ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/8 rup. 26-30
  • Woba uri “umutunzi ku Mana”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uri “umutunzi ku Mana”?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umugabo yari afise ingorane
  • Ni kubera iki yari “imburabwenge”?
  • Kuba umutunzi ku Mana
  • Umutunzi mu nyonga z’Imana
  • Igihambaye vy’ukuri ni igiki?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Wa mutunzi na Lazaro bari bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imigambi yawe yoba ihuza n’umugambi w’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Umutunzi na Lazaro
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/8 rup. 26-30

Woba uri “umutunzi ku Mana”?

“Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana”.​—LUKA 12:21, NW.

1, 2. (a) Abantu bamye bemera kugira utwigoro tudasanzwe barondera iki? (b) Abakirisu bategerezwa guhangana n’urugamba uruhe be n’ingeramizi iyihe?

KUVA kera na rindi, abantu bo mu bihugu bitari bike bamye bakora bagatama kubera yuko biyemeje kuronka amatungo y’umubiri. Nk’akarorero mu kinjana ca 19, ivyo kwirukira mu turere twubuwemwo inzahabu muri Ositaraliya, muri Afirika y’Epfo, muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyarakwegakweze abantu bo mu bihugu vya kure bemera kuva iwabo no guheba ababo kugira ngo baje kurondera ubutunzi mu bindi bihugu. Rimwe na rimwe wasanga muri ivyo bihugu hatoroshe kuba. Ni vyo, abantu benshi baremera guhakwa kuhasiga ubuzima no kugira utwigoro tudasanzwe barondera kuronka ubutunzi imitima yabo yipfuza.

2 No muri kino gihe abantu benshi cane barakora bagatama kugira ngo bironse ibibabeshaho. Kwironsa ibitubeshaho mw’isi yo muri kino gihe bishobora kuba urugamba, bigasaba ibintu vyinshi kandi bikaba ibiruhisha. Usanga vyoroshe ko umuntu arazwa ishinga cane no kwironsa ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro gushika n’aho yirengagiza canke yibagira ibintu bihambaye kuruta (Abaroma 14:17). Yezu yaratanze ikigereranirizo, canke umugani, kidondora neza iyo mpengamiro abantu bafise. Ico na co tugisanga muri Luka 12:16-21.

3. Nuvuge muri make ikigereranirizo Yezu yatanze kiri muri Luka 12:16-21.

3 Ico kigereranirizo Yezu yagitanze muri ca gihe nyene yariko avuga ibijanye n’igituma dukwiye kwirinda umwina, ivyo na vyo akaba ari vyo twarimbuye ido n’ido mu kiganiro c’imbere y’iki. Amaze gutanga ingabisho ku bijanye n’umwina, Yezu yaciye avuga ivyerekeye umugabo w’umutunzi atabumbwa n’ibigega vyuzuye ibintu vyiza asanzwe afise. Maze uwo mugabo arasambura ivyo bigega hanyuma akubaka ibindi binini kuruta, kugira ngo abishinguremwo ibintu vyiza vyinshi. Mu gihe nyene yiyumvira yuko hageze ko yijandajandira akongera akanezererwa ubuzima bwiza, Imana imubwira yuko ahava apfa maze vya bintu vyiza vyose yarundanije bigatwarwa n’abandi. Yezu yaciye aheraheza mu kuvuga ati: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana” (Luka 12:21, NW). None ni icigwa ikihe twokura muri uwo mugani? Twoshira gute mu ngiro ico cigwa mu buzima bwacu?

Umugabo yari afise ingorane

4. Wa mugabo yavugwa mu mugani wa Yezu, twohava tuvuga ko yari umuntu ameze gute?

4 Ico kigereranirizo Yezu yatanze kijanye n’ibintu bimenyerewe mu bihugu vyinshi. Turabona ko Yezu yatanguye iyo nkuru mu kuvuga gusa ati: “Hābaye umuntu w’umutunzi yar’afise itongo rimera cane”. Yezu ntiyavuze ko uwo mugabo yaronse ayo matungo biciye ku bugunge canke ku buryo budahuye n’amategeko. Mu yandi majambo, uwo mugabo ntiyadondowe nk’umuntu mubi. Kukaba nkako, twisunze ivyo Yezu yavuze, ni ivyumvikana kwiyumvira yuko uwo mugabo avugwa muri uwo mugani yari yarakoze agatama. Ku rugero runaka birashobora kuba ivyumvikana ko yari umugabo yategekanije kandi yaziganije ku bwa kazoza, kumbure afise mu muzirikanyi ineza y’umuryango wiwe. Ku bw’ivyo, umuntu abiravye mu buryo bw’umubiri, uwo mugabo ashobora gufatwa nk’umuntu yakora cane, yafatana uburemere amabanga yari ajejwe.

5. Wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yari afise ingorane iyihe?

5 Ukwo kiri kwose, muri uwo mugani Yezu yise uwo mugabo umutunzi, ni ukuvuga umuntu amaze kuronka ibintu vy’umubiri vyinshi. Mugabo rero, nk’uko Yezu yabivuze, uwo mugabo w’umutunzi yari afise ingorane. Itongo ryiwe ryarimbutse cane kuruta uko yari avyiteze, yimbura ibirengeye ivyo yari akeneye canke yari gushobora gushingura. None yari akwiye kugira iki?

6. Ni amahitamwo ayahe abasavyi b’Imana bahangana na yo muri iki gihe?

6 Benshi mu basavyi ba Yehova muri iki gihe, barahangana n’ibintu bisa cane n’ivyashikiye uwo mugabo w’umutunzi. Abakirisu b’ukuri barihatira kuba abakozi b’inzirabugunge, bakorana ubwira kandi bitwararika ibintu (Ab’i Kolosayi 3:22, 23). Baba bakorera abandi canke bikorera utwabo, akenshi usanga bibagendera neza, mbere mu vyo bakora ugasanga bakora neza kurusha abandi. Igihe bemerewe kuduzwa igiti canke guterwa utundi duteka, barahangana no gufata ingingo. None boba bakwiye kwemera utwo duteka kugira ngo bironkere ubutunzi? Cokimwe n’abo, benshi mu rwaruka rw’Ivyabona usanga bakora neza kw’ishure. Ivyo bituma bashobora kuronswa udushimwe mu kurihirwa amahera kugira ngo baje kwiyongeza amashure muri za kaminuza zemerwa cane. None boba bakwiye gupfa kuja na rwo mu kutagisha ivyo baba bemerewe?

7. Wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yavyifashemwo gute mu ngorane yiwe?

7 Tugarutse kuri ca kigereranirizo Yezu yatanga, mbega wa mugabo w’umutunzi yakoze iki igihe itongo ryiwe ryimbuka cane gushika n’aho abura aho ashira umwimbu wiwe? Yaciye afata ingingo yo gusambura ibigega yari afise no kwubaka ibindi binini kugira ngo yimburiremwo intete zose z’umusesekara be n’ibintu vyiza vyose yimbuye. Uwo mugambi bisa n’uko watumye yumva umenga aratekaniwe kandi ashize akanyota, ku buryo yiyumviriye ati: “Nzobwira umutima wanje nti: ‘Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe’”.​—Luka 12:19, NW.

Ni kubera iki yari “imburabwenge”?

8. Ni ikintu ikihe gihambaye cane wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yirengagije?

8 Ariko rero nk’uko Yezu yavyerekanye, umugambi w’uwo mugabo w’umutunzi watumye agira gusa ugutekanirwa kutari ukw’ukuri. Naho uwo mugambi wasa n’uwuranga ubukerebutsi, wari ubuzemwo ikintu kimwe gihambaye cane, ico na co kikaba ari ukwisunga ivyo Imana igomba. Uwo mugabo yiyumvira ibimwerekeye gusa, ni ukuvuga ukuntu yari gushobora kwiraramira, akarya, akanywa, akongera akinezerererwa. Yiyumvira yuko kubera ko yari afise “ibintu vyiza vyinshi” yociye abaho “imyaka myinshi”. Ikibabaje kuri we, ibintu ntivyagenze nk’uko yavyiyumvira. Nk’uko nyene Yezu yari yabivuze imbere y’uko avuga uwo mugani, “no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze” (Luka 12:15, NW). Muri iryo joro nyene, ibintu vyose uwo mugabo yari yarakoreye agatama vyari gushikirwa n’iherezo ritari ryitezwe, kuko Imana yamubwiye iti: “Wa mburabwenge we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe. None ibintu warunze bizoba ivya nde?”.​—Luka 12:20, NW.

9. Ni kubera iki wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yiswe imburabwenge?

9 Ubu rero turashitse ku ciyumviro nyamukuru kiri muri ico kigereranyo Yezu yatanze. Imana yise uwo mugabo ko ari imburabwenge. Igitabu kimwe c’inyizamvugo (The Exegetical Dictionary of the New Testamen) gisigura yuko iryo jambo ry’ikigiriki mu mero ryakoreshejwemwo “ryama risigura ukubura ugutahura”. Kivuga ko muri uwo mugani, Imana yakoresheje iryo jambo kugira ngo ishire ahabona “ukuba imigambi ya kazoza y’uwo mutunzi ataco imaze”. Iryo jambo ntiryerekeza ku muntu atagira ubwenge, ariko ryerekeza ku “muntu yanka kwemera ko akwiye kwisunga Imana”. Ukuntu Yezu yadondoye uwo mugabo w’umutunzi bitwibutsa ivyo yahavuye abwira abakirisu bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Lawodikiya, muri Aziya Ntoya. Yababwiye ati: “Uvuga, uti Nd’umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’umworo, ur’impumyi, ugenda amēnya”.​—Ivyahishuriwe 3:17.

10. Ni kubera iki gutunga “ibintu vyiza vyinshi” atari icemeza ko umuntu azobaho “imyaka myinshi”?

10 Birabereye ko tugumiza ico cigwa mu muzirikanyi. Twoba dukwiye kumera nk’uwo mugabo avugwa muri uwo mugani, tugakora tugatama kugira ngo tugerageze uko bishoboka kwose kuronka “ibintu vyiza vyinshi”, mugabo tukananirwa gukora ibikenewe kugira ngo turonke icizigiro co kuzobaho “imyaka myinshi” (Yohana 3:16; 17:3)? Bibiliya ivuga iti: “Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake”, ikavuga kandi ko “uwizigira ubutunzi bgiwe azotemba” (Imigani 11:4, 28). Ni co gituma Yezu yuhiriye kuri uwo mugani iyi nkeburo yo gusozera igira iti: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana”.​—Luka 12:21, NW.

11. Ni kubera iki gushingira ugutekanirwa be n’icizigiro ku matungo y’umubiri, ataco bimaze?

11 Igihe Yezu yavuga ngo “ukwo ni ko bigenda”, yariko yerekana ko ivyashikiye wa mugabo w’umutunzi avugwa muri ca kigereranirizo bizoshikira n’abantu bashingira gusa ubuzima bwabo, ni ukuvuga icizigiro cabo n’ugutekanirwa, ku matungo y’umubiri. Ikosa ntiriri mu ‘kwirundaniriza ubutunzi’ ahubwo riri mu kunanirwa kuba “umutunzi ku Mana”. Wa mwigishwa Yakobo yaratanze ingabisho isa n’iyo igihe yandika ati: “Umve rero, yemwe abavuga ng’Uyu musi cank’ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’umwaka, tudandaze, turonke inyungu: ariko mutazi ibizoba ejo”. None abo bantu bari bakwiye gukora iki? Yakobo agira ati: “A[hubwo] mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya” (Yakobo 4:13-15). Naho umuntu yoba atunze ukungana iki canke afise amatungo menshi gute, atabaye umutunzi ku Mana vyose ni ubusa. Ariko none, kuba umutunzi ku Mana bisigura iki?

Kuba umutunzi ku Mana

12. Ni igiki twokora kugira ngo tube abatunzi ku Mana?

12 Mu vyo Yezu yavuze, kuba umutunzi ku Mana abihushanya no kwirundaniriza amatungo y’umubiri. Yezu rero yariko avuga y’uko ukwirundaniriza amatungo y’umubiri canke ukunezererwa ivyo twoshobora kuba dutunze atari co kintu nyamukuru gikwiye kuturaza ishinga mu buzima. Ahubwo riho, dukwiye gukoresha ivyo dutunze dufise intumbero yo kwongereza canke gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Nta gukeka ko nitwabigira gutyo bizotuma tuba abatunzi ku Mana. Uti kubera iki? Kubera yuko bituma iduhunda imihezagiro myinshi. Bibiliya itubwira iti: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”.​—Imigani 10:22.

13. Ni gute umuhezagiro wa Yehova ‘utungisha’?

13 Igihe Yehova ahunze imigisha abasavyi biwe, yama abaha ibintu vyiza gusumba ibindi vyose (Yakobo 1:17). Nk’akarorero, igihe Yehova yaha Abisirayeli ahantu ho kuba, yabahaye “igihugu gitemba amata n’ubūki”. N’aho igihugu ca Misiri na co nyene cigeze kudondorwa muri ubwo buryo, igihugu Yehova yahaye Abisirayeli cari gitandukanye na Misiri n’imiburiburi mu muce umwe uhambaye. Nk’uko Musa yabwiye Abisirayeli, cari “igihugu Uhoraho Imana ya[bo] yāmizak’umutima”. Mu yandi majambo, bosangamvye kubera yuko Yehova yobaye abitwararika. Igihe cose Abisirayeli baguma ari intadohoka kuri Yehova, yarabahezagira cane kandi baragira ubuzima bigaragara ko buruta ubw’abantu bo mu mahanga yose yari abakikuje. Ni vyo koko, umuhezagiro wa Yehova ni wo ‘utungisha’!​—Guharūra 16:13; Gusubira mu vyagezwe 4:5-8; 11:8-15.

14. Abatunzi ku Mana bironkera ibiki?

14 Imvugo ngo “umutunzi ku Mana” ihindurwa kandi ngo “umutunzi mu nyonga z’Imana” (Today’s English Version). Abatunzi mu vy’umubiri usanga muri rusangi barazwa ishinga n’ukuntu boshobora kuboneka imbere y’abandi. Ivyo akenshi bigaragarira mu buryo babayeho. Bararondera gutangaza abantu biciye ku vyo Bibiliya yita “ubgibone bg’ubu bugingo” (1 Yohana 2:16). Igihushanye n’ivyo, abatunzi ku Mana barashimwa na yo kandi ikabagirira ubutoni, vyongeye baragirirwa ubuntu bwinshi batabereye bakongera bakagiranira n’Imana ubucuti burangwa igishika. Nta gukeka ko kuba bari mu mimerere myiza gutyo bituma bumva bahimbawe kandi batekaniwe kuruta uko amatungo ayo ari yo yose y’umubiri yotuma batekanirwa (Yesaya 40:11). Ikibazo rero ni iki: Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tube abatunzi mu nyonga z’Imana?

Umutunzi mu nyonga z’Imana

15. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tube abatunzi ku Mana?

15 Muri ca kigereranirizo Yezu yatanga, wa mugabo yarategekanije yongera arakora aratama kugira gusa yironkere ubutunzi, ariko yiswe imburabwenge. Kugira ngo tube abatunzi ku Mana rero, dutegerezwa kwihatira gukora tugatama tukongera tukagira uruhara bimwe vyuzuye mu bikorwa biri n’agaciro kandi vy’ukuri biri n’akamaro mu nyonga z’Imana. Muri ivyo bikorwa harimwo iki Yezu yategetse mu kuvuga ati: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga”, NW] yose abigishwa” (Matayo 28:19). Gukoresha umwanya wacu, inguvu zacu be n’ububangukirwe bwacu, atari kugira ngo turondere ibitwungura ubwacu, ariko tukabikoresha mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, twobigereranya no kubitsa amahera muri banki. Ababigenjeje gutyo barironkeye inyungu mu vy’impwemu, nk’uko vyerekanwa n’uburorero bukurikira.​—Imigani 19:17.

16, 17. Ni uburorero ubuhe woshobora gutanga bwerekana ingendo y’ubuzima ituma umuntu aba umutunzi ku Mana?

16 Rimbura akarorero k’umukirisu umwe wo mu gihugu kimwe co muri Aziya. Yari umuhinga mu vyo gukora orodinateri zagize ingorane, ako kazi kakaba karamuronsa amahera menshi. Ariko rero, ako kazi karamutwara umwanya wiwe nka wose, kandi ivyo bikaba vyatuma yumva ko yariko aracupira mu vy’impwemu. Amaherezo, aho kurondera kuguma atera imbere muri ako kazi, yahavuye agaheba maze atangura gukora utuntu dusosa tumeze nk’amabarafu agaca aja kutugurisha kw’ibarabara. Ivyo vyose yabigira kugira ngo ashobore kuronka umwanya wo kwitwararika ivyo akeneye mu vy’impwemu be no kwitwararika amabanga ya gikirisu. Abahoze bakorana na we bamubonye baramutwenga. Mugabo none ivyo vyavuyemwo iki? Yavuze ati: “Mu vy’ukuri, ico gihe numva ntekaniwe mu vy’amahera kuruta igihe nakora mu bijanye na orodinateri”. Yongeyeko ati: “Vyaratumye ndushiriza kugira umunezero kubera yuko ntari ngifise imikazo canke imyitwarariko nk’iyo nari mfise ngikora ako kazi ka mbere. Kandi igihambaye kuruta, ubu numva niyegereje rwose Yehova”. Ivyo bintu uwo mukirisu yahinduye vyatumye ashobora gukora umurimo w’igihe cose, kandi ubu asukurira ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu gihugu c’i wabo. Mu vy’ukuri, umuhezagiro wa Yehova “uratungisha”.

17 Akandi karorero ni ak’umukenyezi umwe yari yakuriye mu muryango washira imbere cane ibijanye no kwiga amashure. Yarize za kaminuza mu Bufaransa, muri Megizike no mu Busuwisi kandi akaba yari yiteze kuronka akazi kotumye amererwa neza mu vy’umubiri. Yavuze ati: “Ibintu vyangendera neza. Narubahwa kandi ngaterwa uduteka tudasanzwe. Ariko mu mutima naguma numva ko hari ico mbuze, nkumva ntashize akanyota namba”. Mu nyuma yahavuye yiga ivyerekeye Yehova. Amaze kuvyiga yavuze ati: “Uko naguma ntera imbere mu vy’impwemu, icipfuzo nari mfise co guhimbara Yehova no kugira ico ndamwishuye ku vyo yangiriye, naho coba ari gitoya, caramfashije kubona neza ico nkwiye gukora, ni ukuvuga kumusukurira mu gikorwa c’igihe cose”. Yahavuye aheba akazi yakora mu nyuma arabatizwa. Ubu amaze imyaka 20 akorana umunezero ubusuku bw’igihe cose. Atwiganira ati: “Hariho abiyumvira yuko napfishije ubusa ubuhanga bwanje. N’aho ari ukwo baremera ko mpimbawe, kandi bagashima ingingo ngenderwako nisunga mu buzima bwanje. Nama imisi yose nsenga Yehova ndamusaba ko yomfasha ngo mbe umuntu yicisha bugufi kugira ngo ngume ndamuhimbara”.

18. Nka kumwe kwa Paulo, dushobora gute kuba abatunzi ku Mana?

18 Sauli, uwahavuye aba intumwa Paulo, yari afise uturyo twotumye amererwa neza mu vy’umubiri. Naho ari ukwo, mu nyuma yanditse ati: “Mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ubuhombe, kubg’ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje” (Ab’i Filipi 3:7, 8). Paulo yabona yuko ubutunzi yaronse biciye kuri Kristu bwari burengeye ikintu ico ari co cose isi ishobora gutanga. Muri ubwo buryo nyene, na twebwe twamiriye kure ivyipfuzo vyose vy’ubwikunzi maze tugakurikirana ubuzima burangwa no kuyobokera Imana, turashobora kugira ubuzima bufise agaciro mu nyonga z’Imana. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima]”.​—Imigani 22:4.

Woshobora kubisigura?

• Wa mugabo avugwa mu kigereranyo ca Yezu yari afise ingorane iyihe?

• Ni kubera iki wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yiswe imburabwenge?

• Kuba umutunzi ku Mana bisigura iki?

• Ni gute dushobora kuba abatunzi ku Mana?

[Ifoto ku rup. 26]

Ni kubera iki wa mugabo w’umutunzi yiswe imburabwenge?

[Ifoto ku rup. 27]

Uturyo two gutera imbere twoshobora gute gucika ikigeragezo kitoroshe?

[Ifoto ku rup. 28, 29]

“Umugisha w’Uhoraho uratungisha”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika