ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 4-7
  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi canke mw’ijuru?
  • Umugambi w’ibihe bidahera werekeye isi
  • Umugambi w’Imana uranguka ata kabuza
  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”
  • ‘Abatekereza bazoragwa isi’—Gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Isi
    Be maso!—2014
  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 4-7

“Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”

“Ukwemera kwa Ekeleziya kwerekana ko ibi bintu bine ari vyo bishobora kuba ryo herezo ry’umuntu: urupfu, urubanza, umuriro, ijuru”.​—Vyakuwe mu gitabu Catholicism, casohowe na George Brantl.

URABONA yuko muri ivyo bintu bivugwa ko ari vyo bishobora kuba ryo herezo ry’umuntu, isi itarimwo. Ivyo ntibitangaje kubera ko Ekeleziya Gatolika, cokimwe n’ayandi madini atari make, usanga yemera iciyumviro c’uko umusi uri izina isi izosangangurwa. Inyizamvugo imwe (Dictionnaire de Théologie Catholique) iravyerekana neza munsi y’agatwe kavuga ngo “Umuhero w’isi”, iti: “Ekeleziya Gatolika iremera kandi ikigisha yuko iyi si, uko Imana yayiremye be n’uko imeze, itazokwamaho ibihe bidahera”. Mu nyigisho ya vuba ijanye n’ikatikisimu harashirwamwo n’iki ciyumviro: “Isi yacu . . . igenewe kuzozimangana”. Nimba rero uwu mubumbe wacu ugiye kuzozimangana, bite none ku bijanye na ya mihango Bibiliya itanga yerekeye iparadizo yo kw’isi?

Bibiliya iravuga mu buryo butomoye ivy’uko kw’isi hazoba iparadizo. Nk’akarorero, umuhanuzi Yesaya yadondoye iyo si be n’abazoyibako muri ubu buryo: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo” (Yesaya 65:21, 22). Abayuda Imana yahaye iyo mihango bari bazi neza ko umusi umwe igihugu cabo cobaye iparadizo, mbere n’isi yose uko ingana, maze abantu bakironkera ivyiza vy’ibihe bidahera.

Zaburi ya 37 iremeza ico cizigiro mu kuvuga iti: “Abagwaneza bazoragwa [“isi”, NW]” (Zaburi 37:11). Ico canditswe ntikiriko kivuga gusa ivyo gusubiza Abisirayeli muri ca Gihugu c’Isezerano hanyuma ngo bakibemwo igihe kinaka gusa. Iyo Zaburi nyene ica ibitomora iti: “Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira” (Zaburi 37:29)a. Urabona yuko iyo Zaburi ivuga ko kubaho ibihe bidahera kw’isi ari impera ibikiwe “abagwaneza” canke abatekereza. Muri Bibiliya imwe y’igifaransa, hari amajambo agira ico avuze kuri uyo murongo yerekana yuko ijambo “abatekereza” “rifise insobanuro yagutse cane kuruta iyo usanga rigira uravye uko rihindurwa mu zindi ndimi; risobanura kandi abagorwa, abari mu mubabaro canke abahamwa bahowe Yahweh, abantu b’imitima yicisha bugufi bayobokera Imana”.

Kw’isi canke mw’ijuru?

Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarasezeranye ikintu kitwibutsa ivyo vyanditswe bihejeje kuvugwa, ati: “Hahirwa abatekereza kukw ari bo bazoragwa isi” (Matayo 5:5). Urabona kandi ko isi ari impera y’ibihe bidahera abantu b’intahemuka bazoronka. Ariko rero, Yezu yareretse neza abigishwa biwe yuko yobateguriye ikibanza “i muhira kwa [Se]” be n’uko bobanye na we mw’ijuru (Yohana 14:1, 2; Luka 12:32; 1 Petero 1:3, 4). None, imihango yerekeye imihezagiro abantu bazoronka kw’isi dukwiye kuyitahura gute? Yoba iri n’ico ivuze muri iki gihe, kandi ni bande yerekeye?

Incabwenge mu vya Bibiliya zitandukanye zivuga yuko “isi” ivugwa muri ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi be n’iyivugwa muri Zaburi ya 37 ari iy’ikigereranyo gusa. Uravye ivyo uwitwa F. Vigouroux yavuze mu gitabu yanditse citwa Bibiliya ya Glaire (mu gifaransa), yabona ko ijambo isi rivugwa muri iyo mirongo “rigereranya ijuru na Ekeleziya”. Umushakashatsi umwe mu vya Bibiliya w’Umufaransa yitwa M. Lagrange, abona yuko uwo muhango “atari umuhango w’uko abatekereza bazoragwa iyi si babako, haba muri iki gihe canke mu gihe ivy’isi bizoba bitunganijwe neza kuruta, ahubwo ko bazoragwa ikibanza, aho ari ho hose kizoba kiri, ico na co kikaba ari ubwami bw’ijuru”. Uwundi mushakashatsi mu vya Bibiliya na we avuga yuko iyo ari “imvugo ngereranyo ikoresha ibintu vyiza vyo kw’isi igomba kuvuga ijuru”. Hari n’abandi babona yuko “ca gihugu c’isezerano, ni ukuvuga Kanani, ari co gifatwa mu buryo bw’impwemu, kikagereranya igihugu c’amavukiro co hejuru abatekereza basezeranirwa, ari bwo bwami bw’Imana”. Babona kandi ko “iyo ari yo nsobanuro y’iyo mvugo ngereranyo iri muri Zaburi ya 37 be n’ahandi”. Twoba dukwiye none guca tubona yuko mu mihango Imana yatanze, isi itarimwo?

Umugambi w’ibihe bidahera werekeye isi

Mu ntango, isi yari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu” (Zaburi 115:16). Ku bw’ivyo, umugambi Imana yari ifitiye abantu kuva mu ntango wari werekeye isi, ntiwari werekeye ijuru. Yehova yahaye umugabo n’umugore ba mbere igikorwa co kwagura itongo ry’i Edeni ku buryo rikwira isi yose (Itanguriro 1:28). Uwo mugambi ntiwari uw’igihe kinaka gusa. Yehova aremeza mw’Ijambo ryiwe yuko isi izokwamaho ibihe bidahera. Avuga ati: “Urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi; isi igahorah’ibihe vyose”.​—Umusiguzi 1:4; 1 Ngoma 16:30; Yesaya 45:18.

Ivyo Imana isezerana ntivyigera bibura kuranguka, kuko ari Musumbavyose, ikaba kandi yitwararika ivy’uko biranguka. Umwanditsi umwe wa Bibiliya, akoresheje akarorero k’inzinguzingu y’amazi, arasigura yuko ivyo Imana yasezeranye bitazobura kuranguka. Avuga ati: “Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, . . . uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje [ni ukuvuga, ijambo ry’Imana] rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye” (Yesaya 55:10, 11). Imana iraha abantu imihango. Harashobora guca igihe kinaka imbere y’uko iyo mihango iranguka, yamara ntiyigera ireka kuranguka. ‘Igaruka’ kuri yo imaze gushitsa ivyavuzwe vyose.

Nta gukeka ko Yehova ‘yagomvye’ canke yahimbawe no kurema isi ngo ibeko abantu. Ya misi itandatu y’irema irangiye, Imana yavuze yuko vyose vyari “vyiza cane” (Itanguriro 1:31). Guhindura isi ikaba iparadizo ni kimwe mu bigize umugambi w’Imana kitararanguka. Naho ari ukwo, ivyo Imana isezerana ‘ntibizogaruka ubusa’. Imihango yose yerekeye ubuzima butunganye kw’isi, aho abantu bazobaho ibihe bidahera mu mahoro n’umutekano, izoranguka.​—Zaburi 135:6; Yesaya 46:10.

Umugambi w’Imana uranguka ata kabuza

Icaha abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva bakoze kiramaze igihe kinaka caraciriyemwo umugambi Imana yari ifise mu ntango wo guhindura isi ngo ibe iparadizo. Aho bagambarariye, baciye birukanwa muri rya tongo. Gutyo, baratakaje agateka bari bafise ko kugira uruhara mw’iranguka ry’umugambi w’Imana w’uko abantu batagira agasembwa baba mw’iparadizo kw’isi. Naho vyagenze ukwo, Imana yaratunganije ibintu kugira umugambi wayo uranguke. Uti yabigenjeje gute?​—Itanguriro 3:17-19, 23.

Ivyashitse muri Edeni twobigereranya n’igihe umuntu atanguye kwubaka inzu mw’itongo ryiza cane. Ahejeje kwubaka umushinge, haciye haza umuntu arawusambura. Uwo muntu, aho guheba umugambi wiwe, aca agira ivyo akoze kugira ngo iyo nzu izoshobore kwuzura. Naho ivyo bikorwa vyiyongereye bimusaba ubundi buryo, ntibisigura yuko uwo mugambi wo mu ntango atazowurangura.

Imana na yo nyene yaragize ivyo itunganije kugira ngo umugambi wayo ntuze ubure kuranguka. Haciye igihe gito abavyeyi bacu ba mbere bacumuye, hari icizigiro Imana yaciye imenyesha ku vyerekeye abobakomotseko. Yavuze yuko hobonetse “uruvyaro” rwokuyeho ibintu vyose vyononekaye. Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, vyarabonetse ko igice nyamukuru c’urwo ruvyaro ari Umwana w’Imana Yezu, uwaje kw’isi maze agatanga ubuzima bwiwe ngo bube inkuka yo gucungura abantu (Ab’i Galatiya 3:16; Matayo 20:28). Yezu amaze kuzuka akaja mw’ijuru, yohavuye aba Umwami w’Ubwami. Ubwa mbere, Yezu ni uwutekereza aragwa isi ari kumwe n’abantu b’intahemuka batowe bazukira kuba mw’ijuru kugira ngo bafatanye na we kuganza muri ubwo Bwami (Zaburi 2:6-9). Amaherezo, iyo ntwaro izokwifatira mu minwe ivyo kw’isi kugira ngo ishitse umugambi Imana yari ifise mu ntango, mu guhindura isi iparadizo. Abantu batekereza amamiliyoni adaharurika “bazoragwa isi” mu kwungukira ku butegetsi bw’ubwo Bwami buzoba burongowe na Yezu Kirisitu be n’abazofatanya na we kuganza.​—Itanguriro 3:15; Daniyeli 2:44; Ivyakozwe n’intumwa 2:32, 33; Ivyahishuriwe 20:5, 6.

“Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”

Ubwo bukiriro bugizwe n’imice ibiri, ni ukuvuga umuce wo mw’ijuru n’uwo mw’isi, buravugwa mu vyo intumwa Yohani yeretswe. Yabonye abami bicaye ku ntebe z’ubwami mw’ijuru batowe mu bigishwa b’intahemuka ba Kirisitu. Bibiliya iravuga itomora ivyerekeye abazofatanya na Kirisitu yuko “bazoba abami mw isi” (Ivyahishuriwe 5:9, 10). Urabona yuko iranguka ry’umugambi w’Imana rigizwe n’imice ibiri, kuko Bibiliya ivuga ivy’isi itunganywa ikamera nk’uko yahora, irongowe n’Ubwami bwo mw’ijuru bugizwe na Yezu Kirisitu be n’abaraganwa na we. Ivyo bintu vyose Imana yatunganije bituma Iparadizo izoshobora gusubizwaho kw’isi rimwe rizima mu buryo buhuye n’umugambi yari ifise mu ntango.

Muri ca gisabisho ca Data wa twese, Yezu yararemesheje abigishwa biwe gusenga basaba ko ivyo Imana igomba biba “kw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:9, 10). Wumva none ayo majambo yoba ari n’ico avuze hamwe isi yoba izozimanganywa canke yoba ari ikigereranyo c’ijuru gusa? Vyongeye, niba abatekereza bose baja mw’ijuru, ayo majambo wumva yoba afise insobanuro? Ivyo Imana igomba ku bijanye n’isi biraboneka neza mu Vyanditswe uhereye ku nkuru yerekeye irema ugashika ku vyo Yohani yeretswe dusanga mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Isi izoba ico Imana yagabiye ko iba, ni ukuvuga iparadizo. Ivyo ni vyo Imana isezerana gushitsa. Abantu b’intahemuka bo kw’isi barasenga basaba ko ivyo vyoranguka.

Ubuzima budahera kw’isi ni wo mugambi Umuremyi, ya Mana ‘idahinduka’, yari afise kuva mu ntango (Malaki 3:6; Yohana 17:3; Yakobo 1:17). Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kiramaze imyaka irenga ijana gisigura iyo mice ibiri y’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ivyo biradufasha gutahura imihango dusanga mu Vyanditswe yerekeye ivy’uko isi izosubira kumera nk’uko yari imeze mu ntango. Tukuremesheje kurondera kumenya n’ibindi ku bijanye n’ivyo, mu kuyaga n’Ivyabona vya Yehova canke mu kwandikira abasohoye iki kinyamakuru.​—Yohana 17:3.

[Akajambo k’epfo]

a Naho Bibiliya nyinshi (harimwo na Bibiliya Yera) usanga zihindura ijambo ry’igiheburayo ‘eʹrets ngo “igihugu” aho kurihindura ngo “isi”, nta mpamvu n’imwe yerekana yuko iryo jambo ‘eʹrets ryakoreshejwe muri Zaburi 37:11, 29 risobanura gusa ca gihugu cahabwa ihanga rya Isirayeli. Igitabu kimwe (Old Testament Word Studies) canditswe na William Wilson kivuga yuko ijambo ‘eʹrets risobanura “isi yose uko ingana, aho hakaba harimwo ibice abantu bashobora kubamwo n’ivyo badashobora kubamwo; igihe na ho riherekejwe n’ijambo ryerekana ko ridashaka gusobanura isi yose uko ingana, rica risobanura igice kinaka c’isi-butaka, ni ukuvuga igihugu”. Ku bw’ivyo, umubumbe wacu, ari yo si, ni yo nsobanuro ya mbere kandi nyamukuru y’iryo jambo ry’igiheburayo.​—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1986, urupapuro rwa 31.

[Ifoto ku rup. 4]

Bibiliya iravuga itomora yuko kw’isi hazobaho Iparadizo

[Ifoto ku rup. 7]

Ca gisabisho ca Data wa twese ca Yezu coba gifise insobanuro mu gihe isi yoba izozimanganywa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika