ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 14-16
  • Nokora iki kugira ngo abana banje bagire indero nziza koko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki kugira ngo abana banje bagire indero nziza koko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umushinge w’indero nziza koko
  • Menya ko abana bawe bakwihweza!
  • Niwitwararike ibanga ujejwe
  • Nufate umwanya wo kwigisha abana bawe
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ingene mwoha indero umwana wanyu
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 14-16

Nokora iki kugira ngo abana banje bagire indero nziza koko?

GUTOZA indero umwana twoshobora kubigereranya n’urugendo ruhimbaye cane mugabo rutoroshe. Ni urugendo ugira uri kumwe n’abana bawe. Urabaremesha ukongera ukabaha ubuyobozi buranga urukundo, ivyo bikabafasha gutera baja imbere mu buzima. Emwe, hari ibintu vyinshi cane bakeneye kwiga!

Kugira ngo abana baroranirwe vy’ukuri bongere bahimbarwe mu buzima, bategerezwa kwiga kugira imico runtu be n’imico myiza yo mu vy’impwemu, bakiga gutandukanya ikibi n’iciza. Bashitse aho bamenya Yehova bakongera bakamukunda, indero baronka izoheza ibagirire akamaro vy’ukuri, kandi inyigisho baronka bazoyamana imyaka yose. Wewe muvyeyi, urafise uruhara ruhambaye cane mu bijanye n’ivyo abana bawe biga no mu bijanye n’ukuntu babibona be n’ukuntu babitahura.

Muri urwo rugendo, uzohwana n’ibintu bitoroshe. Abana barashobora kwoshwa bitagoranye, kandi barashobora kwiga ibintu vyinshi bitabereye na gato, bakavyigira ahandi atari i muhira. Tuba mw’isi yiganziwe na Shetani wa Mucokoranyi (1 Yohana 5:19). Aritwararika ibijanye n’indero y’abana bawe, ariko akabigira abitumwe n’izindi mvo ata ho zihuriye n’izawe. Shetani ni umuhinga karuhariwe mu bijanye no gutoza indero, mugabo akaba ari umutozandero w’umubisha utoraba. Naho yigira “umumarayika w’umuco”, umuco atanga urayovya kandi urateye kubiri n’Ijambo rya Yehova be n’ivyo agomba (2 Ab’i Korinto 4:4; 11:14; Yeremiya 8:9). Shetani n’amadayimoni yiwe baranyomoje mu bijanye no guhenda abantu, kandi bararemesha ubwikunzi, ubugunge be n’inyigenzo itabereye.​—1 Timoteyo 4:1.

Wokora iki none kugira ukingire abana bawe ngo ntibazimizwe? Wobigisha gute kwemera no kugendera ibintu vy’ukuri kandi vy’akamaro? Kimwe mu bintu bihambaye wogira ni ukwisuzuma ubwawe witonze. Urakwiye gutanga akarorero keza. Vyongeye, birahambaye cane ko wemera ibanga ufise ryo kwigisha abana bawe ukongera ugafata umwanya wo kubigira. Ariko rero imbere y’uko turimbura ivyo bintu, reka twihweze umushinge w’indero nziza koko uwo ari wo.

Umushinge w’indero nziza koko

Turashobora kugira ivyo twigiye ku Mwami Salomo wa Isirayeli, uwo akaba ari umwe mu bantu b’inkerebutsi kuruta abandi babayeho. Bibiliya itubwira iti: “Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse. Ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’Abanyegiputa bgose”. Salomo “yigeneye imigani ibihumbi bitatu, n’indirimbo igihumbi na zitanu”. Yari azi vyinshi ku bijanye n’ibimera be n’ibikoko (1 Abami 4:29-34). N’ikindi kandi, Umwami Salomo yarahagarikiye ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa muri Isirayeli, ushizemwo na rwa rusengero rwiza igitangaza rwa Yehova rwari i Yeruzalemu.

Ivyo Salomo yanditse, nk’ivyo dusanga mu gitabu c’Umusiguzi, birerekana yuko yatahura bimwe bigera kure ukuntu abantu bameze. Ahumekewe n’Imana, yarerekanye umushinge w’indero nziza koko. Salomo yavuze ati: “Kwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ukumenya.” Uwo mwami w’inkerebutsi yavuze kandi ati: “Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubgenge, kand’ukumenya Uwera ni kwo kumenya ubgenge”.​—Imigani 1:7; 9:10.

Igihe twubaha Imana bimwe bigera kure, ni ukuvuga igihe tuyitinya, turirinda gukora ibitayihimbara. Turemera yuko Imana ari yo Isumba vyose kandi ko dutegerezwa kuyiyobokera. Abatubaha uwo dukesha ubuzima boshobora kubonwa n’abandi bantu ko ari inkerebutsi, mugabo mwene ubwo bukerebutsi ni “ubupfu ku Mana” (1 Ab’i Korinto 3:19). Abana bawe bakeneye indero ishingiye ku “bgenge”, ni ukuvuga ku bukerebutsi, “bgururuka buvuye mw ijuru”.​—Yakobo 3:15, 17.

Ugutinya gukora ibidahimbara Yehova kurafitaniye isano rwose n’urukundo tumufitiye. Yehova yipfuza yuko abasavyi biwe bamwubaha, ni ukuvuga bakamutinya, bakongera bakamukunda. Musa yavuze ati: “Yemwe Bisirayeli, mbega har’ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar’ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n’imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose, no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi kugira ngo mumererwe neza?”.​—Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13.

Twinjije mu bana bacu ugutinya Yehova kurimwo ukumwubaha bigera kure, tuzoba turiko turashinga umushinge w’indero izotuma abana bacu bagira ubukerebutsi vy’ukuri. Uko bazobandanya gutsimbataza ukwo gutinya Yehova, ni ko bazorushiriza guha agaciro Umuremyi wabo, we Soko ry’ubumenyi nyakuri bwose. Ivyo bizofasha abana bacu kubona neza ivyo biga, aho guca bashika ku vyiyumviro bitari vyo. Bazoheza batsimbataze ubushobozi bwo “gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Mwene uwo mushinge uzobafasha kandi kuguma bicisha bugufi no kwirinda gukora ibitabereye.​—Imigani 8:13; 16:6.

Menya ko abana bawe bakwihweza!

None, twofasha gute abana bacu gukunda Yehova no kumutinya? Inyishu y’ico kibazo tuyisanga mu Vyagezwe Yehova yahaye Abisirayeli abicishije ku muhanuzi Musa. Abavyeyi b’Abisirayeli babwiwe bati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse”.​—Gusubira mu vyagezwe 6:5-7.

Ico canditswe kirigisha abavyeyi ivyigwa bihambaye. Kimwe muri ivyo ni iki: Wewe muvyeyi, utegerezwa gutanga akarorero keza. Kugira ngo wigishe abana bawe gukunda Yehova, wewe ubwawe utegerezwa kuba ukunda Imana, kandi amajambo yayo agategerezwa kuba ari ku mutima wawe. Ni kubera iki ivyo bihambaye cane? Kubera yuko ari wewe ubwa mbere na mbere ujejwe kwigisha abana bawe. Ivyo bigira ku karorero utanga biragira ikintu gikomeye bikoze kuri bo. Vyongeye, nta kintu na kimwe kigira akosho ku buzima bw’umwana kuruta akarorero abavyeyi biwe bamuha.

Imigambi ufise, ivyiyumviro vyawe, ingingo ngenderwako wisunga, be n’ivyo witwararika, ntibigaragarira gusa mu vyo uvuga, ariko biragaragarira no mu vyo ukora (Abaroma 2:21, 22). Kuva abana bakiri bato cane bariga biciye ku kwihweza bitonze abavyeyi babo. Abana barabona ivyo abavyeyi babo baha agaciro, maze akenshi ugasanga ni vyo na bo baheza bagaha agaciro. Nimba ukunda Yehova vy’ukuri, abana bawe baraheza bakabibona. Nk’akarorero, barabona yuko uha agaciro ugusoma Bibiliya n’ukwiyigisha. Baragera aho babona ko ushira imbere ivy’Ubwami mu buzima bwawe (Matayo 6:33). Kwama witaba amakoraniro ya gikirisu no kwama ugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, birabereka yuko kurangurira Yehova umurimo mweranda ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose kuri wewe.​—Matayo 28:19, 20; Abaheburayo 10:24, 25.

Niwitwararike ibanga ujejwe

Ikindi cigwa abavyeyi bashobora kwigira mu bivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7 ni iki: Wewe muvyeyi, urafise ibanga ryo kwigisha abana bawe. Mu basavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera, abavyeyi baritwararika indero y’abana babo. Mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere, abavyeyi barabandanije kurangura uruhara ruhambaye cane mu bijanye no gutoza indero abana babo (2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15). Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu bagenziwe, yarerekanye yuko canecane ba sebibondo bategerezwa ‘kurera [abana babo], babahana babahanura, uko Umwami wacu agomba’.​—Abanyefeso 6:4.

Abavyeyi, bitumwe n’ukuremerwa n’ivyo ubuzima bwo muri kino gihe bubasaba gukora, akazi, be n’ibindi bintu bibasaba umwanya n’inguvu, vyoshika bakiyumvira kuzeza indero y’abana babo abandi bantu, nk’abarimu canke abakozi bakora igikorwa co kurera abana. Naho ari ukwo, nta n’umwe ashobora gusubirira umuvyeyi, uwo usanga yitwararikana urukundo abana biwe. Ntukigere ufatira mu rwara uruhara ruhambaye ufise be n’akosho ubagirako. Mu gihe woba ukeneye imfashanyo ku bijanye no kurera abana bawe, nukoreshe ubukerebutsi mu kuyirondera, ariko ntiwigere uzeza uwundi iryo banga ryeranda ujejwe.

Nufate umwanya wo kwigisha abana bawe

Ikindi cigwa abavyeyi bigira ku bivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7 ni iki: Kwigisha abana bisaba umwanya n’akigoro. Abavyeyi b’Abisirayeli bategerezwa ‘kugira umwete wo kwigisha’ abana babo ukuri kw’Imana. Ijambo ryo mu giheburayo co mu ntango ryahinduwe ng’aho ngo ‘kugira umwete wo kwigisha’ risobanura “gusubiramwo”, “kuvuga ikintu incuro n’izindi”. Ivyo bategerezwa kubigira umusi wose, kuva mu gitondo gushika buhwibiriye, igihe baba bari “mu nzu” n’igihe baba bari “mu nzira”. Bisaba umwanya n’akigoro kwigisha abana no kubafasha kugira inyifato n’inyigenzo bibereye ku buryo biheza bigatuma bahimbara Imana.

Mu ncamake rero, wokora iki kugira ngo abana bawe bagire indero nziza koko? Ivyo wokora ni vyinshi. Nubigishe gukunda Yehova no kumutinya. Nutange akarorero keza. Niwitwararike ibanga ujejwe ryo kwigisha abana bawe, wongere ufate umwanya ukenewe wo kubigira. Narirya uri umunyagasembwa, bizoshika wihende igihe ugira utwigoro two kubigisha. Ariko niwihata bivuye ku mutima kugira ngo ukore ivyo Imana igomba, birashoboka rwose ko abana bawe bazokenguruka utwigoro ugira bakongera bakatwungukirako. Mu Migani 22:6 hagira hati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo”. Iyo ngingo ngenderwako irakora ku bana bose, baba abahungu canke abakobwa.

Ukwigishwa ni urugendo umuntu agira mu buzima bwiwe bwose. Mu gihe wewe n’abana bawe mukunda Imana, muzohimbarwa no kugira urwo rugendo ibihe bidahera. Ivyo ni ko biri kubera yuko hazokwama hari ibindi vyo kwiga ku bijanye na Yehova be n’ukuntu twokora duhuza n’umugambi wiwe.​—Umusiguzi 3:10, 11.

[Ifoto ku rup. 15]

Woba usomera abana bawe Bibiliya?

[Ifoto ku rup. 16]

Nufate umwanya wo kwigisha abana bawe ivyerekeye Umuremyi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika