Kuronka icizigiro mw’isi yuzuyemwo amaganya
“UBU kuruta ikindi gihe ico ari co cose co muri kahise k’abantu, abanyagihugu basanzwe, basigaye bafise ubushobozi bwo gukora ibigirira akamaro abandi no gutorera umuti ingorane zikunze gushika”. Ayo majambo yavuzwe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Bill Clinton, akaba yayavugiye mu nama yabereye i Otawa muri Kanada, mu kwezi kwa Ntwarante 2006. Yavuze yuko kuva mu 2004 igihe hatera vya bisebuzi bikomeye bataziriye tsunami, hagiye haratsimbatara agatima ko gufatana mu nda hagati y’ibihugu bitandukanye vyo kw’isi, maze yongera avugana icizigiro yuko ubu abantu bo kw’isi babayeho mu “gihe aho usanga bakeneraniye kuruta ikindi gihe ico ari co cose”.
Twoba twokwitega yuko ivyago vy’ivyaduka bizotuma abantu bo mu mihingo yose yo kw’isi basenyera ku mugozi umwe kugira ngo bategure kazoza keza kuruta? Kuba muri iki gihe abantu basigaye “bakeneraniye kuruta ikindi gihe ico ari co cose”, coba ari ikintu coshobora gutuma vy’ukuri umuntu yizigira ko muri kazoza hazoba amahoro nyakuri be n’umutekano uramba?
Isoko ry’icizigiro nyakuri
Uravye utwigoro twinshi umuryango w’abantu wagiye uragira mu kiringo c’imyaka irenga ibihumbi bitandatu iheze, biribonekeza yuko abantu bagiye baravuna umutima abandi. Birumvikana rero kubona Ivyanditswe vyahumetswe bitugira inama biti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza” (Zaburi 146:3). Gushira ivyizigiro vyacu ku mashirahamwe y’iyi si, ku butunzi buyirimwo, no ku vyo yipfuza gushikako, nta kindi bivamwo atari ukuvunika umutima. Uti kubera iki? Kubera yuko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo”.—1 Yohana 2:17.
Ariko rero, mu binjana n’ibindi Imana yamye ibera ivyizigiro abantu b’abagororotsi kandi ntiyigeze ibahemukira. Bibiliya iyita “ivyizigiro vy’Abisirayeli [bo mu gihe ca kera]” ikayita kandi “ivyizigiro vya ba sekuruza [b’Abisirayeli]”. Bisubiye, irimwo amajambo menshi yerekana ukuntu abantu bizigira Imana (Yeremiya 14:8; 17:13; 50:7). Ni vyo, Ivyanditswe bituremesha ‘kwitega Uhoraho’, ni ukuvuga kumwizigira.—Zaburi 27:14.
Mu Migani 3:5, 6 haduhimiriza hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”. Uri n’imvo yumvikana yotuma wizigira uwo muhango ugaherezako kubera yuko Yehova Imana adahinduka, ari umwizigirwa, akaba kandi atigera yihindukiza mw’ijambo (Malaki 3:6; Yakobo 1:17). Akwipfuriza ineza, kandi niwama wumvira ico Ijambo ryiwe Bibiliya rivuga, rizoheza rikuyobore muri ibi bihe biteye ubwoba ku buryo bizokugendera neza.—Yesaya 48:17, 18.
Umuntu akurikiza ubuyobozi bw’Imana n’umutima wiwe wose arashobora kwizigira uno muhango ugira uti: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje” (Yesaya 41:10). Gusengana ubwira be n’ukuzirikana kuri uwo muhango birahumuriza cane abo bose bakunda vy’ukuri Yehova Imana, kubera yuko bibafasha kuvyifatamwo neza igihe bari mu bintu bigoye be n’igihe bari n’amaganya.
Zirikana ku vyerekeye uwitwa Andrea, uno akaba ari Icabona ca Yehova akaba na nyina w’abana babiri. Avuga ati: “Gutura isengesho no kuzirikana ku mihango Yehova yatanze, ni vyo bituma ngira inkomezi zo gusubirana igihe bishitse mu buzima bwanje nkagira amakenga ku bijanye na kazoza. Igihe mu buzima bwanje nguma mbona ko Yehova atigera ahinduka, biraheza bikanyorohera kuguma ntekanye”.
Nukomeze ukwizigira Yehova
Umwanditsi wa Zaburi umwe yarashimitse ku kamaro ko kwizigira Yehova mu kuvuga ati: “Abakunda ivyagezwe vyawe bagira amahoro menshi; nta kibatsitaza bafise” (Zaburi 119:165). Kwiga Ijambo ry’Imana ubigiranye umwete birashobora kugufasha cane kwuzuza mu muzirikanyi wawe no mu mutima wawe ibintu ‘vy’ukuri, vyo kwubahwa, bigororotse, bitanduye, vy’igikundiro, bishimwa kandi vy’ingeso nziza’. Ivyo bizogira ikintu ciza bikoze kuri wewe mu vy’impwemu vyongere bikuremeshe. Niwagira akigoro kavuye ku mutima ko kwumva, kwiga, kwemera, no gushira mu ngiro mwene ivyo bintu, “Imana Nyen’amahoro izobana na[we]”.—Ab’i Filipi 4:8, 9.
Uwitwa John, afatiye ku vyo yagiye arabona mu myaka mirongo iheze, avuga ati: “Kugira ngo mpindure ukuntu nabona kazoza, vyari bihambaye ko mbanza gutahura yuko nasabwa kugira ibintu bikomeye mpinduye muri kamere zanje no mu buryo niyumvira, imbere y’uko nitega kugiranira ubucuti n’Imana itaboneka kandi itunganye. Uburyo bumwe rudende nari gushobora kugiranira n’Imana mwene ubwo bucuti, kwari ugucika umuntu yitaho ivy’impwemu. Ivyo vyasigura ko nategerezwa gucika umuntu yitaho cane ivy’Imana, abona ibintu nk’uko ibibona, ivyo nkaba nari kubishikako mu gusoma Ijambo ryayo ryahumetswe no mu kurizirikanako”.
Wize ukuri kwo mu Vyanditswe vyahumetswe, ukumeze nk’amazi apfutse kandi atanga ubuzima, uzoba uriko urakoresha uburyo nyabwo kandi bwagaragaye ko ari ngirakamaro bwo kunanira ibintu bibi bitagira uko bingana vyerekanwa canke bivugwa mu bimenyeshamakuru ku musi ku musi. Gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga birashobora kandi gukomeza ubucuti mu muryango wanyu bikanabafasha kugabanya amaganya. Ikigeretseko, Imana isezerana ko yiteguriye ‘kwerekana ububasha bwayo bwo gutabara abafise imitima iyitunganiye’ (2 Ngoma 16:9). Izotunganya ibintu mu buryo wumva ko vy’ukuri ata mvo n’imwe ufise yo kugira ubwoba.
Uwitwa Phinehas, uno akaba yaciye mu bihe vy’intambara n’ubwicanyi bwahitanye abantu benshi, avuga ati: “Narize gushira ubuzima bwanje mu maboko ya Yehova, we yitwararikana cane. Kwumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyarankingiye ingorane nyinshi”. Nimba wizigira vy’ukuri Yehova Imana, arashobora kugufasha gutsinda ingorane iyo ari yo yose bisa n’uko utokura agahanga imbere (Zaburi 18:29). Umwana akiri muto afitaniye ubucuti bwiza n’abavyeyi biwe aragera aho abizigira agaherezako, kandi agashira amazinda yuko bamwitwararika n’igihe mbere aba arwaye canke afise akagorane kanaka. Na wewe urashobora kwiyumva nk’ukwo kw’uwo mwana mu gihe wogira akigoro ukitaba akamo uterwa ko kwizigira Yehova.—Zaburi 37:34.
Ishingiro nyaryo ry’icizigiro
Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe ati: “Musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:9, 10). Ubwo Bwami bwo mw’ijuru, ari bwo ntwaro iyobowe na Yezu Kristu, ni bwo Imana izokoresha mu kwerekana ko ifise uburenganzira bwo kugaba no kuganza isi.—Zaburi 2:7-12; Daniyeli 7:13, 14.
Ibintu vyinshi bituma abantu bagira ubwoba mu mice yose y’ubuzima bwo muri iki gihe, birerekana neza yuko hakenewe ko Imana ihaseruka ikagira ico ikoze. Ese ukuntu bihimbaye kumenya yuko Imana igiye kuhaseruka vuba! Yezu Kristu, uwumaze kwimikwa n’Imana kugira ngo abe Umwami Mesiya, arafise ububasha bwo kwemeza yuko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kugaba no kuganza be n’ububasha bwo kweza izina rya Se (Matayo 28:18). Vuba, ubutegetsi bw’Ubwami bugiye guhagurukira ivyo kw’isi maze bukureho ibintu vyose bituma abantu bagira ubwoba n’amaganya. Muri Yesaya 9:6 haravuga ibintu bigaragaza ko Yezu ari Umutware abereye ashobora gutuma tutagira ubwoba cane. Nk’akarorero, yitwa “Data wa twese ahoraho”, ‘Umujanama w’Igitangaza’, akitwa kandi “Umukama w’amahoro”.
Zirikana kuri iyo mvugo ikora ku mutima igira iti “Data wa twese ahoraho”. Kubera yuko Yezu ari Data wa twese ahoraho, arafise ububasha n’ubukuru bituma ashobora guha abantu bagamburuka icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi biciye ku gaciro k’inkuka y’incungu yatanze, kandi ivyo akaba ari na vyo yipfuza gukora. Ivyo bisobanura yuko amaherezo abo bantu bazokurwako icaha n’agasembwa barazwe na wa mugabo wa mbere yakora icaha, ari we Adamu (Matayo 20:28; Abaroma 5:12; 6:23). Kristu azokoresha kandi ubukuru yahawe n’Imana kugira ngo asubize ubuzima abantu benshi bapfuye.—Yohana 11:25, 26.
Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko ari ‘Umujanama w’Igitangaza’. Kubera ubumenyi yari afise bw’Ijambo ry’Imana be n’ukuntu yatahura bimwe bidasanzwe ingene abantu bameze, yari azi gutorera umuti ingorane zo mu buzima bwa misi yose. Kuva aho Kristu yimikiwe mw’ijuru, arabandanya kuba ‘Umujanama w’Igitangaza’, akaba ari we ahanini Yehova akoresha mu kumenyesha ibintu abantu. Impanuro Yezu atanga, izo dusanga muri Bibiliya, zama ari iziranga ubukerebutsi kandi zitagira akanenge. Kumenya ivyo no kuvyemera birashobora gutuma ubaho utagira amakenga ku bijanye na kazoza kandi uticwa n’ubwoba.
Muri Yesaya 9:6 havuga kandi ko Yezu ari “Umukama w’amahoro”. Bwa Mwami w’amahoro, Kristu agiye vuba gukoresha ububasha afise kugira ngo akureho ubusumbasumbane bwose, bwaba ubwo mu vya politike, ubwo mu kibano canke ubwo mu vy’ubutunzi. Uti azobigira gute? Azobigira mu gushira hamwe abantu bose ngo baganzwe n’intwaro imwe irangwa amahoro, ni ukuvuga Ubwami burongowe na Mesiya.—Daniyeli 2:44.
Mu gihe c’ingoma y’ubwo Bwami, amahoro aramba azosasagara kw’isi yose. Ni kubera iki wokwemera udakeka ko ari ko bizogenda? Impamvu ivyemeza tuyisanga muri Yesaya 11:9, aherekeza ku batwarwa b’ubwo Bwami mu kuvuga hati: “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga”. Hazogera igihe aho umuntu wese azoba ari kw’isi azoba afise ubumenyi bwerekeye Imana butarimwo agakosa kandi ayigamburukire. Ico cizigiro coba kikweza umutima? Nimba ari ukwo biri, ntutebe kurondera “kumenya Uhoraho”, ico kikaba ari ikintu c’agaciro.
Urashobora kuronka ubumenyi bwerekeye Imana bukomeza ukwizera kandi butanga ubuzima, mu gusuzuma ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku bijanye n’ibiba muri iki gihe no ku bijanye na kazoza keza cane gasezeranwa muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova barafasha abantu bavyishakiye bo ng’aho mu kibano iwanyu kwiga ibijanye na Bibiliya ku buntu, tukaba rero tukuremesheje kurondera kwungukira kuri iyo nyigisho batanga. Ubwo ni uburyo bumwe butuma ubwoba umuntu afise bugabanuka maze akagira icizigiro nyakuri naho ari mw’isi yuzuyemwo amaganya.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 7]
Igituma intwaro y’Ubwami ituma umuntu agira icizigiro
Yezu Kristu, we Mwami w’Ubwami bw’Imana, yarahawe ububasha be n’uburenganzira vyo gutegeka kw’isi no mw’ijuru (Matayo 28:18). Azotuma isi n’ibidukikije vyose bisubira kumera neza cane. Arafise ububasha bwo gukuraho indwara. Ibikorwa bikomeye Yezu yakoze igihe yari kw’isi vyarerekanye imihezagiro ikomeye kuruta, abantu bazoronka igihe azoba ategeka ari Umwami atunganye kandi wo kwizigirwa. Muri izo kamere ziranga Umwami Mesiya zerekanywe aho hepfo, ni izihe zigushimisha kuruta izindi?
▪ Yari umuntu yegereka.—Mariko 10:13-16.
▪ Yakora ibitegereka kandi ntiyagira nkunzi.—Mariko 10:35-45.
▪ Yari umwizigirwa n’uwuzira ubwikunzi.—Matayo 4:5-7; Luka 6:19.
▪ Yari umuntu agororotse kandi akunda ubutungane.—Yesaya 11:3-5; Yohana 5:30; 8:16.
▪ Yariyumvira abandi, akabitwararika, akongera akicisha bugufi.—Yohana 13:3-15.
[Ifoto ku rup. 4]
Gusoma Bibiliya no kuyizirikanako birashobora gutuma twizigira Yehova