Barahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba
YEZU yarabereye akarorero abakirisu bose mu gusenga Se wiwe ati: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba” (Luka 22:42). Muri iki gihe, abasavyi b’Imana amamiliyoni barakurikiza ayo majambo aranga ukwicisha bugufi aserura ukugamburukira Yehova. Bamwe muri abo ni abanyeshure 52 bitavye ivyigwa vy’umugwi ugira 120 vya rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2006, abo banyeshure bari bagiye gusohoka iryo shure, bari bahimbawe n’uko bagiye gukora ivyo Imana igomba mu bihugu bitandukanye, naho vyoshika bagashikirwa n’ibintu bitoroshe.
Ni igiki none kivyurira abo banyeshure umutima wo kureka ivyo Yehova agomba ngo abe ari vyo bisunga mu buzima bwabo? Uwitwa Chris hamwe n’umukenyezi wiwe Leslie, bano bakaba barungitswe gukorera ubumisiyonari muri Boliviya, basiguye bati: “Kubera yuko twiyanse, twipfuza kwitanga kugira ngo dukore ikintu ico ari co cose kijanye n’ishirahamwe rya Yehova” (Mariko 8:34). Jason na Chere, abarungitswe gukorera muri Alubaniya, bongerako kuri ivyo bati: “Igikorwa cose twagiye turashingwa n’ishirahamwe rya Yehova wasanga kirimwo ibintu bitoroshe cisangije. Yamara, twariboneye yuko Yehova akwiriye ko tumwizigira n’umutima wacu wose”.
Bararemeshejwe kuyoboka ivyo Yehova agomba
Uwitwa George Smith, akaba ari umunyabeteli akorera mu Rwego rujejwe ivyo gushushanya, ni we yatanguje porogarama yo guha abo banyeshure impapuro z’umutsindo mu gutura isengesho. Umuvukanyi Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, akaba ari na we yari ahagarikiye iyo porogarama, yaciye aha ikaze abari bayitavye bose. Abashitsi baturuka mu bihugu 23 bari baje mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson i New York, kuri urwo rubanza ruteye umunezero. Uwo muvukanyi Lett yabwiye abari bagiye gusohoka iryo shure yuko bagiye gukora “ikintu gikomeye cane”. Yaravuze ibijanye n’“ibintu bihamangiye mu buryo bukomeye”, nk’akarorero inyigisho z’ikinyoma, ivyo abo bamisiyonari bashasha bazoshobora gushingura biciye ku bubasha bw’Ivyanditswe (2 Ab’i Korinto 10:4, 5, NW). Yasozereye ati: “Ntiworaba umunezero muzogira mu gukoreshwa na Yehova kugira ngo mushingure ibintu bihamangiye mu buryo bukomeye mu bantu b’imitima nziraburyarya bo mu turere mugiye gukoreramwo!”.
Harold Jackson, umwe mu bakorera ku cicaro gikuru, yaciye aca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo “Ibintu bikeyi wokwibuka”. Yaravuze yuko abo bamisiyonari bashasha badakwiye kwigera bibagira ‘kubanza kwitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo’ (Matayo 6:33). Bakwiye kuguma bibuka yuko ‘urukundo rwubaka’ kandi ko ari co kintu nyamukuru cama gifasha umuntu kuroranirwa mu vyo akora (1 Ab’i Korinto 8:1). Yavuze ati: “Nimureke urukundo rube ari rwo rubayobora mu vyo mugiranira n’abandi vyose”.
Ubukurikira, Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi, akaba yakoze ubumisiyonari kuva mu 1979 gushika mu 2003, yabajije abo banyeshure ati: “Mwoba mwitaho ivyo mujejwe?”. Yarashimitse ku kuntu bihambaye ko umuntu agira uburimbane mu buryo abona ivyiwe be no mu buryo abona ubusuku. Abakirisu bajejwe ibanga ryo gukora bivuye inyuma mu kubiba imbuto z’ukuri no mu kuzivomera. Ariko rero, Yehova ni we ajejwe ivyo gukuza mu buryo bw’impwemu, narirya ‘Imana ari yo ikuza’ (1 Ab’i Korinto 3:6-9). Yongeyeko ati: “Yehova yitezeko ko muguma mukomeye mu vy’impwemu. Ariko ikintu mujejwe kiruta ibindi vyose ni ikihe? Ni ugukunda Yehova be n’abo mugiye gukorera”.
Umwigisha w’i Gileyadi yitwa Lawrence Bowen yaciye aca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo “Numenye uko ukwiye kwigenza”. Yaribukije abo banyeshure yuko igihe Abisirayeli baca mu bugararwa, Yehova yabayoboye yongera arabakingira mu buryo bw’igitangaro (Kuvayo 13:21, 22). No muri iki gihe aratuyobora akongera akadukingira. Uburyo bumwe akoresha ni rya shengero rigizwe n’abakirisu basizwe, rino rikaba ari “inkingi ishigikiye ukuri” (1 Timoteyo 3:14, 15). Abo bamisiyonari bashasha bategerezwa kuzoshigikira ukuri, ukwo kukaba ari kwo kuyobora abicisha bugufi kukongera kukabakingira.
Uwundi mwigisha w’i Gileyadi yitwa Wallace Liverance yarahimirije abo bari bagiye gusohoka iryo shure kutibagira ijambo ry’Imana “ribaturu[ka] inyuma”. Ijambo ry’Imana rituruka inyuma mu buryo bw’uko haheze ibinjana n’ibindi Bibiliya yose yanditswe. Nka kumwe kw’umwungere agenda yamira umukuku w’intama ari inyuma yawo, Yehova na we nyene ari inyuma y’abasavyi biwe, akaba aza arabaha ubuyobozi biciye kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Yesaya 30:21; Matayo 24:45-47). Ishure rya Gileyadi ryarafashije abo banyeshure kurushiriza gukenguruka uwo mugwi w’umushumba. Uwo “mushumba” yaranatumye haboneka ya Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau. Uwo mushikirizansiguro yaremesheje abo banyeshure ati: “Ubwo bubiko burimwo ibintu vy’agaciro murabukoreshe mu kwigisha abandi”.—Matayo 13:52.
Gukora ivyo Yehova agomba mu busuku bwo mu ndimiro
Mu kiganiro co muri iyo porogarama kivuga ngo “Nugire ishaka ryo kwamamaza inkuru nziza”, umwigisha w’i Gileyadi yitwa Mark Noumair yaravuze ibintu bimwebimwe abo banyeshure biboneye mu busuku bwo mu ndimiro mu kiringo bari bakiriko barakurikira ivyigwa vy’iryo Shure ry’i Gileyadi (Abaroma 1:15). Igihe abanyeshure bamwebamwe babazwa ibibazo, vyaribonekeje yuko bagaragaje vy’ukuri ko bafise ishaka ridasanzwe ryo kwamamaza igihe cose akaryo kabonetse.
Abo banyeshure bararonse izindi ndemesho biciye ku kiganiro uwitwa Kenneth Flodin yayoboye mu kubaza ibibazo abacungezi b’ingenzi batatu ubu bakorera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Richard Keller na Alejandro Lacayo, uwo wa mbere akaba yigeze kuba akorera muri Amerika y’Epfo uwo wundi na we muri Amerika yo Hagati, barasiguye ukuntu babwirijwe kunyinyana n’ibintu bitandukanye bigoye, bongera baravuga imihezagiro imwimwe baronse igihe bakora ubumisiyonari. Uwitwa Moacir Felisbino na we, yaravuze ukuntu yamenyerejwe mu gukorana cane n’abamisiyonari bakorera muri Berezile, aho yakuriye.
Abamisiyonari batatu bazi utuntu n’utundi, ari bo Robert Jones, Woodworth Mills be na Christopher Slay, barabajijwe ibibazo na David Schafer. Abo bavukanyi batatu bariganye ukuntu bize gukora bizigira Yehova bari mu bintu bigoye cane. Barasubirije umutima mu nda nya banyeshure bari ng’aho mu kubabwira yuko ukumenyerezwa baronkeye mw’ishirahamwe rya Yehova kwabateguye bimwe bihagije kugira ngo bakore igikorwa c’ubumisiyonari. Umuvukanyi Mills ni we yavuze muri make ati: “Ivyigwa nakurikiranye i Gileyadi ubwavyo si vyo novuga ko vyamfashije cane rwose, ahubwo ni ico iryo shure ryanyigishije ku bijanye n’ukwicisha bugufi be n’urukundo”.
Umuvukanyi Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro nyamukuru yari ifise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Yehova ntazokwigera ananirwa”. Adamu yarananiwe kuguma ari intahemuka. Mugabo ivyo vyoba bisobanura yuko n’Imana hari ukuntu yananiwe? Imana yoba ari yo yananiwe kurema Adamu atunganye, nk’uko abantu bamwebamwe babivuga? Habe namba. Uti kubera iki? Kubera yuko “Imana yaremye abantu bagororotse” (Umusiguzi 7:29). Uwo mushikirizansiguro yarerekanye yuko kuba Yezu yaragumye ari intadohoka mu kigeragezo kiruta ibindi vyose yaciyemwo igihe yari ngaha kw’isi, vyatanze ikimenyamenya c’uko “Adamu ata citwazo canke impamvu n’imwe yari afise yo kunanirwa kuguma ari intahemuka”. Ikigeragezo kijanye n’ukugamburuka cashikiye Adamu muri rya tongo ry’i Edeni nticaruha cegereza ico Yezu yashoboye gutsinda. Yamara Adamu yarananiwe, ntiyashobora gutsinda ico kigeragezo. Ariko Yehova wewe, ntazokwigera ananirwa. Umugambi wiwe uzoranguka (Yesaya 55:11). Umuvukanyi Pierce yabwiye abo bamisiyonari bashasha ati: “Muri n’agateka ko gutera iteka Yehova biciye ku gatima ko kwitanga mufise. Ese Yehova yobana n’umwe wese muri mwebwe aho muzoja kumukorera hose muri abamisiyonari!”.
Umuvukanyi Lett yari ahagarikiye iyo porogarama, ahejeje gusoma indamutso zarungitswe n’ibiro vy’ishami bitandukanye vy’Ivyabona vya Yehova, yaciye aha abo banyeshure impapuro z’umutsindo be n’izerekana aho barungitswe gukorera. Vernon Wisegarver, uwumaze igihe kirekire ari umunyabeteli, ni we yaciye aserukira abari ng’aho mw’isengesho ryo gusozera.
Abari bitavye iyo porogarama yo gutanga impapuro z’umutsindo bose uko bari 6.872, bavuze yuko iyo porogarama yatumye bumva barushirije kugira ishaka ryo gukora ivyo Imana igomba (Zaburi 40:8). Andrew na Anna, bakaba ari bamwe mu basohotse iryo shure, bavuze bati: “Ubuzima bwacu twabweguriye Yehova. Twamusezeraniye yuko tuzokora ikintu ico ari co cose adusaba. None raba Yehova yadusavye kuja muri Kamerune, muri Afirika”. Bo hamwe n’abandi basohotse iryo shure bariteganye umushasharo gutangura umurimo uzotuma bumva bashize akanyota kandi banezerewe. Vy’ukuri, barahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba.
[Uruzitiro ku rup. 17]
IBIRANGA ABARI BITAVYE IRYO SHURE
Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 6
Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 20
Igitigiri c’abanyeshure: 52
Incahagati y’imyaka y’amavuka: 35,7
Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 18,3
Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 14,5
[Ifoto ku rup. 18]
Umugwi ugira 120 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower
Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.
(1) Wright, S.; Suárez, B.; Croisant, B.; Davenport, L. (2) Johnson, A.; Ali, C.; Cady, K.; Guerrero, P.; Ases, A. (3) Ortiz, L.; Lyall, K.; Uzeta, M.; Perez, R.; Backus, K.; Caterina, C. (4) Palmer, B.; Loving, D.; Macdonough, J.; Bostock, D.; Benetatos, L. (5) Jasicki, M.; Sarafianos, E.; Stelter, C.; Vaira, R.; Woon, J.; Prentice, K. (6) Davenport, H.; Croisant, H.; Perez, M.; Vaira, E.; Suárez, A.; Caterina, I.; Wright, C. (7) Cady, K.; Macdonough, J.; Ortiz, M.; Woon, J.; Ali, J.; Ases, M. (8) Sarafianos, G.; Lyall, D.; Uzeta, C.; Stelter, P.; Prentice, G.; Johnson, A.; Benetatos, C. (9) Palmer, J.; Jasicki, W.; Backus, J.; Bostock, S.; Guerrero, J. M.; Loving, S.