ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/3 rup. 5-7
  • Uburyo bwo kumenya ugusenga kw’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo kumenya ugusenga kw’ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igitabu kivuga ivyereke urukundo
  • Ukuntu umuntu yomenya abakunda Imana
  • Nurondere ugusenga kw’ukuri
  • Nukunde Imana igukunda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwubakwe n’Urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/3 rup. 5-7

Uburyo bwo kumenya ugusenga kw’ukuri

AMADINI menshi avuga yuko ivyo yigisha biva ku Mana. Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza dushize mu ngiro amajambo y’intumwa ya Yezu yitwa Yohani, uwanditse ati: “Abo nkunda, ntimwemere [“ijambo ry’irihumekano ryose, ariko musuzume amajambo y’amahumekano yose kugira ngo murabe nimba ava ku Mana”, NW]: kukw’abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi” (1 Yohana 4:1). Dushobora gute gusuzuma ikintu kugira ngo turabe ko kiva ku Mana?

Ikintu cose kiva ku Mana kiragaragaza kamere zayo, na canecane kamere yayo nyamukuru y’urukundo. Nk’akarorero, ubushobozi dufise bwo kumoterwa, ubutuma dushobora kuryoherwa n’akamoto keza k’ivyatsi bimota canke ak’amashurwe, cabure ak’umukate ukiva mw’ifuru, burerekana ko Imana idukunda. Ubushobozi dufise bwo kubona ikirengazuba, ikinyugunyugu, canke ukumwenyura kw’umwana akiri muto, burerekana ko Imana idukunda. Ni na ko biri ku bijanye n’ububasha dufise bwo kwumva umuziki uryoshe, inyoni ziririmba, canke ijwi ry’uwacu. Mbere uravye n’ukuntu turemwe, naho turi abanyagasembwa, birerekana urukundo rw’Imana. Ni co gituma dukunda kwibonera yuko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Turahimbarwa no kugaragaza urukundo kubera ko twaremwe “mw ishusho y’Imana” (Itanguriro 1:27). Naho Yehova afise izindi kamere nyinshi, urukundo ni yo kamere imuranga yibonekeje kuruta izindi.

Ibitabu biva ku Mana bikwiye gushira ahabona urukundo rwayo. Amadini yo muri iyi si arafise ibitabu vyinshi vya kera. None ibitabu nk’ivyo bishira ahabona urukundo rw’Imana ku rugero rungana iki?

Ikizwi coco, ni uko vyinshi mu bisomwa vy’amadini vya kera bisigura bike ku bijanye n’ingene Imana idukunda canke ku bijanye n’ingene dushobora kuyikunda. Ni co gituma abantu amamiliyoni ata nyishu baronka igihe babajije ikibazo nk’iki: “Ni kubera iki mu vyaremwe tuhabona ibimenyamenya vy’uko Imana ikundana kandi ugucumukura n’ikibi bibandanya?”. Bibiliya yo, ni co gitabu conyene ca kera kijanye n’ivy’ugusenga gisigura neza urukundo rw’Imana. Iratwigisha kandi ingene twogaragaza urukundo.

Igitabu kivuga ivyereke urukundo

Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, rirahishura ko Yehova ari ‘Imana y’urukundo’ (2 Ab’i Korinto 13:11). Bibiliya iravuga ukuntu urukundo rwatumye Yehova aha wa mugabo n’umugore ba mbere ubuzima butarimwo indwara n’urupfu. Yamara, igihe bagarariza ubukuru bw’Imana vyatumye abantu batangura gucumukura (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5; Abaroma 5:12). Yehova yaragize ico akoze kugira agarukane icari catakaye. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Ivyanditswe Vyeranda birahishura urukundo rw’Imana mu buryo burushirije, igihe bivuga ingene Imana yashinze intwaro itagira akanenge irongowe na Yezu, kugira izogarukanire amahoro abantu bagamburuka.​—Daniyeli 7:13, 14; 2 Petero 3:13.

Bibiliya iravuga ivyo umuntu asabwa gushitsa, muri aya majambo make agira ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. Har’irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. Kur’ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose . . . ni yo vyenenako” (Matayo 22:37-40). Bibiliya yivuga ubwayo ko yahutswe n’Imana. Kubera ko yerekana koko mu buryo butomoye uko Imana imeze, turashobora kwizigira ko iva kuri ya ‘Mana y’urukundo’.​—2 Timoteyo 3:16.

Dufatiye kuri ico kintu kimwe, turashobora kumenya ibitabu vya kera vyavuye ku Mana koko. Urukundo kandi rurerekana abasenga b’ukuri abo ari bo, kubera yuko bigana Imana mu kugaragaza urukundo.

Ukuntu umuntu yomenya abakunda Imana

Abakunda Imana vy’ukuri baribonekeza neza, na canecane ubu tubaye mu gihe Bibiliya yita “imisi y’iherezo”. Abantu bagenda barushiriza ‘kwikunda gusa, gukunda amahera, gukunda ibibahimbara bakabirutisha Imana’.​—2 Timoteyo 3:1-4.

Ushobora gute none kumenya abantu bakunda Imana? Bibiliya ivuga iti: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo” (1 Yohana 5:3). Urukundo abantu bakunda Imana ruratuma bubaha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’inyifato runtu. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana ririmwo amategeko agenga ivy’igitsina n’umubano w’abubatse. Abubakanye gusa ni bo bemererwa guhuza ibitsina, kandi abubakanye bategerezwa kugumana ubuzima bwabo bwose (Matayo 19:9; Abaheburayo 13:4). Igihe umugore umwe wo muri Esupanye yiga tewolojiya yitaba ikoraniro aho Ivyabona vya Yehova bariko bigana umwete amategeko yo muri Bibiliya ajanye n’inyifato runtu, yavuze ati: “Navuyeho numva nubatswe. Sinubatswe gusa n’insiguro zishingiye ku Vyanditswe zigisha zashikirijwe, ariko kandi narubatswe n’ubumwe bafitaniye n’inyifato runtu yabo iri hejuru be n’ukwigenza neza kwabo”.

Abakirisu b’ukuri, uretse ko bakunda Imana, baranamenyekanira bitagoranye ku kuntu bagaragariza urukundo abandi bantu. Igikorwa cabo nyamukuru ni ico kubwira abandi ivyerekeye ikintu conyene abantu bakwiye kwizigira, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana (Matayo 24:14). Nta kintu na kimwe cozanira abantu nka bo ivyiza biramba coza kiruta ukubafasha kumenya Imana (Yohana 17:3). Abakirisu b’ukuri baragaragaza urukundo bafise no mu bundi buryo. Barafasha mu buryo buboneka abamerewe nabi. Nk’akarorero, igihe ikinyamugigima cabica bigacika mu Butaliyano, hari ikinyamakuru co muri ico gihugu cavuze yuko Ivyabona vya Yehova “bakora mu buryo buboneka, bagafasha abamerewe nabi, bataravye idini barimwo”.

Uretse ko abakirisu b’ukuri bakunda Imana n’abandi bantu, bo ubwabo barakundana. Yezu yavuze ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.​—Yohana 13:34, 35.

Urukundo abakirisu b’ukuri bakundana, vyoba vyibonekeza ko rutandukanye n’urw’abandi? Umukobwa umwe yitwa Ema akora ibikorwa vyo mu nzu, ni ko yabibonye. Akora i La Paz muri Boliviya, aho amacakubiri ashingiye ku bwoko akunda gutuma abatunzi batavugana n’abakene. Yagize ati: “Igihe naja kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, narabonye umugabo yambaye neza yicaranye n’umugore umwe w’Umuhindikazi bariko barayaga. Ivyo sinari bwigere ndabibona. Muri uwo mwanya, naciye mbona ko abo bantu bategerezwa kuba ari abasavyi b’Imana”. Mu buryo busa n’ubwo, hari umugore umwe akiri muto w’Umunyaberezilekazi yitwa Miriam yavuze ati: “Sinari nzi ukuntu nogira agahimbare, eka mbere no mu muryango wanje. Urukundo rugaragarira mu bikorwa narubonye ari bwo bwa mbere mu Vyabona vya Yehova”. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuyobozi ajejwe ivy’amakuru kuri televiziyo imwe yanditse ati: “Iyaba n’abandi bantu babayeho nk’uko abo mw’idini ryanyu babayeho, iki gihugu ntikiba kimeze uku. Ndi umumenyeshamakuru azi yuko ishirahamwe ryanyu rishingiye ku rukundo no ku kwizera Umuremyi bimwe bikomeye”.

Nurondere ugusenga kw’ukuri

Urukundo ni kimwe mu biranga ugusenga kw’ukuri. Gutora ugusenga kw’ukuri Yezu yabisanishije n’ugutora inzira ibereye no guhitamwo kuyigenderamwo. Ukwo gusenga kw’ukuri ni yo nzira yonyene ijana mu buzima budahera. Yezu yavuze ati: “Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake” (Matayo 7:13, 14). Umugwi umwe rudende w’abakirisu b’ukuri ni wo gusa ugendana n’Imana wunze ubumwe, mu nzira y’ugusenga kw’ukuri. Ku bw’ivyo, birahambaye ko udapfa idini uhisemwo. Uramutse utoye iyo nzira maze ugahitamwo kuyigenderamwo, uzoba utoye inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose, kuko ari yo nzira y’urukundo.​—Abanyefeso 4:1-4.

Iyumvire nawe umunezero ushobora kugira uko ugendera muri iyo nzira y’ugusenga kw’ukuri! Bimeze nk’ukugendana n’Imana. Urashobora kwigira ku Mana ubukerebutsi n’urukundo kugira ngo ugiranire ubucuti bwiza n’abandi. Urashobora kuyigirako ivyerekeye intumbero y’ubuzima, kandi urashobora gutahura imihango yatanze ukongera ukagira icizigiro kijanye na kazoza. Ntuzokwigera wicuza kubona wararondeye ugusenga kw’ukuri.

[Ifoto ku rup. 5]

Mu bitabu vya kera bijanye n’ivy’idini, Bibiliya yonyene ni yo ihishura urukundo rw’Imana

[Amafoto ku rup. 7]

Abakirisu b’ukuri bamenyekanira ku rukundo bagaragaza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika