Ukuntu dushobora kwegera umwe ‘yumva ivyo asabwa’
“Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe”.—ZABURI 65:2.
1. Ni igiki gitandukanya abantu n’ibindi biremwa vyo kw’isi, kandi ivyo bituma baronka akahe karyo?
MU BIREMWA vyose ibihumbi n’ibihumbi vyo kw’isi bifise ubuzima, abantu ni bo gusa bashobora gusenga Umuremyi. Ni bo bonyene bazi ko bakeneye ivy’impwemu kandi bakipfuza kuvyironsa. Ivyo biratuma baronka akaryo keza utoraba ko kugiranira ubucuti na Data wa twese wo mw’ijuru.
2. Ni ingaruka iyihe ikomeye icaha cagize ku bucuti abantu bari bafitaniye n’Umuremyi wabo?
2 Imana yaremanye abantu ubushobozi bwo kuyegera. Adamu na Eva baremwe batagira icaha. Gutyo, barashobora kwegera Imana ata co binona nka kurya umwana yegera se wiwe. Ariko rero, icaha catumye batakaza ako gateka gahambaye bari bafise. Adamu na Eva baragambarariye Imana, maze baca batakaza ubucuti bwa hafi bari bafitaniye na yo (Itanguriro 3:8-13, 17-24). None ivyo vyoba bisobanura yuko abantu b’abanyagasembwa bakomoka kuri Adamu batagishobora kwegera Imana? Habe namba. Yehova aracabemerera ko bamwegera mu gihe gusa boshitsa ibintu binaka asaba. Uti ivyo bintu bisabwa ni ibihe?
Ivyo dusabwa kugira ngo twegere Imana
3. Abantu b’abanyavyaha bakwiye kwegera Imana gute, kandi ni akarorero akahe kavyerekana?
3 Ivyashikiye abahungu babiri ba Adamu biradufasha kubona ivyo Imana isaba abantu b’abanyagasembwa bipfuza kuyegera. Kayini na Abeli, bompi bararondeye kwegera Imana mu kuyishikanira ibimazi. Imana yaremeye ikimazi ca Abeli, ica Kayini ntiyacemera (Itanguriro 4:3-5). Ni igiki none cabitumye? Mu Baheburayo 11:4 havuga hati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’umugororotsi”. Biribonekeza rero ko ukwizera ari igisabwa kugira ngo umuntu ashobore kwegera Imana. Ikindi kintu gisabwa tugisanga mu vyo Yehova yabwiye Kayini ati: “Ni wakora neza ntuzokwemerwa?”. Ego cane, Imana yari kwemera ko Kayini ayegera iyo akora neza. Ariko Kayini yaranse impanuro Imana yamuhaye, arica Abeli, bica bituma aba igicibwa (Itanguriro 4:7-12). Urabona rero ko kuva kera, akamaro ko kwegera Imana umuntu afise ukwizera kandi akora ibikorwa vyiza, kashimitsweko.
4. Ni igiki dukwiye kwemera icese ku bijanye n’ukwegera Imana kwacu?
4 Birahambaye cane ko twemera icese yuko turi abanyavyaha niba twipfuza kwegera Imana. Abantu bose ni abanyavyaha, kandi icaha kiratuma umuntu adashobora kwegera Imana. Umuhanuzi Yeremiya yanditse ku vyerekeye Isirayeli ati: “Twaracumuye. . . . Witwikiriye igicu, kugira ng’ugusenga kwacu ntikumenēre ngo kugushikīre” (Gucura intimba 3:42, 44). Naho ari ukwo, muri kahise k’abantu kose, Imana yarerekanye ko yiteguriye kwemera amasengesho y’abayegera bafise ukwizera n’inyifato yo mu mutima ibereye, bakitondera amabwirizwa yayo (Zaburi 119:145). None bamwebamwe muri abo ni bande, kandi amasengesho yabo dushobora kuyigirako iki?
5, 6. Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Aburahamu yegera Imana?
5 Umwe muri abo bantu ni Aburahamu. Imana yaremeye ko Aburahamu ayegera nakare yamwise ngo “umukunzi wanje” (Yesaya 41:8). Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Aburahamu yegera Imana? Igihe kimwe, uwo sekuruza w’imiryango w’intahemuka yarabajije Yehova ibijanye n’uwobaye samuragwa wiwe, ati: “Uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize?” (Itanguriro 15:2, 3; 17:18). Ikindi gihe, yaraseruriye Imana ukuntu arajwe ishinga n’abozigurijwe igihe yoshikije urubanza rwayo ku banyakibi b’i Sodomu n’i Gomora (Itanguriro 18:23-33). Vyongeye, Aburahamu yarasenga asabira abandi (Itanguriro 20:7, 17). Kandi, nka kumwe kwa Abeli, Aburahamu rimwe na rimwe yaregera Yehova Imana mu kumushikanira ibimazi.—Itanguriro 22:9-14.
6 Muri ivyo bihe vyose, Aburahamu yarayaga na Yehova ata co yinona. Ariko rero, naho yari afise ubwo bushizi bw’amanga, yarabona ko ari umuntu aciye bugufi imbere y’Umuremyi wiwe. Raba amajambo yavuze yerekana ko yubaha Imana dusanga mw’Itanguriro 18:27, ayagira ati: “Eh’ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje, naho nd’umukungugu n’umunyota”. Ese ukuntu ako ari agatima keza twokwigana!
7. Ni ibiki ba sekuruza b’imiryango bamwebamwe babwiye Yehova mu masengesho yabo?
7 Ba sekuruza b’imiryango barasenga Yehova bamutura ibibazo bitandukanye, kandi amasengesho yabo yarayumviriza. Yakobo yaratuye isengesho mu kugira ico asezeraniye Imana. Amaze gusaba Imana ngo imufashe, yaciye ayisezeranira icese ati: “Ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ikigiracumi” (Itanguriro 28:20-22). Mu nyuma, igihe yari yimirije guhura na mukuruwe, yaratakambiye Yehova amusaba kumukingira, ati: “Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya” (Itanguriro 32:9-12). Sekuruza w’imiryango Yobu yaregera Yehova ku bw’umuryango wiwe, agatanga ibimazi ku bwawo. Igihe ba bagenzi batatu ba Yobu bacumura mu vyo bavuze, yarasenze ku bwabo kandi “Uhoraho [yarumviye] ugusenga kwa Yobu” (Yobu 1:5; 42:7-9). Izo nkuru ziradufasha kumenya ivyo twobwira Yehova mu masengesho tumutura. Ziradufasha kandi kubona yuko Yehova yiteguriye kwemera amasengesho y’abamwegera mu buryo bubereye.
Mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe
8. Mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe, ni gute ibibazo vyaturwa Yehova ku bw’ineza y’ihanga ryose?
8 Inyuma y’aho Yehova arokoreye ihanga rya Isirayeli akarikura mu Misiri, yaragiranye na ryo isezerano ry’Ivyagezwe. Ivyo vyagezwe vyarerekana indinganizo babwirizwa kwisunga kugira bashobore kwegera Imana, iyo na yo ikaba yari ubuherezi bwashinzwe. Hariho Abalewi bashinzwe kuba abaherezi b’iryo hanga. Igihe haba havyutse ibibazo vyerekeye ihanga ryose, umwe mu bariserukira, rimwe na rimwe akaba yari umwami canke umuhanuzi, yaratura Imana ico kibazo mw’isengesho (1 Samweli 8:21, 22; 14:36-41; Yeremiya 42:1-3). Nk’akarorero, igihe urusengero rwegurirwa Yehova, Umwami Salomo yaramwegereye mw’isengesho rivuye ku mutima. Yehova na we yaciye yerekana ko yemeye iryo sengesho rya Salomo mu kwuzuza urwo rusengero ubwiza bwiwe no mu kuvuga ati: “[Nzotega] amatwi yanje numve amasengesho asengerwa aha hantu”.—2 Ngoma 6:12–7:3, 15.
9. Ni igiki casabwa kugira umuntu yegere Yehova Ahera hiwe mu buryo bubereye?
9 Muri ivyo Vyagezwe Yehova yahaye Abisirayeli, harimwo igisabwa kugira umuntu amwegere Ahera hiwe mu buryo bubereye. None ico gisabwa cari ikihe? Umuherezi mukuru, uretse ibimazi vy’ibitungwa yosa, yarasabwa guturira imibavu imota imbere ya Yehova imisi yose mu gitondo no ku mugoroba. Mu nyuma, abandi baherezi na bo nyene bararangura uwo murimo, kiretse gusa ku Musi w’Impongano. Baramutse badakoze ico kintu co guhesha icubahiro Yehova, ntiyaheza ngo ashime umurimo barangura.—Kuvayo 30:7, 8; 2 Ngoma 13:11.
10, 11. Ni igiki kitwemeza yuko Yehova yemera amasengesho Abisirayeli batura umwumwe ku giti ciwe?
10 Muri Isirayeli ya kera, Abisirayeli boba bashobora kwegera Imana biciye gusa ku bantu bagenywe babaserukira? Oyaye. Ivyanditswe vyerekana yuko Yehova yahimbarwa no kwemera amasengesho bamutura umwumwe ku giti ciwe. Muri rya sengesho Salomo yatura igihe co kwegurira Yehova urusengero, yamutakambiye ati: “Hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’abantu bawe bose b’Abisirayeli, . . . akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro, nuk’uz’uvyumve uri mw ijuru” (2 Ngoma 6:29, 30). Inkuru yanditswe na Luka itubwira yuko Zekariya se wa Yohani Umubatizi, igihe yariko arosa imibavu mu rusengero, abasavyi ba Yehova batari abaherezi na bo bariko “[ba]rasengera hanze”. Biboneka ko vyari bisigaye bimenyerewe ko mu gihe imibavu yaba iriko iroserezwa Yehova ku gicaniro c’inzahabu, abanyagihugu na bo baba bakoraniye hanze y’urusengero bariko barasenga.—Luka 1:8-10.
11 Rero, Yehova yarahimbarwa no kwakira amasengesho atuwe n’abaserukira ihanga ryose be n’ayatuwe n’Abisirayeli barondera kumwegera umwumwe ku giti ciwe, mu gihe baba bamwegereye mu buryo bubereye. Muri iki gihe, ntitugengwa n’isezerano ry’Ivyagezwe. Naho ari ukwo, ku bijanye n’isengesho, hari ivyigwa bihambaye cane dushobora kwigira kuri ubwo buryo butandukanye Abisirayeli bo mu gihe ca kera begera Imana.
Mu gihe c’indinganizo ya gikirisu
12. Ni indinganizo iyihe abakirisu bashiriweho kugira ngo begere Yehova?
12 Muri iki gihe, tubayeho twisunga indinganizo ya gikirisu. Ntihakiriho urusengero ruboneka aho abaherezi baserukirira abasavyi b’Imana bose canke urwo dushobora kwerekezako igihe dusenga Imana. Yamara, n’ubu hariho indinganizo Yehova yashizeho kugira ngo dushobore kumwegera. Uti ni iyihe? Igihe Kirisitu yasigwa impwemu yera mu 29 G.C. akaba Umuherezi Mukuru, urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwaciye rutangura gukoraa. Urwo rusengero yari indinganizo nshasha yo kwegera Yehova mu kumusenga hishimikijwe ikimazi c’impongano ca Yezu Kirisitu.—Abaheburayo 9:11, 12.
13. Nuvuge isano rimwe riri hagati ya rwa rusengero rw’i Yeruzalemu n’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu bijanye n’isengesho.
13 Vyinshi mu vyakorerwa mu rusengero rw’i Yeruzalemu biragereranya neza intunganyo zo muri urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, ushizemwo n’izijanye n’isengesho (Abaheburayo 9:1-10). Nk’akarorero, imibavu yoserezwa ku gicaniro c’imibavu c’Ahera h’urusengero mu gitondo no ku mugoroba yoba yagereranya iki? Igitabu c’Ivyahishuriwe kivuga giti: “Imibavu, ni yo gusenga kw’abera” (Ivyahishuriwe 5:8; 8:3, 4). Dawidi yarahumekewe kwandika ati: “Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu” (Zaburi 141:2). Rero, mu ndinganizo ya gikirisu, imibavu imota neza igereranya mu buryo bubereye amasengesho Yehova yemera be n’amajambo yo kumushemeza.—1 Ab’i Tesalonike 3:10.
14, 15. Twovuga iki ku bijanye n’ukwegera Yehova (a) kw’abakirisu basizwe? (b) kw’abagize “izindi ntama”?
14 Ni bande boshobora kwegera Imana muri urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu? Muri rwa rusengero rw’i Yeruzalemu, abaherezi n’Abalewi bari baratewe agateka ko gukorera mu kigo carwo c’imbere, yamara abaherezi bonyene ni bo bashobora kwinjira Ahera harwo. Abakirisu basizwe bafise icizigiro co kuja mw’ijuru, bari mu mimerere bisangije yo mu vy’impwemu igereranywa n’ikigo c’imbere be n’Ahera, iyo mimerere ikaba ituma bashobora gusenga Imana no kuyishemeza.
15 Bite ho ku bafise icizigiro co kuzoba kw’isi, ni ukuvuga abagize “izindi ntama” (Yohana 10:16)? Umuhanuzi Yesaya yarerekanye yuko “mu misi y’iherezo” abantu bo mu mahanga menshi boje gusenga Yehova (Yesaya 2:2, 3). Vyongeye, yaranditse yuko “abanyamahanga” boje kuri Yehova. Imana yarerekanye ko yiteguriye kwemera yuko bano bayegera mu kuvuga iti: ‘Nzobanezereza mu ngoro yanje yo gusengeramwo’ (Yesaya 56:6, 7). Mu Vyahishuriwe 7:9-15 harasigura n’ibindi mu kuvuga ibijanye n’abagize “ishengero ryinshi” ryo mu “mahanga yose”, abakoranira hamwe kugira ngo basenge Imana “ku murango no mw’ijoro”, bahagaze mu kigo c’inyuma y’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Ese ukuntu bihumuriza kuba abasavyi b’Imana bose muri iki gihe bashobora kuyegera ata co binona bizigiye badakeka ko ibumvira!
Ni amasengesho ayahe Imana yemera?
16. Ni igiki dushobora kwigira ku masengesho abakirisu bo mu ntango batura?
16 Abakirisu bo mu ntango bari abantu bakunda gusenga. None ni ibiki bashira mu masengesho batura Imana? Abakurambere bakirisu barasenga basaba ubuyobozi mu bijanye no guhitamwo aboshingwa amabanga (Ivyakozwe n’intumwa 1:24, 25; 6:5, 6). Epafura yarasenze asabira abo bari basangiye ukwizera (Ab’i Kolosayi 4:12). Abo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu barasenze basabira Petero igihe yari mw’ibohero (Ivyakozwe n’intumwa 12:5). Abakirisu bo mu ntango barasenze Imana basaba ko yobaronsa uburindutsi bwobafasha kwihanganira ukurwanywa, bati: “Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose” (Ivyakozwe n’intumwa 4:23-30). Wa mwigishwa Yakobo yarahimirije abakirisu gusenga Imana basaba ubwenge, ari bwo bukerebutsi, igihe bari mu bigeragezo (Yakobo 1:5). Woba nawe uhora ushira mwene ivyo bintu mu masengesho utura Yehova?
17. Yehova yemera amasengesho ya bande?
17 Imana ntiyemera amasengesho yose aturwa. Dushobora gute none gusenga twizigiye yuko amasengesho yacu yemerwa? Ba bantu b’intahemuka Imana yumvira mu bihe vya kera, bayegera ata buryarya kandi bafise inyifato nziza yo mu mutima. Barerekana ko bafise ukwizera mu gukora ibikorwa vyiza. Turashobora gushira amazinda yuko muri iki gihe Yehova atazobura kwumvira abamwegera muri ubwo buryo nyene.
18. Kugira ngo amasengesho abakirisu batura yemerwe, ni ikindi kintu ikihe gisabwa bategerezwa gushitsa?
18 Hariho n’ikindi kintu gisabwa. Intumwa Paulo yaragisiguye ati: “Biciye kuri we . . . [tura]shobora kwegera Data biciye ku mpwemu imwe”. Igihe Paulo yandika ngo “biciye kuri we”, ni nde yariko aravuga? Yariko avuga Yezu Kirisitu (Abanyefeso 2:13, 18, NW). Mu vy’ukuri, dushobora kwegera Data wa twese ata co twinona biciye kuri Yezu gusa.—Yohana 14:6; 15:16; 16:23, 24.
19. (a) Ni ryari imibavu yoswa muri Isirayeli yacika igisesema kuri Yehova? (b) Twokwiyemeza neza gute ko amasengesho yacu ameze nk’imibavu imotera neza Yehova?
19 Nk’uko twabibonye, ya mibavu yoswa n’abaherezi b’Abisirayeli igereranya amasengesho Imana yemera aturwa n’abasavyi bayo b’intahemuka. Yamara, vyarashika iyo mibavu bosa ikaba igisesema kuri Yehova. Ivyo vyaba igihe Abisirayeli bosereza iyo mibavu mu rusengero bakongera bakunamira ibigirwamana (Ezekiyeli 8:10, 11). No muri iki gihe, amasengesho aturwa n’abavuga yuko bariko bakorera Yehova mugabo bakaguma bakora ibiteye kubiri n’amategeko yiwe, na yo nyene acika umubavu umumotera nabi (Imigani 15:8). Nimuze rero tugume dutyoroye imice yose y’ubuzima bwacu kugira ngo amasengesho yacu amere nk’imibavu imotera neza Imana. Yehova arahimbarwa n’amasengesho y’abakurikira inzira ziwe zigororotse (Yohana 9:31). Ariko rero, hariho ibibazo bigikeneye inyishu, na vyo bikaba ari ibi: Dukwiye gusenga gute? Ni ibiki twosenga dusaba? Kandi Imana yishura gute amasengesho yacu? Ikiganiro cacu gikurikira kirarimbura ivyo bibazo be n’ibindi.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 2001, urupapuro rwa 27.
Woshobora kubisigura?
• Abantu b’abanyagasembwa bashobora gute kwegera Imana mu buryo ishima?
• Dushobora gute kwigana ba sekuruza b’imiryango ku bijanye n’amasengesho dutura?
• Ni igiki twigira ku masengesho abakirisu bo mu ntango batura?
• Ni ryari amasengesho yacu amera nk’imibavu imotera neza Imana?
[Ifoto ku rup. 23]
Ni kubera iki Imana yemeye ikimazi ca Abeli, ntiyemera ica Kayini?
[Ifoto ku rup. 24]
“Nd’umukungugu n’umunyota”
[Ifoto ku rup. 25]
‘Sinzobura kuguhamwo ikigiracumi’
[Ifoto ku rup. 26]
Amasengesho yawe yoba ameze nk’imibavu imotera neza Yehova?