ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/9 rup. 8-9
  • ‘Ntidushobora kureka kuvuga ivyerekeye Yezu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ntidushobora kureka kuvuga ivyerekeye Yezu’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwiyemezo ntabanduka
  • Ukwumvira Imana guhezagirwa
  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nta cari kubabuza kwamamaza
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Bahamagaza Abanyekombe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/9 rup. 8-9

‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’

‘Ntidushobora kureka kuvuga ivyerekeye Yezu’

TURI mu mwaka wa 33 G.C. Ni mu cumba kinini utoraba sentare y’igihugu y’Abayuda y’i Yeruzalemu isanzwe ikoraniramwo. Muri ico cumba, abagize Ikombe bagira basambishe abayoboke 12 ba Yezu Kirisitu. Kubera iki bagira babasambishe? Kubera ko bamaze imisi bamamaza ivyerekeye Yezu. Bubaye ubugira kabiri intumwa Petero n’intumwa Yohani bahagarara imbere y’iyo sentare. Ku zindi ntumwa, ni ryo rya mbere zisambishwa.

Umuherezi mukuru arabwira nya ntumwa 12 ibijanye n’itegeko ryatanzwe n’iyo sentare ubuheruka. Ico gihe, intumwa Petero n’intumwa Yohani bari bazitegetse kureka kwigisha ivyerekeye Yezu, maze zishura ziti: “Namb’ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye: kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise”. Abigishwa ba Yezu bamaze gusenga basaba uburindutsi, baciye bakomeza kwamamaza inkuru nziza.​—Ivyakozwe n’intumwa 4:18-31.

Umuherezi mukuru asanzwe azi yuko iterabwoba yabagizeko ubuheruka ata co ryamaze, ari na co gituma muri ico gihe co kubasambisha irya kabiri avuga ati: “Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu”.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:28.

Umwiyemezo ntabanduka

Petero n’izindi ntumwa barishura n’ubushizi bw’amanga bati: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’ (Ivyakozwe n’intumwa 5:29). Ego cane, igihe ivyo abantu badusaba bihushanye n’ivyo Yehova adusaba, dutegerezwa kumwumvira aho kwumvira abantua.

Abagize Ikombe bakwiye kubona ko amajambo intumwa zavuze zemeza ko zidashobora guhemukira Imana afise uburemere. Hamwe umuntu yobaza izo ndongozi z’Abayuda ku bijanye n’ukwumvira Imana, ntizobura kwishura zinama rimwe ziti: “Umvira Imana”. Kanatsinda, ntizemera none ko Imana ari yo Mukama Segaba w’ijuru n’isi?

Intumwa Petero biboneka ko aserukira intumwa zose akavuga ku bijanye n’ubusuku zirangura yuko zumvira Imana aho kwumvira abantu. Gutyo, arabeshuza ivyo intumwa zagirizwa yuko ngo zitagamburuka. Abagize Ikombe, bafatiye ku nkuru z’ivyabaye zerekeye igihugu cabo, barazi ko hari ibihe aho usanga atari agaseseshwarumuri yuko umuntu abwirizwa kwumvira Imana aho kwumvira abantu. Abagore babiri b’abakirizi bo mu Misiri batinye Imana aho gutinya Farawo, igihe bareka kuniga abana b’abahungu baba bavyawe n’Abaheburayokazi (Kuvayo 1:15-17). Igihe Umwami Hezekiya yashirwako umukazo ngo ateshwe ate, yumviye Yehova aho kwumvira Umwami Senakeribu (2 Abami 19:14-37). Ivyanditswe vy’igiheburayo, ivyo abo bagize Ikombe basanzwe bamenyereye, birashimika ku vy’uko Yehova yiteze ko abasavyi biwe bamwumvira.​—1 Samweli 15:22, 23.

Ukwumvira Imana guhezagirwa

Biboneka ko n’imiburiburi umwe mu bagize iyo sentare nkuru akorwa ku mutima n’aya majambo agira ati: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’. Gamaliyeli, umucamanza wo mu bagize Ikombe asanzwe yubahwa cane, arashwirura iyo sentare ngo yumvirize impanuro iranga ubukerebutsi atangira mu cumba c’umwiherero. Gamaliyeli aravuga uburorero bw’ivyigeze gushika hanyuma akerekana yuko bitaranga ubukerebutsi kuburabuza igikorwa c’intumwa. Asozera avuga ati: “Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: . . . mwoye kuzosanga murwanya Imana”.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:34-39.

Amajambo yumvikana Gamaliyeli avuga arashwirura iyo sentare nkuru kugira ngo irekure intumwa. Naho izo ntumwa zitonagurwa, ntiziterwa ubwoba na gato n’ivyo bintu bizishikira. Ahubwo riho, inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo”.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:42.

Urazi ukuntu intumwa zahezagiwe kubera zemeje zishikamye yuko ubukuru bw’Imana ari bwo buri hejuru ya vyose! Abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe bafise inyifato nk’iyo nyene. Ivyabona vya Yehova barabandanya kwizigira Yehova ko ari we Mutegetsi wabo Ruheta. Igihe basabwe gukora ibintu biteye kubiri n’inyobozo z’Imana, bishura nka kumwe kw’intumwa bati: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, septembre-octobre.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]

WARI BWIGERE UVYIBAZA?

Umwanditsi wa Bibiliya Luka, yashoboye gute kumenya ivyo Gamaliyeli yavugiye ahantu hiherereye Ikombe ryakoranira? Imana ishobora kuba ari yo yahishuriye Luka amajambo Gamaliyeli yavuze. Canke na ho, Paulo (uwahora ari mu bigishwa ba Gamaliyeli) ashobora kuba ari we yamenyesheje Luka ivyo Gamaliyeli yavuze. Kibure, Luka ashobora kuba yarabajije umwe mu bagize iyo sentare nkuru w’umutima mwiza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika