Ni kubera iki dukwiye kwihatira gukora iciza?
HARI umugabo yize cane yigeze kuvuga ati: “Kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo. Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora”. Ni kubera iki uwo mugabo bitamworohera gukora iciza yipfuza gukora? Yasiguye ati: “Ni ko mbona ikingera, yuko naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje. Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha”.—Abaroma 7:18, 19, 21-23.
Ayo majambo y’intumwa Paulo, ayamaze imyaka yababa 2.000 yanditswe, arasigura igituma gukora iciza ari urugamba ku bantu b’abanyagasembwa. Kwisunga ingingo ngenderwako zigororotse, na canecane mu bihe vy’ibigeragezo, bisaba kugira umutima rugabo. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza twibajije duti: “Ni impamvu nyamukuru iyihe ikwiye gutuma twihatira gukora iciza?”.
Raba ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye na kazoza k’umuntu agororoka akora iciza. Muri Zaburi 37:37, 38, dusoma duti: “Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: Kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’amahoro. Abacumura bo bazohonera hamwe, iherezo ry’umunyakibi n’amahonero”. Mu Migani 2:21, 22 hatubwira hati: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co”.
Naho ivyo bintu twasezeraniwe be n’ibindi dusanga muri Bibiliya biduha imvo yo gukurikira ingendo ihimbara Imana, si vyo mvo nyamukuru yotuma dukurikira iyo ngendo. Imvo nyamukuru yotuma irafitaniye isano n’ikibazo cerekeye ibiremwa vyose bifise ubwenge kimwekimwe ukwaco. Ikiganiro gikurikira kiravuga ico kibazo ico ari co kikongera kikerekana ukuntu kitwerekeye.