Amosi yakora iki?
MU KINJANA c’icenda B.G.C., wa muherezi w’umubisha Amaziya, uwasenga ikigirwamana c’imasa, yarategetse umuhanuzi Amosi ngo areke kuvuga ubuhanuzi muri Isirayeli. Amosi yaranse mu kuvuga ati: “Nari nibereye umwungere, nkaba n’[“umutobozi w’insukoni”, NW] [z]’ibiti vy’imisukomora. Maz’Uhoraho yankūye mu mukuku ndagiye, arambarira, ati Genda ubarire abantu banje b’Abisirayeli” (Amosi 7:14, 15). Ni vyo, Amosi si we ubwiwe yitoye ngo aje kuvuga ubuhanuzi, ahubwo Yehova ni we yamurungitse. Mugabo none, Amosi yashatse kuvuga iki igihe yavuga yuko yari “umutobozi” w’insukoni z’ibiti vy’imisukomora?
Muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “umutobozi” riboneka muri ico canditswe gusa. Bibiliya y’ikirundi ihindura iryo jambo ngo “umurimyi” w’ibiti vy’imisukomora, aho kuvuga ngo “umutobozi” w’insukoni z’ibiti vy’imisukomora. Ariko rero, ikinyamakuru kimwe (Economic Botany) kivuga yuko umuntu ahinduye neza iryo jambo yovuga ngo “umutobozi”, kubera ko iryo jambo ryerekeza ku gikorwa kinaka umurimyi w’ibiti vy’imisukomora yakora.
Kuva kera, igikorwa co gutobora insukoni z’ibiti vy’imisukomora mu kumera nk’uwuzikeba gatoyi nka kurya baca ururasago, camye kimenyerewe mu Misiri be n’i Kupuro. Muri iki gihe, ivyo gutobora insukoni ntibikigirwa muri Isirayeli kubera yuko ubu muri ico gihugu barima insukoni z’ubundi bwoko. Ariko rero, Abisirayeli bo mu gihe ca Amosi baragira ivyo gutobora insukoni kubera yuko ibiti vy’imisukomora batera muri Isirayeli ico gihe, vyari ivyo mu bwoko bw’imisukomora yaturuka mu Misiri.
Biboneka yuko gutobora insukoni bituma zinjiramwo amazi maze ivyo bikazotuma ivyo vyamwa bigira amazi menshi. Ivyo bituma kandi insukoni zigira umwuka mwinshi witwa etilene, uwutuma zinyaruka gusha, bigatuma kandi izo nsukoni ziba nininini kandi zigasosa cane. N’ikindi kandi, amavubi aronderera ivyo arya kuri ivyo biti vy’imisukomora ntaheza ngo yonone insukoni kubera yuko zinyaruka gusha.
Naho Amosi yari umwungere n’umutobozi w’insukoni, ivyo bikaba vyari ibikorwa biciye bugufi, ntiyatinya abamurwanya. Ahubwo riho, yaravugana umutima rugabo ubutumwa bwa Yehova bwerekeye urubanza rwoshikiye Isirayeli. Ese ukuntu ako ari akarorero keza yasigiye abasavyi b’Imana bo muri kino gihe, abategerezwa na bo nyene kuvuga ubutumwa usanga butaryohera benshi!—Matayo 5:11, 12; 10:22.