubatizwa ibatisimu iyihe?
15 Inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., zina Muyuda na zina Munyamahanga bategerezwa kwiyegurira Imana bo ubwabo, maze bakabatizwa “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era”a (Matayo 28:19). Kuri uwo musi wa Pentekote, intumwa Petero yabwiye Abayuda be n’abahindukiriye ugusenga kwabo bari bafise umutima wo kwakira inkuru nziza, ati: “Ni mwi[gaye], umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo [m]pwemu [y]era” (Ivyakozwe n’intumwa 2:38). Abo Bayuda be n’abo bantu bahindukiriye idini ryabo bategerezwa kwerekana mu kubatizwa ko beguriye ubuzima bwabo Yehova kandi ko bemeye yuko biciye kuri Yezu ari ho Yehova yohariye ivyaha vyabo. Bategerezwa kwemera icese ko Yezu ari we Muherezi Mukuru yagenywe na Yehova akaba na we Ndongozi yabo, Umutwe w’ishengero rya gikirisu.—Ab’i Kolosayi 1:13, 14, 18.
16. Mu gihe ca Paulo, Abayuda n’Abanyamahanga bafise umutima wo kwakira inkuru nziza, bacika gute abo mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu?
16 Haciye imyaka, intumwa Paulo yavuze ati: “Nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwi[gaya], no guhindukirira Imana, ba[gakora] ibikorwa bikwiranye n’ukwi[gaya]” (Ivyakozwe n’intumwa 26:20). Paulo amaze kujijura Abayuda n’Abanyamahanga yuko Yezu ari we Kirisitu, ni ukuvuga Mesiya, yaca abafasha kugira ngo biyegure bongere babatizwe (Ivyakozwe n’intumwa 16:14, 15, 31-33; 17:3, 4; 18:8). Abo bigishwa bashasha bahindukiriye Imana, baca bacika abo mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.
17. Ni igikorwa ikihe co kudomako ikimenyetso cimirije kurangira, kandi ni ikindi gikorwa ikihe kiriko kirarangurwa mu buryo bwihuta?
17 Muri iki gihe, amasigarira y’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bimirije kudomwako ikimenyetso ca nyuma. Igihe bose bazoba bamaze kudomwako ico kimenyetso, “abamarayika bane” bafashe imiyaga ine yo guteza “wa mubabaro mwinshi” bazohabwa uburenganzira bwo kurekura iyo miyaga. Mu kurindira ico gihe, itororokanywa ry’abagize “ishengero ryinshi” bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera ngaha kw’isi ririko riraba mu buryo bwihuta. Abashaka kuba mu bagize “izindi ntama” ni bo bihitiramwo kwizera “amaraso ya wa Mwagazi”, maze bakabatizwa kugira berekane ko biyeguriye Yehova (Ivyahishuriwe 7:1-4, 9-15; 22:17; Yohana 10:16; Matayo 28:19, 20). Muri abo harimwo urwaruka rwinshi rurerewe mu miryango y’abavyeyi bakirisu. Nimba uri muri urwo rwaruka, ikiganiro gikurikira kiraza kugushimisha cane niwagisoma.
[Akajambo k’epfo]
Isubiramwo
• Ni kubera iki urwaruka rw’Abisirayeli bitari ngombwa ko rwiyegurira Yehova?
• Abisirayeli bashobora gute kwerekana ko babaho bahuza n’ukuba bareguriwe Yehova?
• Ni kubera iki Yehova yahevye Isirayeli ngo ntibe ikigize ihanga ryamweguriwe, kandi iryo hanga ryasubirijwe irindi gute?
• Kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Abayuda n’Abanyamahanga bategerezwa gukora iki kugira ngo babe abo mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu?
[Ifoto ku rup. 21]
Abisirayeli bavukira mw’ihanga ryatoranijwe n’Imana
[Ifoto ku rup. 23]
Zina Mwisirayeli ni we yifatira ingingo yo gukorera Imana
[Ifoto ku rup. 23]
Amashikanwa umuntu yatanga avyishakiye yaraha Abisirayeli akaryo ko kwerekana ko bakunda Yehova
[Ifoto ku rup. 25]
Inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., umuyoboke wa Kirisitu we ubwiwe ni we yiyegurira Imana maze akavyerekana mu kubatizwa