ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/1 rup. 17-19
  • Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi baronka inyigisho ikora ku mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi baronka inyigisho ikora ku mutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyigisho zikora ku mutima
  • Impanuro batekerewe n’abigisha b’i Gileyadi
  • Ivyabonywe bishimishije be n’ibiganiro vyigisha birimwo ukubaza ibibazo
  • Insozero ikabura kandi ivyurira umuntu umutima wo kugira ico akoze
  • Ishure ry’i Gileyadi—riramaze imyaka 60 rimenyereza abamisiyonari
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Bariko baritanga babikunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Abasohotse ishure ry’i gileyadi barahimirizwa “gutangura kwimba”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Barahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/1 rup. 17-19

Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi baronka inyigisho ikora ku mutima

KU WA 9 Nyakanga 2006, harabaye ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo abanyeshure b’umugwi ugira 121 wa rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, bikaba vyabereye mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson i New York. Iyo porogarama yarakora ku mutima.

Geoffrey Jackson, akaba ari umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ni we yuguruye iyo porogarama mu guha ikaze abanyeshure 56 bagira basohoke iryo shure be n’abantu 6.366 bari bavuye hirya no hino kw’isi bari bitavye iyo porogarama. Yarasiguye Zaburi 86:11, ahagira hati: “Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe”. Umuvukanyi Jackson yarerekanye ibintu bitatu ico canditswe gishimikako. Yavuze ati: “Mu ryungane rya mbere, hashimika ku nyigisho; mu ryungane rya kabiri, ku gushira mu ngiro; mu rya gatatu na ho, ku kuvyurirwa umutima wo kugira ico ukoze. Ivyo bintu bitatu birahambaye canecane kuri mwebwe abamisiyonari mugiye gukorera mu vyibare murungitswemwo”. Mu nyuma, yaciye avuga ivy’uko hagiye kuba urukurikirane rw’insiguro be n’ibiganiro birimwo ukubaza ibibazo, vyose bikaba vyashimika kuri nya bintu vyose uko ari bitatu.

Inyigisho zikora ku mutima

William Malenfant, akaba ari umwe mu bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, yaraciye irya n’ino insiguro ivuga ngo “Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose”. Yaravuze ibijanye n’akarorero ka Mariya, mwenewabo na Marita. Igihe kimwe Yezu abagendeye, Mariya yahisemwo kwicara imbere y’ibirenge vya Yezu kugira ngo amutege yompi, ivyo biba ari vyo ashira imbere. Yezu yabwiye Marita ati: “Mariya ahisemw’umugabane mwiza, atazokwakwa” (Luka 10:38-42). Uwo mushikirizansiguro yaciye avuga ati: “Zirikana gatoyi kuri iki kintu! Mariya ntazigera yibagira yuko yigeze kwicara imbere y’ibirenge vya Yezu maze akumviriza amajambo meza yerekeye ukuri kwo mu vy’impwemu ari kumwe na we amaso mu yandi, ivyo vyose bikaba vyashobotse kubera yuko yagize ihitamwo ryiza”. Ahejeje gukeza abagira basohoke iryo shure kubera amahitamwo meza yo mu vy’impwemu bagize, yaciye avuga ati: “Amahitamwo mwagize yabashikanye ku buzima bwiza kuruta ubundi bwose”.

Ubukurikira, Anthony Morris, na we akaba ari umwe mu bagize Inama Nyobozi, yaraciye irya n’ino insiguro ivuga ngo “Mwambare Umwami Yesu Kristo”, ishingiye ku Baroma 13:14. Ivyo none twobigira gute? Uwo muvukanyi yarerekeje ku kajambo k’epfo dusanga muri ya Bibiliya y’amarabiro (Bible à Référence) kajanye n’uwo murongo kagira gati: “Mwigane inyifato y’Umukama”, ivyo bikaba bisobanura kwigana akarorero kiwe be n’agatima yagaragaje. Uwo mushikirizansiguro yavuze ati: “Yezu yatuma abantu bumva bisanze kubera yabitwararika bimwe bivuye ku mutima, kandi na bo nyene baravyiyumvamwo”. Mu nyuma, uwo mushikirizansiguro yarerekanye ingene abo banyeshure bari baronkeye ubumenyi bwinshi mu vyigwa vy’i Gileyadi kugira ngo, nk’uko mu Banyefeso 3:18 habivuga, “[batahure] . . . uburebure bg’ubgaguke n’ubg’amakika n’ubg’igihagararo n’ubg’amajepfo” bw’ukuri. Ariko yarabibukije umurongo wa 19, uwongerako uti: “Mumenye urukundo rwa Kristo ruruta [“ubumenyi”, NW]”. Umuvukanyi Morris yahimirije abo banyeshure ati: “Uko muzobandanya kwiyigisha, muze mugume muzirikana ku kuntu mushobora kwigana ikibabarwe ca Kristu kirangwa urukundo no ‘kwambara Umwami Yezu Kristu’ vy’ukuri”.

Impanuro batekerewe n’abigisha b’i Gileyadi

Insiguro yakurikiye yashikirijwe n’umwigisha w’i Gileyadi yitwa Wallace Liverance, ikaba yari ifise umutwe-shimikiro ushingiye ku Migani 4:7. Yaravuze ko naho ubukerebutsi buva ku Mana ari co kintu gihambaye kuruta ibindi, dutegerezwa kandi ‘kwironkera ugutahura’, ukwo na kwo kukaba ari uguhuza ibintu bitandukanye, maze ukarondera kumenya isano riri hagati yavyo kugira ngo utegere insobanuro y’ico urondera gutahura. Uwo mushikirizansiguro yarerekanye yuko kwironkera ugutahura bizana umunezero. Nk’akarorero, mu gihe ca Nehemiya, Abalewi ‘barasobanuriye abantu ivy’ivyagezwe’ bongera baratuma ‘babitahura’. Inyuma y’ivyo, abantu baragize “akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe” (Nehemiya 8:7, 8, 12, ni twe dushimitse.). Umuvukanyi Liverance yasozereye ati: “Ugutahura Ijambo ry’Imana ryahumetswe n’impwemu yayo kuratuma umuntu anezerwa”.

Uwundi mwigisha w’i Gileyadi yitwa Mark Noumair yarashikirije insiguro ivuga ngo “Ni nde vy’ukuri ari umwansi wawe?”. Mu ntambara, usanga abasoda batari bake bahitanwa n’amasasu aba yarashwe n’abo basangiye urugamba. Yaciye abaza ati: “Tuvuge iki ku bijanye n’intambara turimwo yo mu buryo bw’impwemu?”. Yongeye ati: “Tutabaye maso, turashobora kwitiranya umwansi wacu nyakuri n’uwutari we, maze ugasanga dukomerekeje abo dusangiye urugamba”. Ishari ryoshobora gutuma bamwebamwe bitiranya umwansi wabo nyakuri n’uwutari we. Ishari ryaratumye Umwami Sauli agerageza kwica Dawidi uwo bari basangiye ugusenga, kandi mu vy’ukuri Abafilisitiya ari bo bari abansi babo (1 Samweli 18:7-9; 23:27, 28). Uwo mushikirizansiguro yaciye abandanya ati: “Dufate ko uhawe gukorana n’umumisiyonari afise ububangukirwe mu mice myinshi. Woba none uzokomeretsa uwo musoda mugenzawe ukoresheje amajambo yo kumutyoza, canke woba uzokwemera ata guhigimanga ivy’uko abandi bari n’ivyo bakurusha mu mice itandukanye? Kwibanda ku dusembwa tw’abandi nta kindi vyoshobora kudushikanako atari ukwitiranya umwansi wacu nyakuri n’uwutari we. Nurwanye Shetani, ari we mwansi nyakuri”.

Ivyabonywe bishimishije be n’ibiganiro vyigisha birimwo ukubaza ibibazo

Ikiganiro cakurikiye, icavuga ngo ‘Nukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bwiza’, cashikirijwe n’umwigisha w’i Gileyadi yitwa Lawrence Bowen, kikaba carimwo ukubaza ibibazo be n’ukwigana ivyabonywe. Yasiguye yuko akajambo k’epfo dusanga muri 2 Timoteyo 4:5 muri ya Bibiliya y’amarabiro (Bible à Référence) kavuga ngo nukore igikorwa “c’umumisiyonari”. Uwo mushikirizansiguro yaciye yongerako ati: “Ivyo birabereye, kubera yuko igikorwa nyamukuru kirangurwa n’abamisiyonari baronkera inyigisho i Gileyadi ari ico gukwiragiza inkuru nziza, kandi aba banyeshure barabigize aho bashoboye gusanga abantu hose”. Muri ico kiganiro, haragizwe udukino dusubiramwo ibintu bimwebimwe bishimishije abo banyeshure biboneye.

Kuri iyo porogarama hakurikiye ibiganiro bibiri, ica mbere kikaba cashikirijwe na Michael Burnett igikurikira na co gishikirizwa na Scott Shoffner, abo bompi bakaba ari abo mu muryango wa Beteli. Barabajije ibibazo abo mu bagize Komite z’ishami bari baje bava muri Barbade, muri Koreya, muri Ositaraliya no muri Uganda. Ivyo abo bari mu bagize Komite z’ishami bavuze vyarerekanye ingene hagirwa utwigoro twinshi kugira ngo abamisiyonari baronswe ivyo bakeneye, muri ivyo hakaba harimwo n’ukubaronsa uburaro bubereye hamwe n’ibijanye no kubungabunga amagara yabo. Abo bavukanyi bo mu bagize Komite z’ishami barashimitse ku vy’uko abamisiyonari baroranirwa, usanga ari abafise umutima wo kubaho bahuza n’uko ibintu biba vyifashe aho baba bagiye gukorera.

Insozero ikabura kandi ivyurira umuntu umutima wo kugira ico akoze

Ijambo nyamukuru ry’iyo porogarama yari insiguro yavuga ngo ‘Nutinye Imana kandi uyihimbaze’, ikaba yashikirijwe na John E. Barr, uwumaze igihe kirekire ari mu bagize Inama Nyobozi. Yaraciye irya n’ino icanditswe co mu Vyahishuriwe 14:6, 7, ahavuga hati:“Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati [“Mutinye”, NW] Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse”.

Umuvukanyi Barr yahimirije abo banyeshure gufata nka nkama ibintu bitatu bijanye n’uwo mumarayika. Ica mbere, yabwirizwa kwamamaza ubutumwa bwiza butazoshira bw’uko Kristu ubu aganza ari n’ububasha bwose bw’Ubwami. Uwo mushikirizansiguro yavuze ati:“ Turazi neza tudakeka yuko yimitswe mu 1914. Rero, ubwo butumwa bwiza buteye akamwemwe butegerezwa kwamamazwa kw’isi yose”. Ikigira kabiri, uwo mumarayika yavuze ati: “Mutinye Imana”. Uwo mushikirizansiguro yarasiguye yuko abo bagira basohoke iryo shure bakwiye kuzofasha abatohoji ba Bibiliya gutsimbataza ukwubaha Imana kugera kure kugira ngo ntibakore ikintu na kimwe kitayihimbara. Ikigira gatatu, uwo mumarayika yategetse ‘guhimbaza Imana’, ni ukuvuga kuyiha icubahiro. Abo banyeshure bahanuwe bati: “Ntimuze mwigere mwibagira yuko dukora kugira ngo duheshe Imana icubahiro, atari kugira ngo twiheshe ubwacu icubahiro”. Mu nyuma, mu kuvuga ivyerekeye “igihe c’amateka”, umuvukanyi Barr yavuze ati: “Hasigaye igihe gito kugira ngo urubanza rwa nyuma rucibwe. Abantu benshi bo mu vyibare vyacu baracakeneye kwumva ubutumwa bwiza amazi atararenga inkombe”.

Bagifise ayo majambo mu mizirikanyi yabo, abagira basohoke iryo shure uko bari 56 barahawe impapuro z’umutsindo, maze baca barungikwa mu mihingo itandukanye yo kw’isi. Abo banyeshure be n’abandi bose bari bitavye iyo porogarama barakozwe cane ku mutima n’izo mpanuro zabasunikira kugira ico bakoze bahawe kuri uwo musi uteye umunezero.

[Uruzitiro ku rup. 17]

IBIRANGA ABARI BITAVYE IRYO SHURE

Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 6

Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 25

Igitigiri c’abanyeshure: 56

Incahagati y’imyaka y’amavuka: 35,1

Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 18,3

Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,9

[Ifoto ku rup. 18]

Umugwi ugira 121 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Fox, Y.; Kunicki, D.; Wilkinson, S.; Kawamoto, S.; Consolandi, G.; Mayen, C. (2) Santiago, N.; Clancy, R.; Fischer, M.; de Abreu, L.; Davis, E. (3) Hwang, J.; Hoffman, D.; Wridgway, L.; Ibrahim, J.; Dabelstein, A.; Bakabak, M. (4) Peters, M.; Jones, C.; Ford, S.; Parra, S.; Rothrock, D.; Tatlot, M.; Perez, E. (5) de Abreu, F.; Kawamoto, S.; Ives, S.; Burdo, J.; Hwang, J.; Wilkinson, D. (6) Fox, A.; Bakabak, J.; Cichowski, P.; Forier, C.; Mayen, S.; Consolandi, E.; Wridgway, W. (7) Parra, B.; Perez, B.; Tatlot, P.; Santiago, M.; Ibrahim, Y.; Kunicki, C. (8) Burdo, C.; Cichowski, B.; Ives, K.; Ford, A.; Rothrock, J.; Hoffman, D.; Davis, M. (9) Peters, C.; Dabelstein, C.; Jones, K.; Clancy, S.; Fischer, J.; Forier, S.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika